Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Ni ibiki nzokenera gukora inyuma yo kubatizwa?​—Igice ca 1: Nugumane umwete

Ni ibiki nzokenera gukora inyuma yo kubatizwa?​—Igice ca 1: Nugumane umwete

 Ibintu vy’agaciro nk’inzu canke imodoka birakenera kubungabungwa neza. Ni na ko biri ku bugenzi ufitaniye n’Imana. None ubwo bugenzi uzobubungabunga gute inyuma yo kubatizwa?

Ng’ibi ivyo tuza kubona muri iki kiganiro:

 Nubandanye kwiga Ijambo ry’Imana

 Icanditswe nyamukuru: “Mubandany[e] kwama ivyamwa mu gikorwa ciza cose no kugwira mu bumenyi butagira amakosa bw’Imana.”​—Abakolosayi 1:10.

 Ico bisobanura: Inyuma yo kubatizwa, uzokenera kubandanya usoma Bibiliya no kuzirikana ku vyo wiga.​—Zaburi 25:4; 119:97.

 Ivyo wokwitega: Bizoshika wumve udashaka kwiga. Urashobora kwiyumvira ko kwiga “atari ivyawe.”

 Ico wokora: Nurondere kumenya vyinshi ku bijanye n’ibintu bimwebimwe Bibiliya ivuga bigushimisha. Niwishingire urutonde rwo kwiyigisha rutazokubera umuzigo. Igihe wiyigisha, niwishingire umugambi wo kurushiriza gukunda Yehova n’Ijambo ryiwe. Ivyigwa mwene ivyo biratugirira akamaro kandi bikaturyohera.​—Zaburi 16:11.

 Impanuro: Kugira ivyo wiga bikugirire akamaro, nugerageze kurondera ahantu hatekanye kandi hatagira ibisamaza.

 Ibindi vyogufasha

 Nubandanye gusenga Yehova

 Icanditswe nyamukuru: “Ntimwiganyire ku kintu na kimwe, ahubwo muri vyose, mu gusenga no mu gutakamba hariko n’ugukenguruka, ivyo musaba bimenyeshwe Imana.”​—Abafilipi 4:6.

 Ico bisobanura: Tuyaga n’Imana mu buryo bubiri: Turayumviriza igihe dusoma Ijambo ryayo, hanyuma tukayiganiriza igihe tuyisenga. Niwibuke ko amasengesho yawe ashobora kuba agizwe no gusaba Imana ivyo ukeneye hamwe no gushima ibintu vyiza umaze kuronka.

 Ivyo wokwitega: Hari igihe wosanga utanguye kuza urasubiramwo birya nyene mu masengesho yawe. Urashobora mbere no gutangura gukekeranya ko Yehova yoba akwumviriza igihe usenga canke nimba koko yipfuza kukwumviriza.​—Zaburi 10:1.

 Ico wokora: Mu biringo bitandukanye vy’umusi, nuze uriyumvira ibintu woshira mu masengesho yawe. Nimba uri ahantu bitagukundira gusenga isengesho rirerire, nubigumize mu bwenge kugira uze kubishira mw’isengesho hanyuma. Mw’isengesho ryawe, nuvuge ibintu bihambaye kuri wewe wongere usengere abandi.​—Abafilipi 2:4.

 Impanuro: Nimba ubona ko amasengesho yawe ari ayo guheza umwuga, nubwire Yehova ico kintu mw’isengesho. Yipfuza ko umubwira ivyo wipfuza vyose, harimwo ico kibazo woba ufise kijanye n’isengesho.​—1 Yohani 5:14.

 Ibindi vyogufasha

 Nubandanye kubwira abandi ivyo wemera

 Icanditswe nyamukuru: “Wame wiyubara ubwawe no ku nyigisho yawe. . . . kuko niwakora ivyo uzokwikiza ugakiza n’abakwumviriza.”​—1 Timoteyo 4:16.

 Ico bisobanura: Igihe ubwiye abandi ivyo wemera, ukwizera kwawe kurakomera. Ivyo birashobora gutuma ukiza ubuzima bw’abakwumviriza kandi nawe ukikiza.

 Ivyo wokwitega: Vyoshika ukumva udashaka kubwira abandi ivyo wemera. Urashobora mbere no kugira ubwoba bwo kubibabwira, canecane igihe uri kw’ishure.

 Ico wokora: Niwishingire umugambi wo kutareka ivyiyumviro bica intege, nk’ubwoba ngo bikuganze. Intumwa Paulo yanditse ati: “Nimba [menyesha inkuru nziza] ku kagobero, na ho nyene ndafise ububwiriza najejwe.”​—1 Abakorinto 9:16, 17.

 Impanuro: Abavyeyi bawe babikwemereye, nurondere umuntu musangiye ukwizera ashobora kugufasha kandi w’akarorero keza mu bijanye no kwamamaza.​—Imigani 27:17.

 Ibindi vyogufasha

 Nubandanye kwitaba amakoraniro ya gikirisu

 Icanditswe nyamukuru: “Twiyumvirane kugira tuvyuriranire ugukundana n’ibikorwa vyiza, tudaheba kwa gukoranira hamwe kwacu.”​—Abaheburayo 10:24, 25.

 Ico bisobanura: Ahanini tuja ku makoraniro kugira dusenge Yehova. Ariko kwitaba amakoraniro biratugirira akamaro mu bundi buryo bubiri. Ubwa mbere, ubwawe uraronka indemesho ku bo musangiye ukwizera. Ubwa kabiri, uraremesha abandi igihe uyitavye kandi ukayagiramwo uruhara.​—Abaroma 1:11, 12.

 Ivyo wokwitega: Rimwe na rimwe, urashobora gutangura kwiyumvira ibindi bintu uri mu makoraniro, ivyo bikaba bishobora gutuma uhomba ivyiyumviro bihambaye biba biriko biratangwa. Canke na ho urashobora guheba kwitaba amakoraniro canke ugatwarwa cane n’udukorwa two kw’ishure ku buryo utaronkera umwanya ikoraniro.

 Ico wokora: Niwishingire umugambi wo kwama witaba amakoraniro no kugira vyinshi uhigiye, ariko utarinze kwirengagiza udukorwa two kw’ishure. Nugire uruhara mw’ikoraniro mu gutanga inyishu. Ikoraniro riheze, nukeze n’imiburiburi umuntu umwe mu batanze inyishu.

 Impanuro: Niwitegure imbere y’igihe. Nuvome ka gaprograma ka JW Library®, hanyuma uce ukoresha agace kavuga ngo “Amakoraniro” kugira urabe ibizovugwa muri buri koraniro.

 Ibindi vyogufasha