Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Noshobora gute gucungera inyiyumvo zanje?

Noshobora gute gucungera inyiyumvo zanje?

“Birashika uno musi nkirirwa nshwashwanutse ariko bukeye nkumva nta kuntu. Ibintu ejo nabona ko ari ibisanzwe, uno musi birangora kwihanganira.”—Carissa.

Inyiyumvo zawe zoba ziguma zihindagurika, bikamera nka kurya kw’ibarabara ririmwo ibidunduri? a Nimba ari uko bimeze, iki kiganiro kirashobora kugufasha.

 Biterwa n’iki?

 Igihe umuntu ariko araca mu mahinduka yo mu buyabaga ni ibisanzwe ko aza ariyumva neza canke nabi. N’igihe nyene woba umeze neza mu myaka yawe y’ubuyabaga, woshobora gutangazwa n’ingene uko wiyumva bihindagurika; kandi bigahindagurika mu buryo butandukanye.

 Nimba wumva uteshejwe umutwe n’ingene ukuntu wiyumva biguma bihindagurika, numenye ko biva ku mahinduka y’inkabuzo z’umubiri, ku kwumva udatekaniwe no ku kuba bishika ukumva ubuze ico ufata n’ico ureka, ivyo na vyo bikaba biri mu bishika igihe umuntu ariko arakura. Inkuru nziza ni uko ushobora gutahura ukwo kuntu wiyumva kandi ukavyihanganira.

 Ico womenya: Kumenya gucungera inyiyumvo zawe igihe ukiri muto birahambaye kuko niwakura bizokugirira akamaro muri vyinshi.

Inyiyumvo zica intege ni nk’ibinogo biri mw’ibarabara. Ubigiranye ubuhanga, urashobora gukwepa ibinogo bininibinini vyogutera isanganya maze ukarengana ata nkomanzi

 Ibintu bitatu wokora

 Nugire uwo ubiyagiye. Bibiliya ivuga iti: “Umugenzi nyakuri akundana igihe cose, kandi ni uwo muvukana yavukiye kuhaseruka mu gihe c’amarushwa.”—Imigani 17:17.

 “Umuryango wacu urafise umugenzi ashika; ndamufata nka senge. Arantega ugutwi vy’ukuri kandi sinitinya kumuyagira. Iyo abonye ko iciyumviro canje ari ciza, arankeza, ariko iyo abonye ko ari kibi, arankosora mu buryo bwiza.”—Yolanda.

 Impanuro: Aho kuyaga n’abo mungana gusa, abashobora kuba bafise ingorane nk’iyawe, nuyage n’umuvyeyi wawe canke uwundi muntu akuze wizigira.

 Nugire aho uvyanditse. Bibiliya ivuga ko igihe Yobu yari arengewe n’umubabaro yavuze ati: “Nzosuka amaganya yanje y’ibinyerekeye. Nzovuga ndundumiwe mu mutima!” (Yobu 10:1) Turetse kugira uwo ubiyagiye, ubundi buryo bwo ‘kuvuga’ ni ukwandika ukuntu wiyumva.

 “Ngendana agakarine. Hagize ikintu kimbabaza nca ndacandika. Kwandika bimbera nk’umuti.”—Iliana.

 Impanuro: Nurondere agakarine uza urandikamwo ukuntu wiyumva, icatumye wiyumva gutyo n’ingene wokwihanganira ukwo kuntu wiyumva. Umwimenyerezo uri kumwe n’iki kiganiro urashobora kubigufashamwo.

 Nusenge. Bibiliya ivuga iti: “Terera umuzigo wawe kuri Yehova ubwiwe, na we ubwiwe azogushigikira. Ntazokwigera yemera ko umugororotsi anyiganyiga.”—Zaburi 55:22.

 “Iyo mfise amaganya nca nsenga Yehova. Iyo mpejeje kumusukira ibiri mu mutima nama nca numva nduhuriwe.”—Jasmine.

 Impanuro: Naho ufise amaganya, niwiyumvire ibintu bitatu woshima mu buzima bwawe. Igihe usenga Yehova, numusabe agufashe ariko kandi umushimire ku bw’imihezagiro yakuronkeje.

a Iki kiganiro kiraca irya n’ino amahinduka akomeye akunze kuba mu kuntu abakiri bato benshi biyumva. Nimba urwaye ya ndwara ituma inyiyumvo z’umuntu ziza zirahindagurika canke ubundi bwoko bwose bw’indwara y’akabonge, nurabe ikiganiro kivuga ngo “Nokwihanganira gute akabonge?”