Ja ku birimwo

Umwanya w’akaruhuko

Umwanya wo kwinezereza urashobora kukuruhura canke naho ukakuruhisha. Raba ingene wokoresha neza umwanya wawe w’akaruhuko maze ukakugirira akamaro.

Hoba hari imiziki ntakwiye kwumviriza?

Kubera ko umuziki ufise ububasha, raba ingene wohitamwo neza umuziki wumviriza.

Kuyaga ivyerekeye imiziki

Abavyeyi bawe babona gute imiziki ukunda? Wewe ubona gute imiziki abavyeyi bawe bakunda? Ukoresheje iyo myimenyerezo nugereranye izo nyishu hama muziganireko.

Ni ibiki nokwirinda igihe nkina udukino twa videwo?

Turashobora kuba turimwo ivyiza n’ibibi utahora wiyumvira.

Gukina ama jeux: Woba uriko uratsinda nk’uko uvyibaza?

Gukina ama jeux birashobora kuryoha ariko birashobora no guteza ingorane. Ni gute wokwirinda izo ngorane maze ugatahukana intsinzi vy’ukuri?

Ivyo ukwiye kumenya ku bijanye na siporo

Siporo irashobora kukwigisha ibintu bihambaye, nko gukorana neza n’abandi no kuyaga na bo. Ariko none, yoba ikwiye kuba kimwe mu bintu bihambaye kuruta ibindi mu buzima?

Ni ibiki nkwiye kumenya ku bijanye no kwinonora imitsi?

Nusuzume inkino ukina, ukuntu uzikina n’umwanya umara.

Ntiwigerezeko urondera gusa kwiryohera

Abakiri bato benshi bararyoherwa cane no gupima aho bageza mu kurinda, rimwe na rimwe bakabigira mu buryo burimwo akaga. Woba nawe umaze kwiyumvira kubigira?

Gukora ibikorwa ujejwe no kwiruhura

Woba wama utangura umusenyi canke utangura amabuye?

Ni gute nokoresha neza umwanya wanje?

Hariho ibintu bitanu vyogufasha kwirinda gutakaza umwanya wawe.

Nokora iki igihe numva ndambiwe?

Internet woba ari wo muti? Gukunda ivyo ukora vyoba vyofasha?

Woba wumva ko abavyeyi bawe batakureka ngo wiryohere?

Noba nkwiye kuja kwiryohera abavyeyi banje batabizi, canke nkwiye kubabwiza ukuri?