Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Insiguro y’amajambo yo muri Bibiliya

A B D E F G H I K L M N O P R S T U W Y Z

A

  • Abacamanza.

    Ni abagabo Yehova yakoresheje kugira barokore abantu biwe imbere y’uko ihanga rya Isirayeli ritwarwa n’abami.—Abc 2:16.

  • Abadoni.

    Iryo zina rivuye mw’ijambo ry’igiheburayo ʼavad·dohnʹ risobanura «agatikizo» kandi rirashobora kwerekeza ku «kibanza c’agatikizo.» Iryo zina riboneka incuro zitanu mu gisomwa c’igiheburayo co mu ntango, kandi incuro zine muri zo ryerekeza ku «kibanza bahambamwo abantu», «ukuzimu» be n’«urupfu.» (Zb 88:11; Yb 26:6; 28:22; Img 15:11, utujambo tw’epfo) Muri iyo mirongo, ijambo «Abadoni» rishobora kuba ryerekeza ku gatikizo gashikana ku rupfu. Mu Vyahishuwe 9:11, iryo jambo ryerekeza ku «mumarayika w’inyenga», ni ukuvuga Yezu Kristu.

  • Abafarizayo.

    Wari umugwi wo mw’idini ry’Abayuda ukomeye cane mu kinjana ca mbere inyuma ya Kristu. Ntibakomoka mu muryango w’abaherezi mugabo barubahiriza amategeko mu buryo burenze mbere no mu tuntu dutoduto cane. Imigenzo yagiye irahererekanwa ku munwa bayiha agaciro kangana n’ako baha amategeko ya Musa. (Mt 23:23) Bararwanya ikintu cose kijanye n’imico n’imigenzo vy’Abagiriki, kandi kubera ko bari bazi cane ibijanye n’amategeko be n’imigenzo, bari bafise ububasha bukomeye ku banyagihugu. (Mt 23:2-6) Bamwe muri bo bari mu bagize Inama nkuru. Barakunda kurwanya Yezu ku bijanye no kwubahiriza isabato, imigenzo, no kwifatanya n’abacumuzi hamwe n’abatozakori. Hari Abafarizayo babaye abakirisu, nk’akarorero Sawuli w’i Taruso.—Mt 9:11; 12:14; Mr 7:5; Lk 6:2; Ivk 26:5.

  • Abakerubi.

    Ni abamarayika bo ku rwego rwo hejuru bafise ibikorwa bidasanzwe. Baratandukanye n’abaserafi.—It 3:24; Kv 25:20; Yes 37:16; Heb 9:5.

  • Abanefili.

    Ni abana b’inkazi bavyawe imbere y’umwuzure. Bavyawe n’abamarayika biyambitse umubiri w’abantu babavyarana n’abakobwa b’abantu.—It 6:4.

  • Abanetinimu.

    Bari abasuku bakorera ku rusengero. Ntibari Abisirayeli. Mu giheburayo iryo jambo risobanura ngo «abatanzwe», rikaba ryerekana ko Abanetinimu batanzwe ngo bakorere ku rusengero. Abanetinimu benshi bashobora kuba bakomoka ku Banyagibeyoni, bamwe Yosuwa yari yagize «abashumba basenya bakongera bakavoma ku bw’ishengero ryose n’igicaniro ca Yehova.»—Yos 9:23, 27; 1Ng 9:2; Ezr 8:17.

  • Abanywanyi b’umugambwe wa Herodi.

    Wari umugwi w’abantu bishimira igihugu ushigikiye ivyiyumviro vya politike vy’abami bitwa ba Herodi baganje mu gihe c’intwaro y’Abaroma. Birashoboka yuko bamwebamwe mu Basadukayo bari muri uwo mugambwe. Abanywanyi b’umugambwe wa Herodi barafadikanije n’Abafarizayo mu kurwanya Yezu.—Mr 3:6.

  • Abaragurisha inyenyeri.

    Ni abantu biga ingene izuba, ukwezi n’inyenyeri bigendagenda mu kirere kugira bavuge ibizoba.—Dn 2:27; Mt 2:1.

  • Abarinzi b’umwami.

    Ni umugwi w’abasoda b’Abaroma washinzwe ku bwo kurinda umwami w’abami w’Umuroma. Uwo mugwi wahavuye ugira inguvu nyinshi mu vya politike, ku buryo washigikira umwami w’abami canke ukamutembagaza.—Fp 1:13.

  • Abasadukayo.

    Wari umugwi wo mw’idini ry’Abayuda ukomeye cane. Wari ugizwe n’abaherezi be n’abantu bakomoka mu miryango yubahwa kandi itunze. Bari bafise ububasha bukomeye ku vyakorerwa ku rusengero. Ntiberekwa imigenzo myinshi y’Abafarizayo yagiye irahanahanwa ku munwa be n’ibindi bintu Abafarizayo bemera. Ntibemera izuka canke abamarayika. Bararwanya Yezu.—Mt 16:1; Ivk 23:8.

  • Abasamariya.

    Mu ntango ryari izina ry’Abisirayeli baba mu bwami bwa Isirayeli bwo mu buraruko bugizwe n’imiryango cumi. Mugabo aho Samariya itsindiwe n’Abashuri mu 740 imbere ya Kristu, iryo zina ryaciye rifata n’abanyamahanga bazanywe n’Abashuri. Mu gihe ca Yezu, umuntu avuze iryo zina, abantu ntibaca bumvamwo ivy’ubwoko canke ivya politike. Kenshi umuntu yaca abona abantu bo mu kagwi k’idini kari mu micungararo y’igisagara ca kera ca Shekemu n’ica Samariya. Abo muri ako kagwi hari ivyo bemera bitandukanye rwose n’ivyo mw’idini ry’Abayuda.—Yoh 8:48.

  • Abaserafi.

    Ni abamarayika bari irya n’ino y’intebe y’ubwami ya Yehova mw’ijuru. Ijambo ry’igiheburayo sera·phimʹ risobanura ngo «abarurumba.»—Yes 6:2, 6.

  • Abasitoyiko.

    Ni umugwi w’abafilozofe b’Abagiriki bemera ko umuntu abayeho yisunga ubwenge na kameremere k’ibiriho ari vyo bituma agira agahimbare. Babona ko umuntu w’inkerebutsi vy’ukuri yaba ari umuntu aterekana ko ababaye canke ko aryohewe.—Ivk 17:18.

  • Abepikuri.

    Bari abayoboke b’umufilozofe w’Umugiriki yitwa Epikuro (341-270 imbere ya Kristu). Inyigisho zabo zari zishingiye ku ciyumviro c’uko kuryoherwa ari yo ntumbero nyamukuru mu buzima.—Ivk 17:18.

  • Abi.

    Ni izina ryahawe ukwezi kugira 5 ku kirangamisi ceranda c’Abayuda (ukwezi kugira 11 ku kirangamisi cabo gisanzwe). Iryo zina ryatanguye gukoreshwa aho bamariye kuva mu bunyagano i Babiloni. Ukwo kwezi gutangura hagati muri Mukakaro kukarangira hagati muri Myandagaro. Izina ry’ukwo kwezi ntirivugwa muri Bibiliya. Ivuga gusa ko ari «ukwezi kugira gatanu.» (Gh 33:38; Ezr 7:9)—Raba Inyongera ya B15.

  • Abibu.

    Ryahora ari izina ry’ukwezi kwa 1 ku kirangamisi ceranda c’Abayuda (ukwezi kugira 7 ku kirangamisi cabo gisanzwe). Iryo zina risobanura ngo «amahundo matoto.» Ukwo kwezi gutangura hagati muri Ntwarante kukarangira hagati muri Ndamukiza. Abayuda bamaze kuva mu bunyagano i Babiloni, kwaciye kwitwa Nisani. (Gus 16:1)—Raba Inyongera ya B15.

  • Adari.

    Ni izina ryahawe ukwezi kugira 12 ku kirangamisi ceranda c’Abayuda (ukwezi kugira 6 ku kirangamisi cabo gisanzwe). Iryo zina ryatanguye gukoreshwa aho bamariye kuva mu bunyagano i Babiloni. Ukwo kwezi gutangura hagati muri Ruhuhuma kukarangira hagati muri Ntwarante. (Est 3:7)—Raba Inyongera ya B15.

  • Agakoni k’ubwami.

    Ni agakoni abatware bitwaza kagereranya ubutegetsi bwa cami.—It 49:10; Heb 1:8.

  • Agapfuko ko ku gikiriza.

    Kari agapfuko gasharijwe n’amabuye y’agaciro umuherezi mukuru wa Isirayeli yambara ku mutima igihe cose yinjiye Aheranda. Kitwa «agapfuko ko ku gikiriza ko guca imanza» kubera karimwo Urimu na Tumimu zakoreshwa mu gushira ahabona imanza za Yehova. (Kv 28:15-30)—Raba Inyongera ya B5.

  • Agasaruzo.

    Ni akantu bakoresha mu kwandika kw’ibumba canke kw’ishashara. (Zb 45:1; Yes 8:1; Yr 8:8) Agasaruzo canke itindo bikozwe mu cuma canke mu bindi bintu bigumye ni vyo vyakoreshwa mu gusarura indome kw’ibuye canke ku cuma.—Yb 19:24; Yr 17:1.

  • Ahantu heranda.

    Muri rusangi ni ikibanza ceranda, kigenewe ivy’ugusenga. Mugabo kenshi iryo jambo risobanura ihema ryeranda canke urusengero rw’i Yeruzalemu. Rirakoreshwa kandi mu kuvuga ahantu Imana iba mw’ijuru.—2Bm 10:25, akajambo k’epfo; 1Ng 28:10; Yes 16:12; Ivh 11:19.

  • Aheranda.

    Cari icumba ca mbere kandi cagutse co muri rya hema ryeranda no muri rwa rusengero rwa Salomo, ukigereranije n’icumba c’indani citwa Aheranda cane. Muri rya hema ryeranda, icumba ca mbere carimwo ikintu baterekako amatara gikozwe mu nzahabu, igicaniro c’inzahabu baturirirako imibavu, imeza iriko imikate myeranda n’ibindi bikoresho bikozwe mu nzahabu. Muri rwa rusengero rwa Salomo na ho, ico cumba ca mbere carimwo igicaniro c’inzahabu, ibintu baterekako amatara cumi bikozwe mu nzahabu hamwe n’imeza cumi ziriko imikate myeranda. (Kv 26:33; Heb 9:2)—Raba Inyongera ya B5 n’iya B8.

  • Aheranda cane.

    Cari icumba c’indani rwose muri rya hema ryeranda no muri rwa rusengero rwa Salomo. Ni ho babika isandugu y’isezerano. Citwa kandi «Aheranda h’aheranda.» Amategeko ya Musa yavuga ko umuherezi mukuru ari we wenyene yari yemerewe kwinjira Aheranda cane, kandi yinjirayo rimwe gusa mu mwaka ku musi w’impongano.—Kv 26:33; Lw 16:2, 17; 1Bm 6:16; Heb 9:3.

  • Akajambo k’intangamarara.

    Ni akajambo kari ku ntango y’amazaburi amwamwe. Kerekana uwanditse iyo zaburi, ukuntu vyari vyifashe igihe yandikwa, ukuntu iririmbwa, canke intumbero yayo.—Raba akajambo k’intangamarara muri Zaburi ya 3, 4, 5, 6, 7, 30, 38, 60, 92, 102.

  • Akaya.

    Mu Vyanditswe vy’ikigiriki, ni izina ry’intara y’Abaroma yari mu bumanuko bw’Ubugiriki, umurwa mukuru wayo ukaba wari Korinto. Akaya yari igizwe n’akarere kose ka Péloponnèse n’igice co hagati c’Ubugiriki. (Ivk 18:12)—Raba Inyongera ya B13.

  • Alabasitironi.

    Ni izina ry’uducupa dutoduto twajamwo amavuta amota cane. Mu ntango twakorwa mu mabuye yaboneka mu Misiri mu gisagara citwa Alabasitironi. Twari dufise izosi ritoyi ryoroshe kuzibira kugira ayo mavuta ntatumuke. Ayo mabuye na yo nyene yahavuye yitirirwa iryo zina.—Mr 14:3, akajambo k’epfo.

  • Alamoti.

    Ni ijambo rikoreshwa mu vy’umuziki risobanura ngo «abigeme», «abagore bakiri bato.» Rishobora kuba ryerekeza kw’ijwi ryo hejuru ry’abagore bakiri bato. Gishobora kuba cari ikimenyetso cerekana ko umuziki ukwiye kuririmbwa hakoreshejwe ijwi ryo hejuru.—1Ng 15:20; Zb 46:Itg, utujambo tw’epfo.

  • Alufa na Omega.

    Ni amazina y’urudome rwa mbere n’urwa nyuma mu rutonde rw’indome z’ikigiriki. Iyo mvugo ikoreshwa incuro zitatu mu Vyahishuwe nk’izina ry’Imana. Aho hose iyo mvugo isobanura ngo «uwa mbere n’uwa nyuma» be n’«intango n’iherezo.»—Ivh 1:8; 21:6; 22:13.

  • Amadayimoni.

    Ni ibiremwa vy’impwemu vy’ibibisha bitaboneka, bifise ububasha busumba ubw’abantu. Mw’Itanguriro 6:2 (akajambo k’epfo) vyitwa «abana b’Imana y’ukuri», muri Yuda 6 na ho bikitwa «abamarayika.» Ivyo birerekana ko bitaremwe ari ibibisha. Ahubwo ni abamarayika bigize abansi b’Imana mu kuyigambararira mu gihe ca Nowa maze bifatanya na Shetani mu kugarariza Yehova.—Gus 32:17; Lk 8:30; Ivk 16:16; Yak 2:19.

  • Amahembe y’igicaniro.

    Ni udusonga tumeze nk’amahembe turi ku mfuruka zine z’ibicaniro bimwebimwe. (Lw 8:15; 1Bm 2:28)—Raba Inyongera ya B5 n’iya B8.

  • Amakuba akomeye.

    Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo «amakuba» ririmwo iciyumviro c’imibabaro itewe n’ukuntu ibintu biba vyifashe. Yezu yaravuze ibijanye n’«amakuba akomeye» atari bwigere abaho yoshikiye Yeruzalemu, aravuga n’«amakuba akomeye» yoshikiye abantu bose muri kazoza igihe «yoje afise ubuninahazwa.» (Mt 24:21, 29-31) Pawulo yavuze ko bibereye yuko Imana izana ayo makuba ku bantu «batazi Imana n’abatagamburukira inkuru nziza» yerekeye Yezu Kristu. Ivyahishuwe ikigabane ca 19 havuga ko Yezu ari we azoyobora igitero c’ingabo zo mw’ijuru kugira arwanye «ca gikoko n’abami b’isi n’ingabo zabo.» (2Ts 1:6-8; Ivh 19:11-21) Bibiliya ivuga ko «isinzi rinini» rizorokoka ayo makuba. (Ivh 7:9, 14)—Raba HARUMAGEDONI.

  • Amategeko.

    Iryo jambo rirashobora kwerekeza ku mategeko ya Musa canke ku bitabu bitanu vya mbere vya Bibiliya. Rirashobora kandi kwerekeza ku mategeko kanaka yo mu mategeko ya Musa canke ku ngingo ngenderwako ziri mu mategeko.—Gh 15:16; Gus 4:8; Mt 7:12; Gl 3:24.

  • Amategeko ya Musa.

    Ni amategeko Yehova yahaye Abisirayeli biciye kuri Musa mu bugaragwa bwa Sinayi mu 1513 imbere ya Kristu. Ibitabu bitanu vya mbere vyo muri Bibiliya na vyo nyene bikunze kwitwa «amategeko.»—Yos 23:6; Lk 24:44.

  • Amato y’i Tarushishi.

    Mu ntango, iryo zina ryakoreshwa mu kuvuga amato yaja i Tarushishi ha kera (Espanye y’ubu). Mu nyuma iryo zina ryahavuye rikoreshwa mu kuvuga amato manini ashobora kugira ingendo ndende. Salomo na Yehoshafati barakoresheje mwene ayo mato mu vy’urudandaza.—1Bm 9:26; 10:22; 22:48.

  • Amavuta yo gusomora.

    Ni amavuta amota neza ava mu biterwa no mu biti bimwebimwe. Abantu barayakoresha mu kuyisiga, mu vy’ubuvuzi canke mu kumotesha ibintu canke ahantu. Abantu bo muri Aziya barakunda cane amavuta yo gusomora.It 37:25; Yer 8:22.

  • Amen.

    Iryo jambo risobanura ngo «nibibe gutyo nyene», canke «ata gukeka.» Rivuye mw’ijambo ry’igiheburayo ʼa·manʹ risobanura ngo «kuba umwizigirwa.» Abantu bararikoresha bagomba kwemeza indahiro, isengesho canke ijambo ryavuzwe. Mu Vyahishuwe, iryo jambo rirakoreshwa nk’izina rya Yezu.—Gus 27:26; 1Ng 16:36; Ivh 3:14.

  • Antikristu.

    Iryo jambo rifise insobanuro zibiri mu kigiriki. Rirashobora kwerekeza ku muntu arwanya Kristu canke rikerekeza kuri Kristu w’ikinyoma, ni ukuvuga uwigira Kristu. Abantu bose, amashirahamwe yose canke imigwi yose ivuga ko iserukira Kristu canke yiyitirira Mesiya kandi atari vyo, canke ikarwanya Kristu n’abigishwa biwe, birabereye ko vyitwa «antikristu.»—1Yh 2:22.

  • Aramu; Abaramu.

    Aramu yari umuhungu wa Shemu. Abamukomokako ari bo Baramu, ahanini baba mu karere kava mu misozi yo muri Libani gushika muri Mezopotamiya, no kuva mu misozi yitwa Taurus mu buraruko gushika i Damasiko mu bumanuko. Ako karere kitwa Aramu mu giheburayo, ariko kahavuye kitwa Siriya, abantu baho na bo baca bitwa «Abasiriya.»—It 25:20; Gus 26:5; Hs 12:12.

  • Areyopago.

    Ni izina ry’agasozi karekare k’i Atene, mu buraruko bushira uburengero bwa Akoropoli. Ryari izina kandi rya sentare yakoranira ng’aho. Aho ni ho abafilozofe b’Abepikuri n’Abasitoyiko bazanye Pawulo kugira asigure ivyo yemera.—Ivk 17:19.

  • Aselgeia.​—

  • Ashitoreti.

    Cari ikimanakazi casengwa n’Abanyakanani. Cari ikimanakazi c’intambara n’irondoka, kikaba n’ikigore ca Bayali.—1Sm 7:3.

  • Azazeli.

    Ni izina ry’igiheburayo. Rishobora kuba risobanura ngo «impene ikamangana.» Ku musi w’impongano, impene yegukira Azazeli yararungikwa mu gahinga, ikamera nk’aho itwaye ibicumuro ihanga ryose ryakoze mu mwaka uheze.—Lw 16:8, 10.

  • Aziya.

    Mu Vyanditswe vy’ikigiriki, ni izina ry’intara y’Uburoma yari igizwe n’igice co mu burengero ca Tirkiya y’ubu hamwe n’amazinga amwamwe ari ku nkengera y’ikiyaga, nka Samo na Patimo. Efeso ni wo wari umurwa mukuru w’iyo ntara. (Ivk 20:16; Ivh 1:4)—Raba Inyongera ya B13.

B

  • Bati.

    Ni ingero y’ibiseseka. Twisunze ibimanyu vy’ibikono abahinga mu vy’ubucukuzi bubuye biriko iryo zina, iyo ngero yapima nk’amalitiro 22. Izindi ngero nyinshi zipima ibiseseka n’ibinyantete zivugwa muri Bibiliya, ziharurwa bafatiye ku ngero ya bati. (1Bm 7:38; Ezk 45:14)—Raba Inyongera ya B14.

  • Bayali.

    Cari ikimana casengwa n’Abanyakanani. Abanyakanani babona ko ari co kigaba ikirere, kigatanga imvura kandi kigatuma abantu barondoka. N’ibindi bimana bitobito na vyo nyene baravyita «Bayali.» Mu giheburayo iryo zina risobanura ngo «nyenevyo», «databuja.»—1Bm 18:21; Rm 11:4.

  • Bene Aroni.

    Ni abakomoka ku mwuzukuru wa Lewi yitwa Aroni. Mu gihe c’amategeko ya Musa, Aroni ni we yatowe ngo abe umuherezi mukuru wa mbere. Bene Aroni bakorera ibikorwa vy’abaherezi kw’ihema ryeranda no ku rusengero.—1Ng 23:28.

  • Beyezebuli.

    Ni irindi zina rya Shetani, wa muganwa canke umutware w’amadayimoni. Rishobora kuba ari izina Bayali-Zebubi ryanditswe ukundi. Bayali-Zebubi ni izina ry’ikimana Bayali Abafilisitiya basengera i Ekuroni—2Bm 1:3; Mt 12:24.

  • Buli.

    Ni izina ry’ukwezi kugira 8 ku kirangamisi ceranda c’Abayuda (ukwezi kugira 2 ku kirangamisi cabo gisanzwe). Rivuye mw’ijambo ry’igiheburayo risobanura ngo «umwimbu.» Ukwo kwezi gutangura hagati muri Gitugutu kukarangira hagati muri Munyonyo. (1Bm 6:38)—Raba Inyongera ya B15.

  • Buramatari w’intara iganzwa n’Uburoma.

    Yari afise ububasha mu vy’ubutungane no mu vya gisirikare. Yari afise ububasha buhambaye cane mu ntara yatwara, naho ivyo yakora vyabwirizwa gusuzumwa n’Inama nkenguzamateka y’Uburoma.—Ivk 13:7; 18:12.

D

  • Dagoni.

    Ni ikimana casengwa n’Abafilisitiya. Nta wuzi neza inkomoko y’iryo zina, ariko abahinga bamwebamwe bavuga ko rifitaniye isano n’ijambo ry’igiheburayo dagh risobanura ngo «ifi.»—Abc 16:23; 1Sm 5:4.

  • Dekapoli.

    Ni izina ry’umugwi w’ibisagara vy’Abagiriki mu ntango wari ugizwe n’ibisagara cumi. (Rivuye mw’ijambo ry’ikigiriki deʹka, risobanura «cumi», na poʹlis, risobanura «igisagara.») Ryari izina kandi ry’akarere kari mu buseruko bw’ikiyaga ca Galilaya n’uruzi Yorodani, akaba ari na ho vyinshi muri ivyo bisagara vyari biherereye. Aho ni ho hari intimatima y’imico y’Abagiriki n’urudandaza rwabo. Yezu yaraciye muri ako karere, ariko nta na hamwe Bibiliya ivuga ko yashitse muri ivyo bisagara. (Mt 4:25; Mr 5:20)—Raba Inyongera ya A7 n’iya B10.

E

  • Edomu.

    Ni irindi zina rya Esawu, umuhungu wa Izahaki. Abakomoka kuri Esawu (Edomu) barigaruriye akarere ka Seyiri, ni ukuvuga akarere k’imisozi kari hagati y’ikiyaga c’Umunyu n’ikigobe ca Akaba. Ako karere kahavuye kitwa Edomu. (It 25:30; 36:8)—Raba Inyongera ya B3 n’iya B4.

  • Efa.

    Ni ingero yakoreshwa mu gupima ibintu vyumye. Igikoresho cakoreshwa mu gupima na co nyene bacita Efa. Efa yangana n’ingero y’ibiseseka yitwa bati, ikaba rero yaja mu kintu c’amalitiro 22. (Kv 16:36; Ezk 45:10)—Raba Inyongera ya B14.

  • Efodi.

    Ni impuzu imeze nk’itabuliya yambarwa n’abaherezi. Umuherezi mukuru yambara efodi idasanzwe, imbere kuri yo hakaba hariko agapfuko ko ku gikiriza gasharijwe n’amabuye y’agaciro 12. (Kv 28:4, 6)—Raba Inyongera ya B5.

  • Efurate.

    Ni uruzi rurerure kandi ruhambaye kuruta izindi zose ziri mu bumanuko bushira uburengero bwa Aziya, akaba ari rumwe mu nzuzi zibiri zihambaye zo muri Mezopotamiya. Rutangura kuvugwa mw’Itanguriro 2:14, kandi ni rumwe mu nzuzi zine zari mw’itongo rya Edeni. Rukunze kwitwa «rwa ruzi runini.» (It 31:21) Ni rwo rwari urubibe rwo mu buraruko rw’akarere kahawe Abisirayeli. (It 15:18; Ivh 16:12)—Raba Inyongera ya B2.

  • Efurayimu.

    Ni izina ry’umuhungu agira kabiri wa Yozefu. Iryo zina ryahavuye ryitirirwa umwe mu miryango y’Abisirayeli. Ubwami bwa Isirayeli bumaze kwigabura, umuryango wa Efurayimu wahavuye userukira ubwami bwose bwari bugizwe n’imiryango cumi, kuko ari wo wari umuryango nyamukuru.—It 41:52; Yr 7:15.

  • Eluli.

    Ni izina ryahawe ukwezi kugira 6 ku kirangamisi ceranda c’Abayuda (ukwezi kugira 12 ku kirangamisi cabo gisanzwe). Iryo zina ryatanguye gukoreshwa inyuma y’aho baviriye mu bunyagano i Babiloni. Ukwo kwezi gutangura hagati muri Myandagaro kukarangira hagati muri Nyakanga. (Neh 6:15)—Raba Inyongera ya B15.

  • Etanimu.

    Ni izina ry’ukwezi kugira 7 ku kirangamisi ceranda c’Abayuda (ukwezi kwa 1 ku kirangamisi cabo gisanzwe). Ukwo kwezi gutangura hagati muri Nyakanga kukarangira hagati muri Gitugutu. Abayuda bamaze kuva mu bunyagano i Babiloni kwaciye kwitwa Tishiri. (1Bm 8:2)—Raba Inyongera ya B15.

  • Etiyopiya.

    Mu bihe vya Bibiliya, ico gihugu cari mu bumanuko bwa Misiri. Cari kigizwe n’igice co mu bumanuko bwa Misiri y’ubu hamwe na Sudani yʼubu. Muri Bibiliya, rimwe na rimwe iryo zina rirasubirira izina ry’igiheburayo «Kushi.»—Est 1:1.

  • Ezobu.

    Ni agati gafise udushami n’utubabi dutoduto bakoresha mu kumijagira amaraso canke amazi mu gihe c’imigirwa yo guhumanura ibintu n’abantu. Ijambo ry’ikigiriki n’iry’igiheburayo ryahinduwe ngo «ezobu» rishobora kwerekeza ku biterwa bitandukanye. Ezobu ivugwa muri Yohani 19:29 ishobora kuba ari igiterwa kirekire cane, ku buryo umutumba waco wari gushobora gushirwako ipampa bajobetse mu muvinyu ukarishe maze rigashikira umunwa wa Yezu.—Kv 12:22; Zb 51:7.

F

  • Farawo.

    Ni izina ry’icubahiro ryahabwa abami ba Misiri. Muri Bibiliya haravugwa amazina y’aba Farawo batanu (ari bo Shishaki, So, Tiruhaka, Neko na Hofura). Ariko hariho n’abandi batavugwa amazina, harimwo n’ababonanye na Aburahamu, Musa na Yozefu.—Kv 15:4; Rm 9:17.

G

  • Gehena.

    Ni izina ry’ikigiriki ry’umubande wa Hinomu. Wari uherereye mu bumanuko no mu bumanuko bushira uburengero bwa Yeruzalemu ya kera. (Yr 7:31) Ubuhanuzi buvuga ko ari ikibanza borunzemwo ibiziga. (Yr 7:32; 19:6) Nta kimenyamenya gihari cerekana ko batererayo ibikoko canke abantu kugira biturirwe bibona canke kugira bibabarizweyo. Ico kibanza rero ntikigereranya ahantu hataboneka abantu bababarizwa mu muriro ibihe bidahera. Ahubwo Yezu n’abigishwa biwe bakoresheje iryo jambo Gehena bashaka kuvuga igihano c’ibihe bidahera ari rwo «rupfu rwa kabiri», ni ukuvuga kurandurwa buhere, kuzimanganywa.—Ivh 20:14; Mt 5:22; 10:28.

  • Gera.

    Ni ingero y’uburemere yapima amagarama 0,57. Yangana na 1/20 ca shekeli. (Lw 27:25)—Raba Inyongera ya B14.

  • Gileyadi.

    Muri rusangi, iryo zina ryerekeza ku karere kimbuka kari mu buseruko bw’uruzi Yorodani, kakabandanya gushika mu buraruko no mu bumanuko bw’umwonga Yaboki. Rimwe na rimwe iryo zina ryarakoreshwa mu kwerekeza ku karere kose ka Isirayeli kari mu buseruko bwa Yorodani ahaba umuryango wa Rubeni, uwa Gadi hamwe n’igice c’umuryango wa Manase. (Gh 32:1; Yos 12:2; 2Bm 10:33)—Raba Inyongera ya B4.

  • Gititi.

    Ni ijambo rikoreshwa mu muziki ata wuzi neza insobanuro yaryo, ariko rishobora kuba rikomoka mw’ijambo ry’igiheburayo gath. Hari abibaza ko ari umudiho ufitaniye isano n’indirimbo zivuga ivyo gukora umuvinyu, kuko ijambo gath risobanura uruganiro.—Zb 81:Itg.

  • Gucura.

    Ni umugenzo wasaba umuntu gutwara umugore wa mwenewabo yapfuye ata mwana w’umuhungu asize, kugira avyarire abana uwo mwenewabo. Uwo mugenzo wahavuye ushirwa mu mategeko ya Musa.—It 38:8; Gus 25:5.

  • Guhumana.

    Ni ugucafura ku mubiri canke kurenga ku mategeko agenga inyifato runtu. Ariko muri Bibiliya, iryo jambo rikunda gukoreshwa mu kuvuga ikintu gihumanye canke kitemewe hisunzwe amategeko ya Musa. (Lw 5:2; 13:45; Mt 10:1; Ivk 10:14; Ef 5:5)—Raba UKUDAHUMANA.

  • Gukora ikosa; ikosa.

    Ni ukurenga kw’itegeko rihari. Muri Bibiliya iryo jambo ni icitiranwa c’«igicumuro.»—Zb 51:3; Rm 5:14.

  • Gukubita intete; imbuga yo mu murima.

    Bakubita intete kugira bazitandukanye n’agati ziriko canke udushishwa twazo. Iyo mbuga na yo ni yo bakorerako ico gikorwa. Intete bazikubitisha inkoni. Ariko igihe zaba ari nyinshi bakoresha ibikoresho vyabigenewe, nk’ibibaho canke ibihini bikwegwa n’ibitungwa. Ivyo bikoresho babicisha ku ntete zaba zishanje ku mbuga yo mu murima. Iyo mbuga cari ikibanza gishashe c’umuzingi. Kenshi caba kiri ahantu hahanamye haca umuyaga.—Lw 26:5; Yes 41:15; Mt 3:12.

  • Gutorora.

    Ni ukwegeranya ivyimburwa abimbuzi baba basize inyuma nkana canke batabibonye. Amategeko ya Musa yasaba abantu kutimbura ivyaba biri ku mibari y’umurima no kudaherengeteza imyelayo canke inzabibu. Ni uburenganzira Imana yari yarahaye abakene, abahahazwa, abanyamahanga, impfuvyi n’abapfakazi bwo gutorora ivyasigara mu murima bahejeje kwimbura.—Rs 2:7.

H

  • Harumagedoni.

    Rivuye mw’ijambo ry’igiheburayo Har Meghid·dohnʹ, rikaba risobanura ngo «umusozi wa Megido.» Iryo jambo ryerekeza «ku ntambara yo kuri wa musi uhambaye w’Imana Mushoboravyose», igihe «abami bo kw’isi yose» bazokoranira hamwe kugira barwanye Yehova. (Ivh 16:14, 16; 19:11-21)—Raba AMAKUBA AKOMEYE.

  • Herodi.

    Ni izina ry’umuryango w’abami washizweho n’Uburoma kugira uganze Abayuda. Herodi mukuru yaramenyekanye cane kubera yasubiye kwubaka urusengero rw’i Yeruzalemu no kubera yatanze itegeko ryo kwica abana arondera kwica Yezu. (Mt 2:16; Lk 1:5) Abahungu ba Herodi mukuru, ari bo Herodi Arukelayo na Herodi Antipa, bahawe gutwara uduce tumwetumwe tw’akarere katwarwa na se wabo. (Mt 2:22) Antipa yari umutware atwara ica kane c’ubwami, ariko abantu bamwita «umwami.» Ni we yatwara mu kiringo c’imyaka itatu n’igice Yezu yamaze arangura igikorwa ciwe gushika mu kiringo c’ibivugwa mu Vyakozwe ikigabane ca 12. (Mr 6:14-17; Lk 3:1, 19, 20; 13:31, 32; 23:6-15; Ivk 4:27; 13:1) Inyuma y’aho, umwuzukuru wa Herodi mukuru, ari we Herodi Agiripa wa mbere, yaramaze igihe gitoyi aganza imbere y’uko yicwa n’umumarayika w’Imana. (Ivk 12:1-6, 18-23) Umuhungu wiwe ari we Herodi Agiripa wa kabiri yaragiye ku ngoma, aratwara gushika Abayuda bagararije Uburoma.—Ivk 23:35; 25:13, 22-27; 26:1, 2, 19-32.

  • Herumesi.

    Ni imana y’Abagiriki, ikaba n’umuhungu w’imana Zeyu. Abagiriki bemera yuko Herumesi ari intumwa y’imana, ikaba n’imana y’abantu bazi gushikiriza ijambo neza. Ni co gituma abantu b’i Lusitira biyumviriye ko Pawulo yari Herumesi.—Ivk 14:12.

  • Higayoni.

    Ni ijambo rikoreshwa mu bijanye n’umuziki. Dufatiye ku kuntu rikoreshwa muri Zaburi 9:16, rishobora kuba ryerekeza ku karuhuko gatoyi gaherekejwe n’ijwi ryo hasi ry’inanga canke ku karuhuko gatuma abantu bazirikana.

  • Hini.

    Ni ingero y’ibiseseka, ikaba n’izina ry’igikoresho kijamwo iyo ngero. Iyo ngero yangana n’amalitiro 3,67. (Kv 29:40)—Raba Inyongera ya B14.

  • Homeri.

    Ni ingero yakoreshwa mu gupima ibintu vyumye, ikaba ingana n’ingero ya koro. Dufatiye ku ngero ya bati, homeri yangana n’amalitiro 220. (Lw 27:16)—Raba Inyongera ya B14.

  • Horebu.

    Ni akarere k’imisozi gakikuje umusozi Sinayi. Umusozi Sinayi na wo nyene witwa umusozi Horebu. (Kv 3:1; Gus 5:2)—Raba Inyongera ya B3.

I

  • Ibamba.

    Ni ubwoko bw’ibiterwa birura cane kandi bifise akamoto gakaze. Bibiliya irakoresha ijambo «ibamba» mu buryo bw’ikigereranyo mu kuvuga ingaruka zibabaje z’ubusambanyi, ubushumba, akarenganyo n’uguheba Imana (ubuhuni). Mu Vyahishuwe 8:11, «ibamba» (umururazi) risobanura ibintu birura kandi birimwo ubumara.—Raba utujambo tw’epfo mu Gus 29:18; Img 5:4; Yr 9:15; Am 5:7.

  • Ibanga ryeranda.

    Ni ikintu kijanye n’umugambi w’Imana igumiza mw’ibanga gushika igihe yashinze kigeze, ikagihishurira abo ishimye kukimenyesha bonyene.—Mr 4:11; Kl 1:26.

  • Ibaraza rya Salomo.

    Yari inzira isakaye yari mu buseruko bw’ikigo co hanze c’urusengero rwo mu gihe ca Yezu. Benshi bibaza ko iryo baraza ryahoze riri ku rusengero Salomo yubatse. Yezu yarahagendagenze «mu rushana» kandi abakirisu bo mu ntango barahahurira ku bwo gusenga. (Yoh 10:22, 23; Ivk 5:12)—Raba Inyongera ya B11.

  • Ibatisimu; kubatiza.

    Iryo rivuga risobanura ngo «kwibiza», ni ukuvuga gushira munsi y’amazi. Yezu yavuze ko ibatisimu ari igisabwa ku bigishwa biwe. Ivyanditswe kandi biravuga ibijanye n’ibatisimu ya Yohani, kubatizwa mu mpwemu nyeranda no kubatizwa mu muriro.—Mt 3:11, 16; 28:19; Yoh 3:23; 1Pt 3:21.

  • Ibibanza bitaramutse.

    Vyari ibibanza basengeramwo. Akenshi wasanga biri hejuru ku mutumba, ku musozi canke ahantu hataramutse hakozwe n’abantu. Naho rimwe na rimwe ivyo bibanza vyakoreshwa mu gusenga Yehova, akenshi vyakoreshwa mu gusenga imana z’ikinyoma.—Gh 33:52; 1Bm 3:2; Yr 19:5, utujambo tw’epfo.

  • Ibisagara vy’ubuhungiro.

    Vyari ibisagara vy’Abalewi vyahungiramwo uwishe umuntu atabishaka, kugira ngo uwuhora amaraso ntamwice. Mu gihugu c’isezerano hariyo ibisagara bitandatu vy’ubuhungiro bikwiragiye hirya no hino. Vyatanguye gushirwaho na Musa, hanyuma bishirwaho na Yosuwa, hisunzwe itegeko rya Yehova. Uwuriko arahunga ashitse mu gisagara c’ubuhungiro, yaca abwira abashingantahe bari kw’irembo ry’igisagara uko ivyiwe vyifashe kandi bamwakirana igishika. Kugira ntihagire uwikika inyuma y’iyo ntunganyo kandi yishe uwundi n’ibigirankana, uwishe umuntu yabwirizwa kuburanira mu gisagara cabereyemwo ubwo bwicanyi kugira yerekane ko ata kimwagira. Bigaragaye ko ata kimwagira, yaca asubizwa mu gisagara c’ubuhungiro akagumayo ubuzima bwiwe bwose canke gushika umuherezi mukuru apfuye. Ntiyigera arenga imbibe z’ico gisagara.—Gh 35:6, 11-15, 22-29; Yos 20:2-8.

  • Ibitangaro; ibikorwa vy’ububasha.

    Ni ibikorwa canke ibintu birengeye ubushobozi bw’abantu, bigaca vyitirirwa Imana canke izindi nguvu zisiga ubwenge. «Ibimenyetso» canke «ibitangaza», ni izindi mvugo Bibiliya ikoresha nk’ivyitiranwa vy’ayo majambo.—Kv 4:21; Ivk 4:22; Heb 2:4.

  • Ibuye rigumya imfuruka.

    Ni ibuye bashira mu mfuruka aho impome zibiri zihurira. Rifise uruhara ruhambaye kuko rihuza izo mpome zibiri kandi rigatuma zifatana. Ibuye nyamukuru rigumya imfuruka ryaba riri mu mushinge. Igihe baba bariko bubaka inyubakwa rusangi canke impome z’ibisagara, bahitamwo ibuye rikomeye cane. Iyo mvugo irakoreshwa mu buryo bw’ikigereranyo mu kwerekeza ku mushinge w’isi. Yezu na we nyene yitwa «ibuye ry’umushinge rigumya imfuruka» y’ishengero rya gikirisu, kuko rigereranywa n’inzu.—Ef 2:20; Yb 38:6.

  • Icabona.

    Iryo jambo rimwe na rimwe rirerekeza kuri ya mabwirizwa cumi yari yanditse ku bisate bibiri vy’amabuye Imana yahaye Musa. (Kv 31:18, akajambo k’epfo) Isandugu yari ibitsemwo ivyo bisate vy’amabuye rimwe na rimwe bayita “isandugu y’icabona,” akaba ari irindi zina ry’isandugu y’isezerano.—Kv 25:22, akajambo k’epfo.

  • Icambu.

    Ni ahantu hari amazi atagera kure, haba mu mwonga canke mu ruzi, ku buryo abantu canke ibikoko bishobora kuhajabukira.—Abc 3:28; 12:5, 6.

  • Icariho.

    Yari umutware ari munsi y’icegera c’umwami ku ntwaro y’Abanyababiloni. Muri Bibiliya, ivyariho vyari bifise ubukuru buruta ubw’incabwenge zo ku kirimba i Babiloni. Ivyariho biravugwa no mu gihe c’intwaro y’umwami Dariyo Umumedi.—Dn 2:48; 6:7.

  • Icegera c’umwami.

    Yari buramatari w’intara mu gihe c’inganji y’Abanyababiloni n’iy’Abaperesi. Yagenwa n’umwami muri iryo banga rihambaye.—Ezr 8:36; Dn 6:1.

  • Ic’icumi (ivy’icumi).

    Ic’icumi (ibice 10 kw’ijana) catangwa nk’ikori ngo gikoreshwe canecane mu bijanye no gusenga. (Mal 3:10; Gus 26:12; Mt 23:23) Mu gihe c’amategeko ya Musa, Abalewi bama bahabwa buri mwaka ic’icumi c’ivyimburwa n’ic’icumi c’ibitungwa vyaba vyavutse, kugira bavyikoreko. Abalewi na bo barafata ic’icumi bakuye kuri ico c’icumi, bakagiha abaherezi bo mu muryango wa Aroni kugira bacikoreko. Hari n’ibindi vy’icumi vyatangwa. Abakirisu ntibasabwa gutanga ic’icumi.

  • Idarakima.

    Mu Vyanditswe vy’ikigiriki, iryo jambo ryerekeza ku giceri c’ifeza c’Abagiriki. Ico gihe capima amagarama 3,4. Mu Vyanditswe vy’igiheburayo, haravugwamwo idarakima y’inzahabu yo mu gihe c’Abaperesi yangana n’idariki. (Neh 7:70; Mt 17:24, akajambo k’epfo)—Raba Inyongera ya B14.

  • Idariki.

    Ni igiceri c’inzahabu c’Abaperesi capima amagarama 8,4. (1Ng 29:7)—Raba Inyongera ya B14.

  • Idenariyo.

    Cari igiceri c’ifeza c’Abaroma capima nk’amagarama 3,85. Cariko ishusho ya Sezari ku ruhande rumwe. Wari umushahara w’umusi umwe w’umukozi, kandi ni ryo ryari «ikori ry’umutwe» Abaroma basaba Abayuda. (Mt 22:17, akajambo k’epfo; Lk 20:24)—Raba Inyongera ya B14.

  • Ifuru.

    Ni ikintu bashongesherezamwo ivyuma canke ubutare bahinguramwo ivyuma. Ifuru irakoreshwa kandi mu guturira ibikoresho vy’ibumba canke ibindi bibumbano. Mu bihe vya Bibiliya, amafuru yaba yubatswe mu matafari canke mu mabuye. Ifuru baturirirwamwo ibikoresho vy’ibumba canke ibindi bibumbano yitwa kandi «itanure.»—It 15:17; Dn 3:17; Ivh 9:2.

  • Igicaniro.

    Cari ikibanza gitaramutse cubakishijwe ivyondo, amabuye agerekeranye, urubuye rumwe canke imbaho zihometsweko ivyuma. Ico kibanza bagishikanirako ibimazi canke imibavu. Mu cumba ca mbere co muri rya hema ryeranda n’ico muri rwa rusengero rwa Salomo hariho «igicaniro c’inzahabu» gitoyi bashikanirako imibavu. Cari gikozwe mu mbaho zihometsweko inzahabu. Hanze mu kigo hariho «igicaniro c’umujumpu» kinini. (Kv 27:1; 39:38, 39; It 8:20; 1Bm 6:20; 2Ng 4:1; Lk 1:11)—Raba Inyongera ya B5 n’iya B8.

  • Igiharameya.

    Ni ururimi rw’igisemite rusa cane n’igiheburayo, kandi izo ndimi zose zifise indome zimwe. Mu ntango, igiharameya cakoreshwa n’Abaramu, ariko cahavuye gikoreshwa mu vy’ubudandaji no mu vyo guhanahana amakuru mu nganji ya Ashuri n’iya Babiloni. Ni rwo rwakoreshwa kandi mu vy’intwaro mu nganji y’Ubuperesi. (Ezr 4:7) Ibice bimwebimwe vy’igitabu ca Ezira, ica Yeremiya n’ica Daniyeli vyanditswe mu giharameya.—Ezr 4:8–6:18; 7:12-26; Yr 10:11; Dn 2:4b–7:28.

  • Igihe (ivy’iki gihe, ivy’iyi si).

    Ijambo ry’ikigiriki ai·onʹ rihindurwa gutyo igihe ryerekeza ku kuntu ibintu biba vyifashe mu kiringo kanaka, canke ku bintu biranga ikiringo canke igihe kanaka, bikagitandukanya n’ibindi. Bibiliya irakoresha imvugo «ivy’iki gihe» ishaka kuvuga ibintu vyiganje cane mw’isi muri rusangi n’ukuntu abantu bo mw’isi bigenza. (2Tm 4:10) Biciye kw’isezerano rishingiye ku mategeko ya Musa, Imana yaratanguje ikiringo (igihe) bamwe bashobora kwita ikiringo c’Abisirayeli canke c’Abayuda. Biciye ku ncungu Yezu Kristu yatanze, Imana yaramukoresheje mu gutanguza ikiringo (igihe) gitandukanye n’ico. Cari kijanye ahanini n’ishengero ry’abakirisu barobanujwe impwemu. Iyo yabaye intango y’ikiringo gishasha kirangwa n’ibintu vyagereranywa n’ivyahora bikorwa mu gihe c’isezerano rishingiye ku mategeko ya Musa. Iyo iryo jambo ry’ikigiriki ai·onʹ riri mu bwinshi riba rishaka kuvuga ibihe bitandukanye vyabayeho n’ibizoza, canke ukuntu ivyo bihe biba vyifashe canke bizoba vyifashe.—Mt 24:3; Mr 4:19; Rm 12:2; 1Kr 10:11.

  • Igiheburayo.

    Ni ururimi rwavugwa n’Abaheburayo. Mu gihe ca Yezu, urwo rurimi rwari rumaze kujamwo amajambo menshi y’igiharameya kandi Yezu n’abigishwa biwe ni rwo bavuga.—Ivk 26:14.

  • Igikorwa ceranda.

    Ni igikorwa umuntu akora kijanye no gusenga Imana.—Rm 12:1; Ivh 7:15.

  • Igisagara ca Dawidi.

    Ni izina ryahawe igisagara ca Yebusi, inyuma y’aho Dawidi acigaruriye akongera akahubaka ikirimba ciwe. Citwa kandi Siyoni. Ni igice ca kera c’igisagara ca Yeruzalemu kiri mu bumanuko bushira ubuseruko bw’ico gisagara.—2Sm 5:7; 1Ng 11:4, 5.

  • Igitambara bazingira mu mutwe.

    Cambarwa nk’igisharizo. Umuherezi mukuru yarambara igitambara bazingira mu mutwe co mw’ilino nziza. Bakiboherako akuma gafyase k’inzahabu bakoresheje umugozi usa n’ubururu. Umwami yarambara mwene ico gitambara akakirenzako urugori. Yobu yagereranije ubutungane bwiwe n’igitambara bazingira mu mutwe.—Kv 28:36, 37; Yb 29:14; Ezk 21:26.

  • Igiti (co kumanikwako).

    Ni igiti kigororotse camanikwako abantu. Mu bihugu bimwebimwe bagikoresha mu kucicirako umuntu canke mu kukimanikako ikiziga ciwe, kugira bibere icigwa abandi canke kugira bamumaramaze. Abashuri, bamwe bari bazwi ko barwana nk’inyamaswa, bafashe abantu babamanika ku biti bisongoye bacisha mu nda bigaserukira mu gikiriza. Mu mategeko y’Abayuda hoho, abakoze ibicumuro vy’agacamutwe, nko gutuka Imana canke gusenga ibigirwamana, babanza kwicishwa amabuye canke kwicwa mu bundi buryo maze ibiziga vyabo bikamanikwa ku giti kugira bibere icigwa abandi. (Gus 21:22, 23; 2Sm 21:6, 9) Abaroma bobo rimwe na rimwe babohera gusa umuntu ku giti, agashobora kumara imisi nk’ingahe atarapfa, akaruhira kwicwa n’ububabare, inyota, inzara n’uruzuba. Hari n’igihe umuntu bamumanika ku giti, bakamukomera imisumari mu maboko no mu maguru, nka kurya bishe Yezu. (Lk 24:20; Yoh 19:14-16; 20:25; Ivk 2:23, 36)—Raba IGITI CO KUBABARIZWAKO.

  • Igiti co kubabarizwako.

    Mu kigiriki ni stau·rosʹ, ijambo risobanura igiti gihagaze kigororotse, canke ikigiga, nka kimwe bicirako Yezu. Nta kintu na kimwe cemeza ko iryo jambo ry’ikigiriki ryasobanura umusaraba nk’umwe abapagani bakoresha mu vy’ugusenga, mu kiringo c’imyaka amajana imbere ya Kristu. Imvugo «igiti co kubabarizwako» iraserura neza iciyumviro c’iryo jambo ry’ikigiriki stau·rosʹ kubera ko ikoreshwa no mu kwerekana imibabaro, amakuba n’ibimaramare vyoshikiye abayoboke ba Yezu. (Mt 16:24; Heb 12:2)—Raba IGITI (CO KUMANIKWAKO).

  • Igiti c’ubuzima.

    Ni igiti cari mu murima wa Edeni. Bibiliya ntiyerekana ko ivyamwa vy’ico giti ubwavyo vyari bifise ubushobozi bwo gutanga ubuzima. Ahubwo casigura ko abo Imana yokwemereye kurya ku vyamwa vy’ico giti boronse ubuzima budahera ata kabuza.—It 2:9; 3:22.

  • Igiti kimenyekanisha iciza n’ikibi.

    Ni igiti cari mu murima wa Edeni. Imana yagikoresheje nk’ikimenyetso cerekana uburenganzira ifise bwo gushingira abantu amategeko yerekana «iciza» n’«ikibi.»—It 2:9, 17.

  • Igunira.

    Rwari uruhuzu bakoramwo imipfuko n’amasaho bashiramwo intete n’ibindi. Kenshi amagunira yajishwa mu bwoya bwirabura bw’impene kandi ni yo bakunda kwambara bagandaye.—It 37:34; Lk 10:13.

  • Ihema ryeranda.

    Ni ihema ryo gusengeramwo ryakoreshwa n’Abisirayeli kuva aho baviriye mu Misiri. Bagenda bararyimukana. Ryashirwamwo isandugu y’isezerano rya Yehova. Iyo sandugu cari ikimenyetso cerekana ko Imana ari ho iri. Kuri iryo hema ni ho Abisirayeli batangira ibimazi bakanahasengera. Hari n’igihe ryitwa «ihema ry’ibonaniro.» Ryari rigizwe n’ibizingiti bikozwe mu giti vyapfukishwa ibitambara vy’ilino bidesheko abakerubi. Ryari rifise ivyumba bibiri: kimwe citwa Aheranda, ikindi Aheranda cane. (Yos 18:1; Kv 25:8, 9)—Raba Inyongera ya B5.

  • Ihema ry’ibonaniro.

    Ni izina rikoreshwa mu kuvuga ihema rya Musa na rya hema ryeranda ryashinzwe ari bwo bwa mbere mu bugaragwa.—Kv 33:7; 39:32.

  • Ihembe.

    Iryo jambo ryerekeza ku mahembe y’ibikoko, akaba yakoreshwa nk’ivyombo banyweramwo, ivyo babikamwo amavuta, irangi ryo kwandika canke amavuta yo kwisiga. Amahembe yarakoreshwa kandi nk’ibicurarangisho canke ibikoresho vyo kurarika abantu no kubaburira. (1Sm 16:1, 13; 1Bm 1:39; Ezk 9:2) Ijambo «ihembe» rirakunda gukoreshwa mu kugereranya inguvu, ukwigarurira akarere canke intsinzi.—Gus 33:17; Mik 4:13; Zk 1:19.

  • Ikibanza rusangi.

    Cari ikibanza kidasakaye gishobora kuba cari hafi y’irembo ry’igisagara. Barahakorera urudandaza canke bakahakoranira kugira basomerwe amategeko y’Imana bongere bayasigurirwe. (It 23:10-18; Neh 8:1-3; Yr 5:1) Abashingantahe na bo nyene barahakoranira kugira bace imanza.—Rs 4:1, 2, 11.

  • Ikibuguro.

    Ni ibintu igihugu cariha ikindi canke umutware akariha uwundi mu kwerekana ko yemera kuganzwa na we, kugira babane amahoro canke kugira amukingire. (2Bm 3:4, akajambo k’epfo; 18:14-16; 2Ng 17:11, akajambo k’epfo.) Iryo jambo rirakoreshwa no mu kuvuga ikori abantu bose basabwa gutanga.—Neh 5:4, akajambo k’epfo; Rm 13:7.

  • Ikidodo.

    Cakoreshwa mu gushira ikimenyetso ku kintu kugira berekane nyeneco, canke ko ari ic’ukuri, canke kugira bemeze isezerano. Kenshi ikidodo cashirwa kw’ibumba canke kw’ishashara. Ibidodo vya kera babikora mu kintu kigumye (ibuye, amasenge y’ibikoko canke igiti) bakabisarurako indome canke amashusho babicuritse. Ijambo «ikidodo» rirakoreshwa mu buryo bw’ikigereranyo mu kwerekana ko ikintu ari ic’ukuri, canke ko cegukira umuntu kanaka, canke ko ari ikintu kinyegejwe canke c’ibanga.—Kv 28:11; Neh 9:38; Ivh 5:1; 9:4.

  • Ikigiriki.

    Ni ururimi ruvugwa n’abantu bo mu Bugiriki.

  • Ikigirwamana.

    Ni igishusho c’ikintu ico ari co cose kibaho canke kitabaho abantu bashobora gukoresha mu gusenga. Mu gusenga ibigirwamana harimwo kubiha icubahiro kirenze, kubitera iteka no kubikunda cane.—Zb 115:4; Ivk 17:16; 1Kr 10:14.

  • Ikigo.

    Ni ikibanza kizitiye cari gikikuje rya hema ryeranda. Mu nyuma iryo jambo ryahavuye ryerekeza ku mbuga zitandukanye zari zikikuje inyubakwa nyamukuru ya rwa rusengero rwa Salomo. Mu kigo ca rya hema ryeranda no mu kigo c’indani ca rwa rusengero rwa Salomo hariyo igicaniro c’amashikanwa aturirwa. (Raba Inyongera ya B5, B8, B11.) Bibiliya kandi iravuga amazu n’ibirimba vyari bifise ibigo.—Kv 27:9; 1Bm 7:12; Est 4:11; Ivh 11:2.

  • Ikimazi.

    Ni ikintu umuntu ashikanira Imana kugira yerekane ko akenguruka, ko yemera ikosa, no kugira asubize hamwe na yo. Uhereye kuri Abeli, abantu baratanga ibimazi bitandukanye bavyishakiye, harimwo n’ibitungwa. Mu gihe c’isezerano rishingiye ku mategeko ya Musa, gutanga ibimazi vyari bisigaye ari itegeko. Yezu amaze gutanga ubuzima bwiwe nk’ikimazi gitunganye, ibimazi vy’ibitungwa ntivyari bigikenewe. Naho ari ukwo, abakirisu barabandanya gushikanira Imana ibimazi vyo mu buryo bw’impwemu.—It 4:4; Heb 13:15, 16; 1Yh 4:10.

  • Ikimazi co gusangira.

    Ni ikimazi umuntu yaha Yehova kugira amwereke ko yipfuza kugiranira amahoro na we. Uwatanze ico kimazi, umuryango wiwe, umuherezi yagishikanye ku gicaniro hamwe n’abandi baherezi baba bariko barakora bose barakiryako. Ni nk’aho Yehova yaba ahawe akamoto keza k’ikinure caturiwe. Yarahabwa kandi amaraso y’ico gitungwa, na yo akaba agereranya ubuzima. Ni nk’aho abo baherezi n’abo batanze ikimazi baba bicaye ngo basangire na Yehova, bikaba vyerekana ko bafitaniye amahoro na we.—Lw 7:29, 32; Gus 27:7.

  • Ikimenyetso.

    Ni ikintu gifise ico gishaka kwerekana muri iki gihe canke muri kazoza. Gishobora kuba ari ikintu kiboneka, canke igikorwa kanaka, canke ukuntu ibintu vyifashe, canke ibintu bidasanzwe vyashizwe ahabona.—It 9:12, 13; 2Bm 20:9; Mt 24:3; Ivh 1:1.

  • Ikimenyetso ceranda.

    Kari akuma gafyase gakayangana gakozwe mu nzahabu itavanze. Kari kanditseko mu giheburayo ngo «ubweranda ni ubwa Yehova.» Umuherezi mukuru yakambara mu ruhanga, hejuru ya ca gitambara bazingira mu mutwe. (Kv 39:30)—Raba Inyongera ya B5.

  • Ikimoko.

    Ikimoko kivugwa mu Vyanditswe vy’ikigiriki bakoresha mu gukubita umuntu canke mu kumushishagura, caba gifise udupfundo canke utuntu dusongoye ku mpera.—Yoh 19:1; Ivk 22:25.

  • Ikiyaga caka umuriro.

    Ni ikibanza c’ikigereranyo. Citwa kandi «ikiyaga caka umuriro n’amazuku» canke «urupfu rwa kabiri.» Abacumuzi batigaya, Shetani, mbere n’urupfu n’ukuzimu ni yo bitabwa. Kuba hatererwayo ikiremwa c’impwemu hamwe n’urupfu n’ukuzimu, ivyo vyose bikaba bidashobora guturirwa n’umuriro, vyerekana ko ico kiyaga ari ikigereranyo c’ugukurwaho burundu, si ahantu ho kubabarizwa ibihe bidahera.—Ivh 19:20; 20:14, 15; 21:8.

  • Ikiza.

    Iryo jambo rishobora kwerekeza ku ndwara yandukira ningoga, ifata abantu benshi kandi yica (kenshi ikaba ije nk’igihano c’Imana) canke rikerekeza muri rusangi ku ndwara canke icago kirungitswe na Yehova nk’igihano.—Gh 14:12; 16:49; Ezk 38:22, 23; Am 4:10.

  • Ikomamanga.

    Ni icamwa kigomba kumera nk’ipome, ku mutwe kikagira akantu kameze nk’agakofero. Indani hariyo utumanyu twinshi twuzuye umutobe, kamwekamwe kose kakaba karimwo akabuto gasa na roze canke gatukura. Amashusho y’ivyamwa vy’amakomamanga yari asharije umushono wo hasi w’ikanzu y’ubururu itagira amaboko umuherezi mukuru yambara. Ayo mashusho yari asharije n’ibikono bibiri vyari ku nkingi zari imbere y’urusengero, ari zo Yakini na Bowazi.—Kv 28:34; Gh 13:23; 1Bm 7:18.

  • Ilino.

    Ni igiterwa camye kirimwa kuva kera. Inyuzi zaco barazikoresha mu guhingura impuzu n’ibindi bintu. Igitambara gikozwe mu nyuzi ziva muri ico giterwa na co nyene citwa «ilino.» (Lw 13:47; Yer 13:1, akajambo k’epfo) Ibitambara bimwebimwe vy’ilino wasanga vyoroshe cane gusumba ibindi.—It 41:42; Kv 25:4.

  • Iliriya.

    Ni intara y’Uburoma iri mu buraruko bushira uburengero bw’Ubugiriki. Pawulo yarashitseyo igihe yari mu gikorwa co kwamamaza, ariko Bibiliya ntivuga ko yamamaje muri iyo ntara canke ko yagarukiye gusa ku rubibe rwayo. (Rm 15:19)—Raba Inyongera ya B13.

  • Imana y’ukuri.

    Imvugo zibiri z’igiheburayo Ha-Elohim na Ha-El zahinduwe ngo «Imana y’ukuri.» Kenshi izo mvugo z’igiheburayo zikoreshwa mu gutandukanya Imana yonyene y’ukuri Yehova n’imana z’ikinyoma. Imvugo ngo «Imana y’ukuri» iraserura neza insobanuro y’izo mvugo z’igiheburayo igihe ziba zakoreshejwe muri ubwo buryo.—It 5:22, 24; 46:3; Gus 4:39.

  • Imboneko y’ukwezi.

    Ni umusi wa mbere w’ukwezi ku kirangamisi c’Abayuda. Kuri uwo musi barakoranira hamwe, bakitereka inzimano, bagashikana n’ibimazi bidasanzwe. Uwo musi wahavuye uba umusi mukuru uhambaye ku rwego rw’igihugu, kandi nta bikorwa bakora uwo musi.—Gh 10:10; 2Ng 8:13; Kl 2:16.

  • Imboneza.

    Iryo zina rivuye mw’ijambo ry’ikigiriki risobanura ngo «indongozi nyamukuru.» Ryerekeza ku gikorwa kidasanzwe Yezu Kristu arangura mu kubohora abantu b’abizigirwa akabakiza urupfu ruva ku gicumuro, maze akabajana ku buzima budahera.—Ivk 3:15; 5:31; Heb 2:10; 12:2.

  • Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba.

    Ni imfungurwa zigizwe n’umukate utarimwo umwambiro hamwe n’umuvinyu, bikaba bigereranya umubiri n’amaraso vya Kristu. Ni urubanza rwo kwibuka urupfu rwa Yezu. Bibiliya itegeka abakirisu kwama bahimbaza imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba kugira bibuke urupfu rwa Yezu. Birabereye rero ko urwo rubanza rwitwa «Icibutso.»—1Kr 11:20, 23-26.

  • Imfura.

    Muri Bibiliya, iryo jambo ryerekeza canecane ku mwana w’umuhungu umugabo avyaye ubwa mbere (aho kwerekeza ku mwana wa mbere umugore avyaye). Mu bihe vya Bibiliya, umuhungu w’imfura yaba afise ikibanza c’iteka mu muryango, kandi ni we yaca aba umukuru w’umuryango se wiwe apfuye. Igitungwa c’ikigabo kivutse ubwa mbere bacita «uburiza.»—Kv 11:5; 13:12, akajambo k’epfo; It 25:33; Kl 1:15.

  • Imibavu.

    Ni uruvange rw’ibintu bimota bigatanga akamoto keza igihe biriko birasha bukebuke. Hariho imibavu idasanzwe igizwe n’ibirungo bine yakoreshwa kuri rya hema ryeranda no kuri rwa rusengero rwa Salomo. Yaturirwa mu gatondo no ku mugoroba ku gicaniro c’imibavu cari Aheranda, ku musi w’impongano na ho bayituririra Aheranda cane. Yagereranya amasengesho Imana ishima aturwa n’abasavyi bayo b’intahemuka. Gukoresha imibavu nticari igisabwa ku bakirisu.—Kv 30:34, 35; Lw 16:13; Ivh 5:8.

  • Imibembe; umunyamibembe.

    Ni indwara y’urukoba ikaze cane. Muri Bibiliya, ijambo imibembe ntirigarukira gusa ku ndwara y’imibembe tuzi muri kino gihe. Imibembe ntiyafata abantu gusa, yarashobora gufata n’ibindi bintu nk’impuzu canke amazu. Umuntu yafashwe n’iyo ndwara yitwa umunyamibembe.—Lw 14:54, 55; Lk 5:12.

  • Imigwi mikurumikuru igize imiryango.

    Muri ya miryango 12 yari igize Isirayeli, umuryango umwe wasanga ugizwe n’imigwi mikurumikuru itari mike. Nk’akarorero, umuryango wa Lewi wari ugize n’umugwi w’Abagerushoni, uw’Abakohati n’uw’Abamerari.—Gh 3:19, 30.

  • Imikate y’ishikanwa.

    Ni imikate 12 bashira mu migwi ibiri bakayigerekeranya ari itandatitandatu. Bayishira ku meza iri mu cumba citwa Aheranda cari mw’ihema ryeranda no mu rusengero. Iyo mikate yitwa kandi «imikate igerekeranye.» Iyo mikate y’ishikanwa rihabwa Imana, buri sabato bayisubiriza na mishasha. Mu bisanzwe, imikate yaba ikuweho yaribwa gusa n’abaherezi. (2Ng 2:4; Mt 12:4; Kv 25:30; Lw 24:5-9; Heb 9:2)—Raba Inyongera ya B5.

  • Imina.

    Yitwa kandi «manehe» muri Ezekiyeli. Yari ingero y’uburemere, ariko kandi yarakoreshwa nk’amahera. Twisunze ibimenyamenya abacukuzi bubuye, imina imwe yangana na shekeli 50, shekeli na yo ikangana n’amagarama 11,4. Imina ivugwa mu Vyanditswe vy’igiheburayo rero yangana n’amagarama 570. Nka kurya nyene vyari bimeze ku ntambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora, hashobora kuba hariho imina z’ubwoko bubiri: imina isanzwe n’imina yakoreshwa ku kirimba. Mu Vyanditswe vy’ikigiriki, imina yangana n’idarakima 100. Yapima amagarama 340. Imina 60 zangana n’italanto. (Ezr 2:69; Lk 19:13)—Raba Inyongera ya B14.

  • Imira.

    Ni ibirirarira bimota neza biva mu duti tumwetumwe tw’amahwa canke mu duti two mu bwoko bwa commiphora. Imira yari mu birungo bashira mu mavuta meranda. Barayikoresha mu kumotesha impuzu canke ibitanda, kandi barayivanga n’amavuta bakoresha mu kuvura be n’ayo kwisiga. Barakoresha kandi imira mu gutegura ibiziga.—Kv 30:23; Img 7:17; Yoh 19:39.

  • Imisi ya nyuma.

    Iyo mvugo hamwe n’izindi zisa na yo, nk’iyi ngo «imisi y’iherezo», zirakoreshwa mu buhanuzi bwo muri Bibiliya mu kwerekeza ku gihe ibintu vyavuzwe kera bizoba bishitse ku nsozero yavyo. (Ezk 38:16; Dn 10:14; Ivk 2:17) Bivanye n’ubuhanuzi, ico kiringo kirashobora kumara imyaka mikeyi canke kikamara imyaka myinshi. Bibiliya irakoresha canecane imvugo «imisi ya nyuma» mu kwerekeza ku kiringo ca nyuma c’iyi si, kikaba gihuye n’ikiringo c’ukugaruka kwa Yezu kutibonekeza.—2Tm 3:1; Yak 5:3; 2Pt 3:3.

  • Imizingo y’insato.

    Yari ikozwe mu nsato z’intama, impene, inyana canke ishuri. Izo nsato zarategurwa ngo bazandikeko. Zari zikomeye kurusha urufunzo. Hariho imizingo ya Bibiliya yari ikozwe mu nsato. Imizingo y’insato Paulo yasavye Timoteyo kumuzanira, ishobora kuba yarimwo ibice vy’Ivyanditswe vyo mu giheburayo. Imwimwe muri ya mizingo yo ku kiyaga c’Umunyu yari ikozwe mu nsato.—2Tm 4:13.

  • Impatane z’ibiti.

    Ni ikintu baboheramwo abantu mu kubahana. Hari impatane zafata gusa amaguru, izindi na zo zikagonda umugongo, ugasanga zifashe amaguru, amaboko n’izosi.—Yr 20:2; Ivk 16:24.

  • Impeta y’ikidodo.

    Ni ikidodo bambara ku rutoke canke bakagishira ku kagozi, kumbure bakakambara kw’izosi. Cari ikimenyetso cerekana ubukuru bw’umutware canke umutegetsi. (It 41:42)—Raba IKIDODO.

  • Impongano.

    Mu Vyanditswe vy’igiheburayo, iyo mvugo ifitaniye isano n’ibimazi abantu bashikanira Imana kugira bayiyegereze no kugira bayisenge. Mu gihe c’amategeko ya Musa, ivyo bimazi vyashikanwa canecane ku musi w’impongano waba rimwe mu mwaka, kugira abantu baharirwe ibicumuro bakoze ku giti cabo canke ivyakozwe n’ihanga ryose, maze basubize hamwe n’Imana. Ivyo bimazi vyagereranya ikimazi Yezu yatangiye abantu rimwe rizima kubera ibicumuro vyabo, bigatuma baronka akaryo ko gusubiza hamwe na Yehova.—Lw 5:10; 23:28; Kl 1:20; Heb 9:12.

  • Impwemu.

    Mu giheburayo ni ruʹach mu kigiriki na ho ni pneuʹma. Iryo jambo rifise insobanuro nyinshi. Izo nsobanuro zose zerekeza ku kintu umuntu adashobora kubonesha amaso kandi cerekana ko gifise inguvu. Iryo jambo ry’igiheburayo n’iry’ikigiriki akoreshwa mu kuvuga (1) umuyaga, (2) inguvu zituma ivyaremwe vyo kw’isi bigira ubuzima, (3) inguvu ziva mu mutima w’ikigereranyo w’umuntu zigatuma avuga canke akora ikintu mu buryo kanaka, (4) amajambo y’amahumekano ava ahantu hataboneka, (5) ibinyabuzima vy’impwemu, (6) be n’impwemu y’Imana, ari yo mpwemu nyeranda.—2Ng 36:22; Zb 104:29; Mt 12:43; Lk 11:13.

  • Impwemu nyeranda.

    Ni inguvu zitaboneka Imana ikoresha mu gushitsa ivyo igomba. Ni nyeranda kubera ikomoka kuri Yehova, na we akaba atyoroye kandi agororotse mu buryo butagira agahaze. Ni yo kandi akoresha mu kurangura ibikorwa vyeranda.—Lk 1:35; Ivk 1:8.

  • Imva.

    Iryo jambo ryerekeza ku kibanza bahambamwo umuntu yapfuye. Igihe rishaka kuvuga ikibanza abantu bose bajamwo iyo bapfuye, rica rihindurwa ngo «ukuzimu.» Iryo jambo rirakoreshwa muri Bibiliya mu kwerekeza ku kibanza c’ikigereranyo aho ata gikorwa canke ubumenyi bihari.—It 47:30; Ums 9:10; Ivk 2:31.

  • Imva y’icibutso.

    Ni ikinogo bahambamwo umuntu yapfuye. Iyo mvugo ihuye n’ijambo ry’ikigiriki mne·meiʹon rivuye mu rivuga «kwibuka», bikaba vyerekana ko uwo muntu yapfuye yibukwa.—Yoh 5:28, 29.

  • Inama nkuru.

    Ni sentare nkuru y’Abayuda yari i Yeruzalemu. Mu gihe ca Yezu, yari igizwe n’abantu 71. Harimwo umuherezi mukuru n’abandi bigeze kurangura iryo banga, abo mu miryango yabo, abashingantahe, abakuru b’imiryango, n’abanditsi.—Mr 15:1; Ivk 5:34; 23:1, 6.

  • Incoreke.

    Ni umugore yiyongera ku mugore nyamukuru (canke ku bagore nyamukuru) umugabo wiwe asanzwe afise. Akenshi yaba ari umusukukazi, kandi ntiyanganya uburenganzira n’abo yahasanze.—Kv 21:8; 2Sm 5:13; 1Bm 11:3.

  • Incungu.

    Ni ikiguzi catangwa kugira ngo ikintu canke umuntu birekurwe, bikurweko igihano, imibabaro, igicumuro canke ikindi kintu vyasabwa gushitsa. Ico kiguzi nticama kigizwe n’amahera. (Yes 43:3) Hari ibintu bitandukanye vyatuma hasabwa incungu. Nk’akarorero, muri Isirayeli abahungu bose b’imfura canke ibitungwa vy’ibigabo vyose vyavutse ubwa mbere vyegukira Yehova, bikaba vyategerezwa gukoreshwa mu gikorwa ca Yehova gusa. Mugabo kugira ntibiheberwe ico gikorwa, haratangwa incungu, canke amahera yo kubicungura. (Gh 3:45, 46; 18:15, 16) Bishitse impfizi idacungerewe kandi iteye akaga ikica umuntu, nyeneyo yarasabwa gutanga incungu kugira ntacirwe urwo gupfa. (Kv 21:29, 30) Mugabo uwishe nkana, nta ncungu yemererwa gutanga. (Gh 35:31) Bibiliya irashimika canecane ku ncungu Kristu yatanze mu kudupfira kugira ngo abantu bagamburuka abakize igicumuro n’urupfu.—Zb 49:7, 8; Mt 20:28; Ef 1:7.

  • Indagano.

    Ni isezerano umuntu agirira Imana yuko azokora ikintu kanaka, azotanga ikintu kanaka, azoja mu mugwi w’abakora igikorwa kanaka canke ko azokwirinda ibintu bimwebimwe ubwavyo bidateye kubiri n’amategeko. Indagano yabonwa ko ihambaye cokimwe n’indahiro.—Gh 6:2; Ums 5:4; Mt 5:33.

  • Indahiro.

    Ni amajambo arimwo ukurahira yemeza ko ikintu ari ukuri, canke amajambo yo kwemerera umuntu ko uzokora canke utazokora ikintu kanaka. Kenshi kiba ari ikintu uraganira umuntu afise ubukuru, na canecane Imana. Yehova yararahiye kugira yemeze ivyo yasezeraniye Aburahamu.—It 14:22; Heb 6:16, 17.

  • Inderetsi.

    Ni umuntu ajejwe kurinda abantu canke ikibanza kanaka, canecane mw’ijoro. Arashobora kugabisha abantu iyo hari akaga kaje. Inderetsi zakunda guhagarara ku ruzitiro rw’igisagara no ku minara kugira zibone neza abariko baraza imbere y’uko bashika. Inderetsi mu gisoda ikunze kwitwa umuzamu. Abahanuzi bari bameze nk’inderetsi mw’ihanga rya Isirayeli, kuko baburira abantu ku bijanye n’agatikizo kimirije.—2Bm 9:20; Ezk 3:17.

  • Indero.

    Ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe mu Migani ngo «indero» rifise insobanuro yagutse harimwo kwigisha, kurera, kumenyereza, gukosora, guhana hamwe no gutoza indero.—Img 4:13.

  • Indirimbo y’abariko baraduga.

    Ni akajambo k’intango kaboneka muri Zaburi ya 120-134. Havugwa vyinshi ku bijanye n’insobanuro y’ako kajambo, ariko benshi biyumvira ko Abisirayeli baririmba ayo mazaburi 15 banezerewe, igihe baba baduze i Yeruzalemu guhimbaza ya misi mikuru itatu yaba buri mwaka. Ico gisagara cari hejuru ku misozi yo mu Buyuda.

  • Ingabire z’imbabazi.

    Ni ingabire zahabwa abantu bari mu nkenero. Ntizivugwa mu Vyanditswe vy’igiheburayo, ariko amategeko ya Musa yaratomora neza ko Abisirayeli bakwiye gufasha abakene.—Mt 6:2, akajambo k’epfo.

  • Ingese y’ibiterwa.

    Ni imwe mu ndwara nyinshi z’ibiterwa iterwa n’utunyabuzima dutoduto twitwa champignons mu gifaransa. Abahinga bamwebamwe biyumvira ko ingese y’ibiterwa ivugwa muri Bibiliya ari ingese yirabura (Puccinia graminis).—1Bm 8:37.

  • Ingogo.

    Wari umutambikwa umuntu yatwara ku bitugu, ku mpera zawo zompi henenetseko imizigo. Ingogo kandi wari umutambikwa w’igiti canke ikintu gikozwe mu giti cashirwa ku bikanu vy’ibitungwa bibiri bikwega ibintu (canecane inka). Bawushirako kugira nya bitungwa bikwege isuka birimisha canke umukogote. Kubera ko abashumba kenshi bakoresha ingogo mu kwikorera imizigo iremereye, ijambo «ingogo» ryarakoreshwa mu buryo bw’ikigereranyo mu kuvuga umuntu ashumbiye canke agabwa n’uwundi muntu. Ryarakoreshwa no mu kuvuga agacinyizo n’imibabaro. Gukurako umuntu ingogo canke kuyivuna vyasobanura kumukura mu buja, mu gacinyizo no mu maboko y’abamukoresha uko bashatse.—Lw 26:13; Mt 11:29, 30.

  • Ingwati.

    Ni ikintu umuntu aha nyene kumugurana cemeza ko azomuriha ivyo yamuguranye. Amategeko ya Musa yarimwo amabwirizwa ajanye n’ivyo gutanga ingwati yakingira abakene n’abantu batagira gitabara bo muri Isirayeli.—Kv 22:26; Ezk 18:7.

  • Inkingi.

    Inkingi zimwezimwe zashingwa kugira abantu bibuke ibikorwa n’ibiringo bidasanzwe. Mu rusengero no mu nyubakwa za cami Salomo yubatse hariyo inkingi. Abapagani barashinga inkingi nyeranda bakoresha mu gusenga kwabo kw’ikinyoma, kandi n’Abisirayeli rimwe na rimwe barabigana.—Abc 16:29; 1Bm 7:21; 14:23.

  • Inkingi nyeranda y’ibuye.

    Yari inkingi igororotse. Biboneka ko yari ifise ishusho y’igihimba c’irondoka c’abagabo, ikaba yakoreshwa mu gusenga Bayali canke izindi mana z’ikinyoma.—Kv 23:24.

  • Inkingi nyeranda y’igiti.

    Mu giheburayo ni ʼashe·rahʹ. Iryo jambo risobanura (1) inkingi nyeranda y’igiti igereranya Ashera, ikimanakazi c’Abanyakanani c’ivy’irondoka, canke (2) ishusho y’ico kimanakazi. Biboneka ko mwene izo nkingi zaba zishinze, kandi n’imiburiburi igice kimwe cazo caba gikozwe mu giti. Izo nkingi hari igihe vyaba ari ibigiga canke mbere ibiti biteye.—Gus 16:21; Abc 6:26; 1Bm 15:13.

  • Inkone.

    Ni umuntu w’igitsinagabo yashahuwe. Mwene abo bantu wasanga bashingwa gukorera ku kirimba nk’abasuku canke abajejwe kubungabunga umwamikazi n’incoreke. Iryo jambo kandi rirerekeza ku mutegetsi akorera ku kirimba c’umwami ariko atashahuwe. Imvugo «inkone z’Ubwami» irakoreshwa mu buryo bw’ikigereranyo mu kuvuga abantu baheba kwubaka izabo kugira bihebere igikorwa c’Imana.—Mt 19:12; Est 2:15; Ivk 8:27.

  • Inkuru nziza.

    Mu Vyanditswe vy’ikigiriki, iyo mvugo yerekeza ku nkuru nziza y’Ubwami bw’Imana, ikaba ivuga yuko abantu bashobora kuronka ubukiriro mu kwizera Yezu Kristu. —Lk 4:18, 43; Ivk 5:42; Ivh 14:6.

  • Insozero y’ivy’iyi si.

    Ni ikiringo gishikana kw’iherezo ry’iyi si iganzwa na Shetani. Gihurirana n’ikiringo c’ukugaruka kwa Yezu kutibonekeza. Abamarayika «bazorobanura ababisha mu bagororotsi» babatikize, bahagarikiwe na Yezu. (Mt 13:40-42, 49, utujambo tw’epfo) Abigishwa ba Yezu baripfuje kumenya igihe ico kiringo coshikiye. (Mt 24:3, akajambo k’epfo) Imbere y’uko Yezu aduga mw’ijuru, yasezeraniye abigishwa biwe ko yogumanye na bo gushika ico gihe.—Mt 28:20, akajambo k’epfo.

  • Intambwe y’ikiganza.

    Ni ingero y’uburebure. Umuntu agereranije, ingana no kuva ku mpera y’urukumu gushika ku mpera y’agatoke k’agahererezi igihe umuntu ashanje neza ikiganza. Dufatiye ku ntambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora (ireha na santimetero 44,5), intambwe y’ikiganza yoca ireha na santimetero 22,2. (Kv 28:16; 1Sm 17:4, akajambo k’epfo)—Raba Inyongera ya B14.

  • Intambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora.

    Ni ingero y’uburebure. Umuntu agereranije, ingana no kuva mu nkokora gushika kw’isonga ry’urutoki rurerure. Akenshi Abisirayeli bakoresha intambwe ireha na santimetero 44,5. Ariko barakoresha n’intambwe ndende yasumvya iyo ya mbere uburebure bungana n’ubwaguke bw’ikiganza, ikaba yareha na santimetero 51,8. (It 6:15; Lk 12:25, utujambo tw’epfo.)—Raba Inyongera ya B14.

  • Intebe y’imanza.

    Iyo mvugo yerekeza ku kibanza kiri hanze gitaramutse, aho umuntu ashika abanje kwurira ku ngazi. Ni ho abakuru bicara kugira bashikirize ijambo abantu canke kugira babamenyeshe ingingo bafashe. Imvugo ngo «intebe y’imanza y’Imana» n’«intebe y’imanza ya Kristu» zigereranya intunganyo Yehova yashizeho yo gucira urubanza abantu.—Rm 14:10; 2Kr 5:10; Yoh 19:13.

  • Intumwa.

    Iryo jambo rirakoreshwa kuri Yezu no ku bantu bamwebamwe barungitswe gukorera abandi. Ariko rikunze gukoreshwa kuri wa mugwi w’abigishwa 12 Yezu yatora kugira bamuserukire.—Mr 3:14; Ivk 14:14.

  • Inyenga.

    Rivuye mw’ijambo ry’ikigiriki aʹbys·sos, rikaba risobanura ngo «cimbitse birenze» canke «ubwimbike budashobora gupimwa, butagira iherezo.» Mu Vyanditswe vy’ikigiriki, iryo jambo ryerekeza ku gupfungwa canke ku kibanza co gupfungirwamwo ku buryo udashobora kukivamwo. Rirashobora kwerekeza ku kuzimu, ariko ririmwo n’ibindi.—Lk 8:31; Rm 10:7, akajambo k’epfo; Ivh 20:3.

  • Inyenyeri yo mu gatondo.​—

  • Inyenyeri y’umutwenzi.

    Ni cokimwe n’«inyenyeri yo mu gatondo.» Ni inyenyeri iseruka ubwa nyuma mu buseruko imbere y’uko izuba riseruka. Ni ikimenyetso c’uko umusi mushasha utanguye.—Ivh 22:16; 2Pt 1:19.

  • Inyifato iteye isoni kandi y’akagagazo.

    Iyo mvugo ivuye mw’ijambo ry’ikigiriki a·selʹgei·a. Yerekeza ku bikorwa birenga ku mategeko y’Imana mu buryo bukomeye kandi vyerekana agatima k’akagagazo canke k’agasuzuguro keruye. Ni agatima kagaragaza ko umuntu atubaha ubukuru, amategeko n’ingingo ngenderwako canke mbere ko abisuzugura. Ntiyerekeza ku kwigenza nabi kudakomeye.—Gl 5:19; 2Pt 2:7.

  • Inyuzi z’indamvu n’iz’insobanya.

    Inyuzi z’indamvu ni inyuzi bashira ku gikoresho co kujisha zishinze. Izo basobanya mu kujisha bazita insobanya. Zaba zikikamye.—Lw 13:48; Abc 16:13.

  • Inzige.

    Ni ubwoko bw’ibihori biguruka biri mu migwi mininiminini. Mu gihe c’amategeko ya Musa, inzige zabonwa ko ari ibikoko bidahumanye, ni ukuvuga ko zashobora kuribwa. Igitero c’inzige nyinshi cabonwa ko ari icago, kuko aho ziciye zatema zigatongora ibintu bikayogera.—Kv 10:14; Mt 3:4.

  • Inzira.

    Ni imvugo ikoreshwa mu Vyanditswe mu buryo bw’ikigereranyo mu kuvuga ingendo canke inyifato kanaka yemerwa canke itemerwa na Yehova. Ababaye abayoboke ba Yezu Kristu wasanga abantu babita abo muri «ya nzira.» Ni ukuvuga ko uburyo bari babayeho bwerekana ko bizera Yezu Kristu be n’uko bamwigana.—Ivk 19:9.

  • Iparadizo.

    Ni ahantu h’ubusitani bwiza canke ahantu heza cane haryoshe kuba. Iparadizo ya mbere yari muri Edeni. Yehova ni we yayitunganije ku bw’umugabo n’umugore ba mbere. Igihe Yezu yavugana n’imwe mu nkozi z’ikibi zari zimanitswe iruhande yiwe ku giti co kubabarizwako, yarerekanye ko isi izosubira kuba iparadizo. Biboneka ko iparadizo ivugwa mu 2 Bakorinto 12:4 ari iparadizo yo muri kazoza, iyivugwa mu Vyahishuwe 2:7 na yo ikaba iparadizo yo mw’ijuru.—Ind 4:13; Lk 23:43.

  • Ipimu.

    Ni ingero y’uburemere ikaba n’igiciro Abafilisitiya bacira Abisirayeli kugira babakarihirize ibikoresho vy’ivyuma. Hari amabuye menshi yakoreshwa mu gupima uburemere yatowe mu vyacukuwe muri Isirayeli. Yariko indagi zo mu giheburayo ca kera z’ijambo «pimu.» Rimwe ryose muri ayo mabuye ryapima n’imiburiburi amagarama 7,8. Ni nk’ibice bibiri vya bitatu vya shekeli.—1Sm 13:20, 21.

  • Irenga.

    Ni izina rikoreshwa ku biterwa bitandukanye bikunda kuba ahantu hari amazi. Kenshi irenga rivugwa muri Bibiliya ni iryo mu bwoko bwitwa Arundo donax. (Yb 8:11; Yes 42:3; Mt 27:29; Ivh 11:1)—Raba IRENGA RYO GUPIMISHA.

  • Irenga ryo gupimisha.

    Ryareha n’intambwe zitandatu z’ukuboko uciriye mu nkokora. Dufatiye ku ntambwe isanzwe, ryareha n’imetero 2,67. Dufatiye ku ntambwe ndende na ho, ryareha n’imetero 3,11. (Ezk 40:3, 5; Ivh 11:1)—Raba Inyongera ya B14.

  • Irido.

    Cari igitambara kijishwe neza kandi kidesheko amashusho y’abakerubi, catandukanya Aheranda n’Aheranda cane muri rya hema ryeranda no muri rwa rusengero rwa Salomo. (Kv 26:31; 2Ng 3:14; Mt 27:51; Heb 9:3)—Raba Inyongera ya B5.

  • Isabato.

    Iryo jambo riva mw’ijambo ry’igiheburayo risobanura ngo «kuruhuka», «kureka.» Ni umusi ugira indwi ku Bayuda. Utangura izuba rirenze ku wa gatanu, ugahera rirenze ku wa gatandatu. Hari iyindi misi mikuru yitwa isabato yaba buri mwaka. Umwaka ugira 7 n’uwugira 50 na yo nyene yitwa isabato. Ku musi w’isabato, nta gikorwa na kimwe cakorwa kiretse ivyo abaherezi bakorera aheranda. Mu mwaka w’isabato, nta warima kandi nta Muheburayo yishuza mugenziwe ideni. Ivyo amategeko ya Musa yasaba ku bijanye n’isabato ntivyari bigoye. Mugabo indongozi z’idini zagiye zirongerako ayandi mategeko ku buryo mu gihe ca Yezu bitoroha kuyubahiriza.—Kv 20:8; Lw 25:4; Lk 13:14-16; Kl 2:16.

  • Isahu.

    Ni ibintu abatsinze basahura umwansi. Usanga harimwo ibikoresho vyegukira umuntu canke vyo mu rugo, ibitungwa canke ibindi bintu vy’agaciro.—Yos 7:21; 22:8; Heb 7:4.

  • Isandugu y’isezerano.

    Yari isandugu ikozwe mu mbaho z’igiti c’umunyinya ihometseko inzahabu, ikaba yabikwa Aheranda cane muri rya hema ryeranda. Yahavuye ishirwa Aheranda cane muri rwa rusengero rwubatswe na Salomo. Yari ifise umufuniko ukomeye w’inzahabu uriko abakerubi babiri barabana. Ibintu nyamukuru vyari muri yo vyari vya bisate bibiri biriko ya mabwirizwa cumi. (Gus 31:26; 1Bm 6:19; Heb 9:4)—Raba Inyongera ya B5 n’iya B8.

  • Isezerano.

    Ni umwumvikano hagati y’Imana n’abantu canke hagati y’imigwi ibiri y’abantu, aho biyemeza gukora ikintu kanaka canke kucirinda. Rimwe na rimwe, umugwi umwe ni wo wasabwa gushitsa ibivugwa muri ayo masezerano (aho waba ari umuhango). Hari n’igihe wasanga iyo migwi ibiri yose ifise ivyo itegerezwa gushitsa. Uretse amasezerano yaba hagati y’Imana n’abantu, Bibiliya iravuga kandi amasezerano abantu bagiranira hagati yabo, hagati y’imiryango, amahanga canke imigwi y’abantu. Amwe mu masezerano yagize ico akoze ku bantu benshi harimwo ayo Imana yagiraniye na Aburahamu, Dawidi, ihanga rya Isirayeli (isezerano rishingiye ku mategeko ya Musa) hamwe na Isirayeli y’Imana (isezerano rishasha).—It 9:11; 15:18; 21:27; Kv 24:7; 2Ng 21:7.

  • Ishengero.

    Ni umugwi w’abantu bakoraniye hamwe ku bw’intumbero kanaka canke igikorwa kanaka. Mu Vyanditswe vy’igiheburayo, akenshi iryo jambo ryerekeza kw’ihanga rya Isirayeli. Mu Vyanditswe vy’ikigiriki na ho, ryerekeza ku migwi itandukanye y’abakirisu yaba mu gisagara kanaka canke mu karere kanaka, mugabo akenshi ryerekeza ku muryango wose w’abakirisu muri rusangi.—1Bm 8:22; Ivk 9:31; Rm 16:5.

  • Ishikanwa bazungagiza.

    Mu gutanga iryo shikanwa, biboneka ko umuherezi yashira amaboko munsi y’amaboko y’uwaba ateruye ikimazi yipfuza gushikanira Imana, maze akayazungagiza ajana imbere n’inyuma. Canke na ho umuherezi akaba ari we ubwiwe azungagiza iryo shikanwa. Ivyo vyerekana ko ashikirije ico kimazi Yehova.—Lw 7:30.

  • Ishikanwa riturirwa.

    Ni ikimazi c’igitungwa (ishuri, impfizi y’intama, isuguru y’impene, intunguru canke inuma ikiri nto) bashikanira Imana maze kigaturirwa cose ku gicaniro. Uwutanze ico kimazi, nta gihimba na kimwe c’ico gitungwa yasigarana.—Kv 29:18; Lw 6:9.

  • Ishikanwa ry’igicumuro.

    Ni ikimazi umuntu yatanga kubera yacumuye atabishaka bivuye ku bugoyagoye bw’umubiri udatunganye. Ivyo bimazi vyari bigizwe n’ibitungwa bitandukanye, kuva ku mpfizi gushika ku numa. Umuntu ashaka kubabarirwa igicumuro, ikimazi c’igitungwa yatanga cavana n’ikibanza afise canke ubutunzi bwiwe.—Lw 4:27, 29; Heb 10:8.

  • Ishikanwa ry’ikinyobwa.

    Ryari ishikanwa ry’umuvinyu ryasukwa ku gicaniro, akenshi ryatangwa riri kumwe n’ayandi mashikanwa. Pawulo yarakoresheje iyo mvugo mu buryo bw’ikigereranyo mu kwerekana ko yiteguriye kwitangira abakirisu bagenziwe.—Gh 15:5, 7; Fp 2:17.

  • Ishikanwa ryo gukenguruka.

    Ni ishikanwa ryo gusangira ryatangwa mu ntumbero yo gushemeza Imana kubera ivyiza itanga no kubera urukundo rwayo rudahemuka. Inyama z’igitungwa cashikanywe barazirya, bakarya n’umukate wambiye be n’uwutambiye. Izo nyama bategerezwa kuzirya uwo musi nyene.—2Ng 29:31.

  • Ishikanwa ryo gushitsa indagano.

    Ni ishikanwa umuntu yatanga avyishakiye ryajana no gushitsa indagano zimwezimwe.—Lw 23:38; 1Sm 1:21.

  • Ishikanwa ryo kwagirwa n’icaha.

    Ni ikimazi umuntu yashikana kugira ababarirwe ibicumuro yakoze. Ryari riratandukanye gatoyi n’ayandi mashikanwa y’igicumuro, kuko igihe umucumuzi yigaye aritanze yaba yerekanye ko atahura ko yacumuye ku Mana canke ko yahonyanze uburenganzira abandi bahabwa n’isezerano rishingiye ku mategeko ya Musa. Yaba yerekanye kandi ko yipfuza gukurwako igihano c’igicumuro yakoze be n’uko yipfuza gusubira kwungukira ku burenganzira bumwebumwe yari yatakaje.—Lw 7:37; 19:22; Yes 53:10.

  • Ishuri yo mw’ishamba.

    Yari ishuri yo mu gihe ca kera batashobora kworora. Yarashobora gushikana igihagararo c’imetero nka 2, uburebure bw’imetero nka 3, igapima n’ibilo hafi 900.—Zb 22:21.

  • Isinagogi.

    Ni ijambo risobanura ngo «gukoranya», «ikoraniro.» Mugabo mu vyanditswe vyinshi, iryo jambo risobanura inyubakwa canke ikibanza Abayuda bakoraniramwo kugira basomerwe Ivyanditswe, babisigurirwe, bigishwe bongere basenge. Mu gihe ca Yezu, agasagara kose kagutse ko muri Isirayeli kaba karimwo isinagogi, ibisagara binini na vyo ugasanga birimwo amasinagogi menshi.—Lk 4:16; Ivk 13:14, 15.

  • Isirayeli.

    Ni izina Imana yahaye Yakobo. Iryo zina ryahavuye ryitirirwa abantu bose bakomoka kuri Yakobo gushika n’ubu. Abakomoka kuri ba bahungu 12 ba Yakobo bakunze kwitwa «abahungu ba Isirayeli», «inzu ya Isirayeli», «ihanga rya Isirayeli» canke «Abisirayeli» gusa. Iryo zina rirakoreshwa kandi kuri bwa bwami bwo mu buraruko bugizwe n’imiryango cumi bwiyonkoye ku bwami bwo mu bumanuko. Mu nyuma ryahavuye rikoreshwa no ku bakirisu barobanuwe, ni ukuvuga «Isirayeli y’Imana.»—Gl 6:16; It 32:28; 2Sm 7:23; Rm 9:6.

  • Italanto.

    Yari ingero y’uburemere kandi yarakoreshwa nk’amahera. Ni yo ngero iruta izindi Abaheburayo bakoresha. Yangana n’ibilo 34,2. Italanto y’Abagiriki yari ntoyi kuri iyo, ikaba yapima nk’ibilo 20,4. (1Ng 22:14; Mt 18:24)—Raba Inyongera ya B14.

  • Ivyanditswe.

    Ni ibintu vyeranda vyanditswe mw’Ijambo ry’Imana. Iryo jambo riboneka gusa mu Vyanditswe vy’ikigiriki.—Lk 24:27; 2Tm 3:16.

  • Izuka.

    Ni ukuva mu rupfu. Mu kigiriki ni a·naʹsta·sis bisobanura ngo «guhaguruka», «guhagarara.» Muri Bibiliya haravugwa abantu icenda bazuwe, harimwo na Yezu yazuwe na Yehova Imana. Naho abo bandi bazuwe na Eliya, Elisha, Yezu, Petero na Pawulo, Bibiliya irerekana neza ko bakoze ivyo bitangaro babikesheje ububasha bw’Imana. Izuka rizoba kw’isi ry’«abagororotsi n’abatari abagororotsi» rirahambaye mu bijanye n’umugambi w’Imana. (Ivk 24:15) Bibiliya iravuga n’abazukira kuba mw’ijuru, bakaba ari abavukanyi ba Yezu barobanujwe impwemu. Iryo zuka ryitwa izuka «rya kare» canke «rya mbere.»—Fp 3:11; Ivh 20:5, 6; Yoh 5:28, 29; 11:25.

K

  • Kabu.

    Ni ingero yakoreshwa mu gupima ibintu vyumye. Yaja mu kintu kingana n’ilitiro 1,22 ufatiye ku ngero ya bati. (2Bm 6:25)—Raba Inyongera ya B14.

  • Kanani.

    Umwuzukuru wa Nowa, akaba n’umuhungu agira kane wa Hamu. Imiryango 11 ikomoka kuri Kanani yahavuye iba mu karere ko mu buseruko bw’ikiyaga Mediterane, hagati ya Misiri na Siriya. Ako karere kitwa «igihugu ca Kanani.» (Lw 18:3; It 9:18; Ivk 13:19)—Raba Inyongera ya B4.

  • Kemoshi.

    Cari ikimana nyamukuru casengwa n’Abanyamowabu.—1Bm 11:33.

  • Kisilevu.

    Ni izina ryahawe ukwezi kugira 9 ku kirangamisi ceranda c’Abayuda (ukwezi kugira 3 ku kirangamisi cabo gisanzwe). Iryo zina ryatanguye gukoreshwa aho bamariye kuva mu bunyagano i Babiloni. Ukwo kwezi gutangura hagati muri Munyonyo kukarangira hagati muri Kigarama. (Neh 1:1; Zk 7:1)—Raba Inyongera ya B15.

  • Korali.

    Ni ibintu bigumye nk’ibuye bigizwe n’udusigarira tw’udukoko dutoduto two mu mazi. Biboneka mu mabahari kandi usanga bifise amabara atandukanye, nk’ayatukura, ayera n’ayirabura. Amabuye ya korali yari menshi cane mu kiyaga Gitukura. Mu bihe vya Bibiliya, amabuye ya korali atukura yari azimvye cane. Barayakoramwo ibidede n’ibindi bisharizo.—Img 8:11.

  • Koro.

    Ni ingero yakoreshwa mu gupima ibinyantete n’ibiseseka. Yaja mu kintu kingana n’amalitiro 220, hisunzwe ingero ya bati. (1Bm 5:11)—Raba Inyongera ya B14.

  • Kristu.

    Ni izina rya Yezu. Rivuye mw’ijambo ry’ikigiriki Khri·stosʹ, rikaba rihuye n’ijambo ry’igiheburayo rihindurwa ngo «Mesiya», canke «uwarobanuwe.»—Mt 1:16; Yoh 1:41.

  • Kugandara.

    Ni ukugaragaza umubabaro kubera wabuze umuntu canke kubera washikiwe n’ikindi cago. Mu bihe vya Bibiliya, abantu bari bafise umugenzo wo kumara igihe kitari gito bagandaye. Bararira bakaboroga, bakambara impuzu zidasanzwe, bakisiga iminyota mu mutwe, bakitaburirako impuzu bakongera bakikubitagura ku bikiriza. Rimwe na rimwe ku maziko baratumako abahinga mu gucura intimba.—It 23:2; Yes 60:20; Ivh 21:4.

  • Kugenyera.

    Ni ugukurako agashato ko hejuru ku gihimba c’irondoka c’umugabo. Cari igisabwa kuri Aburahamu n’uruvyaro rwiwe, ariko si igisabwa ku bakirisu. Iryo jambo rirakoreshwa mu buryo bw’ikigereranyo mu Vyanditswe bitandukanye. (It 17:10; 1Kr 7:19; Fp 3:3) Rimwe na rimwe, Abisirayeli barita abanyamahanga «abatagenyerewe» mu kwerekana ko babasuzugura.—1Sm 17:26.

  • Kurambikwako ibiganza.

    Umuntu baramurambikako ibiganza kugira bamushinge igikorwa kidasanzwe, bamuhezagire, bamukize indwara canke kugira bamuhe ingabire y’impwemu nyeranda. Rimwe na rimwe bararambika ibiganza ku bikoko imbere y’uko babishikanira Imana.—Kv 29:15; Gh 27:18; Ivk 19:6; 1Tm 5:22.

  • Kurenga ibigo.

    Ni igihe umugabo canke umugore yubatse aryamanye n’ibigirankana n’uwundi muntu batubakanye.—Kv 20:14; Mt 5:27; 19:9.

  • Kurobanura.

    Mu giheburayo iryo jambo risobanura ngo «gusiga amavuta.» Barashobora gusiga amavuta umuntu canke ikintu kugira berekane ko uwo muntu canke ico kintu gihebewe igikorwa kidasanzwe. Mu Vyanditswe vy’ikigiriki, iryo jambo rirakoreshwa kandi mu kwerekeza ku gikorwa co gusuka impwemu nyeranda ku bantu batowe kugira bazoje mw’ijuru.—Kv 28:41; 1Sm 16:13; 2Kr 1:21.

  • Kusemeti.

    Ni ubwoko bw’ingano bubayabaye (Triticum spelta). Izo ntete ntivyoroshe kuzikurako udushishwa.—Kv 9:32.

  • Kuvuma; umuvumo.

    Gutera ubwoba canke kubwira umuntu canke ikintu amajambo mabi. Biratandukanye no gutukana canke gushavura birenze. Akenshi umuvumo urimwo kwipfuriza umuntu ivyago canke kumumenyesha icese ivyago bizomushikira. Igihe uvuye ku Mana canke ku wundi muntu abifitiye uburenganzira, ufatwa cokimwe n’ubuhanuzi kandi uranguka kurya kw’ubuhanuzi.—It 12:3; Gh 22:12; Gl 3:10.

  • Kwihebera Imana.

    Ni ukwubaha cane Yehova Imana, kumusenga no kumukorera mu gushigikira udahemuka ubusegaba bwiwe.—1Tm 4:8; 2Tm 3:12.

  • Kwisonzesha.

    Ni ukumara ikiringo kanaka udafungura ikintu na kimwe. Abisirayeli barisonzesha ku musi w’impongano, mu bihe vy’ivyago n’igihe baba bakeneye ko Imana ibayobora. Abayuda barashizeho ibiringo bine vyo kwisonzesha buri mwaka, kugira bibuke ibihe vy’amagorwa baciyemwo muri kahise kabo. Abakirisu ntibasabwa kwisonzesha.—Ezr 8:21; Yes 58:6; Lk 18:12.

L

  • Legiyoni.

    Ni umugwi w’abasoda b’Abaroma ba kera wari ugizwe n’abasoda bari hagati ya 4.000 na 6.000. Biboneka ko Legiyoni ivugwa mu Vyanditswe isobanura igitigiri kinini cane kitazwi.—Mt 26:53; Mr 5:9; Lk 8:30.

  • Leputoni.

    Ni igiceri gitoyi cane gikozwe mu mujumpu canke mu butare bw’umwakaka (bronze) cakoreshwa igihe Ivyanditswe vy’ikigiriki vyandikwa. (Mr 12:42; Lk 21:2, utujambo tw’epfo)—Raba Inyongera ya B14.

  • Lewi; Abalewi.

    Ni umuhungu agira gatatu Yakobo yavyaye kuri Leya. Izina ryiwe ryahavuye ryitirirwa umuryango umukomokako. Abahungu biwe batatu bahavuye bitirirwa imigwi itatu nyamukuru y’Abalewi. Akenshi izina «Abalewi» ryerekeza ku muryango wose w’Abalewi ukuyemwo abaherezi bakomoka kuri Aroni. Umuryango wa Lewi ntiwahawe itongo riwegukira mu gihugu c’isezerano, ahubwo wahawe ibisagara 48 biri mu turere twegukira iyindi miryango.—Gus 10:8; 1Ng 6:1; Heb 7:11.

  • Lewiyatani.

    Biboneka ko iryo zina ryerekeza ku gikoko kiba mu mazi. Muri Yobu 3:8 na 41:1, bisa n’uko iryo zina ryerekeza ku ngona canke ku rundi rukoko rwo mu mazi runini kandi rufise inguvu. Muri Zaburi 104:26, rishobora kuba ryerekeza ku rufi rw’ikimizi (baleine). Ahandi rikoreshwa mu mvugo ngereranyo ku buryo usanga bigoye kumenya igikoko ryerekezako ico ari co.—Zb 74:14; Yes 27:1.

  • Logi.

    Ni ingero y’ibiseseka ntoyi kuruta izindi zose zivugwa muri Bibiliya. Igitabu c’Abayuda citwa Talimudi kivuga ko logi yangana na 1/12 c’ingero ya hini. Dufatiye kuri ivyo, logi rero yangana n’amalitiro 0,31. (Lw 14:10)—Raba Inyongera ya B14.

M

  • Mahalati.

    Ni ijambo rikoreshwa mu vy’umuziki, riboneka mu ntangamarara ya Zaburi ya 53 n’iya 88. Rishobora kuba rifitaniye isano n’irivuga ry’igiheburayo risobanura «kugoyagoya», «kurwara», rikaba rero ryerekeza ku karirimbo kababaje, k’intimba. Ivyo birahuye n’ibivugwa muri ayo mazaburi abiri.

  • Malikamu.

    Rishobora kuba ari irindi zina rya Moleki, ikimana nyamukuru casengwa n’Abamori. (Zf 1:5)—Raba MOLEKI.

  • Manu.

    Ni imfungurwa nyamukuru Abisirayeli bafungura mu myaka 40 bamaze mu bugaragwa. Yehova ni we yazibaronsa ku gitangaro. Bama bazisanga hasi munsi y’urume imisi yose mu gitondo, kiretse ku musi w’isabato. Igihe Abisirayeli bazibona ari bwo bwa mbere, baciye babaza bati: «Ibi ni ibiki?» bikaba bivugwa ngo «man huʼ?» mu giheburayo. (Kv 16:13-15, 35) Mu yindi mirongo yo muri Bibiliya, manu yitwa «intete zivuye mw’ijuru» (Zb 78:24), «umukate uvuye mw’ijuru» (Zb 105:40), canke «umukate w’abanyabubasha» (Zb 78:25, akajambo k’epfo). Yezu na we nyene yarakoresheje ijambo manu mu buryo bw’ikigereranyo.—Yoh 6:49, 50.

  • Masedwane.

    Ni akarere kari mu buraruko bw’Ubugiriki. Ako karere kari gateye imbere cane ku ngoma ya Alegizandere mukuru kandi kagumye kigenga gushika kigaruriwe n’Abaroma. Masedwane yari intara y’Abaroma igihe Pawulo yaja i Buraya ari bwo bwa mbere. Pawulo yagendeye ako karere incuro zitatu. (Ivk 16:9)—Raba Inyongera ya B13.

  • Masikili.

    Ni ijambo ry’igiheburayo riboneka mu ntangamarara y’amazaburi 13, ariko nta wuzi neza insobanuro yaryo. Rishobora kuba risobanura ngo «icese co kuzirikana.» Hari irindi jambo ry’igiheburayo ryandikwa nka ryo risobanura ngo «korana ukwiyubara.» Hari abiyumvira ko ayo majambo yoba asangiye insobanuro.—2Ng 30:22; Zb 32:Itg, akajambo k’epfo.

  • Merodaki.

    Ni ikimana nyamukuru casengwa mu gisagara ca Babiloni. Umwami Hamurabi (uwamenyekanye cane kubera amategeko yanditse) amaze guhindura ico gisagara umurwa mukuru w’igihugu ca Babiloni, ivyo gusenga Merodaki (canke Maraduki) vyaciye bitera imbere. Ikimana Merodaki cahavuye gisubirira ibimana vyinshi vyahora bisengwa imbere y’aho, gica gicika ikimana nyamukuru casengwa n’Abanyababiloni. Mu nyuma, izina Merodaki (canke Maraduki) ryahavuye risubirirwa n’izina «Belu» («nyenevyo»), ku buryo ikimana Merodaki gisigara citwa «Beli.»—Yr 50:2.

  • Mesiya.

    Iryo jambo rivuye mw’ijambo ry’igiheburayo risobanura ngo «uwarobanuwe.» Rifise insobanuro imwe n’ijambo ry’ikigiriki «Kristu.»—Dn 9:25; Yoh 1:41.

  • Mikitamu.

    Ni ijambo ry’igiheburayo riboneka mu ntangamarara y’amazaburi atandatu. (Zb 16; 56-60, utujambo tw’epfo). Nta wuzi neza insobanuro yaryo, ariko rishobora kuba rifitaniye isano n’irindi jambo ry’igiheburayo risobanura ngo «gushira mu nyandiko.»

  • Milikomu.

    Ni ikimana casengwa n’Abamoni. Rishobora kuba ari irindi zina ry’ikimana Moleki. (1Bm 11:5, 7) Mu mpera y’ingoma yiwe, umwami Salomo yarubatse ibibanza bitaramutse vyo gusengeramwo iyo mana y’ikinyoma.—Raba MOLEKI.

  • Moleki.

    Ni ikimana casengwa n’Abamoni. Malikamu, Milikomu na Moloki ashobora kuba ari ayandi mazina y’ico kimana nyene. Moleki rishobora kuba ari izina ry’icubahiro aho kuba izina bwite ry’imana kanaka. Amategeko ya Musa yavuga ko umuntu wese ashikaniye abana biwe Moleki yategerezwa kwicwa.—Lw 20:2; Yr 32:35; Ivk 7:43.

  • Moloki.​—

    Raba MOLEKI.

  • Mubesheranyi.

    Ni izina rya Shetani mu Vyanditswe vy’ikigiriki, rikaba risobanura ngo «uwubeshera abandi.» Shetani yahawe iryo zina kubera ari we afata iya mbere mu gucafuza Yehova, ijambo ryiwe n’izina ryiwe ryeranda.—Mt 4:1; Yoh 8:44, utujambo tw’epfo; Ivh 12:9.

  • Muti-Labeni.

    Ni akajambo kaboneka mu ntangamarara ya Zaburi ya 9. Abahinga benshi bavuga ko gasobanura ngo «ibijanye n’urupfu rw’umwana w’umuhungu.» Hari abavuga ko ryari izina canke kumbure amajambo y’intango y’umudiho wari umenyerewe cane wakoreshwa mu kuririmba iyo zaburi.

N

  • Narada.

    Ni amavuta agomba gutukura, amota neza kandi azimvye. Ava mu duti twitwa narada (Nardostachys jatamansi). Kubera ko yari azimvye, barakunda kuyavanga n’amavuta bitanganya agaciro, kandi rimwe na rimwe barayigana. Birashimishije kubona Mariko na Yohani bompi bavuga ko Yezu bamusutseko «narada nyayo.»—Mr 14:3; Yoh 12:3.

  • Nehiloti.

    Ni ijambo ritazwi insobanuro riboneka mu kajambo k’intangamarara muri Zaburi ya 5. Hari ababona ko iryo jambo rifitaniye isano n’ijambo ry’igiheburayo cha·lilʹ (umwironge), bakiyumvira ko coba ari igicurarangisho bavuza mu guhuha. Ariko rishobora kuba ari izina ry’akaziki.

  • Nisani.

    Ni izina ryahawe ukwezi kwa 1 ku kirangamisi ceranda c’Abayuda (ukwezi kugira 7 ku kirangamisi cabo gisanzwe). Iryo zina ryatanguye gukoreshwa aho bamariye kuva mu bunyagano i Babiloni. Ukwo kwezi kwahora kwitwa Abibu. Gutangura hagati muri Ntwarante kukarangira hagati muri Ndamukiza. (Neh 2:1)—Raba Inyongera ya B15.

O

  • Olibani.

    Ni ibirirarira vyumye vy’ibiti n’uduti tumwetumwe two mu bwoko bw’ibiti bita boswellia. Iyo babituriye bivamwo akamoto keza. Cari kimwe mu birungo bakoresha mu guhingura imibavu myeranda yakoreshwa kuri rya hema ryeranda no kuri rwa rusengero rwa Salomo. Barayitangana kandi n’amashikanwa y’intete bakongera bakayishira hejuru kuri buri mugwi w’imikate y’ishikanwa yari Aheranda.—Kv 30:34-36; Lw 2:1; 24:7; Mt 2:11, utujambo tw’epfo.

  • Omeri.

    Ni ingero yakoreshwa mu gupima ibintu vyumye. Yaja mu kintu c’amalitiro 2,2 ikangana n’ic’icumi ca efa. (Kv 16:16, 18)—Raba Inyongera ya B14.

  • Onigisi.

    Ni ibuye ry’agaciro kagereranye, rikaba ari ubwoko bugumye bw’ibuye ryitwa agate, canke ubwoko bufise uturongorongo bw’ibuye ryitwa calcédoine. Ibuye rya onigisi rifise imirongo yera igenda irakurakuranwa n’iyirabura, iyisa n’akagajo, iyitukura, iyisa n’umunyota canke iy’urwatsi rutoto. Iryo buye ryariko ku mpuzu zidasanzwe z’umuherezi mukuru.—Kv 28:9, 12; 1Ng 29:2; Yb 28:16.

P

  • Pasika.

    Ni umusi mukuru waba buri mwaka kw’igenekerezo rya 14 ry’ukwezi kwitwa Abibu (kwahavuye kwitwa Nisani), aho Abisirayeli bibuka ingene barokowe bakava mu Misiri. Bawuhimbaza mu kubaga umwagazi w’intama (canke w’impene) bakawotsa bakawukoza imboga zirura n’imikate itarimwo umwambiro.—Kv 12:27; Yoh 6:4; 1Kr 5:7.

  • Pentekoti.

    Ni umusi mukuru ugira kabiri mu misi mikuru itatu ihambaye Abayuda bose b’igitsina-gabo basabwa guhimbariza i Yeruzalemu. Pentekoti ni izina rikoreshwa mu Vyanditswe vy’ikigiriki mu kuvuga umusi mukuru w’iyimbura canke umusi mukuru w’amayinga. Iryo zina risobanura ngo «umusi ugira 50.» Wahimbazwa ku musi ugira 50 uharuye uhereye ku wa 16 Nisani.—Kv 23:16; 34:22; Ivk 2:1.

  • Porneia.​—

    Raba UBUSAMBANYI.

  • Purimu.

    Ni umusi mukuru uhimbazwa buri mwaka kw’igenekerezo rya 14 n’irya 15 ry’ukwezi kwitwa Adari. Ni umusi Abayuda bibuka ingene barusimvye mu gihe c’umwamikazi Esiteri. Izina pu·rimʹ si ijambo ry’igiheburayo. Risobanura ngo «ubupfindo.» Izina ry’uwo musi mukuru wa Purimu, canke umusi mukuru w’ubupfindo, ryavuye ku kuba Hamani yaragize Puri (ubupfindo) kugira amenye umusi wo gushitsa umugambi wiwe wo guhonya Abayuda.—Est 3:7; 9:26.

R

  • Rahabu.

    Ni imvugo ngereranyo ikoreshwa mu gitabu ca Yobu, Zaburi na Yesaya (mugabo si umwe Rahabu avugwa mu gitabu ca Yosuwa). Mu gitabu ca Yobu, ibivugwayo vyerekana ko Rahabu ari urukoko runini rwo mu mazi. Mu bindi vyanditswe, urwo rukoko rugereranya Misiri.—Yb 9:13; Zb 87:4; Yes 30:7; 51:9, 10.

  • Rumenyi.

    Ni umuntu avuga ko afise ubushobozi bwo kumenya ibizoba muri kazoza. Bibiliya ivuga ko abaherezi bakora ivy’amageza, abaraguzi, abaragurisha inyenyeri n’abandi bakora mwene ivyo bose bari muri uwo mugwi.—Lw 19:31; Gus 18:11; Ivk 16:16.

S

  • Samariya.

    Wari umurwa mukuru w’ubwami bwa Isirayeli bwo mu buraruko bugizwe n’imiryango cumi, mu kiringo c’imyaka nka 200. N’akarere kose k’ubwo bwami ni ko kitwa. Ico gisagara cubatswe ku musozi witwa Samariya nyene. Mu gihe ca Yezu, Samariya ryari izina ry’intara yahana urubibe na Galilaya mu buraruko be na Yudaya mu bumanuko. Mu ngendo Yezu yagize, aciyeyo ntiyakunda kuhavugira inkuru nziza, mugabo vyarashika akayaga n’abahaba. Petero yakoresheje urupfunguruzo rwa kabiri rw’Ubwami rwo mu buryo bw’ikigereranyo igihe Abasamariya baronka impwemu nyeranda. (1Bm 16:24; Yoh 4:7; Ivk 8:14)—Raba Inyongera ya B10.

  • Sela.

    Ni akajambo k’ubuhinga bakoresha mu muziki canke mu bisomwa abantu bafata ku mutwe. Kaboneka muri Zaburi no muri Habakuki. Gashobora kuba kerekana ko hageze akaruhuko mu kuririmba canke mu gucuraranga, canke muri vyompi. Vyagirwa mu ntumbero yo kuzirikana banumye canke kugira ngo agaciro k’ivyo bahejeje kuririmba kibonekeze. Muri ya Bibiliya y’ikigiriki yitwa Septante, ako kajambo ni di·aʹpsal·ma, bisobanura ngo «akaruhuko ko mu muziki.»—Zb 3:4; Hab 3:3.

  • Seya.

    Ni ingero yakoreshwa mu gupima ibintu vyumye. Dufatiye ku ngero mugenzi wayo yitwa bati yakoreshwa mu gupima ibiseseka, seya yoja mu kintu c’amalitiro 7,33. (2Bm 7:1, akajambo k’epfo)—Raba Inyongera ya B14.

  • Sezari.

    Izina ry’umuryango w’Abaroma ryahavuye ryitirirwa abami b’abami b’Uburoma. Bibiliya iravuga abami b’abami batatu bitwa izina «Sezari», na bo akaba ari Ogusito, Tiberiyo na Kolode. Naho Nero atavugwa muri Bibiliya, na we nyene yaritwa iryo zina. Izina «Sezari» kandi rirakoreshwa mu Vyanditswe vy’ikigiriki mu kwerekeza ku butegetsi, ni ukuvuga leta.—Mr 12:17; Ivk 25:12.

  • Shebati.

    Ni izina ryahawe ukwezi kugira 11 ku kirangamisi ceranda c’Abayuda (ukwezi kugira 5 ku kirangamisi cabo gisanzwe). Iryo zina ryatanguye gukoreshwa aho bamariye kuva mu bunyagano i Babiloni. Gutangura hagati muri Nzero kukarangira hagati muri Ruhuhuma. (Zk 1:7)—Raba Inyongera ya B15.

  • Shekeli.

    Ni ingero nyamukuru Abaheburayo bakoresha mu vy’amahera no mu vyo gupima uburemere. Shekeli imwe yapima amagarama 11,4. Imvugo “shekeli y’aheranda” ishobora kuba yaributsa abantu ko ivyo bapima bikwiye kuba bikwiye canke ko bikwiye kuba bihuye n’ingero y’akarorero yabikwa kw’ihema ryeranda. Hashobora kuba hariho shekeli y’i bwami (itandukanye na shekeli isanzwe) canke ingero y’akarorero y’uburemere yabikwa ku kirimba.—Kv 30:13.

  • Sheminiti.

    Ni ijambo rikoreshwa mu muziki risobanura ngo «w’umunani.» Rishobora kuba ari inota riregeye kw’ijwi ryo hasi. Ku bicurarangisho, iryo jambo rishobora kuba ryashaka kuvuga ibicurarangisho bisohora ijwi ryo hasi (baze). Ku baririmvyi na ho, rishobora kuba ryerekana ko baca baririmba bajana n’umudiho wo hasi.—1Ng 15:21; Zb 6:Itg; 12:Itg.

  • Shetani.

    Mu giheburayo iryo zina risobanura ngo «umwansi.» Kenshi iryo jambo ryerekeza kuri Shetani wa Mubesheranyi, umwansi w’Imana mukuru.—Yb 1:6; Mt 4:10; Ivh 12:9.

  • Siriti.

    Ni ibigobe bibiri binini bifise amazi magufi, biri ku nkengera ya Libiya mu buraruko bwa Afrika. Abatwara ubwato bo mu bihe vya kera barahatinya kubera ibidunduri vy’umusenyi biteye akaga vyaguma vyimukanga biturutse kw’iduga n’igabanuka ry’amazi y’ikiyaga. (Ivk 27:17)—Raba Inyongera ya B13.

  • Siriya; Abasiriya.​—

  • Sivani.

    Ni izina ryahawe ukwezi kugira 3 ku kirangamisi ceranda c’Abayuda (ukwezi kugira 9 ku kirangamisi cabo gisanzwe). Iryo zina ryatanguye gukoreshwa aho bamariye kuva mu bunyagano i Babiloni. Gutangura hagati muri Rusama kukarangira hagati muri Ruheshi. (Est 8:9)—Raba Inyongera ya B15.

  • Siyoni; umusozi Siyoni.

    Ni izina ry’igisagara c’Abayebusi gikingijwe ibihome, cahora citwa Yebusi. Cari ku gasozi ko mu buseruko bushira ubumanuko bwa Yeruzalemu. Dawidi amaze gufata ico gisagara yaciye ahubaka ikirimba ciwe, hasigara hitwa «igisagara ca Dawidi.» (2Sm 5:7, 9) Umusozi Siyoni wahavuye uba umusozi mweranda bidasanzwe kuri Yehova, igihe Dawidi yahazana ya sandugu y’isezerano. Mu nyuma, iryo zina Siyoni ryatanguye gukoreshwa no mu kuvuga ahantu hari hubatse urusengero ku musozi Moriya, canke rimwe na rimwe igisagara cose ca Yeruzalemu. Kenshi rikoreshwa mu buryo bw’ikigereranyo mu Vyanditswe vy’ikigiriki.—Zb 2:6; 1Pt 2:6; Ivh 14:1.

T

  • Tamuzi.

    (1) Ni imana y’ikinyoma yaririrwa n’Abaheburayokazi b’i Yeruzalemu bahevye Imana y’ukuri. Vyiyumvirwa ko Tamuzi yari umwami yagizwe imana amaze gupfa. Mu bisomwa vy’Abasumeriya, Tamuzi yitwa Dumuzi, bikaba bivugwa ko ari umugabo canke umukunzi w’imanakazi y’ivy’irondoka yitwa Inanna (ari yo Ishitari y’Abanyababiloni). (Ezk 8:14) (2) Ni izina ryahawe ukwezi kugira 4 ku kirangamisi ceranda c’Abayuda (ukwezi kugira 10 ku kirangamisi cabo gisanzwe). Iryo zina ryatanguye gukoreshwa aho bamariye kuva mu bunyagano i Babiloni. Ukwo kwezi gutangura hagati muri Ruheshi kukarangira hagati muri Mukakaro.—Raba Inyongera ya B15.

  • Tarutaro.

    Mu Vyanditswe vy’ikigiriki, iryo jambo risobanura ugucishwa bugufi kumeze nko gushirwa mw’ibohero. Abamarayika bagambaraye mu gihe ca Nowa, Imana yabatereye muri iyo mimerere. Irivuga tar·ta·roʹo (guterera muri Tarutaro) rikoreshwa muri 2 Petero 2:4, ntirisobanura ko «abamarayika bacumuye» baterewe muri Tarutaro ivugwa mu bitito vy’abapagani (ni ukuvuga ibohero ryo mu kuzimu n’ikibanza c’umwiza kibamwo imana zibayabaye). Ahubwo iryo rivuga ryerekana ko Imana yabacishije bugufi ibakura mu bibanza vyabo vyo mw’ijuru, ibaka iteka bari bafise, ibaterera mu mwiza w’ikigereranyo utuma badashobora kuronka umuco wo mu vy’impwemu ngo batahure imigambi y’Imana. Uwo mwiza kandi urahuye n’iherezo ryabo, kuko Ivyanditswe vyerekana ko bazotikizwa ubutakigaruka, bo hamwe n’umutware wabo Shetani wa Mubesheranyi. Tarutaro igereranya rero ugucishwa bugufi gukomeye kw’abo bamarayika b’abagarariji. Iratandukanye n’«inyenga» ivugwa mu Vyahishuwe 20:1-3.

  • Tebeti.

    Ni izina ryahawe ukwezi kugira 10 ku kirangamisi ceranda c’Abayuda (ukwezi kugira 4 ku kirangamisi cabo gisanzwe). Iryo zina ryatanguye gukoreshwa aho bamariye kuva mu bunyagano i Babiloni. Gutangura hagati muri Kigarama kukarangira hagati muri Nzero. Gukunze kwitwa «ukwezi kugira cumi.» (Est 2:16)—Raba Inyongera ya B15.

  • Terafimu.

    Ni ibigirwamana vy’umuryango bakoresha rimwerimwe kugira bamenye kazoza. (Ezk 21:21) Hari ivyo wasanga bifise ishusho y’umuntu kandi bikangana n’umuntu, ibindi bikaba bitobito. (It 31:34; 1Sm 19:13, 16) Ibintu vyubuwe n’abacukuzi b’ivya kera mu karere ka Mezopotamiya vyerekana yuko iyo umuntu afise ibishusho vya terafimu vyatuma ashobora gutorana mu muryango. (Iyo ishobora kuba ari yo mpamvu yatumye Rasheli atora terafimu za se.) Biboneka ko muri Isirayeli atari ukwo vyari bimeze. Ariko mu gihe c’abacamanza no mu gihe c’abami, hari abakoresha ibishusho vya terafimu mu vyo gusenga, kandi terafimu ziri mu vyatikijwe mu gihe ca wa mwami w’umwizigirwa Yosiya.—Abc 17:5; 2Bm 23:24; Hs 3:4.

  • Tishiri.​—

    Raba ETANIMU be n’Inyongera ya B15.

U

  • Ubufilisitiya; Abafilisitiya.

    Igihugu ciswe Ubufilisitiya cari ku nkengera y’ikiyaga yo mu bumanuko bwa Isirayeli. Abimukira bavuye i Kirete bakaja kubayo biswe Abafilisitiya. Dawidi yarabanesheje ariko bagumye bigenga, kandi bamye ari abansi ba Isirayeli. (Kv 13:17; 1Sm 17:4; Am 9:7)—Raba Inyongera ya B4.

  • Ubugaragwa.

    Muri Bibiliya, ijambo «ubugaragwa» ntirisobanura gusa ubugaragwa bwuzuye umusenyi. Rirakoreshwa no mu kuvuga ahantu hataba abantu, hatamera, kenshi ugasanga ari ahantu h’urubuyebuye hatagira amazi, ariko hashobora kuboneka ubwatsi bwo kuragiramwo.—Yr 23:10; Mr 1:4.

  • Ubugororotsi.

    Mu Vyanditswe, ubugororotsi ni ibintu Imana ibona ko bigororotse hisunzwe amategeko yayo agenga ikibereye n’ikitabereye.—It 15:6; Gus 6:25; Img 11:4; Zf 2:3; Mt 6:33.

  • Ubuhanuzi.

    Ni ubutumwa buva ku Mana. Ni uguhishurirwa ivyo Imana igomba, canke kubibwira abandi. Ubuhanuzi bushobora kuba: inyigisho yerekeye inyifato ibereye, itegeko ry’Imana, ingingo yashinze, canke ubutumwa bumenyesha ikintu kizoba.—Ezk 37:9, 10; Dn 9:24; Mt 13:14; 2Pt 1:20, 21.

  • Ubuhuni.

    Ijambo ry’ikigiriki (a·po·sta·siʹa) rivuye mu rivuga risobanura ngo «kuja kure.» Izina rivuye muri iryo rivuga risobanura ngo «kwidohora, guheba canke kugarariza.» Mu Vyanditswe vy’ikigiriki, ijambo «ubuhuni» ryerekeza canecane ku bantu bahevye ugusenga kw’ukuri bagasigara bakurwanya.—Img 11:9; Ivk 21:21; 2Ts 2:3, utujambo tw’epfo.

  • Ubukaludaya; Abakaludaya.

    Mu ntango, ayo majambo yerekeza ku karere k’ikiyaya kari hagati y’uruzi Tigiri n’uruzi Efurate hamwe n’abantu bahaba. Mu nyuma yahavuye akoreshwa mu kuvuga akarere kose ka Babiloni hamwe n’abantu bahaba. Izina «Abakaludaya» kandi ryarerekeza ku mugwi w’abantu bize siyansi, kahise, indimi n’imibumbe, ariko bakora ivy’ubupfumu n’ivyo kuragurira ku nyenyeri.—Ezr 5:12; Dn 4:7; Ivk 7:4.

  • Ubukerebutsi; inkerebutsi.

    Muri Bibiliya «ubukerebutsi» ni ubushobozi bwo kwiyumvira mu buryo bwiza, ukoresheje ubumenyi ufise n’ubwenge. Umuntu w’inkerebutsi ni umuntu azi gukoresha neza ubumenyi afise n’ubwenge kugira atunganye ingorane, yirinde akaga, ashikire imigambi kanaka canke ahanure abandi kubigira.—Img 1:2; 8:1; Mt 11:19; Lk 11:31; Rm 11:33.

  • Ubumedi; Abamedi.

    Abamedi bari abantu bakomeye bakomoka kuri Madayi umuhungu wa Yafeti. Baba mu kiyaya co mu misozi ca Irani, kikaba cahavuye citwa igihugu c’Ubumedi. Abamedi barifatanije n’Abanyababiloni kugira batsinde Ashuri. Ico gihe Ubuperesi yari intara ikukira Ubumedi. Ariko Kuro amaze kugarariza, Ubumedi n’Ubuperesi vyaciye bifatana bigira inganji imwe y’Ubumedi n’Ubuperesi, ari na yo yahavuye itsinda inganji ya Babiloni mu 539 imbere ya Kristu. Abamedi bari baje i Yeruzalemu kuri Pentekoti yo 33 inyuma ya Kristu. (Dn 5:28, 31; Ivk 2:9)—Raba Inyongera ya B9.

  • Ubuntu buhebuje.

    Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe gutyo, ahanini risobanura ikintu gihimbaye kandi giteye igomwe. Rikoreshwa kenshi mu kuvuga ingabire itanganywe umutima mwiza canke gutanga ubigiranye umutima mwiza. Igihe haba hariko havugwa ubuntu buhebuje bw’Imana, iryo jambo riba risobanura ingabire Imana itanga ibikunze, ata co yiteze kwishurwa. Ubuntu buhebuje bw’Imana rero bwerekana ko itanga cane kandi ko ifitiye abantu urukundo rwinshi n’ubuntu bwinshi. Iryo jambo ryo mu kigiriki rihindurwa kandi ngo «ubuntu» canke «ingabire itanganywe umutima mwiza.» Ni ikintu umuntu agirirwa atakibereye kandi atagikoreye, akabikesha gusa umutima mwiza wa nyene kugikora.—2Kr 6:1; Ef 1:7.

  • Ubunyagano.

    Ni ugukurwa mu gihugu c’amavukiro canke muhira, akenshi bitegetswe n’ababa bahigaruriye. Ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ngo «ubunyagano» risobanura ngo «kugenda.» Hari ibiringo bibiri nyamukuru aho Abisirayeli bajanywe mu bunyagano. Ubwami bwo mu buraruko bugizwe n’imiryango cumi bwarajanywe mu bunyagano n’Abashuri, mu nyuma na ho ubwami bwo mu bumanuko bugizwe n’imiryango ibiri bujanwa mu bunyagano n’Abanyababiloni. Amasigarira y’abajanywe muri ubwo bunyagano bwose yaragarutse mu gihugu cabo, ku ngoma ya Kuro umwami w’Ubuperesi.—2Bm 17:6; 24:16; Ezr 6:21.

  • Ubuperesi; Abaperesi.

    Igihugu c’Ubuperesi n’abanyagihugu baho bikunda kuvugirwa hamwe n’Abamedi, kandi biboneka ko Abamedi n’Abaperesi bakomoka hamwe. Mu ntango, Abaperesi baba gusa ahantu hari itaba rinini mu bumanuko bushira uburengero ahari Irani y’ubu. Ku ngoma ya Kuro mukuru (uwo abahinga mu vya kahise ba kera bavuga ko se yari Umuperesi nyina akaba Umumedikazi), Abaperesi ni bo bari bakomeye kuruta Abamedi naho muri iyo nganji bagumye baganza bari kumwe. Kuro yatsinze inganji y’Abanyababiloni mu 539 imbere ya Kristu, aca arekura Abayuda bari mu bunyagano, basubira mu gihugu c’amavukiro. Mu buseruko, inganji y’Ubuperesi yahera ku ruzi In⁠dus igashika mu burengero ku kiyaga Égée. Abayuda bagumye batwarwa n’Ubuperesi gushika Alegizandere mukuru atsinze Abaperesi mu 331 imbere ya Kristu. Daniyeli yareretswe ibijanye n’inganji y’Ubuperesi. Ivy’iyo nganji biravugwa muri Bibiliya mu gitabu ca Ezira, ica Nehemiya n’ica Esiteri. (Ezr 1:1; Dn 5:28; 8:20)—Raba Inyongera ya B9.

  • Ubupfindo.

    Ni umugenzo bisunga mu gufata ingingo bakoresheje utubuye canke udupande tw’utubaho. Badushira mu mpuzu ikunje canke mu kindi kintu hanyuma bakatujegeza. Akabuye canke akabaho gakorotse ubwa mbere canke ako bakuyeyo ubwa mbere, ni ko kerekana ingingo bofata. Akenshi babigira babanje gusenga.—Yos 14:2; Img 16:33; Mt 27:35.

  • Ubupfumu.

    Ni ibintu abantu bemera canke bakora kubera biyumvira yuko iyo umuntu apfuye hari ikintu kimuvamwo kikabandanya kubaho. Ngo ico kintu kirashobora kuvugana n’abazima, canecane biciye ku muntu gikoresha akacumvira (umupfumu). Ijambo ry’ikigiriki phar·ma·kiʹa rihindurwa ngo «gukora ivy’ubupfumu», risobanura ngo «ibintu biyovya ubwenge.» Iryo jambo ryahavuye rigiranira isano n’ubupfumu kubera ko kera ibiyovyabwenge vyakoreshwa mu kwambaza amadayimoni mu vy’uburozi.—Gl 5:20; Ivh 21:8.

  • Uburozi.

    Ni ugukoresha ububasha buzwi ko buva ku madayimoni.—2Ng 33:6.

  • Ubusambanyi.

    Mu kigiriki ni por·neiʹa. Mu Vyanditswe, iryo jambo rikoreshwa mu kuvuga uburyo bwo gukoresha igitsina Imana yiyamiriza. Aho harimwo kurenga ibigo, gukora ubumaraya, guhuza ibitsina hagati y’abantu batubakanye, guhuza ibitsina kw’ababisangiye, no guhuza ibitsina n’ibikoko. Mu Vyahishuwe, iryo jambo rirakoreshwa mu buryo bw’ikigereranyo ku mumaraya mu vy’idini yitwa «Babiloni Akomeye», kubera ukuntu yifatanya cane n’abatware b’iyi si kugira aronke ububasha n’ubutunzi. (Ivh 14:8; 17:2; 18:3; Mt 5:32; Ivk 15:29; Gl 5:19)—Raba UMUMARAYA.

  • Ubuyuda.

    Ni izina ryerekeza ku bwami bwo mu bumanuko bwari bugizwe n’imiryango y’Abisirayeli ikomoka kuri Yuda na Benyamini, ushizemwo abaherezi n’Abalewi. Ubuyuda bwari bugizwe n’igice co mu bumanuko bw’igihugu, ico gice akaba ari co carimwo Yeruzalemu be n’urusengero.—1Bm 4:20; Heb 7:14.

  • Ubwami bw’Imana.

    Iyo mvugo ikoreshwa canecane mu kwerekeza ku ntwaro iganzwa na Yezu Kristu Umwana w’Imana, ikaba iserukira ubusegaba bwa Yehova.—Mt 12:28; Lk 4:43; 1Kr 15:50.

  • Ubweranda.

    Ni kamere iri mu bigize Yehova. Yehova ni mweranda, ni ukuvuga ko atyoroye bimwe bitagira agahaze. (Kv 28:36; 1Sm 2:2; Img 9:10; Yes 6:3) Mu giheburayo, iyo iryo jambo rikoreshejwe ku bantu (Kv 19:6; 2Bm 4:9), ku bikoko (Gh 18:17), ku bintu (Kv 28:38; 30:25; Lw 27:14), ku bibanza (Kv 3:5; Yes 27:13), ku bihe (Kv 16:23; Lw 25:12) no ku bikorwa (Kv 36:4), riba ririmwo iciyumviro c’ikintu gishizwe ku ruhande, kigenewe igikorwa kidasanzwe canke gihebewe Imana Nyeranda. Ni ikintu kiba gishizwe ku ruhande ngo gikoreshwe igikorwa ca Yehova. No mu Vyanditswe vy’ikigiriki, iryo jambo ryerekeza ku kintu gishizwe ku ruhande kugira gikoreshwe ibikorwa vy’Imana. Iryo jambo kandi rirerekeza ku nyifato y’umuntu ityoroye.—Mr 6:20; 2Kr 7:1; 1Pt 1:15, 16.

  • Udukasi.

    Ni udukoresho dukozwe mu nzahabu canke mw’ifeza twakoreshwa muri rya hema ryeranda no muri rwa rusengero rwa Salomo. Badukoresha mu gukata urutambi rw’amatara kugira bayazimye.—2Bm 25:14.

  • Udupanu tujamwo umuriro.

    Ni udukoresho dukozwe mu nzahabu, ifeza canke umujumpu twakoreshwa kuri rya hema ryeranda no kuri rwa rusengero rwa Salomo. Badukoresha mu guturira imibavu, mu gukura iminyota ku gicaniro c’ibimazi no mu gukuraho udusigarira tw’intambi zakoze kuri ca kintu baterekako amatara c’inzahabu.—Kv 37:23; 2Ng 26:19; Heb 9:4.

  • Udupensi.

    Ni udukoresho two mu nzahabu, dushobora kuba twari tumeze nk’iminengo. Badukoresha kw’ihema ryeranda no ku rusengero mu kuzimya amatara.—Kv 37:23.

  • Ukudahumana.

    Muri Bibiliya, iryo jambo ntiryerekeza gusa kw’isuku ryo ku mubiri. Rirashobora kwerekeza kandi ku kuba umuntu atanduye mu vy’impwemu canke mu vy’inyifato runtu. Ni ukuvuga kuguma utagira akanenge canke agatosi (canke gusubira kumera gutyo), no kwirinda ikintu ico ari co cose cogucafuza canke cokwonona. Mu gihe c’amategeko ya Musa, iryo jambo ryerekeza ku kwubahiriza imigenzo yasabwa kugira umuntu yitabe ibirori bijanye no gusenga.—Lw 10:10; Zb 51:7; Mt 8:2; Ivk 21:26.

  • Ukuhaba.

    Mu mirongo imwimwe yo mu Vyanditswe vy’ikigiriki, iryo jambo «ukuhaba» risobanura ukuhaba kw’Umwami Yezu Kristu mu misi ya nyuma y’ivy’iyi si, kuva yimitswe mu buryo butaboneka akaba Umwami Mesiya. Ukuhaba kwa Kristu si ukuza hanyuma agaca agenda ningoga, ahubwo gufata ikiringo cose ahaguma.—Mt 24:3, akajambo k’epfo.

  • Ukwigaya.

    Ukwigaya kuvugwa muri Bibiliya ni uguhindura ivyiyumviro hamwe no kwicuza bivuye ku mutima kubera ukuntu umuntu yari abayeho, ibibi yakoze canke ibintu kanaka atakoze. Ukwigaya nyakwo kubonekera ku vyo umuntu akora. Aca ahindura ingendo.—Mt 3:8; Ivk 3:19; 2Pt 3:9.

  • Umubagabaga.

    Ni ibintu biva mu bishishwa vy’igiti c’umubagabaga (Cinnamomum cassia) gisangiye ubwoko n’icitwa kaneliye (cannelier). Umubagabaga warakoreshwa mu kumotesha ibintu, kandi wari mu birungo vyakoreshwa mu gukora amavuta meranda yo kurobanuza.—Kv 30:24; Zb 45:8; Ezk 27:19.

  • Umubumvyi.

    Ijambo ry’igiheburayo rihindurwa ngo «umubumvyi» risobanura ngo «umuhinguzi.» Ubukuru kaminuza Yehova afise ku bantu no ku mahanga kenshi bugereranywa n’ububasha umubumvyi afise kw’ibumba.—Yes 64:8; Rm 9:21.

  • Umufuniko w’impongano.

    Ni umufuniko wa ya sandugu y’isezerano. Imbere yawo ni ho umuherezi mukuru yamijagira amaraso y’amashikanwa y’igicumuro ku musi w’impongano. Mu giheburayo, iyo mvugo «umufuniko w’impongano» ikomoka ku rivuga risobanura ngo «gupfuka (igicumuro)» canke kumbure «guhanagura (igicumuro).» Uwo mufuniko wari ukozwe mu nzahabu gusa, uriko abakerubi babiri ku mpera, umwe ku ruhande rumwe, uwundi ku rundi. Mu mirongo imwimwe witwa gusa «umufuniko.» (Kv 25:17-22; 1Ng 28:11; Heb 9:5)—Raba Inyongera ya B5.

  • Umugiriki.

    Ni umuntu yavukiye mu Bugiriki canke umuntu ava mu muryango ukomoka mu Bugiriki. Mu Vyanditswe vy’ikigiriki, iryo jambo rirakoreshwa mu buryo bwagutse mu kwerekeza ku bantu bose atari Abayuda canke ku bantu bandukiwe n’imico y’Abagiriki be n’ururimi rwabo.—Yw 3:6; Yoh 12:20.

  • Umugozi bateresha amabuye.

    Ni umugozi wo mu rushato canke ujishe mu mirya y’ibikoko, mu rukangaga canke mu bwoya. Uwo mugozi hagati wasanga ufise ahantu hagutse bashira ico batera, kenshi rikaba ryari ibuye. Umutwe umwe w’uyo mugozi bawubohera ku kuboko canke ku gikonjo, uwundi na wo bakawufatira mu ntoke, bakawurekura bateye ibuye. Kera, mu ngabo z’amahanga haba harimwo abatera amabuye bakoresheje umugozi.—Abc 20:16; 1Sm 17:50.

  • Umuguruka.

    Ni igishishwa gikingira intete kivako bariko barazikubita canke bariko barazigosora. Iryo jambo rirakoreshwa mu mvugo ngereranyo mu kwerekeza ku kintu ata co kimaze kandi kidakenewe.—Zb 1:4; Mt 3:12.

  • Umugwi w’idini.

    Ni umugwi w’abantu bakurikira inyigisho kanaka canke indongozi kanaka, bakemera ibintu bisangije. Iryo zina rirakoreshwa ku migwi ibiri nyamukuru yo mw’idini ry’Abayuda, ni ukuvuga Abafarizayo n’Abasadukayo. Abatari abakirisu wasanga bita abakirisu ngo ni «akagwi k’idini» canke «akagwi k’idini k’Abanyanazareti», kumbure kubera ko babona yuko biyonkoye kw’idini ry’Abayuda. Mw’ishengero ry’abakirisu hahavuye haduka utugwi tw’idini. «Akagwi k’idini ka Nikola» karavugwa mu Vyahishuwe.—Ivk 5:17; 15:5; 24:5; 28:22; Ivh 2:6; 2Pt 2:1.

  • Umuhagarikizi w’ishengero.

    Ni umugabo afise ibanga nyamukuru ryo kurinda ishengero no kuriragira. Iciyumviro nyamukuru kiri mw’ijambo ry’ikigiriki e·piʹsko·pos ni ico guhagarikira no gukingira. Ijambo «umuhagarikizi» n’ijambo «umukurambere» (pre·sbyʹte·ros) yerekeza kw’ibanga rimwe mw’ishengero. Ijambo «umukurambere» ryerekana ko uwagenywe muri iryo banga ahumuye mu vy’impwemu, «umuhagarikizi» na ryo rigashimika ku vyo aba ajejwe.—Ivk 20:28; 1Tm 3:2-7; 1Pt 5:2.

  • Umuhanuzi.

    Ni umuntu Imana yacishako mu kumenyesha imigambi yayo. Umuhanuzi yari umuvugizi w’Imana. Yaramenyesha ibizoba akongera akamenyesha inyigisho za Yehova, amabwirizwa yiwe, n’ingingo yashinze.—Am 3:7; 2Pt 1:21.

  • Umuheburayo.

    Ni ijambo ryakoreshejwe ari bwo bwa mbere kuri Aburamu (Aburahamu), mu kumutandukanya n’ababanyi biwe b’Abamori. Mu nyuma ryahavuye rikoreshwa mu kwerekeza ku bakomoka kuri Yakobo umwuzukuru wa Aburahamu.—It 14:13; Kv 5:3.

  • Umuherezi mukuru.

    Yari umuherezi aserukira abantu imbere y’Imana akongera agahagarikira ibikorwa vy’abandi baherezi mu gihe c’amategeko ya Musa. Yitwa kandi «umukuru w’abaherezi.» (2Ng 26:20; Ezr 7:5) Ni we wenyene yari yemerewe kwinjira Aheranda cane, ni ukuvuga icumba cari indani rwose muri rya hema ryeranda no muri rwa rusengero rwa Salomo. Yinjirayo rimwe gusa mu mwaka ku musi w’impongano. Yezu Kristu na we nyene yitwa «umuherezi mukuru.»—Lw 16:2, 17; 21:10; Mt 26:3; Heb 4:14.

  • Umuherezi.

    Yari umugabo ajejwe ibanga ryo guserukira Imana imbere y’abantu, akabigisha ivyerekeye Imana n’amategeko yayo. Umuherezi kandi yaraserukira abantu imbere y’Imana: yarashikana ibimazi, akabasabira akongera agatakamba ku bwabo. Amategeko ya Musa ataraza, umukuru w’umuryango ni we yaba ari umuherezi w’umuryango wiwe. Mu gihe c’amategeko ya Musa, abari bajejwe igikorwa c’abaherezi bari Abalewi b’igitsina-gabo bo mu muryango wa Aroni. Abandi Balewi b’igitsina-gabo bari bajejwe kubafasha. Kuva isezerano rishasha ritanguye gukora, Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu yabaye ihanga ry’abaherezi, Yezu Kristu akaba ari Umuherezi mukuru.—Kv 28:41; Heb 9:24; Ivh 5:10.

  • Umuhunda.

    Ni inkoni ndende isongoye abarimyi bakoresha mu kuyobora igitungwa. Umuhunda ugereranywa n’amajambo y’umuntu w’inkerebutsi atuma abamwumviriza bakurikiza impanuro abahaye. Imvugo «gutera imigere ku mihunda» ifatiye ku mpfizi y’inka y’intagondwa yanka kuyoborwa n’umuhunda ikaguma iwutera imigere, bigatuma yikomeretsa.—Ivk 26:14; Abc 3:31.

  • Umuhuza.

    Ni umuntu aja hagati y’imigwi ibiri kugira ayihuze. Mu Bibiliya, Musa ni umuhuza w’isezerano rishingiye ku mategeko ya Musa, Yezu na we akaba umuhuza w’isezerano rishasha.—Gl 3:19; 1Tm 2:5.

  • Umukirisu.

    Ni izina Imana yahaye abigishwa ba Yezu Kristu. Rivuye mw’izina Kristu.—Ivk 11:26; 26:28.

  • Umukogote.

    Ni ikintu c’amapine abiri gikwegwa n’ifarasi cakoreshwa canecane mu ntambara.—Kv 14:23; Abc 4:13; Ivk 8:28.

  • Umukozi w’ishengero.

    Rivuye mw’ijambo ry’ikigiriki di·aʹko·nos, akenshi rikaba rihindurwa ngo «umukozi» canke «umusuku.» Ijambo «umukozi w’ishengero» ryerekeza ku muntu afasha inama y’abakurambere mw’ishengero. Kugira aterwe iryo teka, ategerezwa gushitsa ibisabwa bivugwa muri Bibiliya.—1Tm 3:8⁠-⁠10, 12.

  • Umukurambere; Umushingantahe.

    Ni umuntu akuze, ariko mu Vyanditswe ayo jambo ahanini yerekeza ku muntu afise ubukuru kanaka canke ajejwe amabanga mu kibano canke mw’ihanga. Mu gitabu c’Ivyahishuwe, ijambo «umukurambere» rirakoreshwa no ku biremwa biba mw’ijuru. Ijambo ry’ikigiriki pre·sbyʹte·ros ryahinduwe ngo «umukurambere» igihe ryerekeza ku bantu baja imbere abandi mw’ishengero.—Kv 4:29; Img 31:23; 1Tm 5:17; Ivh 4:4.

  • Umukuru w’abaherezi.

    Ni irindi zina ry’«umuherezi mukuru» mu Vyanditswe vy’igiheburayo. Mu Vyanditswe vy’ikigiriki, imvugo «abakuru b’abaherezi» yerekeza ku baherezi baja imbere abandi mu gikorwa c’ubuherezi. Uwo mugwi ushobora kuba wari ugizwe n’abaherezi bakuru bakuwe muri iryo banga hamwe n’abakuru ba ya migwi 24 y’abaherezi.—2Ng 26:20; Ezr 7:5; Mt 2:4; Mr 8:31.

  • Umukuru w’abaririmvyi.

    Ni ijambo rikoreshwa mu gitabu ca Zaburi. Biboneka ko ryerekeza ku muntu yatunganya indirimbo, akaziririmbisha, agategura kandi akamenyereza abaririmvyi b’Abalewi, mbere akayobora n’imigwi y’abaririmvyi mu gihe co kuririmba. Izindi Bibiliya zihindura iyo mvugo ngo «uwuririmbisha» canke «umuyobozi w’umuziki.»—Zb 4:Itg; 5:Itg.

  • Umukuza w’urushato.

    Uwo mukuza waba ukozwe mu rushato rw’igitungwa rwose uko rwakabaye, nk’urw’impene canke intama. Wabikwamwo umuvinyu. Umuvinyu washirwa mu mikuza mishasha kubera ko uko usha ari ko usohora umwuka utuma iyo mikuza ivyimba. Imikuza mishasha igenda iraguka, mugabo iyishaje iraturika bivuye ku nguvu z’uwo mwuka, kubera ko itaba icoroshe.—Yos 9:4; Mt 9:17.

  • Umumaraya.

    Ni umuntu ahuza ibitsina n’uwo batubakanye, canecane ku bwo kurondera amahera. (Ijambo ry’ikigiriki porʹne, ni ukuvuga «umumaraya» rikomoka kw’ijambo risobanura ngo «kudandaza.») Iyo mvugo ikunda kwerekeza ku bagore, naho n’abamaraya b’abagabo bavugwa muri Bibiliya. Amategeko ya Musa yariyamiriza ubumaraya, kandi mu ntererano zatangwa mu rusengero rwa Yehova, impembo y’umumaraya ntiyari yemewe. Ivyo biratandukanye n’imigenzo y’abapagani aho abamaraya bo ku rusengero bakoreshwa mu kwinjiza amahera. (Gus 23:17, 18; 1Bm 14:24) Bibiliya irakoresha kandi iyo mvugo mu buryo bw’ikigereranyo ishaka kuvuga abantu, amahanga canke amashirahamwe asenga ibigirwamana mu buryo kanaka kandi avuga ko asenga Imana. Nk’akarorero, mu Vyahishuwe hadondora urwego rw’ivy’idini rwitwa «Babiloni Akomeye» nk’umumaraya kubera ko yifatanya cane n’abatware b’iyi si kugira aronke ububasha n’ubutunzi.—Ivh 17:1-5; 18:3; 1Ng 5:25.

  • Umumarayika.

    Rivuye mw’ijambo ry’igiheburayo mal·ʼakhʹ no mw’ijambo ry’ikigiriki agʹge·los. Ayo majambo yose asobanura ngo «intumwa», ariko igihe iyo ntumwa ari ikiremwa c’impwemu ica yitwa «umumarayika.» (It 16:7; 32:3; Yak 2:25; Ivh 22:8) Abamarayika ni ibiremwa vy’impwemu vy’ububasha Imana yaremye kera cane imbere y’uko irema abantu. Muri Bibiliya bitwa kandi «aberanda ibihumbi n’ibihumbi», «abana b’Imana», canke «inyenyeri zo mu gatondo.» (Gus 33:2; Yb 1:6, akajambo k’epfo; 38:7) Ntibaremanywe ubushobozi bwo kuvyara abandi bamarayika, ahubwo Imana yabaremye umwumwe ukwiwe. Bararenga imiliyoni ijana. (Dn 7:10) Bibiliya yerekana ko bafise amazina be n’uko umwe wese ameze ukwiwe. Ntibemera gusengwa kubera bicisha bugufi, kandi benshi muri bo ntibemera guhishura amazina yabo. (It 32:29; Lk 1:26; Ivh 22:8, 9) Bari mu migwi itandukanye kandi bajejwe ibikorwa bitandukanye, nko gukorera imbere y’intebe y’ubwami ya Yehova, gutwara ubutumwa bwiwe, gutabara abasavyi ba Yehova bari kw’isi, gushitsa imanza z’Imana no gushigikira igikorwa co kwamamaza inkuru nziza. (2Bm 19:35; Zb 34:7; Lk 1:30, 31; Ivh 5:11; 14:6) Muri kazoza bazofasha Yezu kurwana intambara ya Harumagedoni.—Ivh 19:14, 15.

  • Umumarayika mukuru.

    Iryo zina risobanura ngo «umukuru w’abamarayika.» Muri Bibiliya, iryo zina rikoreshwa mu rudende gusa, bikaba vyerekana ko hari umumarayika mukuru umwe gusa. Bibiliya ivuga ko uwo mumarayika mukuru yitwa «Mikayeli.»—Dn 12:1; Yud 9; Ivh 12:7.

  • Umunaziri.

    Ni izina riva kw’ijambo ry’igiheburayo risobanura ngo «uwashizwe ku ruhande», «uweguwe», «uwatandukanijwe n’abandi.» Hariho imigwi ibiri y’Abanaziri: abavyishakiye be n’abagenywe n’Imana. Umugabo canke umugore yarashobora kuraganira Yehova indagano idasanzwe yo kumara igihe kanaka ari Umunaziri. Abagira iyo ndagano bavyishakiye babuzwa ibintu bitatu nyamukuru: ntibanywa inzoga canke ngo barye ikintu na kimwe gikozwe mu nzabibu, ntibamwa umushatsi, kandi ntibakora ku kiziga. Abanaziri bagenywe na Yehova baguma ari Abanaziri ubuzima bwabo bwose, kandi yaratomora ivyo babwirizwa kwubahiriza.—Gh 6:2-7; Abc 13:5.

  • Umunyanazareti.

    Ni izina Yezu yahawe kubera yava mu gisagara ca Nazareti. Rishobora kuba rifitaniye isano n’ijambo ry’igiheburayo risobanura ngo «umunago» muri Yesaya 11:1. Abigishwa ba Yezu bahavuye bitirirwa iryo zina.—Mt 2:23; Ivk 24:5.

  • Umushuzo.

    Ni ivyimburwa vyeze ubwa mbere, canke ikintu ico ari co cose kibonetse ubwa mbere. Yehova yasaba ko Abisirayeli bamushikanira umushuzo, haba mu bantu, mu bitungwa canke mu vyimburwa. Ihanga rya Isirayeli ryashikanira Imana umushuzo ku musi mukuru w’imikate itarimwo umwambiro no kuri Pentekoti. Ijambo «umushuzo» rirakoreshwa mu buryo bw’ikigereranyo mu kwerekeza kuri Kristu no ku bigishwa biwe barobanuwe.—1Kr 15:23; Gh 15:21; Img 3:9; Ivh 14:4, utujambo tw’epfo.

  • Umusi mukuru w’imikate itarimwo umwambiro.

    Ni uwa mbere mu misi mikuru itatu ihambaye Abisirayeli bahimbaza buri mwaka. Watangura itariki 15 Nisani, umusi ukurikira Pasika, maze ukamara imisi indwi. Muri ico kiringo abantu barya gusa imikate itarimwo umwambiro, kugira bibuke igihe bava mu Misiri.—Kv 23:15; Mr 14:1.

  • Umusi mukuru w’insago.

    Witwa kandi «umusi mukuru w’amahema» canke «umusi mukuru w’iyimbura.» Wahimbazwa kuva itariki 15-21 z’ukwezi kwa Etanimu. Wari umusi mukuru wo kwigina iyimbura ku mpera y’umwaka w’uburimyi muri Isirayeli, kandi cari igihe co kunezerwa no gushimira Yehova kubera yahezagiye ibiterwa vyabo. Mu kiringo c’uwo musi mukuru, abantu baba mu nsago, ni ukuvuga ibiti bubaka bakabigira nk’urusenge, kugira bibuke igihe bava mu Misiri. Ni umwe mu misi mukuru itatu abagabo b’Abisirayeli basabwa kuja guhimbariza i Yeruzalemu.—Lw 23:34; Ezr 3:4.

  • Umusi mukuru w’iyimbura; Umusi mukuru w’amayinga.​—

    Raba PENTEKOTI.

  • Umusi mukuru wo kwegurira Imana urusengero.

    Ni umusi mukuru waba rimwe mu mwaka, ukaba wari uwo kwibuka ugutyororwa kw’urusengero inyuma y’aho Antiochus Épiphane aruhumanirije. Watangura itariki 25 z’ukwezi kwa Kisilevu, ukamara imisi umunani.—Yoh 10:22.

  • Umusi w’impongano.

    Wari umusi mweranda uhambaye kuruta iyindi yose ku Bisirayeli, wahimbazwa itariki 10 z’ukwezi kwa Etanimu. Witwa kandi Yom Kippour (rikaba rivuye mw’ijambo ry’igiheburayo yohm hak·kip·pu·rimʹ risobanura ngo «umusi wo gupfuka [ivyaha].») Ni wo musi wonyene mu mwaka umuherezi mukuru yinjira Aheranda cane muri rya hema ryeranda no muri rwa rusengero rwa Salomo. Yaca ashikana amaraso y’ibimazi ku bw’ibicuro vyiwe, ivy’abandi Balewi n’ivy’ihanga ryose. Kuri uwo musi baragira ikoraniro ryeranda, bakisonzesha kandi uwo musi waba ari isabato, nta gikorwa na kimwe bakora.—Lw 23:27, 28.

  • Umusi w’Imyiteguro.

    Wari umusi bwaca ari isabato aho Abayuda bategura ibikenewe. Uwo musi warangira izuba rirenze, ku musi twita ku wa gatanu, isabato na yo igaca itangura. Mu Bayuda, umusi watangura izuba rirenze ukarangira risubiye kurenga.—Mr 15:42; Lk 23:54.

  • Umusi w’urubanza.

    Iyo mvugo yerekeza ku musi canke ku kiringo kanaka, aho imigwi y’abantu, amahanga canke umuryango w’abantu muri rusangi bizogira ico bibazwa n’Imana. Gishobora kuzoba ari igihe co kurandura abantu bamaze gucirwa urwo gupfa, canke kikazoba ari igihe c’uko abantu bamwebamwe bahabwa akaryo ko kurokoka maze bakironkera ubuzima budahera. Yezu Kristu n’intumwa ziwe baravuze ibijanye n’«umusi w’urubanza» uzoba muri kazoza, aho abapfuye n’abakiri bazima bose bazocirwa urubanza.—Mt 12:36.

  • Umuyuda.

    Ni izina ryakoreshwa mu kudondora umuntu akomoka mu muryango wa Yuda, inyuma y’aho ubwami bugizwe n’imiryango cumi y’Abisirayeli bumariye gutemba. (2Bm 16:6) Abisirayeli bamaze kuva mu bunyagano i Babiloni, iryo zina ryakoreshwa mu kudondora Abisirayeli bo mu miryango itandukanye bagarutse muri Isirayeli. (Ezr 4:12) Ryahavuye rikoreshwa kw’isi yose mu gutandukanya Abisirayeli n’abanyamahanga. (Est 3:6) Iryo jambo kandi Pawulo yararikoresheje igihe yariko arafasha abakirisu kuzirikana, abereka yuko ubwenegihugu atari igisabwa kugira umuntu yemerwe mw’ishengero rya gikirisu.—Rm 2:28, 29; Gl 3:28.

  • Umuzingo.

    Ni ikintu kirekire co kwandikako caba gikozwe mu rushato canke mu rufunzo. Bacandikako ku ruhande rumwe, kandi kenshi bakizingira ku gakoni. Imizingo ni yo bandikako Ivyanditswe kandi ni yo bavyimurirako. Igihe Bibiliya yandikwa, ibitabu vyinshi wasanga vyandikwa ku mizingo.—Yr 36:4, 18, 23; Lk 4:17-20; 2Tm 4:13.

  • Umwambaro w’ibirwanisho.

    Ni ibikoresho vyose abasoda bambara kugira bikingire, ni ukuvuga inkofero, ikoti y’ivyuma, umukaba, ivyuma bikingira umurundi n’inkinzo.—1Sm 31:9; Ef 6:13-17.

  • Umwambiro.

    Ni utuntu bashira mu gikandu kugira kivyimbe. Akenshi wasanga ari akamanyu k’igikandu kirimwo umwambiro baba babitse. Muri Bibiliya, akenshi umwambiro ugereranya igicumuro canke ukwononekara. Urashobora kandi kugereranya ugukura kw’ikintu kutibonekeza canke ugukwiragira hose.—Kv 12:20; Mt 13:33; Gl 5:9.

  • Umwamikazi w’ijuru.

    Ni izina ry’icubahiro ry’ikimanakazi casengwa n’Abisirayeli bahevye Imana mu gihe ca Yeremiya. Hari abiyumvira ko ari ikimanakazi c’Abanyababiloni citwa Ishitari (Astarte). Ikimanakazi bifitaniye isano citwa Inanna, bisobanura ngo «umwamikazi w’ijuru.» Casengwa n’abantu bo muri Sumeriya. Uretse ko ico kimanakazi citirirwa ijuru, cari n’ikimanakazi c’ivy’irondoka. Ku candikano kimwe c’Abanyamisiri, ikimanakazi Astarte citwa kandi «umugore w’iteka wo mw’ijuru.»—Yr 44:19.

  • Umwana wa Dawidi.

    Ni izina rikunda guhabwa Yezu. Ryerekana ko ari samuragwa w’isezerano ry’Ubwami ryabwirizwa gushitswa n’uwo mu ruvyaro rwa Dawidi.—Mt 12:23; 21:9.

  • Umwana w’umuntu.

    Ni izina riboneka nk’incuro 80 mu Njili. Rihabwa Yezu Kristu, rikaba ryerekana ko atari ikiremwa c’impwemu ciyambitse umubiri w’abantu, ahubwo ko yabaye umuntu kubera ko yavyawe n’umugore. Iryo zina rirerekana kandi ko Yezu yoshikije ubuhanuzi bwo muri Daniyeli 7:13, 14. Mu Vyanditswe vy’igiheburayo iryo zina ryahawe Ezekiyeli na Daniyeli. Ryerekana itandukaniro riri hagati y’abo bantu buntu bavugira Imana be n’Imana yo Soko ry’ubwo butumwa batanga.—Ezk 3:17; Dn 8:17; Mt 19:28; 20:28.

  • Umwanditsi.

    Ni umwimuzi w’Ivyanditswe vy’igiheburayo. Igihe Yezu yari kw’isi, abanditsi wari umugwi w’abantu bize ivy’amategeko ya Musa. Bararwanya Yezu.—Ezr 7:6, akajambo k’epfo; Mr 12:38, 39; 14:1.

  • Umwonga.

    Mu giheburayo, ijambo rikoreshwa rishobora gusobanura umubande canke ahantu uruzi ruca, kenshi hakaba humye kiretse mu gihe c’imvura. Iryo jambo rishobora no gusobanura uruzi nyezina. Inzuzi zimwezimwe zaba zifise amasoko azironsa amazi, akaba ari co gituma zitakama. Mu vyanditswe bimwebimwe, umwonga hari igihe witwa «umubande.» —It 26:19; Gh 34:5; Gus 8:7; 1Bm 18:5; Yb 6:15.

  • Urimu na Tumimu.

    Ni ibikoresho vyakoreshwa n’umuherezi mukuru kugira amenye ivyo Imana igomba, igihe haba havyutse ibibazo bijanye n’ihanga ryose bikeneye inyishu ivuye kuri Yehova. Vyakoreshwa nka kurya bakoresha ubupfindo. Urimu na Tumimu vyashirwa mu gapfuko ko ku gikiriza umuherezi mukuru yambara yinjiye mw’ihema ryeranda. Biboneka ko inyuma y’aho Abanyababiloni batikirije Yeruzalemu, Urimu na Tumimu bitasubiye gukoreshwa.—Kv 28:30; Neh 7:65.

  • Urufunzo.

    Ni igiterwa co mu mazi kimeze nk’irenga cakoreshwa mu gukora ibiseke, amato n’ibindi bijishano bashiramwo ibintu. Urufunzo baranaruhinguramwo ibintu vyo kwandikako bimeze nk’impapuro. Imizingo myinshi yari ikozwe mu rufunzo.—Kv 2:3.

  • Uruganiro rw’umuvinyu.

    Kenshi rwaba rugizwe n’ibinogo bibiri bimvye mu gitandara. Ikinogo kimwe caba kiri haruguru y’ikindi, bigahuzwa n’akantu kameze nk’agafurege. Inzabibu bazikanyira mu kinogo co haruguru, umutobe ugaca ushororokera mu co hepfo. Urubanza rw’Imana rugereranywa n’uruganiro rw’umuvinyu.—Yes 5:2; Ivh 19:15.

  • Urukundo rudahemuka (rudahera).

    Akenshi iyo mvugo ikunze gukoreshwa kw’ijambo ry’igiheburayo cheʹsedh, ikaba yerekeza ku gukunda umuntu ibihe vyose, ntiwigere umuhemukira kandi ukamwama hafi. Akenshi ryerekeza ku rukundo Imana ikunda abantu, ariko rirashobora no kwerekeza ku rukundo abantu bafitaniye hagati yabo.—Kv 34:6; Rs 3:10, utujambo tw’epfo.

  • Urumbete.

    Ni igicurarangisho bavuza mu guhuha gikozwe mu cuma, kikaba gikoreshwa mu gucuraranga canke mu gutanga ikimenyetso. Twisunze ibivugwa mu Guharura 10:2, Yehova yategetse ko hacurwa inzumbete zibiri z’ifeza zovugijwe mu buryo kanaka. Zari guha Abisirayeli ikimenyetso co gukoranira hamwe, c’uko ikambi igira yimuke n’ico kwitegurira intambara. Zishobora kuba zari inzumbete zigororotse zitandukanye n’inzamba zihese zakorwa mu mahembe y’ibikoko. Mu bicurarangisho vyakoreshwa ku rusengero, harimwo inzumbete tutazi uko zari zikozwe. Mu nkuru zivuga ibintu vy’ikigereranyo, ijwi ry’inzumbete kenshi usanga rijana n’ugutangaza imanza za Yehova canke ibindi bintu bihambaye bivuye ku Mana.—2Ng 29:26; Ezr 3:10; 1Kr 15:52; Ivh 8:7–11:15.

  • Urunani rw’imisozi ya Libani.

    Ni rumwe mu rukurikirane rw’imisozi yo muri Libani. Urunani rw’imisozi ya Libani ruri mu burengero, urw’imisozi ya Anti-Libani na rwo rukaba mu buseruko. Hagati y’izo nani z’imisozi zibiri hari ikiyaya kirekire kandi cimbuka. Urunani rw’imisozi ya Libani rutangurira ku nkengera y’ikiyaga Mediterane, amasonga maremare yarwo akaba ari hagati y’imetero 1.800 na 2.100. Kera urwo runani rwari rwuzuyeko ibiti vy’amasederi vyizavyiza bihurumbirwa n’amahanga mabanyi. (Gus 1:7; Zb 29:6; 92:12)—Raba Inyongera ya B7.

  • Urusengero.

    Ni inzu yubatswe i Yeruzalemu ngo ibe ikibanza Abisirayeli basengeramwo mu gishingo ca rya hema baza barimukana. Urusengero rwa mbere rwubatswe na Salomo rusamburwa n’Abanyababiloni. Urwa kabiri rwubatswe na Zerubabeli aho Abisirayeli baviriye mu bunyagano i Babiloni, mu nyuma na ho rusubira kwubakwa na Herodi mukuru. Mu Vyanditswe, urusengero rukunze kwitwa «inzu ya Yehova.» (Ezr 1:3; 6:14, 15; 1Ng 29:1; 2Ng 2:4; Mt 24:1)—Raba Inyongera ya B8 n’iya B11.

  • Urusyo.

    Rwari rugizwe n’amabuye abiri yiburungushuye bakoresha mu gusya intete kugira zivemwo ifu. Ibuye ryo munsi ryaba rifise ikintu gishinze hagati yaryo kigafasha ibuye ryo hejuru kuzunguruka. Mu bihe vya Bibiliya, mu ngo nyinshi wasanga abagore bakoresha insyo z’amaboko. Kubera ko imiryango yama ikeneye insyo z’amaboko kugira ikore imikate, amategeko ya Musa yarabuza gufata urusyo canke ingasiro bwa ngwati. Harabaho n’insyo nininini zikora gutyo nyene ariko zazungurutswa n’ibitungwa.—Gus 24:6; Mr 9:42.

  • Uwinjiye idini ry’Abayuda.

    Igihe yaba ari uw’igitsina-gabo yaca agenyerwa.—Mt 23:15; Ivk 13:43.

  • Uwubona.

    Ni umuntu Imana yaha ubushobozi bwo gutahura ivyo igomba, ikamwugurura amaso kugira abone canke atahure ibintu abandi bantu muri rusangi batatahura. Mu giheburayo iryo jambo rikomoka kw’ijambo risobanura «kubona» ukoresheje amaso canke mu buryo bw’ikigereranyo. Abantu baramuhanuza iyo bafise ingorane.—1Sm 9:9, akajambo k’epfo.

  • Uwuhanuza abapfuye.

    Ni umuntu avuga ko ashoboye kuvugana n’abapfuye.—Lw 20:27; Gus 18:10-12; 2Bm 21:6.

W

  • Wa mubisha.

    Ni izina rihabwa Shetani wa Mubesheranyi, umwe arwanya Imana n’amategeko yayo agororotse.—Mt 6:13; 1Yh 5:19.

Y

  • Yakobo.

    Ni umuhungu wa Izahaki na Rebeka. Imana havuye imwita Isirayeli, hanyuma aba umwe muri ba sekuruza b’Abisirayeli (mu nyuma bahavuye bitwa Abayuda). Abahungu biwe 12 hamwe n’ababakomotseko ni bo bahavuye bavamwo imiryango 12 igize ihanga rya Isirayeli. Iryo hanga canke Abisirayeli vyagumye vyitirirwa iryo zina.—It 32:28; Mt 22:32.

  • Yedutuni.

    Ni ijambo riboneka mu majambo y’intangamarara ya Zaburi ya 39, iya 62, n’iya 77, ariko nta wuzi neza insobanuro yaryo. Biboneka ko ayo majambo y’intangamarara yari agenewe kuyobora abaririmba ayo mazaburi, kumbure akaba yerekeza ku mudiho w’umuziki canke ku gicurarangisho. Hariho umucuraranzi w’Umulewi yitwa Yedutuni. Uwo mudiho canke ico gicurarangisho bishobora kuba vyiswe gutyo kubera vyari bifitaniye isano n’uwo mucuraranzi canke abahungu biwe.

  • Yehova.

    Ni inyandiko y’ikirundi imenyerewe ya za ndome zine z’igiheburayo zigize izina ry’uruharo ry’Imana. Iryo zina riboneka incuro zirenga 7.000 muri iyi Bibiliya.—Raba Inyongera ya A4 n’iya A5.

  • Yubile.

    Kuva Abisirayeli binjiye mu Gihugu c’isezerano, baragira Yubile uko imyaka 50 iheze. Mu mwaka wa Yubile, Abisirayeli ntibarima amatongo yabo kandi bararekura abashumba b’Abaheburayo bakidegemvya. Amatongo yaba yagurishijwe yarasubizwa beneyo. Umwaka wa Yubile waba ari umwaka w’imisi mikuru n’umwidegemvyo, kandi watuma ihanga ryose risubira kugira umunezero nk’uwo ryagize igihe Imana yarishinga.—Lw 25:10.

  • Yuda.

    Ni umuhungu agira kane Yakobo yavyaye kuri Leya. Mu buhanuzi Yakobo yashikirije ari ku mpfiro, yaravuze ko umutware ahambaye yovuye mu muryango wa Yuda be n’uko ubutegetsi bwiwe bwomaze igihe kirekire. Igihe Yezu yavukira ng’aha kw’isi, yakomotse mu muryango wa Yuda. Izina Yuda kandi rirerekeza ku muryango ukomoka kuri Yuda.—It 29:35; 49:10.

Z

  • Zaburi.

    Ni indirimbo yo gushemeza Imana. Amazaburi yarashirwa mu muziki akongera akaririmbwa n’abasavyi b’Imana igihe baba bariko barasenga Yehova Imana ku mugaragaro, ku rusengero i Yeruzalemu.—Lk 20:42; Ivk 13:33; Yak 5:13.

  • Zeyu.

    Ni yo mana iruta izindi zasengwa n’Abagiriki. I Lusitira, Barunaba bamwitiranije na Zeyu. Hafi y’i Lusitira harubuwe ibintu vya kera vyanditseko ngo «abaherezi ba Zeyu» n’ivyanditseko ngo «Zeyu, imana-zuba.» Ku gice c’imbere c’ubwato Pawulo yafashe avuye kw’izinga rya Malita hariko igishusho ca «bene Zeyu» ari bo Castor n’ihasa ryiwe Pollux.—Ivk 14:12; 28:11.

  • Zivu.

    Ni izina rya kera ry’ukwezi kugira 2 ku kirangamisi ceranda c’Abayuda (ukwezi kugira 8 ku kirangamisi cabo gisanzwe). Gutangura hagati muri Ndamukiza kukarangira hagati muri Rusama. Mu gitabu c’Abayuda citwa Talimudi no mu bindi bitabu vyanditswe Abayuda bamaze kuva mu bunyagano i Babiloni, ukwo kwezi kwitwa Iyari. (1Bm 6:37)—Raba Inyongera ya B15.