Ja ku birimwo

Ubucuti ufitaniye n’Imana

Kubaho wisunga impanuro zo muri Bibiliya ntivyama vyoroshe, ariko vyama bitugirira akamaro mu buzima. Raba uko wobigenza.

Kwizera Imana

Ivyo abakiri bato bavuga ku vyerekeye kwemera Imana

Muri aka kavidewo kamara iminuta itatu, abakiri bato barasigura ibibajijura ko hariho Umuremyi.

Vyoba vyumvikana kwemera ko Imana ibaho?

Raba abakiri bato babiri batsinze inkeka hanyuma barakomeza ukwizera kwabo.

Ingene twokwiyegereza Imana

Kubera iki nosenga?

Isengesho coba ari ikintu gituma gusa umuntu yumva amerewe neza canke rirafise akandi kamaro?

Ukuntu woryohora amasengesho yawe

Uwu mwimenyerezo uzogufasha gusuzuma ivyo ushira mu masengesho yawe hamwe n’ukuntu ameze.

Kubera iki twoja ku makoraniro ku Ngoro y’Ubwami?

Kabiri mu ndwi Ivyabona vya Yehova baragira amakoraniro mu bibanza basengeramwo vyitwa Ingoro z’Ubwami. Ni ibiki bibera muri ayo makoraniro kandi kuyitaba vyokumarira iki?

Nokora iki kugira ndeke kubaho ubuzima burimwo tubiri?

Ibintu bine wokora kugira uhebe iyo ngeso.

Gusoma no kwiga Bibiliya

Ivyo abakiri bato bavuga ku vyerekeye gusoma Bibiliya

Gusoma ntivyama vyoroshe, ariko gusoma Bibiliya birafise akamaro. Abakiri bato bane barasigura ingene bungukiye ku gusoma Bibiliya.

Bibiliya yomfasha gute?

Inyishu y’ico kibazo irashobora kugufasha kugira agahimbare mu buzima.

Bibiliya yomfasha gute?​—Igice ca 1: Soma Bibiliya yawe

Hamwe woza ubona wubutse kw’isandugu ya kera cane yabikwamwo ibintu vy’agaciro, none ntiwoshima kumenya ibiri indani? Bibiliya ni nk’iyo sandugu. Irimwo ibintu vyinshi vy’agaciro.

Bibiliya yomfasha gute?​—Igice ca 2: Nutume gusoma Bibiliya bikuryohera

Ibintu bitanu vyogufasha kwiha ishusho mu bwenge y’ivyo uriko urasoma.

Gukomeza ubucuti dufitaniye na Yehova

Nomenyereza gute ijwi ryanje ryo mu mutima?

Ijwi ryawe ryo mu mutima rirerekana ukuntu umeze be n’ivyo ubona ko bihambaye. Ijwi ryawe ryo mu mutima rihishura iki ku bikwerekeye?

Nokosora gute amakosa yanje?

Ushobora gusanga gukosora amakosa yawe bitagoye nk’uko uvyibaza.

Noba nkwiye kubatizwa? Ni igiki kimbuza kubatizwa?

Nimba kwiyegurira Yehova no kubatizwa bigutera ubwoba, iki kiganiro kiraza kugufasha.

Ni ibiki nzokenera gukora inyuma yo kubatizwa?​—Igice ca 1: Nugumane umwete

Inyuma yo kubatizwa, nubungabunge ubucuti ufitaniye n’Imana. Nubandanye kwiyigisha Bibiliya, gusenga, kubwira abandi ivyo wemera no kwitaba amakoraniro ya gikirisu.

Ni ibiki nzokenera gukora inyuma yo kubatizwa?—Igice ca 2: Nugume uri intahemuka

Nurabe ingene ushobora kuba werekana ko wiyeguriye Yehova.

Ubuzima bwiza kuruta ubundi bwose

Woba wipfuza kugira ubuzima buhimbaye? Tega ugutwi Cameron akwiganire ingene yaronkeye agahimbare ahantu atari yiteze.