Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Gukundana: Igice ca 2: Ni ibiki nokwitega mu kiringo co kumenyana?

Gukundana: Igice ca 2: Ni ibiki nokwitega mu kiringo co kumenyana?

 Hari umuntu watanguye kwiyumvamwo maze mwempi mwahisemwo kurondera kumenyana kugira murabe nimba mwokwubakana. Ni igiki wokwitega uko ubucuti bwanyu bubandanya gukomera?

Ng’ibi ivyo tuza kubona muri iki kiganiro

 Nimuyage mudahishanya

 Uko muzogenda muramarana umwanya ni ko muzorushiriza kumenyana. Hari ibintu uzomenya mu kwihweza ukuntu yifata mu bihe bitandukanye.

 Ariko hari ibintu bimwebimwe muzokenera kuyaga mudahishanya. Muri ico gihe, niwirinde gutwarwa n’ibishobisho igihe ufata ingingo iyo ari yose ijanye n’ubwo bucuti mufitaniye.

 Mu vyo mwoyaga harimwo:

  •   Amahera. Woba ufise ideni? Vyoba bikugora gukoresha amahera neza? Bishitse mukubakana, ni gute mwokoresha amahera muronka?

  •   Amagara. Woba ufise amagara meza? Woba wararwaye indwara ikomeye muri kahise?

  •   Imigambi. Ni ibiki ushaka gushikako mu buzima? Mwoba muhuza imigambi? Nimwamara kwubakana, mwoba muzoguma muhimbawe bishitse iyo migambi ntimuyishikeko?

  •   Umuryango. Hoba hari umuntu mu muryango ubwirizwa kwitwararika ubu? Hoba hari umuntu wo mu muryango uzobwirizwa kwitwararika muri kazoza? Woba wipfuza kuvyara? Nimba uvyipfuza, ushaka abana bangahe?

 Igihe muganira kuri ivyo bintu, nimubwizanye ukuri ntihagire ico muhishanya. Niwirinde kugira ico unyegeza canke ugoreka kugira gusa uwundi agushime.​—Abaheburayo 13:18.

 Zirikana kuri iki kintu: Ni ibiki wipfuza kumenya ku wo mukundanye? Ni ibiki akwiye kumenya ku bikwerekeye? Ni gute kubwizanya ukuri ubu bizobafasha kwama mubwizanya ukuri nimwahitamwo kwubakana?

 Ico Bibiliya ivuga: «Umuntu wese avugane ukuri na mugenziwe.»​—Abanyefezi 4:25, Bibliya Nyeranda.

 «Umukobwa yoshobora kwibwira ati: “Mu mezi atandatu, nibaza ko azonsaba twubakane,” umuhungu na we akaba ariko yiyumvira kuzobimusaba inyuma y’umwaka. Igihe ibintu vyifashe ukwo, umukobwa yoshobora kubabara canke akazazanirwa kubera ko yari yiteze ko umuhungu yobimusavye kare. Birahambaye cane ko bompi babona ibintu kumwe.»​—Vyavuzwe na Ariana, amaze umwaka umwe yubatse.

 Bizoshika ntimubone ibintu kumwe

 Abantu bameze ugutandukanye. Ntiwiyumvire ko wewe n’uwo muriko murarondera kumenyana muzokwama mubona ibintu kumwe. Nk’akarorero, ukuntu warezwe n’imico wakuriyemwo birashobora gutuma mutabona ibintu kumwe.

 Zirikana kuri iki kintu: Igihe mutumvikanye ku bintu bidahambaye kandi ata ngingo ngenderwako murenzeko, mwoba mwiteguriye guheberanira kugira muzigame amahoro?

 Ico Bibiliya ivuga: «Bose nibabone ko muri abantu batadadaza.»​—Abafilipi 4:5.

 «Naho woba wibaza ko muhuza n’uwo mukundanye, bizoshika ntimubone ibintu kumwe. Naho guhuza bihambaye, kamere mugaragaza igihe hari ivyo mudahurijeko ni zo zihambaye kuruta.»​—Vyavuzwe na Matthew, amaze imyaka itanu yubatse.

 Bizoshika habe ibintu bitesha umutwe

 Nta gukeka ko igihe co kumenyana kizogutwara umwanya kandi kirashobora gutuma uta umutwe. Ni igiki cogufasha?

 Nimwishingire uturimbi. Ntutwarwe cane n’uwo muriko murarondera kumenyana ku buryo wirengagiza amabanga ujejwe canke abandi bagenzi bawe. Alana, amaze imyaka itanu yubatse avuga ati: «N’igihe uzoba umaze kwubaka uzoba ukeneye abagenzi bawe, na bo bazogukenera. Ntubirengagize rero ngo ni uko hari uwo mutanguye gukundana.»

 Niwibuke ko niwamara kwubaka, uzokenera kugira uburimbane mu kuntu witwararika amabanga yose ujejwe. Ubona gute uvyimenyereje mu kiringo co kumenyana?

 Zirikana kuri iki kintu: Woba usaba ko uwo mukundanye aguha umwanya munini urenze canke agufata mu buryo budasanzwe? Woba ubona ko uwo mukundanye agusaba ibirenze? Ni gute mwempi mwogira uburimbane ku bijanye n’ivyo mwiteze kugira ntihagire uwurambirwa?

 Ico Bibiliya ivuga: «Ikintu cose kirafise umwanya waco. Igikorwa cose kirafise igihe caco.»​—Umusiguzi 3:1.

 «Nimba abariko bararondera kumenyana bamarana umwanya gusa bariko barisamaza, bamaze kwubakana barashobora gutangara cane. Ni vyiza ko bakorera hamwe ibikorwa vya buri musi nko kujana gusuma, gukorera hamwe udukorwa two muhira hamwe n’ibikorwa bijanye no gusenga. Ivyo birashobora gutuma bitegurira neza umubano wabo.»​—Vyavuzwe na Daniel, amaze imyaka ibiri yubatse.

 Niwibuke ko ikiringo co kumenyana ari co kibafasha kumenya nimba muzohitamwo kwubakana canke guhagarika ubwo bugenzi. Igice ca  3 c’uru rukurikirane kizovuga ibintu mworimbura igihe muriko murafata ingingo.