Abakolosayi 4:1-18

  • Impanuro zihabwa ba shebuja (1)

  • «Mushishikare gusenga» (2-4)

  • Mugendane ubukerebutsi ku bo hanze y’ishengero (5, 6)

  • Amajambo yo gusozera (7-18)

4  Yemwe ba shebuja, nimufate abashumba banyu mu buryo bugororotse mutabarenganya, muzi yuko namwe mufise Shobuja mw’ijuru+.  Mushishikare gusenga+, mugume muri maso muri ivyo, hariko n’ugukenguruka+.  Kandi natwe mudusengere+ ngo Imana itwugururire umuryango twamamaze rya jambo, kugira ngo tumenyekanishe ibanga ryeranda ryerekeye Kristu, ari na ryo mpfunzwe nzira+,  no kugira ngo ndarimenyekanishe mu buryo butomoye nk’uko mbwirizwa kubigira.  Mubandanye kugendana ubukerebutsi ku bo hanze y’ishengero, mukoresha neza umwanya wanyu*+.  Amajambo muvuga yamane igikundiro, arunze umunyu+, kugira ngo mumenye ingene mukwiye kwishura umuntu wese+.  Tikiko+ umuvukanyi nkunda cane akaba n’umusuku w’umwizigirwa be n’umushumba mugenzanje mu Mukama, azobabwira amakuru yanje yose.  Ndamubarungikiye kugira ngo mumenye amakuru yacu no kugira ngo ahoze imitima yanyu.  Azananye na Onezime+, umuvukanyi wanje w’umwizigirwa kandi nkunda cane ava iwanyu. Bazobabwira uko ivy’ino vyose vyifashe. 10  Arisitariko+ imbohe mugenzanje arabaramutsa, na Mariko+ incuti ya Barunaba (uwo mwasabwe guha ikaze+ aramutse aje iwanyu), 11  na Yezu ari we Yusito, abo bakaba ari abo mu bagenyerewe. Abo gusa ni bo dukorana mu gushigikira Ubwami bw’Imana, kandi barampojeje cane*. 12  Epafura+, umushumba wa Kristu Yezu ava iwanyu, arabaramutsa. Yama yihatira kubasengera kugira ngo amaherezo muhagarare muri abantu babushitse kandi bajijutse rwose ku bijanye n’ivyo Imana igomba vyose. 13  Ndamushingira intahe yuko yita ku rutare ku bwanyu no ku bw’ab’i Lawodiseya no ku bw’ab’i Hiyerapoli. 14  Luka+ umuganga mukundwa arabaramutsa, na Dema+ arabaramutsa. 15  Mundamukirize abavukanyi b’i Lawodiseya na mushiki wacu Nimfa be n’ishengero risengera mu nzu iwe+. 16  Kandi iri kete niryamara gusomwa iwanyu, muzoce mutunganya ivy’uko risomwa+ no mw’ishengero ry’Abanyalawodiseya, namwe musome iry’i Lawodiseya. 17  Vyongeye mubwire Arikipo+ muti: «Guma witwararika igikorwa c’Umukama wemeye gushingwa, kugira ugishitse.» 18  Ng’iyi indamutso yanje jewe Pawulo nanditse n’ukuboko kwanje+. Mugume mwibuka umunyororo ndimwo+. Ubuntu buhebuje* bubane namwe.

Utujambo tw'epfo

Mu kigiriki havuga ngo «mugura umwanya washinzwe.»
Canke «bambereye imfashanyo ikomeza.»