Itanguriro 25:1-34

  • Aburahamu asubira kurongora (1-6)

  • Urupfu rwa Aburahamu (7-11)

  • Abahungu ba Ishimayeli (12-18)

  • Yakobo na Esawu bavuka (19-26)

  • Esawu agurisha uburenganzira bwiwe bw’imfura (27-34)

25  Nuko Aburahamu azana uwundi mugore yitwa Ketura.  Araheza amuvyarira Zimurani, Yokishani, Medani, Midiyani+, Ishibaki na Shuwa+.  Yokishani yavyaye Sheba na Dedani. Dedani na we yavyaye Ashurimu, Letushimu na Leyumimu*.  Midiyani yavyaye Efa, Eferi, Hanoki, Abida na Eludaya. Abo bose bakomotse kuri Ketura.  Mu nyuma, Aburahamu araga Izahaki ibintu vyose yari atunze+,  ariko abahungu yavyaye ku ncoreke ziwe arabagabira gusa. Maze akiri muzima, abarungika amaja mu buseruko kure y’umuhungu wiwe Izahaki+, mu gihugu co mu buseruko.  Aburahamu yamaze imyaka 175.  Hanyuma aracikana, apfa yisaziye neza ari umutama ahimbawe, araheza ahamvya ab’iwabo*.  Abahungu biwe Izahaki na Ishimayeli bamuhamba mw’isenga ry’ibuye riri i Makipela, mw’itongo rya Efuroni umuhungu wa Zohari Umuheti, riri aharabana n’i Mamure+. 10  Iryo tongo Aburahamu yari yariguze n’abahungu ba Heti. Aho ni ho bahamvye Aburahamu hamwe n’umugore wiwe Sara+. 11  Aburahamu amaze gupfa, Imana ibandanya guhezagira umuhungu wiwe Izahaki+, kandi yaba hafi y’i Beri-Lahayi-Royi+. 12  Iyi ni inkuru yigana kahise ka Ishimayeli+ umuhungu wa Aburahamu, uwo yavyaranye na Hagari+ Umunyamisiri, umusukukazi wa Sara. 13  Aya ni yo mazina y’abahungu ba Ishimayeli hisunzwe ababakomotseko: imfura yiwe yari Nebayoti+, hagakurikira Kedari+, Adibeli, Mibusamu+, 14  Mishima, Duma, Masa, 15  Hadadi, Tema, Yeturi, Nafishi na Kedema. 16  Abo ni bo bahungu ba Ishimayeli kandi ayo ni yo mazina yabo hisunzwe ibigwati vyabo n’ibibanza babamwo mu mahema*. Bari abakuru 12 hisunzwe imiryango yabo+. 17  Ishimayeli yamaze imyaka 137 hanyuma arapfa, ahamvya ab’iwabo*. 18  Akarere abamukomokako babamwo kava i Havila+ hafi ya Shura+, aharabana na Misiri, kagashika i Ashuri. Baba hafi ya benewabo bose*+. 19  Iyi ni inkuru yigana kahise ka Izahaki umuhungu wa Aburahamu+. Aburahamu yavyaye Izahaki. 20  Izahaki yari afise imyaka 40 igihe yarongora Rebeka umukobwa wa Betuweli+ Umwaramu w’i Padani-Aramu, akaba na mushiki wa Labani Umwaramu. 21  Izahaki yaguma atakambira Yehova ku vyerekeye umugore wiwe, kuko atavyara*. Nuko Yehova yumva ugutakamba kwiwe maze Rebeka aribungenga. 22  Abana bari mu nda yiwe batangura kunigana+, aca avuga ati: «Nimba ari uku bimeze, kuki nobandanya kubaho?» Aca asiguza Yehova. 23  Yehova amubwira ati: «Hari amahanga abiri ari mu nda yawe+, kandi amahanga abiri avuye muri wewe azotandukana+. Ihanga rimwe rizokomera kuruta irindi+, kandi mukuru azokorera mutoyi+ 24  Hageze ko yibaruka, erega basanze afise inda y’amahasa. 25  Nuko uwa mbere aravuka, aza atukura hose kandi yuzuyeko ubwoya+. Baraheza bamwita Esawu*+. 26  Hanyuma mwenewabo na we aravuka, aza afashe igitsintsiri ca Esawu+. Baraheza bamwita Yakobo*+. Izahaki yari afise imyaka 60 igihe Rebeka yabavyara. 27  Abo bahungu rero barakura, Esawu aba umuhigi karuhariwe+, umugabo yirirwa mw’ishamba. Ariko Yakobo yari umuntu w’intungane*, yibera mu mahema+. 28  Izahaki yakunda Esawu kuko yama amuzanira akanyama. Rebeka we yakunda Yakobo+. 29  Umusi umwe Yakobo yariko arateka isupu y’inkore, hanyuma Esawu aca arashika avuye mw’ishamba, yarushe cane. 30  Esawu aca abwira Yakobo ati: «Ntabara umpe dukeyi* kuri iyo supu itukura. Nyarutsa kuko nshonje cane*!» Ni co catumye yitwa Edomu*+. 31  Yakobo amwishura ati: «Banza wemere ko nzoba ndakuguriye uburenganzira bwawe bw’imfura+ 32  Esawu asubizayo ati: «Ehe ngira mpfe! None uburenganzira bw’imfura bumariye iki?» 33  Ariko Yakobo yongerako ati: «Banza undahire!» Aca aramurahira, agurisha kuri Yakobo uburenganzira bwiwe bw’imfura+. 34  Yakobo araheza amuha umukate n’isupu y’inkore. Nuko ararya yongera aranywa, aca arahaguruka arigira. Ukwo ni ko Esawu yasuzuguye uburenganzira bw’imfura.

Utujambo tw'epfo

Ayo mazina y’abo Dedani yavyaye arashobora kandi kwerekeza ku babakomotseko.
Iyo ni imvugo bakoresha bashaka kuvuga urupfu.
Canke «n’amakambi yabo azitijwe impome.»
Iyo ni imvugo bakoresha bashaka kuvuga urupfu.
Hashobora kandi kuvugwa ngo «barankana na benewabo bose.»
Canke «kuko yari ingumba.»
Iryo zina risobanura ngo «ubwoya bwinshi.»
Iryo zina risobanura ngo «uwufashe igitsintsiri», «uwuja mu kibanza c’uwundi.»
Canke «umuntu atagirako umugayo.»
Canke «umpe utwo mira.»
Canke «kuko ndushe cane.»
Iryo zina risobanura ngo «bitukura.»