Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIBAZO CA 2

Ushobora gute kwiga ivyerekeye Imana?

«Ibiri muri iki gitabu c’amategeko uze uvyamize mu kanwa kawe. Uze ugisome n’ijwi ritoyi umurango n’ijoro, kugira ngo ukurikize neza ivyanditswe muri co vyose. Ni ho uzororanirwa kandi ugakorana ubukerebutsi.»

Yosuwa 1:8

«Babandanya gusoma n’ijwi ryumvikana ibiri muri nya gitabu c’amategeko y’Imana y’ukuri, bakaza barabisigura neza bongera batomora insobanuro y’ibiriko birasomwa. Ukwo ni ko bafashije abantu gutahura ivyariko birasomwa.»

Nehemiya 8:8

«Hahiriwe umuntu atagenda yisunga impanuro z’ababisha . . . , ahubwo ahimbarwa n’itegeko rya Yehova, kandi itegeko ryiwe arisoma n’ijwi ritoyi ijoro n’umurango. . . . Azororanirwa mu vyo akora vyose.»

Zaburi 1:1-3

«Filipo aca arirukanga iruhande y’uwo mukogote, amwumva asoma n’ijwi ryumvikana ivyanditswe n’umuhanuzi Yesaya. Ni kwo kumubaza ati: “Uratahura vy’ukuri ivyo uriko urasoma?” Na we ati: “Nobitahura gute ntaronse uwumfasha?”»

Ivyakozwe 8:30, 31

«Ibintu tutabona biranga Imana, ni ukuvuga ububasha bwayo bwamaho n’ubumana bwayo, biribonekeza neza kuva igihe isi yaremwa, kuko bibonekera ku bintu yaremye. Nta co rero bafise bireguza.»

Abaroma 1:20

«Zirikana ivyo bintu, ubicokeremwo, kugira iterambere ryawe ryibonekeze neza ku bantu bose.»

1 Timoteyo 4:15

«Twiyumvirane kugira duterane intege zo gukundana no gukora ibikorwa vyiza. Ntiduhebe gukoranira hamwe.»

Abaheburayo 10:24, 25

«Nimba . . . hari uwo muri mwebwe ahajije ubukerebutsi, nagume abusaba Imana kuko iha bose ibikunze kandi idatora amahinyu, kandi azobuhabwa.»

Yakobo 1:5