Ja ku birimwo

ICOFASHA UMURYANGO | KURERA ABANA

Abana n’imbuga hwaniro—Igice ca 1: Umwana wanje yoba akwiye gukoresha imbuga hwaniro?

Abana n’imbuga hwaniro—Igice ca 1: Umwana wanje yoba akwiye gukoresha imbuga hwaniro?

 Hari amatohoza yerekanye ko ibice 97 kw’ijana vy’abakiri bato bakoresha imbuga hwaniro. Umwana wawe yoba ashashaye kuzikoresha? Nimba ari ukwo, hari ibintu ukwiye kurimbura.

Ng’ibi ivyo tuza kubona muri iki kiganiro:

 Ingene umwana wawe azokoresha umwanya

 Urubuga rwitwa HelpGuide ruvuga ruti: “Imbuga hwaniro zigenewe kugusamaza, ugume kuri internet wongere ugume ukoresha akuma kawe kugira urabe ibigezweho.”

 “Mba nshaka kumara umwanya muto ku mbuga hwaniro, ariko ntabiciye n’ikanda ndazimarako amasaha menshi. Gushira telefone hasi ngo ndondere ikindi kintu gifise akamaro nokora birangora cane.”​—Lynne w’imyaka 20.

 Niwibaze uti: Umwana wanje yoba azoshobora kwigumya bikwiye ku buryo azokurikiza amategeko nashizeho y’umwanya yokoresha ari ku mbuga hwaniro? Umwana wanje yoba akuze ku buryo azokwishingira akarimbi ku mwanya amara ku mbuga hwaniro kandi akabikurikiza?

 Ico Bibiliya ivuga: “Mugume muraba neza ukuntu mugenda, . . . mugende nk’abantu b’inkerebutsi, mwicungurira umwanya ubereye.”​—Abanyefeso 5:15, 16.

Kwemerera umwana wawe ngo akoreshe imbuga hwaniro utamushingiye amategeko ni nko kumureka ngo atware ifarasi atigeze yiga kuyigenderako

 Ingene umwana wawe azobona ibijanye n’ubugenzi

 “Imbuga hwaniro” zigenewe gutuma abantu bumva ko bafise abagenzi benshi. Ariko akenshi, ubwo bucuti ntaba ari ubugenzi nyakuri.

 “Narabonye ko abakiri bato benshi bihenda cane. Biyumvira ko baronse abantu benshi bakunda ivyo baba bashizeko canke babikurikirana, biba bisobanura ko hari benshi babitwararika naho baba batabazi.”​—Patricia w’imyaka 17.

 Niwibaze uti: Umwana wanje yoba akuze bikwiye ku buryo amenya ko kumenyekana kuri internet bidahambaye? Yoba ashobora kuronderera abagenzi ahandi atari kuri internet?

 Ico Bibiliya ivuga: “Umugenzi nyakuri akundana igihe cose, kandi ni uwo muvukana yavukiye kuhaseruka mu gihe c’amarushwa.”​—Imigani 17:17.

 Ingaruka bizogira ku kuntu umwana wawe yiyumva

 Abashakashatsi barabonye ko igihe umuntu akoresha cane imbuga hwaniro akenshi bituma yumva irungu, akagira amaganya be n’intuntu.

 “Kubona amafoto y’ivyo abagenzi bawe bariko barakora mutari kumwe birababaza cane.”​—Serena w’imyaka 19.

 Niwibaze uti: Umwana wanje yoba akuze bihagije ku buryo azokwirinda agatima k’ubwikunzi no guhiganwa? Yoba azoshobora kwirinda ko ivyo abandi bashira ku mbuga hwaniro bimugirako ingaruka?

 Ico Bibiliya ivuga: “Ntiturondere kwishira imbere, tuvyura uguhiganwa, tugiriranira agashari.”​—Abagalatiya 5:26.

 Ivyo umwana wawe azokorera kuri internet

 Imbuga hwaniro zirashobora gutuma abantu baja mu vyo gucafuza abandi, kurungikiranira ibiterasoni hamwe no kuraba amashusho y’ibiterasoni. Mbere n’igihe umwana wawe atoba afise intumbero yo gukora mwene ivyo bintu, arashobora gusanga ataho ariko arabihungira.

 “Naratahuye ko ivyo dusanga ku mbuga hwaniro ushobora kubona umengo nta co bitwaye, ariko utabiciye n’ikanda bigahinduka bikaba bibi. Hariko amajambo ateye isoni n’imiziki itabereye.”​—Linda w’imyaka 23.

 Niwibaze uti: Umwana wanje yoba akuze bihagije ku buryo azokoresha neza internet? Umwana wanje yoba yigenza neza ku buryo abonye ikintu kitabereye azogira umutima rugabo wo kucirinda?

 Ico Bibiliya ivuga: “Ubusambanyi n’ubuhumane bw’ubwoko bwose canke umunoho, no kuvugwa ntibikavugwe muri mwebwe, . . . ntihakabe n’ingeso ziteye isoni canke ibiyago vy’ubupfu canke ibijajuro biteye isoni.”​—Abanyefeso 5:3, 4.

 Imbuga hwaniro zoba zikenewe?

 Umuntu ntakeneye imbuga hwaniro kugira abeho canke kugira ahimbarwe. Abakiri bato benshi barahitamwo kubaho badakoresha imbuga hwaniro. Hari n’abahora bazikoresha ariko bahisemwo guhagarika kuzikoresha.

 “Maze kubona ingene gukoresha imbuga hwaniro vyagize ingaruka mbi kuri mushikanje, nahisemwo guhagarika kuzikoresha. Kuva ico gihe, ndafise umunezero mwinshi kandi ndabona ko vyangiriye akamaro mu buzima.”​—Nathan w’imyaka 17.

 Iciyumviro nyamukuru: Imbere y’uko wemerera umwana wawe gukoresha imbuga hwaniro, niwiyemeze ko akuze bihagije ku buryo azoshobora kwishingira umwanya wo kuzikoresha, azogumana abagenzi beza kandi akirinda ibintu bitabereye bashirako.

 Ico Bibiliya ivuga: “Umunyabwenge ararimbura intambuko ziwe.”​—Imigani 14:15.