Ja ku birimwo

Icofasha umuryango

Ibi biganiro biratanga impanuro ngirakamaro zishingiye kuri Bibiliya zifasha imiryango. a Kugira ubone ibiganiro vyinshi vyerekeye imiryango, nuje mu gice kivuga ngo Ingo n’imiryango.

a Bamwebamwe mu bavugwa muri iki gihimba si ko basanzwe bitwa.

Umubano w'ababiranye

Ingene wobona mu buryo bwiza utunenge tw’uwo mwubakanye

Aho kureka ngo utunenge tw’uwo mwubakanye dutume mudahuza, nugerageze kutubona mu buryo bwiza.

Ingene wotsimbataza ukwihangana

Igihe abantu babiri badatunganye bubakanye, ingorane ntizibura kwaduka. Ukwihangana kurahambaye kugira umubano uroranirwe.

Kwubaha uwo mwubakanye

Kwubahana mu rugo si ikintu wokora canke ntukore. Ni ikintu gikenewe. None wokwerekana gute ko wubaha uwo mwubakanye?

Nushimire uwo mwubakanye

Igihe umugabo n’umugore bitwararitse kubona ivyiza ku bo bubakanye no kubashimira, ubucuti bwabo burakomera. Wokora iki ngo ube umuntu ashima?

Niwereke uwo mwubakanye ko umukunda kugira mu mubano wanyu harangwe agahimbare

Akazi, amaganya n’imyitwarariko ya misi yose yo mu buzima birashobora gutuma abubakanye batagaragarizanya urukundo. Vyoba bishoboka ko musubira kugaragarizanya urukundo nka kera?

Ingene wokwereka uwo mwubakanye ko umukunda

Abubakanye bokwerekana gute ko bitwararikana vy’ukuri? Raba ivyiyumviro bine bishingiye kuri Bibiliya.

Ivyobafasha kwumira ku ndagano

Woba ubona ko indagano z’ukwabirana ari ikintu kikubuza umwidegemvyo, canke ubona ko ari ikintu kirinda umubano, nka kurya inanga igumya ubwato?

Ingene wogumiza akazi mu mwanya wako

Ivyiyumviro bine vyogufasha kwirinda ko akazi kakwinjirira mu mubano wawe.

Ingene mwokoresha neza amahera

Nturindire gushika amahera aguheranye ngo abe ari ho usuzuma ukuntu uyakoresha. Raba ukuntu woyakoresha neza amazi atararenga inkombe.

Sobukwe na nyokobukwe

Ibintu bitatu vyobafasha kugira ngo ikibazo kiri hagati yanyu n’abavyeyi banyu ntigihungabanye umubano wanyu.

Igihe mutabona ibintu kumwe

Abubakanye botorera umuti gute ingorane kandi bakaguma bafitaniye amahoro?

Kutamera kumwe

Vyoba bimaze gushika ukabona ko we n’uwo mwubakanye mutameze kumwe?

Ivyogufasha kureka kubika inzika

Guharira uwo mwubakanye, vyoba bisaba ko ufatira mu rwara ikosa yagukoreye canke ko umera nk’aho ata cabaye?

Ingene wocungera ishavu

Gutwarwa n’ishavu birashobora kukwononera amagara, kandi ni ko bigenda n’igihe wigumijemwo ishavu. None wokora iki igihe uwo mwubakanye agushavuje vy’ukuri?

Igihe abana batakiba muhira

Abubakanye benshi baragira ingorane zikomeye igihe abana babo bageze mu bigero maze bakaja kuba ahandi. Ni ibiki vyobafasha kumenyera ubwo buzima bushasha?

Igihe ubugenzi burenze urugero

Woba wibwira uti: ‘THS.15uri abagenzi gusa?’ Nimba ari ukwo biri, nusuzume ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya kugira ngo urabe ko ivyo vyiyumviro ufise ari vyo.

Igihe ivyo wari witeze mu mubano bitarangutse

Umubano wanyu woba usigaye uwubona nk’agasho aho kuba isôko ry’umunezero? Hari ibintu bitanu bishobora kubafasha.

Ingene abubakanye bokwirinda kugiranira ishari

Igihe abubakanye bikekana kandi ntibizerane, umubano wabo ntushobora kurama. None wokwirinda gute ishari bidakenewe?

Amashusho y’ibiterasoni arasambura umubano

Ehe ivyiyumviro vyogufasha guheba iyo ngeso, ukagarukira umubano wanyu.

Twoba dukwiye kubana tutarandikisha umubano?

Bamwebamwe biyumvira ko kubana batanditse bibafasha kuraba nimba bazororanirwa bamaze kwandikisha umubano. None vyoba ari vyo bibereye, canke hariho iyindi ngingo nziza wofata?

Ukuyaga

Ingene twokwiyemeza ko utwuma two mu buhinga bwa none tutatwaye ikibanza gihambaye mu buzima bwacu

Gukoresha utwuma two mu buhinga bwo none birashobora kugirira akamaro umubano wanyu canke bikawonona. None utwo twuma turiko tugira ingaruka izihe ku mubano wanyu?

Ingene mwoganira akababakiye

Abagabo n’abagore ntibaganira kumwe. Kumenya iryo tandukaniro birashobora kubarinda gushuha imitwe.

Ingene wotega yompi uwo mwubakanye

Gutega ugutwi witonze si ubuhinga gusa, ariko kandi ni ikintu kiranga urukundo. Raba ingene worushiriza gutega ugutwi uwo mwubakanye.

Gufata ingingo mu mwumvikano

Hari ibintu bine wewe n’uwo mwubakanye vyobafasha gutorera umuti ingorane aho gushwana.

Ingene mworeka gushwana

Wewe n’uwo mwubakanye, mwoba mwama muriko murashwana? Raba impanuro zo muri Bibiliya zobafasha.

Ingene mwokwirinda amajambo ababaza

None wokora iki nimba amajambo ababaza ariko aronona umubano wanyu?

Gusaba imbabazi

Bite ho igihe atari jewe ndi mw’ikosa?

Ingene mwobabarirana

Kubera iki kubabarira bishobora kuba urugamba? Raba ingene impanuro Bibiliya itanga zishobora gufasha.

Kurera abana

Ingene woba sebibondo mwiza

Ukuntu ufata umugore wawe ubu birerekana ingene uzofata umwana wawe niyavuka.

Ico abavyeyi bakwiye kumenya ku bijanye na vya bigo basigamwo abana

Niwibaze ibibazo bine vyogufasha guhitamwo nimba woza urasiga umwana wawe mu kigo kimwitwararika.

Umwana wanje yoba akwiye gutunga telefone?

Niwibaze bino bibazo kugira umenye nimba wewe n’umwana wawe mwiteguriye iryo banga.

Kwigisha abana ingene bokoresha neza telefone

Mbere n’abana bazi cane ibijanye n’ubuhinga bwa none usanga bakeneye ko abavyeyi babo babigisha ukuntu bokoresha telefone mu buryo budateye akaga.

Nukingire abana bawe amashusho y’ibiterasoni

Burya biroroshe cane ko abana baraba amashusho y’ibiterasoni. Raba ivyo ukwiye kumenya n’ivyo wokora ngo ukingire umwana wawe.

Igituma bihambaye ko abana bamenya gusoma: Igice ca 1: Gusoma canke kuraba ividewo?

Abana benshi bakunda kuraba amavidewo. Abavyeyi boremesha gute abana kurushiriza gusoma?

Igituma bihambaye ko abana bamenya gusoma: Igice ca 2: Igitabu co mu buhinga bwa none canke c’impapuro?

Hagati yo gusoma igitabu c’impapuro no gusoma ico mu buhinga bwa none, ni ikihe cogirira akamaro abana kuruta? Vyompi birafise akamaro.

Nufashe abana bawe kwihanganira amakuru ababaje

Abavyeyi bofasha gute abana babo kugira ntibarengerwe n’ubwoba kubera amakuru ababaje?

Igihe umwana abajije ibijanye n’urupfu

Hari ibintu bine vyogufasha kumenya ingene wokwishura ibibazo umwana wawe akubaza n’ingene womufasha kuvyifatamwo neza iyo mubuze umuntu.

Nokora iki igihe umwana wanje yumva arambiwe?

Igihe umwana yicaye muhira ata co ariko arakora, nurabe ibintu bimwebimwe worimbura.

Akamaro k’udukorwa two muhira

Bavyeyi, mwoba mutinya guha abana banyu udukorwa two muhira? Raba ingene guha udukorwa abana banyu bishobora kubigisha kwitaho ibintu, bikanatuma bagira umunezero.

Ingene wofasha umwana igihe yananiwe

Mu buzima hama hari ibitunanira. Nufashe abana bawe kudaca bihebura cane igihe hari ivyabananiye no gutorera umuti ico kibazo.

Wofasha gute umwana wawe kugira aronke amanota meza?

Raba ingene womenya ingorane ituma abana bawe baronka amanota mabi wongere ubabwire akamaro ko kwiga.

Nokora iki igihe hari uwutoteza umwana wanje?

Ibintu bine vyogufasha kwigisha umwana wawe ingene yovyifatamwo igihe hari uwumutoteza.

Gukeza umwana

Hari uburyo bumwe bwo gukeza umwana bwagaragaye ko ari bwiza kuruta ubundi.

Kwahukana bigira ingaruka izihe ku bana?

Naho abantu bamwebamwe biyumvira ko kwahukana vyama bituma abana bamererwa neza, ubushakashatsi bwerekana ko kwahukana bigira ingaruka zibabaje ku bana.

Nufashe umwana wawe kwitegurira ubuyabaga

Raba impanuro zitanu zishingiye kuri Bibiliya zoshobora gufasha muri ico kiringo usanga kenshi kitoroshe.

Nuyage n’umwana wawe ivyerekeye igitsina

Abana batangura kwumva canke kubona ivy’igitsina bakiri bato cane. Ni ibiki ukwiye kumenya? Wokingira gute abana bawe?

Kuganira n’abana bawe ibijanye n’inzoga

Ni ryari abavyeyi botangura kuyaga n’abana babo ibijanye n’ico kibazo gihambaye, kandi bobigira gute?

Niwigishe umwana wawe kwigumya

Uhaye umwana wawe ico ashatse cose uba uriko uramugirira nabi cane.

Igisha umwana wawe kwicisha bugufi

Urashobora kwigisha abana bawe kwicisha bugufi utarinze gutuma bumva ko ata co bamaze.

Niwigishe abana bawe kuba abantu bakenguruka

N’abana batoyi barashobora kwiga kuvuga urakoze igihe umuntu abakoreye ikintu ciza.

Niwigishe umwana kugamburuka

Woba wama ugwa inzura n’umwana wawe adashaka kukwumvira, kandi kenshi akaba ari we atsinda? Raba ibintu bitanu vyogufasha.

Ntuhe umwana ico asavye cose

Wovyifatamwo gute hamwe umwana wawe yokwiriza canke akaguma akubuza amahoro kugira arabe ko woteba ukagondozwa?

Ingene wofata umwana akunda kwishavuza

Wokora iki igihe umwana wawe yishavuje? Ivyiyumviro vyo muri Bibiliya birashobora kugufasha gutorera umuti iyo ngorane.

Igihe umwana wawe abeshe

Wokora iki igihe umwana wawe abeshe? Iki kiganiro kiraca irya n’ino impanuro zogufasha kwigisha umwana wawe akamaro ko kuvuga ukuri.

Kurera imiyabaga

Wofasha gute umukobwa wawe w’umuyabaga arengewe n’umwitwarariko?

Abakobwa benshi b’imiyabaga bararengerwa n’amahinduka abashikira. Abavyeyi bofasha gute abakobwa babo kuvyifatamwo neza igihe barengewe n’umwitwarariko?

Igihe umwana wawe ashaka kwiyahura

Abavyeyi bokora iki hamwe umwana wabo yoba ashaka kwiyahura?

Igihe umwana wawe w’umuyabaga akoze ikintu gituma utaba ukimwizigira

Ntuce wiyumvira ko umwana wawe yabaye umugarariji. Urashobora gusubira kumwizigira.

Ivyogufasha kuyobora neza abana bawe

Kubera iki vyoroshe cane ko abana biyumvamwo abo mu runganwe rwabo aho kwiyumvamwo abavyeyi babo?

Ingene wotoza indero umwana wawe w’umuyabaga

Gutoza indero bisobanura kwigisha. Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zirashobora kugufasha kwigisha umwana wawe w’umuyabaga kugamburuka aho kugarariza.

Ingene wokwigisha umwana wawe gukoresha neza Internet

Wofasha gute umwana wawe w’umuyabaga kwifatira ingingo nziza atisunze gusa amategeko wamushingiye?

Umwana wanje yoba akwiye gukoresha imbuga hwaniro?

Ibibazo bine bishobora kugufasha gufata ingingo nziza.

Niwigishe abana bawe b’imiyabaga ukuntu bokoresha neza imbuga hwaniro

Nufashe umwana wawe w’umuyabaga kwirinda akaga kari mu gukoresha imbuga hwaniro.

Kuyaga ivyerekeye ubutumwa buteye isoni buhanahanwa kuri telefone

Nturindire ko umwana wawe agwa mu ngorane. Numuyagishe ivyerekeye ingorane zo kurungikiranira ubutumwa buteye isoni biciye kuri telefone.

Wofasha gute umwana wawe yigirira nabi ku mubiri?

Hari abana b’imiyabaga bigirira nabi ku mubiri n’ibingirankana. Biva ku ki? Wofasha gute umwana wawe?

Urwaruka

Ingene wotsinda akosho k’urunganwe

Akosho k’urunganwe karashobora gutuma abantu bameze neza bakora ibintu bibi. Ni ibiki ukwiye kumenya ku vyerekeye ako kosho, kandi wogatsinda gute?

Ivyogufasha kwemera gukosorwa

Guhanurwa canke gukosorwa bishobora gute kugufasha n’igihe biba bibabaza?

Ingene wokwerekana urupfasoni mu vy’amamesaje

Mbega vyoba bitaranga urupfasoni uciriyemwo umuntu kugira urabe mesaje? Canke vyoba bitaranga urupfasoni wihojeje mesaje kugira wibandanirize ikiyago?

Wonanira gute inyosha mbi?

Kunanira inyosha mbi ni icerekana ko uri umusore nyawe canke umwigeme nyawe. Raba ibintu bitandatu vyogufasha gukomeza icipfuzo co kunanira inyosha mbi maze ukirinda ingorane.

Niwige gutsinda ishavu

Raba ibintu bitanu bishingiye kuri Bibiliya vyogufasha gutsinda ishavu.

Ingene wotsinda irungu

Kwama wishwe n’irungu bitera ingorane zingana n’iziterwa n’ukunywa amatabi 15 ku musi. Wokora iki kugira wirinde kwumva ko ata wukwitayeho canke kwumva irungu?

Igihe ubucuti buhagaze

Ni igiki cogufasha kwihanga igihe muhebanye n’umuntu maze ubuzima bukabandanya?

Igihe bibaye ngombwa ko usubira muhira

Woba warigeze kuja kwibana, mugabo usanga ubuzima buragoye? Ehe raba impanuro zogufasha.

Kuronka abagenzi beza

Raba ibintu bine vyogufasha kugira ubugenzi nyakuri.

Ico wokora igihe habaye amahinduka

Amahinduka yama yabaye. Raba ingene abakiri bato bamwebamwe bavyifashemwo neza mu mahinduka.

Iyo umuvyeyi apfuye

Kubura umuvyeyi bitera umubabaro utovugwa. Ni ibiki vyofasha uwukiri muto kwihanganira uwo mubabaro?

Ntiwigerezeko urondera gusa kwiryohera

Abakiri bato benshi bararyoherwa cane no gupima aho bageza mu kurinda, rimwe na rimwe bakabigira mu buryo burimwo akaga. Woba nawe umaze kwiyumvira kubigira?