Kuvayo 11:1-10

  • Musa atangaza igihano ca 10 (1-10)

    • Abisirayeli basaba ibintu Abanyamisiri (2)

11  Maze Yehova abwira Musa ati: «Ngira nteze ikindi cago Farawo na Misiri. Inyuma y’aho azoca abarekura mugende+. Kandi ntazobarekura gusa, ahubwo azobirukana+.  Bwira abantu rero uti: “Umugabo wese n’umugore wese nasabe umubanyi wiwe ibintu vy’ifeza n’inzahabu+.”»  Nuko Yehova atuma Abanyamisiri bagirira impuhwe abantu biwe. Kandi Musa yari asigaye yubahwa cane mu Misiri, haba mu basuku ba Farawo no mu Banyamisiri.  Musa aca abwira Farawo ati: «Yehova avuze ati: “Nka sasita z’ijoro* ndaza guca mu Misiri+.  Abana bose b’imfura bo mu Misiri bazopfa+, uhereye ku mfura y’umwami Farawo gushika ku mfura y’umusukukazi mutoyi*, kandi n’ibitungwa vyose vyavutse ubwa mbere* bizopfa+.  Mu Misiri hose hazoba amaborogo akomeye atari bwigere abaho kandi atazosubira kubaho+.  Ariko rero, nta n’imbwa izokuga ibonye Abisirayeli canke ibitungwa vyabo, kugira mumenye ko Yehova ashoboye gushiraho itandukaniro hagati y’Abanyamisiri n’Abisirayeli+.”  Abasuku bawe bose bazoza aho ndi banyunamire, bavuge bati: “Nimugende mwe n’abantu bawe+!” Nanje nzoca ngenda.» Musa aca arasohoka, ava kwa Farawo yashavuye cane.  Maze Yehova abwira Musa ati: «Farawo ntazobumviriza+, kugira ibitangaro vyanje bigwire mu Misiri+ 10  Musa na Aroni bakoreye ivyo bitangaro vyose imbere ya Farawo+, ariko Yehova yarareka Farawo agakomantaza umutima, ntarekure Abisirayeli ngo bave mu gihugu ciwe+.

Utujambo tw'epfo

Canke «mu gicugu.»
Mu giheburayo havuga ngo «umusukukazi akoresha urusyo.»
Canke «ibitungwa vyose vy’uburiza.»