Abagalatiya 6:1-18

  • Mwikoreranire imizigo (1-10)

    • Ico umuntu abiba ni co yimbura (7, 8)

  • Kugenyerwa nta co bimaze (11-16)

    • Ikiremwa gishasha (15)

  • Insozero (17, 18)

6  Bavukanyi, bishitse umuntu agafata inzira itari yo, naho yoba atarabimenya, mwebwe mukwije ibisabwa mu vy’impwemu mugerageze kumubogora n’umutima w’ubwitonzi+. Mugabo wigumizeko ijisho+, kugira ngo nawe ntuhave ugeragezwa+.  Mubandanye kwikoreranira imizigo+. Aho muzoba muriko murashitsa rya tegeko rya Kristu+.  Kuko nimba umuntu yiyumvira ko ahambaye kandi ari ubusa+, aba ariko arihenda.  Ahubwo umwe wese nasuzume ibikorwa vyiwe bwite+, ni ho azogira imvo yo kunezererwa ivyo akora, atari kubera yigereranije n’uwundi+.  Kuko umwe wese azokwikorera umutwaro* wiwe bwite+.  Vyongeye, umuntu wese yigishwa* ijambo ry’Imana, nasangire ivyiza vyose n’uwutanga iyo nyigisho*+.  Ntimuzimire: Imana nta wuyihenda*. Kuko ico umuntu abiba cose ari co nyene azokwimbura+.  Uwubiba yisunga umubiri wiwe azokwimbura ukubora mu mubiri wiwe. Ariko uwubiba yisunga impwemu azokwimbura ubuzima budahera mu mpwemu+.  Ntiduhebe rero gukora ivyiza, kuko igihe nicagera tuzokwimbura nitutarambirwa*+. 10  Nuko rero tugifise akaryo ko kubigira*, dukorere iciza bose, ariko canecane incuti zacu mu kwizera. 11  Raba ibidome binini nkoresheje mu kubandikira n’ukuboko kwanje bwite. 12  Abo bose bashaka kuboneka neza mu mubiri* ni bo bagerageza kubagobera ngo mugenyerwe, kugira gusa ntibahamwe bahorwa igiti co kubabarizwako* ca Kristu. 13  Kuko na barya bagenyerwa batubahiriza amategeko+, ahubwo bashaka ko mugenyerwa kugira baronke imvo yo kwirata ku bijanye n’umubiri wanyu. 14  Nayo jewe, ese ntokwigera nirata, kiretse niratiye igiti co kubabarizwako* c’Umukama wacu Yezu Kristu+. Biciye kuri we, mbona ko isi yishwe*, isi na yo ikabona ko nishwe. 15  Kuko igihambaye atari ukugenyerwa canke ukutagenyerwa+, ahubwo ni ukuba ikiremwa gishasha+. 16  Rero abo bose babaho mu buryo bubereye bisunze iyo ngingo ngenderwako, amahoro n’imbabazi bibe kuri bo, egome, kuri Isirayeli y’Imana+. 17  Kuva ubu, ntihagire umuntu n’umwe angora, kuko ku mubiri mfise inkovu* zerekana ko ndi umushumba wa Yezu+. 18  Bavukanyi, ubuntu buhebuje* bw’Umukama wacu Yezu Kristu bubane namwe kubera umutima mwerekana. Amen.

Utujambo tw'epfo

Canke «ibanga.»
Canke «yigishwa ku munwa.»
Canke «iyo nyigisho yigishwa ku munwa.»
Mu kigiriki havuga ngo «nta wuyihema.»
Canke «nitutaruha.»
Mu kigiriki havuga ngo «umwanya washinzwe.»
Canke «inyuma.»
Canke «yiciwe ku giti.»
Canke «inkovu z’aho naturiwe», «imyotso.»