Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 ICOFASHA UMURYANGO | KURERA ABANA

Ingene wokwigisha umwana wawe gukoresha neza Internet

Ingene wokwigisha umwana wawe gukoresha neza Internet

INGORANE

Uravye ibivugwa n’ibimenyeshamakuru, ubona ko Internet ari ikirimbiro ry’abatoteza abandi, abarondera abo bahumbisha n’abiba bakoresheje amakuru y’ibanga y’abandi. Ariko umwana wawe w’umuyabaga wewe yama kuri Internet kandi womengo ntabona akaga kayo. Ivyo birakuraje ishinga, kandi birumvikana.

Birashoboka ko wigisha umwana wawe w’umuyabaga gukoresha neza Internet. Ariko nubanze urimbure ibintu bimwebimwe ukwiye kumenya ku bijanye na Internet.

ICO UKWIYE KUMENYA

Imiyabaga irashobora kuja kuri Internet ikoresheje utwuma ngendanwa. Iciyumviro c’uko orodinateri ikwiye gushirwa ahantu mwese muhurira kiguma ari kirumara. Ariko iyo umwana wawe w’umuyabaga afise telefone ngendanwa canke agakoresho bita tablette birimwo Internet, biroroha cane ko akoresha Internet utanabizi.

Kuba abantu bagira amasanganya y’imiduga ntibica bisobanura ko kunyonga umuduga ari bibi. Ni ko biri no ku bijanye no gukoresha Internet. Umwana wawe w’umuyabaga arakeneye kwiga kuyikoresha yiyubara

Hari imiyabaga imara umwanya urenze urugero kuri Internet. Umwigeme umwe w’imyaka 19 avuga ati: “Ndatsa orodinateri kugira mare iminota itanu nsoma ubutumwa banyandikiye ariko ngasanga nayimazeko amasaha n’amasaha ndaba amavidewo. Emwe, ndakeneye kwishingira akarimbi.”

Imiyabaga irashobora gushira kuri Internet amakuru itari ikwiye gushirako. Abantu badatomoye barashobora gusuzuma amakuru umuyabaga yanditse kuri Internet n’amafoto yahashize, kugira bamenye aho aba, aho yiga n’amasaha ata n’umwe mu b’iwabo aba ari muhira.

Hari imiyabaga idatahura ko ivyo ishira kuri Internet bishobora kugira inkurikizi. Amakuru ushize kuri Internet arahaguma. Ibintu bitabereye wanditse canke amafoto adatomoye wahashize, birashobora gushika hakagira uwubigwako, nk’akarorero umukoresha aba ariko arasuzuma ibikwerekeye igihe wasavye akazi.

Naho ari ukwo, niwibuke ibi: Internet si yo ikwega ingorane. Ahubwo, kuyikoresha nabi ni vyo bikwega ingorane.

 ICO WOKORA

Numwigishe kumenya ibihambaye kuruta ibindi no gukoresha neza umwanya. Gushira imbere ibihambaye kuruta ibindi ni kimwe mu vyerekana ko umwana ariko araba umuntu akuze kandi yitwararika ibintu. Kuyaga n’abo mu muryango, gukora udukorwa yahawe kw’ishure n’utwo muhira birahambaye gusumba gukoresha Internet ata ntumbero itomoye afise. Nimba umwana wawe w’umuyabaga amara umwanya urenze urugero kuri Internet, numushingire umwanya adakwiye kurenza, bibaye ngombwa ukoreshe isaha imwibutsa ko uwo mwanya warangiye.Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Abafilipi 1:10.

Numwigishe kwiyumvira imbere yo gushira ikintu kuri Internet. Nuremeshe umwana wawe w’umuyabaga kwibaza ibibazo nk’ibi: Ibi ngomba nshire kuri Internet hoba hari uwo vyohava bibabaza? Iyi foto izotuma menyekana gute? Noba nobura amahoro nka hamwe abavyeyi banje canke abandi bantu bakuze bobona iyi foto canke ivyo ngomba nandike? Boca banyiyumvira gute babibonye? Uwoshira kuri Internet ifoto nk’iyo canke amajambo nk’ayo, jeho nomwiyumvira gute?—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Imigani 10:23.

Numwigishe gutandukanya iciza n’ikibi, aho kumuha gusa amategeko. Umwana wawe w’umuyabaga ntushobora kwama umucunze umwanya wose. Vyongeye, intumbero ufise bwa muvyeyi si ugucunga abana bawe, ahubwo ni ugutuma “ububasha bwabo bwo gutegera [babumenyereza] gutandukanya iciza n’ikibi.” (Abaheburayo 5:14) Ku bw’ivyo, aho gushira imbere amategeko n’ibihano, nufashe umwana wawe w’umuyabaga yige gutandukanya ikibereye n’ikitabereye. Ashaka ko abandi bamubona gute? Yipfuza ko bamumenya nk’umuntu ameze gute? Intumbero yawe ni ukumufasha gufata ingingo nziza, mwaba muri kumwe canke mutari kumwe.—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Imigani 3:21.

“Abana barazi vyinshi mu vy’ubuhinga bwa none, ariko abavyeyi ni bo bazi vyinshi mu vy’ubuzima”

Cokimwe no gutwara umuduga, gukoresha Internet bisaba ubukerebutsi, ntibisaba gusa kuba uzi gukoresha ubuhinga bwa none. Birahambaye cane rero ko ufasha umwana wawe w’umuyabaga. Nakare, nk’uko umuhinga umwe mu vyo gukoresha Internet yitwa Parry Aftab yabivuze, “abana barazi vyinshi mu vy’ubuhinga bwa none, ariko abavyeyi ni bo bazi vyinshi mu vy’ubuzima.”