Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIBAZO CA 5

Bibiliya irimwo ubutumwa ubuhe?

«Nzoshira urwanko hagati yawe na wa mugore no hagati y’uruvyaro rwawe n’uruvyaro rwiwe. Uruvyaro rwiwe ruzogufyonyora umutwe, nawe uzorukomeretsa ku gitsintsiri.»

Itanguriro 3:15

«Amahanga yose yo kw’isi azohezagirwa biciye ku ruvyaro rwawe, kuko wanyumviye.»

Itanguriro 22:18

«Ubwami bwawe nibuze. Ivyo ugomba nibikorwe kw’isi nko mw’ijuru.»

Matayo 6:10

«Ya Mana itanga amahoro, vuba izofyonyorera Shetani munsi y’ibirenge vyanyu.»

Abaroma 16:20

«Igihe ibintu vyose Umwana azoba yabihawe ngo abiganze, na we ubwiwe azokwemera kuganzwa n’uwamuhaye kuganza ibintu vyose, ngo Imana ibe vyose ku bantu bose.»

1 Abakorinto 15:28

«Imihango rero yabwiwe Aburahamu n’uruvyaro rwiwe . . . , ari rwo Kristu. Vyongeye, ko mwegukira Kristu, muri uruvyaro rwa Aburahamu vy’ukuri.»

Abagalatiya 3:16, 29

«Ubwami bw’isi bubaye Ubwami bw’Umukama wacu n’ubwa Kristu wiwe, kandi azoganza gushika ibihe bidahera.»

Ivyahishuwe 11:15

«Ca gisato kinini rero gikororerwa hasi, ya nzoka yo mu ntango, iyitwa Mubesheranyi na Shetani, umwe azimiza isi yose. Akororerwa kw’isi, n’abamarayika biwe bakororanwa na we.»

Ivyahishuwe 12:9

«Aca afata ca gisato, ya nzoka yo mu ntango, ari yo Mubesheranyi na Shetani, arakiboha kugira kimare imyaka 1.000 kiboshwe.»

Ivyahishuwe 20:2