Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Kureshanya: Igice ca 1: Noba ngeze kurondera uwo dukundana?

Kureshanya: Igice ca 1: Noba ngeze kurondera uwo dukundana?

Ng’ibi ivyo tuza kubona muri iki kiganiro:

 Ni ryari wovuga ko mukundanye n’umuntu?

 Abantu bamwebamwe babona ko ivyo gukundana ari ukwiryohera gusa. Naho ari ukwo, muri iki kiganiro «gukundana» vyerekeza ku kiringo umusore n’inkumi bamara bariko barihweza nimba bazoshobora kwubakana. Rero, gukundana birafise intumbero. Ntibigarukira gusa ku kuba ushaka kwitwararikwa n’umuntu mudasangiye igitsina.

 Uko haca igihe ukundanye n’umuntu, bikwiye gutuma ufata ingingo yo kwubakana na we canke guhagarika ubwo bucuti. Utanguye ivyo gukundana, ukwiye kuba witeguriye kimwe muri ivyo bibiri.

 Iciyumviro nyamukuru: Nimba wiyumvira ko ugeze kurondera uwo mukundana, urakwiye no kubona ko ugeze kwubaka urwawe.

Gukundana n’umuntu mudafise intumbero yo kuzokwubakana ni nko kugenda gusaba akazi ata mugambi wo kugakora ufise

 Woba ugeze kurondera uwo mukundana?

 Gukundana n’umuntu bishobora kubashikana ku kwubakana. Rero, urakwiye kwibaza nimba uko umeze bizotuma mwumvikana nimwamara kwubakana, canke nimba ata vyo woryohora ku kuntu umeze. Nk’akarorero, zirikana ibi bikurikira:

  •   Ingene ufata abo mu muryango. Ingene ufata abavyeyi bawe n’abo muvukana canecane igihe uri mu bihe bitesha umutwe, akenshi birerekana ingene uzofata uwo muzokwubakana.

     Ico Bibiliya ivuga: «Umururazi ubabaza wose, n’ishavu, n’uburake, n’ugukankama, n’ugutukana, bikurwe muri mwebwe, hamwe n’ububi bwose.»​—Abanyefeso 4:31.

     Niwibaze uti: “Uwobaza abavyeyi banje canke abo tuvukana, boba bovuga ko ndabubaha? Igihe hari ivyo tutumvikanako, noba nguma ntekanye canke nca nshavura tugaca dutangura guterana amajambo?”

    Nimba bikugora kwumvikana n’abavyeyi bawe, wibaza ko bizokworohera kwumvikana n’uwo muzokwubakana?

  •   Kwitangira abandi. Igihe uzokwubaka urwawe, uzokenera kwitwararika ivyo uwo mwubakanye akunda, kandi akenshi bizoba ngombwa ko ubishira imbere y’ivyo wewe wikundira.

     Ico Bibiliya ivuga: «Umuntu wese ntagume arondera akarusho kiwe bwite, ahubwo arondere ak’uwundi.»​—1 Abakorinto 10:24.

     Niwibaze uti: “Noba nama nshimika ko ibintu bigenda nk’uko jewe nshaka? Abandi boba babona ko ndi umuntu akora ibitegereka? Ni mu buryo ubuhe maze kwerekana ko nshira imbere ineza y’abandi kuruta ivyo nikundira?”

  •   Ukwicisha bugufi. Umugore canke umugabo mwiza ni uwemera amakosa yiwe kandi agasaba ikigongwe.

     Ico Bibiliya ivuga: «Twese dutsitara kenshi.»​—Yakobo 3:2.

     Niwibaze uti: “Vyoba binyorohera kwemera amakosa yanje canke mpora nca nshaka kwisigura? Noba nca nihutira gushavura igihe abandi banyeretse amakosa yanje?”

  •   Ingene ukoresha amahera. Umuntu akoresha neza amahera aririnda imwe mu ngorane zikomeye zikunda gutuma abubakanye badahuza.

     Ico Bibiliya ivuga: «Ni nde muri mwebwe ashaka kwubaka umunara atabanza kwicara agaharura ivyosohoka, ngo arabe ko afise ibikwiye vyo kuwurangiza?»​—Luka 14:28.

     Niwibaze uti: “Noba nirinda gusesagura amahera canke nama mu madeni? Ni ibiki maze gukora vyerekana ko nkoresha neza amahera?”

  •   Gukunda Imana. Nimba uri Icabona ca Yehova, utegerezwa kuba ufise urutonde rudahindagurika rwo kwiga Bibiliya no kwitaba amakoraniro.

     Ico Bibiliya ivuga: «Hahiriwe abazi ko bakeneye ivy’impwemu.»​—Matayo 5:3.

     Niwibaze uti: “Noba nihatira kuguma nkomeza urukundo nkunda Imana? Noba nshira imbere urutonde rwanje rwo kwiyigisha, kwitaba amakoraniro hamwe no kuja kwamamaza, canke ndareka ibindi bintu bikansamaza ?”

 Iciyumviro nyamukuru: Uwo muzokwubakana arakeneye ko uzomubera umugore canke umugabo mwiza. Niwihatira kumera ukwo, bizotuma uronka uwo muzokwubakana na we ariko aragira akigoro ko kuzoba umugore canke umugabo mwiza.