Ja ku birimwo

Nokora iki abavyeyi banje bahukanye?

Nokora iki abavyeyi banje bahukanye?

Ivyo wokora

 Nuvuge ibikuraje ishinga. Numenyeshe abavyeyi bawe ukuntu ubabaye canke ukuntu wataye umutwe. Hari aho boshobora kugusigurira ibiriko biraba, bigatuma amaganya ufise agabanuka.

 Nimba abavyeyi bawe badashoboye kuguha imfashanyo ukeneye, woshobora kwitura umugenzi ahumuye.—Imigani 17:17.

 Ikiruta vyose, So wawe wo mw’ijuru, umwe ‘yumva amasengesho,’ arashobora kugutega ugutwi. (Zaburi 65:2) Numubwire ibiri mu mutima wawe vyose ‘kuko akubabara.’—1 Petero 5:7.

Ivyo utokora

Gukira imvune iterwa n’ukwahukana kw’abavyeyi bimeze nko gukira imvune yo ku kuboko: birababaza, mugabo urateba ugakira

 Ntubike inzika. Daniyeli, abavyeyi biwe bakaba bavanye afise imyaka indwi, agira ati: “Abavyeyi banje bari abantu biyumvira ivyabo gusa. Mu vy’ukuri, ntibigeze batwiyumvira canke ngo biyumvire ukuntu ivyo bagira vyogize ingaruka kuri twebwe.”

 Ni ingorane iyihe yari gushikira Daniyeli iyo atikuramwo ishavu n’inzika?—Icogufasha kuronka inyishu: Soma Imigani 29:22.

 Kubera iki Daniyeli vyari kumubera vyiza agerageje kubabarira abavyeyi biwe ku mubabaro bamuteye?—Icogufasha kuronka inyishu: Soma Abanyefeso 4:31, 32.

 Niwirinde gukora ivyokugirira nabi. Uwitwa Deni avuga ati: “Inyuma y’aho abavyeyi banje bahukaniye, naragize umubabaro n’akabonge. Naratanguye kugira ingorane kw’ishure, bica bituma nsibira umwaka umwe. Inyuma y’aho . . . nabaye umuntu akunda kugira utuntu tw’utugugu kugira ntwenze abandi mw’ishure kandi nta ntureka utansangamwo.”

 Wibaza ko Deni yariko arondera gushika ku ki mu kwigira akagugu kugira atwenze abandi mw’ishure canke mu kuza arisuka mu ntureka?

 Ingingo ngenderwako iri mu Bagalatiya 6:7 yoshobora gute gufasha abantu bameze nka Deni kwirinda gukora ivyobagirira nabi?

 Umuntu akomeretse mu mutima bifata igihe kugira akire. Ariko rero, ubuzima bwawe nibwasubirana, uzoca utangura kwumva wongeye kumera nka kera.