Matayo 22:1-46

  • Ikigereranyo c’urubanza rw’ubugeni (1-14)

  • Imana na Sezari (15-22)

  • Ikibazo ku bijanye n’izuka (23-33)

  • Amabwirizwa abiri aruta ayandi yose (34-40)

  • Kristu yoba ari mwene Dawidi? (41-46)

22  Yezu yongera kubabwira akoresheje ibigereranyo* ati:  «Ubwami bwo mw’ijuru bumeze nk’umwami yatunganirije urubanza rw’ubugeni*+ umuhungu wiwe.  Hanyuma arungika abasuku biwe guhamagara abatumire kugira baze muri urwo rubanza, ariko baranka kuza+.  Yongera atuma abandi basuku, ababwira ati: “Nimubwire abatumiwe muti: ‘Nateguye imfungurwa, ndabaga impfizi zanje n’ibitungwa binuze, kandi ibintu vyose vyatunganye. Nimuze ku rubanza rw’ubugeni.’”  Ariko ntibavyitaho. Baca barigira, umwe aja mw’itongo ryiwe, uwundi mu rucuruza rwiwe+.  Abandi na bo bacakira abashumba biwe, barabafata nabi bongera barabica.  Wa mwami aca arashavura, arungika ingabo ziwe maze zica abo bicanyi zongera ziturira igisagara cabo+.  Hanyuma abwira abasuku biwe ati: “Urubanza rw’ubugeni rwatunganye, ariko abatumire ntibari babibereye+.  Nimugende rero mu mabarabara ava mu gisagara, mutumire uwo mubonye wese ku rubanza rw’ubugeni+.” 10  Abo bashumba baca baragenda mu mabarabara, bakorakoranya abo babonye bose, ababi n’abeza. Maze inzu y’ibirori vy’ubugeni yuzura abariko barafungura*. 11  Umwami yinjiye kuraba abashitsi, abona umuntu atambaye impuzu y’ubugeni. 12  Aca amubaza ati: “Mugenzi, winjiye ng’aha gute utambaye impuzu y’ubugeni?” Na we abura ico yishura. 13  Umwami aca abwira abasuku biwe ati: “Nimumubohe amaguru n’amaboko, mumuterere hanze mu mwiza. Aho ni ho azoririra kandi ni ho azohekenyera imisaya*.” 14  Kuko abatumiwe ari benshi, mugabo abatowe akaba ari bake.» 15  Abafarizayo baca baragenda, baja inama kugira bamufatire mu vyo avuga+. 16  Nuko barungika abigishwa babo, bari kumwe n’abanywanyi b’umugambwe wa Herodi+, ngo bamubwire bati: «Mwigisha, turazi ko uri imvugakuri be n’uko wigisha inzira y’Imana mu kuri. Nturondera gushimwa n’abantu, kuko udakangwa n’ingene baboneka inyuma. 17  Wewe uvyibazako iki? Vyoba vyemewe* kuriha ikori* Sezari canke ntivyemewe?» 18  Ariko kubera Yezu yari azi ububisha bwabo, ababaza ati: «Mwa biyorobetsi mwe, kubera iki mungeza? 19  Nyereka igiceri batangako ikori.» Baca bamuzanira idenariyo*. 20  Aca ababaza ati: «Iyi shusho n’ibi vyandiko ni ivya nde?» 21  Na bo bati: «Ni ivya Sezari.» Aca ababwira ati: «Ivya Sezari rero nimubihe* Sezari, ariko ivy’Imana mubihe Imana+ 22  Bavyumvise baratangara cane, baca baramureka baragenda. 23  Kuri uwo musi, Abasadukayo, bamwe bavuga ko ata zuka ririho+, baza aho ari maze bamubaza bati+: 24  «Mwigisha, Musa yavuze ati: “Umugabo niyapfa ata bana asize, mwenewabo ategerezwa gucura umugore wiwe kugira avyarire abana mwenewabo yapfuye+.” 25  Iwacu rero harabayeho abahungu indwi bavukana. Uwa mbere yararongoye hanyuma arapfa. Kubera ko ata kana yasize, umugore wiwe yaciye acurwa na mwenewabo. 26  Ukwo nyene ni ko vyagenze ku wa kabiri no ku wa gatatu, gushika abo bose indwi barangiye. 27  Inyuma ya bose, nya mugore na we nyene yarapfuye. 28  None mw’izuka azoba umugore wa nde muri abo indwi, ko yabaye umugore wabo bose?» 29  Yezu abishura ati: «Mwarazimiye, kuko mutazi Ivyanditswe canke ububasha bw’Imana+. 30  Erega mw’izuka abagabo ntibazorongora canke ngo abagore barongorwe, ahubwo bazoba bameze nk’abamarayika mw’ijuru+. 31  Ku vyerekeye izuka ry’abapfuye na ho, mbega ntimwasomye ivyo Imana yababwiye ngo: 32  “Ndi Imana ya Aburahamu, Imana ya Izahaki n’Imana ya Yakobo+?” Si Imana y’abapfuye, ahubwo ni iy’abazima+ 33  Isinzi ry’abantu rivyumvise, ritangazwa n’inyigisho ziwe+. 34  Abafarizayo bumvise ko yanumije Abasadukayo, baca bakoranira hamwe baza kumuraba. 35  Umwe muri bo, akaba yari umuhinga mu vy’amategeko, aramugeza mu kumubaza ati: 36  «Mwigisha, ibwirizwa risumba ayandi mu mategeko ni irihe+ 37  Amwishura ati: «“Utegerezwa gukunda Yehova* Imana yawe n’umutima wawe wose, n’ubuzima bwawe bwose, n’ubwenge bwawe bwose+.” 38  Iryo ni ryo bwirizwa risumba ayandi yose kandi ni ryo rya mbere. 39  Irya kabiri risa na ryo ni iri: “Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda+.” 40  Ayo mabwirizwa abiri ni yo amategeko yose hamwe n’ivyanditswe n’abahanuzi* bishingiyeko+ 41  Igihe rero Abafarizayo bari bakoraniye hamwe, Yezu ababaza+ ati: 42  «Mwibaza iki kuri Kristu? Ni mwene nde?» Bamwishura bati: «Ni mwene Dawidi+ 43  Aca ababaza ati: «Kubera iki none Dawidi ahumekewe n’Imana+ amwita Umukama wiwe, akavuga ati: 44  “Yehova* yabwiye Umukama wanje ati: ‘Icara iburyo bwanje, gushika nshize abansi bawe munsi y’ibirenge vyawe+’”? 45  None ko Dawidi amwita Umukama, aba umwana wiwe gute+ 46  Nta n’umwe yashoboye kugira ico amwishuye, kandi kuva uwo musi nta wasubiye kwubahuka kumubaza ikibazo.

Utujambo tw'epfo

Canke «uburorero», «imigani.»
Canke «agatutu k’ubugeni.»
Canke «yuzura abicaye ku meza.»
Canke «amenyo.»
Canke «vyoba bibereye.»
Canke «ikori ry’umutwe.»
Canke «nimubisubize.»
Iyo mvugo «amategeko yose hamwe n’ivyanditswe n’abahanuzi» yerekeza ku Vyanditswe vyose vy’igiheburayo.