Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Guhuza umunwa n’ibihimba vy’irondoka bwoba ari ubusambanyi koko?

Guhuza umunwa n’ibihimba vy’irondoka bwoba ari ubusambanyi koko?

 Mw’itohoza ryagizwe n’ibigo vyo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe gukinga no kurwanya indwara, igice c’abafise imyaka 15 gushika kuri 19 babajijwe bishuye yuko bari bamaze gukora ivyo bintu. Sharlene Azam, uwanditse igitabu kimwe kivuga ibijanye n’iyo ngeso (Oral Sex Is the New Goodnight Kiss), avuga ati: “Igihe uganiriye n’imiyabaga [ibijanye n’ingeso yo guhuza umunwa n’ibihimba vy’irondoka] bakubwira ko ata kibi kirimwo. Nkako, ntibabona ko ari ugusambana.”

 Wewe uvyibazako iki?

 Ishura ego canke oya.

  1.   Umukobwa yoba ashobora gutwara inda kubera yahuje umunwa n’igihimba c’irondoka c’uwundi muntu?

    1.   Ego

    2.   Oya

  2.   Guhuza umunwa n’ibihimba vy’irondoka vyoba biteza indwara?

    1.   Ego

    2.   Oya

  3.   Guhuza umunwa n’ibihimba vy’irondoka bwoba ari ubusambanyi koko?

    1.   Ego

    2.   Oya

 Ni ibiki ukwiye kumenya?

 Gereranya inyishu watanze n’izi zikurikira:

  1.   Umukobwa yoba ashobora gutwara inda kubera yahuje umunwa n’igihimba c’irondoka c’uwundi muntu?

     Inyishu: Oya. Ico ni kimwe mu bintu bituma abantu benshi biyumvira yuko guhuza umunwa n’ibihimba vy’irondoka ata co bitwaye.

  2.   Guhuza umunwa n’ibihimba vy’irondoka vyoba biteza indwara?

     Inyishu: Ego. Uwubigize arashobora kwandura indwara z’igitigu (hépatite A canke B), utuvyimba ku gitsina, mburugu (blennorragie), ibiturika bita herpès, Sida canke sifirisi.

  3.   Guhuza umunwa n’ibihimba vy’irondoka bwoba ari ubusambanyi koko?

     Inyishu: Ego. Ikintu cose kijanye no gukoresha igitsina c’uwundi muntu, ushizemwo guhuza ibitsina, kubihuza n’umunwa, kubicisha mu kibuno canke kumara inambu uwundi muntu mu gukinisha ibihimba vyiwe vy’irondoka, vyose ni ubusambanyi.

 Kubera iki ari bibi?

 Rimbura ivyanditswe bitari bike vyo muri Bibiliya bifitaniye isano n’ivyo guhuza umunwa n’ibihimba vy’irondoka.

 Bibiliya ivuga iti: ‘Ico Imana igomba ni iki: ni uko mwirinda ubusambanyi.’​—1 Abatesalonika 4:​3.

 Ijambo ry’intango ryahinduwe ngo “ubusambanyi” rikoreshwa igihe cose habaye ugukoresha ibitsina hagati y’abatubakanye, ushizemwo guhuza ibitsina, kubihuza n’umunwa, kubicisha mu kibuno no kumara inambu uwundi muntu mu gukinisha ibihimba vyiwe vy’irondoka. Umuntu yisutse mu busambanyi arashobora gushikirwa n’ingaruka zikomeye, iyibabaje kuruta izindi zose akaba ari ukubonwa nabi n’Imana.​—1 Petero 3:12.

 Bibiliya ivuga iti: “Uwuza arakora ubusambanyi aba ariko acumura ku mubiri wiwe bwite.”​—1 Abakorinto 6:18.

 Guhuza umunwa n’ibihimba vy’irondoka birashobora kugirira nabi umuntu ku mubiri bikanatuma Imana imubona nabi. Birashobora kandi gutuma umuntu agira intuntu. Igitabu kimwe (Talking Sex With Your Kids) kivuga giti: “Kwiyumvamwo ko wagizwe igikoresho, ko wicujije canke wigorewe ntibishikira abahuje ibitsina bonyene. Ukwiyumva nabi kwose kwoshikira uwahuje ibitsina n’uwo batubakanye kwoshobora no gushikira uwakoze ibiterasoni vy’ubundi bwoko ubwo ari bwo bwose. Uko biba vyakozwe kwose, buguma ari ubusambanyi.”

 Bibiliya ivuga iti: “Jewe Yehova ndi Imana yawe, Umwe akwigisha ibikwungura.”​—Yesaya 48:​17.

 Woba wemera ko amategeko y’Imana yerekeye igitsina akwungura vy’ukuri? Canke wiyumvira yuko akuzitira? Kugira uronke inyishu z’ivyo bibazo, zirikana ibarabara ririmwo uruja n’uruza rw’imiduga hakaba hari ivyapa vyerekana umuvuduko utorenza, ibiriko amategeko y’ibarabara ukwiye kwisunga, be n’ibimenyetso vyerekana aho ukwiye guhagarara. Woba ubona ko ivyo vyapa be n’ivyo bimenyetso bikuzitira canke ubona ko bigukingira? Vyogenda gute nka hamwe wewe n’abandi bashoferi mwovyirengagiza?

Naho amategeko y’ibarabara agabanya umwidegemvyo wawe, aragukingira. Muri ubwo buryo nyene, amategeko y’Imana aragushingira akarimbi, mugabo arakurinda

 Ukwo ni ko bimeze no ku mategeko y’Imana. Uyirengagije, ubwirizwa kwimbura ivyo wabivye. (Abagalatiya 6:7) Igitabu kimwe (Sex Smart) kivuga giti: “Uko urushiriza guheba ivyo wemera be n’ingeso nziza wahorana maze ugakora ibintu bituma ubura amahoro, ni ko urushiriza kwiyumvamwo ko ata co umaze.” Ariko rero igihe ubayeho wisunga amategeko y’Imana, uragaragaza inyifato runtu nyakuri. N’ikiruta ivyo, ugumana ijwi ryo mu mutima ryiza.​—1 Petero 3:16.