Ja ku birimwo

ICOFASHA UMURYANGO | KURERA ABANA

Nufashe abana bawe kwihanganira amakuru ababaje

Nufashe abana bawe kwihanganira amakuru ababaje

 Hama hariko haraca amakuru ababaje kuri televiziyo, ku twuma ngendanwa no kuri ordinateri kandi akenshi usanga yerekana ido n’ido ivyabaye.

 N’abana usanga bariko barayaraba.

 Wofasha gute abana bawe kugira ntibarengerwe n’ubwoba kubera ayo makuru ababaje?

 Amakuru agira ingaruka izihe ku bana?

  •   Abana benshi barababazwa n’ibintu bibabaje babona mu makuru. Abana bamwebamwe barashobora kutavuga ukuntu biyumva, ariko ibintu bibabaje babona mu makuru birashobora kubabuza amahoro cane. a Iyo babonye abavyeyi babo bahagaritse umutima cane, na bo baca barushiriza kugira ubwoba.

  •   Abana barashobora gutahura ukutari kwo ivyo babona mu makuru. Nk’akarorero, hari abaca biyumvira ko ivyo babonye bizoshikira umuryango wabo. N’ikindi kandi, igihe abana bakiri bato baguma baraba ikintu kibabaje kiguma cerekanwa boshobora kwiyumvira ko ico kintu cabaye incuro nyinshi.

  •   Abana barashobora kudatahura ko ibimenyeshamakuru birenza urugero. Bashobora kuba batazi ko ibimenyeshamakuru biriko biricira amahera, bikaba bishaka ko abantu benshi babirorera. Rero, birashobora kurenza urugero mu kuntu bishikiriza inkuru kugira abantu babihurumbire.

 Wofasha gute abana bawe kwihanganira amaganya aterwa no kuraba amakuru ababaje?

  •   Nurinde abana bawe amakuru menshi ababaje. Ivyo ntibisigura ko abana bawe badakwiye kumenya ibiriko biraba mw’isi. Ariko si vyiza ko baguma baraba canke bumviriza amakuru ababaje aguma yisubiriza.

     “Rimwe na rimwe turaganira cane ivyo twabonye mu makuru, ntitumenye ko bitera ubwoba abana bacu igihe baguma bavyumva.”​—Maria.

     Ico Bibiliya ivuga: “Umwitwarariko mu mutima w’umuntu uramuruhisha.”​—Imigani 12:25, Bibiliya Nyeranda.

  •   Nubumvirize witonze kandi ubagaragarize impuhwe. Nimba umwana wawe bitamworohera kuvuga ivy’ico kintu cabaye, numusabe atume abicapa. Igihe uganira n’umwana wawe ibimuraje ishinga nukoreshe imvugo ashobora gutahura, ariko wirinde kuvuga amakuru y’ido n’ido adakenewe.

     “Iyo twicaye tugatega yompi umukobwa wacu, aca yumva amerewe neza. Ariko nta co bimufasha tumubwiye gusa ngo: ‘Ukwo ni ko ibintu bimeze muri iki gihe kandi tubwirizwa kubimenyera.’”​—Sarahi.

     Ico Bibiliya ivuga: ‘Nutebuke kwumva, utebe kuvuga.’​—Yakobo 1:19.

  •   Nufashe abana bawe gutahura ko ibimenyeshamakuru birenza urugero. Nk’akarorero, birashobora kurenza urugero mu kuntu bishikiriza amakuru y’abantu banyurujwe. Nusigurire abana bawe ingingo wafashe kugira ubakingire. Nugumize ku muzirikanyi kandi ko ikintu kirinze kivugwa mu makuru ari kubera kiba gake, si kubera cama cabaye.

     “Nufashe abana bawe kwihanganira amaganya. Akenshi bagira amaganya kubera ivyo baba biyumviriye. Rero nitwabafasha kwiyumvira ibintu vyiza, bizotuma biyumva neza.”​—Lourdes.

     Ico Bibiliya ivuga: “Umutima w’umuntu w’inkerebutsi utera akanwa kiwe kwerekana ugutahura kwimbitse, kandi wongera ku minwa yiwe ubushobozi bwo gutuma umuntu anyurwa.”​—Imigani 16:23.

a Abana bakiri bato cane bashobora kugaragaza ko bafise ubwoba mu kuza barasoba aho baryamye canke bagatinya kuja kw’ishure kuko baba bashaka kugumana n’abavyeyi.