Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICOFASHA UMURYANGO | KURERA ABANA

Akamaro k’udukorwa two muhira

Akamaro k’udukorwa two muhira

INGORANE

Mu miryango imwimwe, abana barazi ko bategerezwa gufasha mu dukorwa two muhira kandi babikora batidoga. Mu yindi na ho, abavyeyi usanga ata vyinshi bitega ku bana, abana na bo utanka bagaca bidibamira.

Abahinga basanga iyo nyifato igwiriye mu bihugu vyinshi. Abana usanga bakunda ivyo boronka gusumba ivyo botanga. Umuvyeyi umwe yitwa Steven avuga ati: “Muri iki gihe abavyeyi barareka abana bakikinira udukino two kuri videwo, bakaja kuri internet uko bashatse, bakaraba televiziyo, ukamengo nta kindi bokora.”

Uvyibazako iki? Udukorwa two muhira twoba vy’ukuri duhambaye? Kiretse ko tugirira akamaro urugo, hari ico dufasha umwana?

ICO UKWIYE KUMENYA

Hari abavyeyi badaha abana babo udukorwa, canecane igihe babona ko bafise utundi dukorwa twinshi two kw’ishure. Naho ari ukwo, zirikana ku kamaro ko kubaha udukorwa.

Bituma umwana akura mu bwenge. Abana bakora udukorwa two muhira, no kw’ishure usanga hari ukuntu bakora neza, kandi ntibitangaje. Gukora utwo dukorwa bituma umwana adafyinata, akabona ko hari ico ashoboye kandi akaba umuntu yumirako, ivyo bikaba ari ibintu bifasha cane mu kwiga.

Birigisha abana kuza barakorera abandi. Hari abavuga ko abana bakora udukorwa two muhira kenshi iyo bakuze usanga ari abantu bafasha abandi. Ivyo ntibitangaje kubera ko utwo dukorwa tubafasha gushira imbere ineza y’abandi. Ariko ku rundi ruhande, umwe Steven twavuga agira ati: “Igihe abana badakora udukorwa two muhira baca babona ko abandi ari bo bakwiye kubakorera, bigatuma bakura badatahura ko mu buzima bazobwirizwa gukora cane no kwitwararika amabanga bajejwe.”

Bituma haba ubumwe mu muryango. Igihe abana bakora udukorwa two muhira bituma babona ko ari ab’agaciro mu muryango be n’uko hari ico umuryango ubitezeko. Ariko ivyo nta vyo bomenya hamwe abavyeyi boguma bababwira kwitaho cane udukorwa tw’inyuma y’ivyigwa gusumba udukorwa two muhira. Niwibaze rero uti: ‘Vyoba bimaze iki hamwe umwana wanje yokunda cane abo bakinana agapira kw’ishure ariko abo muhira ukamengo nta co bapfana?’

ICO WOKORA

Tangura bakiri bato. Hari abavuga ko abavyeyi bakwiye guha abana udukorwa bakwije imyaka itatu. Abandi bakavuga ibiri canke idashika. Ico womenya co ni uko abana bakiri bato cane bakunda gukorera hafi y’abavyeyi babo no kubigana.​—Iciyumviro co muri Bibiliya: Imigani 22:6.

Bahe udukorwa bingana. Nk’akarorero, umwana w’imyaka itatu yoshobora kwegeranya ibikinisho vyiwe, guhanagura ahasesetse ibintu canke gutandukanya impuzu imbere y’uko muzimesa. Abana bakuze boshobora gukoropa, gukubura, kwoza ivyombo canke guteka. Raba ivyo umwana wawe ashoboye. Hari aho wotangara ubonye ingene asigaye aryoherwa no gukora utwo dukorwa.

Shira imbere udukorwa two muhira. Ivyo hari aho bitokworoha igihe umwana wawe asanzwe afise udukorwa two kw’ishure twinshi. Ariko igitabu kimwe kivuga yuko kudaha umwana udukorwa two muhira kugira gusa aronke amanota meza “ari ukutamenya ibikwiye kuja imbere y’ibindi.” Nk’uko twabivuze, udukorwa two muhira dutuma no kw’ishure abana bakora neza. Kandi birabafasha bamaze kugira imiryango yabo.​—Iciyumviro co muri Bibiliya: Abafilipi 1:10.

Guma wibuka intumbero yawe aho kuraba ingene agikora. Hari aho umwana wawe vyomufata umwanya munini kugira arangize igikorwa wamuhaye. Hari n’aho atogikora neza. Bishitse, niwirinde guca ugikora. Intumbero yawe si iy’uko yogikora neza nk’umuntu akuze ariko ni iyo kumufasha gukura yitaho ivyo ajejwe no kubona ko gukora bizana umunezero.​—Iciyumviro co muri Bibiliya: Umusiguzi 3:22.

Ntumuhe impembo itari yo. Hari abavuga ko guha umwana amahera kugira akore udukorwa two muhira bituma akunda ibikorwa. Abandi na bo bavuga ko bituma abana bagumiza umutima ku vyo umuryango ubaha gusumba ivyo bowufasha. Bavuga kandi ko hari aho umwana yokwanka gukora utwo dukorwa igihe aba afise amahera, ivyo bikerekana ko atabona akamaro ko gukora. Icigwa twohakura ni ikihe? Si vyiza guha umwana amahera kubera ko yakoze udukorwa two muhira.