Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Ni ibiki nzokenera gukora inyuma yo kubatizwa?—Igice ca 2: Nugume uri intahemuka

Ni ibiki nzokenera gukora inyuma yo kubatizwa?—Igice ca 2: Nugume uri intahemuka

 Bibiliya ivuga ko “Yehova [a]ta ciza na kimwe azokwima abagendera mu kutagira amahinyu.” (Zaburi 84:11) None “kugendera mu kutagira amahinyu” bisobanura iki? Bisobanura kubaho ushitsa ivyo wasezeraniye Yehova igihe wamwiyegurira. (Umusiguzi 5:4, 5) None ni gute wogendera mu kutagira amahinyu inyuma yo kubatizwa?

Ng’ibi ivyo tuza kubona muri iki kiganiro:

 Nugume wihanganira ingorane

 Icanditswe nyamukuru: “Dutegerezwa kwinjira mu bwami bw’Imana duciye mu makuba menshi.”​—Ivyakozwe 14:22.

 Ico bisobanura: Mu vy’ukuri, abakirisu bose barashikirwa n’ingorane. Zimwe mu ngorane zishobora kuzogushikira kubera uri umukirisu ni nko kurwanywa canke gutyozwa. Izindi ngorane nko kubura amahera canke indwara, zishikira abantu bose.

 Ivyo wokwitega: Bizoshika uko ivyawe vyifashe bihinduke, kumbure bimere uko udashaka. Bibiliya ivuga ko ibintu bibi bishobora gushikira uwo ari we wese, yaba umukirisu canke uwutari umukirisu.​—Umusiguzi 9:11.

 Ico wokora: Kubera ko uzi yuko uzoshikirwa n’ingorane, urashobora kwitegurira guhangana na zo. Nubone ingorane nk’akaryo ko gukomeza ukwizera kwawe no kurushiriza kwiheka kuri Yehova. (Yakobo 1:2, 3) Mu nyuma uzokwiyumva nk’intumwa Paulo uwavuze ati: “Muri vyose, ndonka inkomezi ndabikesheje umwe ampa ububasha.”​—Abafilipi 4:13.

 INKURU Y’IVYABAYE KOKO. “Inyuma gato y’aho mbatirijwe, basazanje barahevye ukuri, abavyeyi banje bararwara, mu nyuma nanje ndarwara. Vyari vyoroshe ko nca ndabiheba vyose, nkibagira ko niyeguriye Imana, ndayisezeranira ko kuyikorera ari vyo nzoshira imbere mu buzima bwanje. Ariko kuba nari nariyeguriye Imana ni vyo vyamfashije kwihanganira izo ngorane zanshikiye.”​—Karen.

 Impanuro: Niwige ivyerekeye Yozefu. Urashobora gusoma inkuru yiwe mw’⁠Itanguriro ikigabane ca 37 na 39 gushika 41. Zirikana: Ni ingorane izihe atari yiteze zamushikiye, kandi yavyifashemwo gute? Yehova yafashije gute Yozefu?

 Ibindi vyogufasha

 Nugume utsinda ibikwosha nabi

 Icanditswe nyamukuru: “Umwe wese arageragezwa iyo akwezwe kandi akaryosharyoshwa n’icipfuzo ciwe bwite.”​—Yakobo 1:14.

 Ico bisobanura: Birashika twese tukoshwa n’ivyipfuzo vyacu. Igihe tutabirwanije, birashobora gutuma dukora ibintu bitabereye.

 Ivyo wokwitega: N’inyuma yo kubatizwa, uzogira “ivyipfuzo vy’umubiri.” (2 Petero 2:18) Urashobora mbere kugeragezwa guhuza ibitsina n’imbere y’uko wubaka urwawe.

 Ico wokora: Nufate ingingo ubu imbere y’uko ushikirwa n’ikigeragezo kugira ntureke ngo ivyipfuzo vyawe bitume ukora ikintu kitabereye. Niwibuke ko Yezu yavuze ati: “Nta woshobora gushumbira ba shebuja babiri.” (Matayo 6:24) Urashobora kwihitiramwo uwuzokubera shobuja. Nuhitemwo Yehova. Naho icipfuzo kibi coba gikomeye gute, urashobora guhitamwo ntikikwoshe.​—Abagalatiya 5:16.

 Impanuro: Numenye aho ukomeye n’aho ugoyagoya. Nurondere abagenzi bagufasha gutsimbataza kamere nziza ufise. Niwirinde abantu, ibibanza hamwe n’ibintu bishobora gutuma bikugora gukora ikibereye.​—Zaburi 26:4, 5.

 Ibindi vyogufasha

 Nugume wikomeza kugira ugumane umwete

 Icanditswe nyamukuru: “[Nimwerekane] ubwira nk’ubwo nyene . . . gushika kw’iherezo, kugira ntimube ibinebwe.”​—Abaheburayo 6:11, 12.

 Ico bisobanura: Umuntu atitunira ku bikorwa vyiwe usanga vyoroshe ko asamara, agacika umunebwe.

 Ivyo wokwitega: Nta nkeka ko inyuma yo kubatizwa wari ufise umwete mwinshi. Warakunda cane Yehova. Ariko uko haca igihe, urashobora gutangura kubona ko bigoye kugamburukira Yehova muri vyose, kandi ivyo birashobora kuguca intege maze umwete wawe ukagabanuka.​—Abagalatiya 5:7.

 Ico wokora: Nubandanye gukora ikibereye, mbere n’igihe wumva udashaka kubikora. (1 Abakorinto 9:27) Ku bw’ivyo, niwiyegereze Umuvyeyi wawe wo mw’ijuru mu kwihatira kumumenya neza no mu kumuyagisha kenshi mw’isengesho. Vyongeye, nubandanye kugiranira ubugenzi n’abakunda gukorera Yehova.

 Impanuro: Niwibuke ko Yehova agukunda cane be n’uko yiteguriye kugufasha. Ntiwiyumvire ko atakigushima kubera gusa umaze igihe gito ata mwete ufise. Bibiliya ivuga iti: “Aha ububasha uwurushe; kandi ku wutagira inguvu rukozi, atuma ubushobozi bwuzuye bugwira.” (Yesaya 40:29) Uko hazoca igihe, azohezagira utwigoro ugira kugira usubire kugira umwete.

 Ibindi vyogufasha

 Iciyumviro nyamukuru: Niwaguma uri intahemuka, uzonezereza umutima wa Yehova. (Imigani 27:11) Azohimbarwa n’uko wahisemwo kuja ku ruhande rwiwe, kandi azoguha ivyo ukeneye vyose kugira utsinde ibitero vya Shetani.