Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 TWISUNZE BIBILIYA

Ukuzirikana

Ukuzirikana

Ukuzirikana ni iki?

“Nzozirikana igikorwa cawe cose, kandi ivyo ukora ni vyo nzokwitwararika.”Zaburi 77:12.

ABANTU BABIVUGAKO IKI?

Abantu bazirikana mu buryo bwinshi, benshi bakisunga ivyagirwa mu madini ya kera yo muri Aziya. Ku bijanye n’ivyo, umwanditsi umwe yavuze ati: “Kugira wiyumvire neza, mu muzirikanyi habwirizwa kuba hagaragara.” Ivyo yavuze bishaka kwerekana ko igihe ukuye ivyiyumviro vyose mu muzirikanyi ukitunira ku majambo canke amashusho kanaka bituma uronka amahoro yo mu mutima, ukiyumvira neza.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Bibiliya irerekana ko kuzirikana bifise agaciro kanini. (1 Timoteyo 4:15) Ariko rero uburyo bw’ukuzirikana iremesha ntibusaba ko dukura mu muzirikanyi ivyiyumviro vyose canke ngo tugume dusubiramwo ijambo canke iryungane kanaka. Ahubwo ukuzirikana Bibiliya iremesha ni ukwiyumvira ibintu vyiza, nka kamere z’Imana, ingingo ngenderwako zayo be n’ivyo yaremye, tukabigira dufise intumbero. Umusavyi w’Imana umwe w’umwizigirwa yasenze ati: “Nazirikanye igikorwa cawe cose; nagumye nitwararitse igikorwa c’amaboko yawe ndabikunze.” (Zaburi 143:5) Yaravuze kandi ati: “Iyo nkwibutse ndi ku buriri bwanje, mu materama y’ijoro ndakuzirikana.”Zaburi 63:6.

 Kuzirikana bitwungura iki?

“Umutima w’umugororotsi urazirikana kugira ngo wishure.”Imigani 15:28.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Ukuzirikana kwiza kuradufasha kuryohora ukuntu tumeze mu mutima, kwiyumanganya no kwigenza runtu, ivyo vyose bikaba bituma turushiriza kugaragaza ubukerebutsi n’ugutahura mu mvugo no mu nyifato. (Imigani 16:23) Ukwo kuzirikana rero kuranatuma tugira ubuzima burangwa agahimbare n’ivyiza vyinshi. Ku bijanye n’umuntu yama azirikana ku vyerekeye Imana, muri Zaburi 1:3 havuga hati: “Azoba koko nk’igiti gitewe hafi y’imigezi y’amazi, gitanga ivyamwa vyaco mu gihe caco, kandi amababi yaco ntakabirane, kandi ico akora cose kizokunda.”

Ukuzirikana kuradufasha kandi kurushiriza gutahura no kwibuka. Nk’akarorero, igihe twize ikintu kanaka kijanye n’ivyaremwe canke co muri Bibiliya, turamenya ibintu vyinshi bishimishije. Ariko igihe tuzirikanye kuri ivyo bintu, duca tubona ingene kimwe gihuye n’ikindi be n’ingene bihuye n’ivyo tuba twarize muri kahise. Nka kurya rero umwubatsi afata ibiti akavyubakamwo inzu iteye igomwe, ukuzirikana gutuma dufata ibintu twize tukavyubakamwo iciyumviro cumvikana.

Twoba dukwiye kuba maso ku kuntu tuzirikana?

“Umutima ni umuhemu kuruta ikindi kintu cose kandi ni mubi cane. Ni nde yowumenya?”Yeremiya 17:9.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Ivuga iti: “Imbere mu mutima w’abantu [ni] ho ivyiyumviro bibi bisohoka biva: ubusambanyi, ukwiba, ubwicanyi, ukurenga ibigo, ukugira umwina, ibikorwa vy’ububisha, ubuhendanyi, ubushirasoni, ijisho ry’inzigo, . . . ubusazi.” (Mariko 7:21, 22) Ego cane, nka kurya tuba maso mu gukoresha umuriro, tubwirizwa kuba maso ku kuntu tuzirikana! Ahandiho, ivyiyumviro bitabereye vyotuma dutsimbataza ivyipfuzo bibi bishobora kuturengera, bigatuma dukora ibibi.Yakobo 1:14, 15.

Ni co gituma Bibiliya ituremesha kuzirikana ku bintu ‘vy’ukuri, bigororotse, bitanduye, vyo gukundwa, bivugwa neza, vy’ingeso nziza kandi bibereye gushimagizwa.’ (Abafilipi 4:8, 9) Dushize umuzirikanyi kuri ivyo bintu vyiza, tuzogira kamere ziteye igomwe, imvugo y’igikundiro kandi tugiranire n’abandi ubucuti burangwa igishika.Abakolosayi 4:6.