Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Kubera iki wokwiga urundi rurimi?

Kubera iki wokwiga urundi rurimi?

 Kwiga urundi rurimi birashobora kukwereka ko wihangana be n’uko wicisha bugufi. None kugira akigoro ko kwiga urundi rurimi vyoba ari ngirakamaro? Abakiri bato benshi babona ko ari ngirakamaro. Iki kiganiro kirerekana igituma bahitamwo kwiga urundi rurimi.

 Kubera iki umuntu yokwiga urundi rurimi?

 Benshi bariga urundi rurimi kubera ruri mu vyo bategerezwa kwiga kw’ishure. Abandi na bo barumva bavyuriwe umutima wo kurwiga kubera imvo kanaka. Nk’akarorero:

  •   Umwigeme yitwa Anna wo muri Ostraliya yarafashe ingingo yo kwiga ikiletoniya, ururimi kavukire rwa nyina wiwe. Anna avuga ati: “Umuryango wacu uriko urategekanya kuzoja muri Letoniya. Nshaka rero kuzoganira n’incuti zacu ninashikayo.”

  •   Gina ni Icabona ca Yehova wo muri Amerika. Yarize ururimi rw’ibimenyetso rw’Abanyamerika, aca arimukira muri Belize kugira yigishe Bibiliya abaragi baho. Avuga ati: “Abaragi usanga bashobora kuganira n’abantu bari ku rushi. Birabakora ku mutima igihe ndababwiye ko nize ururimi rw’ibimenyetso kugira nshobore kubigisha Bibiliya mu rurimi rwabo!”

 Wari ubizi? Bibiliya yari yaravuze ko inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana yokwamamajwe mw’“ihanga ryose n’umuryango wose n’ururimi rwose.” (Ivyahishuwe 14:6) Mu gushitsa ayo majambo, abakiri bato benshi bo mu Vyabona vya Yehova barize izindi ndimi kugira bashobore kubwira inkuru nziza abandi bantu, haba mu gihugu cabo canke mu mahanga.

 Ni intambamyi izihe umuntu ashobora guhura na zo?

 Kwiga urundi rurimi si aho gutuma umwana. Umuyabaga yitwa Corrina avuga ati: “Niyumvira ko ari ukwiga amajambo mashasha gusa, ariko nasanze harimwo no kwiga imico mishasha n’uburyo bushasha bwo kwiyumvira. Emwe, kwiga urundi rurimi bifata igihe.”

 Birasaba kandi ko umuntu yicisha bugufi. James, umusore yize igisupanyoli, avuga ati: “Bisaba ko wiga kwitwenga kuko amakosa uzokora ari menshi. Ariko ivyo biragufasha kwiga.”

 Iciyumviro nyamukuru: Niwaza urihanganira utuntu tuza turacamwo, hamwe n’amakosa ateye ubuyega vyoshika ugakora, aho rero uzoshobora kwiga urundi rurimi.

 Impanuro: Ntucike intege igihe ubonye abandi banyarutse kurumenya. Bibiliya ivuga iti: “Umwe wese yerekane ico igikorwa ciwe bwite kimaze, ni ho azogira imvo yo kwirata ku bimuraba ubwiwe wenyene, atari mu kwigereranya n’uwundi.”—Abagalatiya 6:4.

 Ni ivyiza ibihe bivamwo?

 Ivyiza biva ku kwiga urundi rurimi ni vyinshi. Nk’akarorero, umuyabaga yitwa Olivia avuga ati: “Wize urundi rurimi, uraronka abagenzi bashasha.”

 Umuyabaga yitwa Mary yasanze kwiga urundi rurimi bituma yumva ko hari ico amaze. Avuga ati: “Bisanzwe bingora kubona ko hari ikintu ciza nkora, ariko ubu kubera ko ndiko ndiga urundi rurimi, numva ndyohewe igihe cose menye ijambo rishasha. Biratuma ndushiriza kwumva ko hari ico maze.”

 Umwe Gina twavuga yasanze kwigisha abantu Bibiliya mu rurimi rw’ibimenyetso bituma arushiriza kuryohererwa igikorwa co kwamamaza. Avuga ati: “Nta ciza coza kiruta kubona ukuntu abantu banezerwa cane iyo ntanguye kubayagisha mu rurimi rwabo.”

 Iciyumviro nyamukuru: Kwiga urundi rurimi birashobora gutuma uronka abagenzi bashasha, wumva ko hari ico umaze, kandi ukarushiriza kubona agaciro k’igikorwa co kwamamaza. Ni uburyo bwiza cane bwo gushikira abantu bo “mu mahanga yose n’imiryango yose n’ibisata vyose n’indimi zose.”—Ivyahishuwe 7:9.