Ja ku birimwo

ICOFASHA UMURYANGO | KURERA ABANA

Abana n’imbuga hwaniro—Igice ca 2: Niwigishe abana bawe b’imiyabaga ukuntu bokoresha neza imbuga hwaniro

Abana n’imbuga hwaniro—Igice ca 2: Niwigishe abana bawe b’imiyabaga ukuntu bokoresha neza imbuga hwaniro

 Igihe abavyeyi benshi bazirikanye ku kaga kari mu gukoresha imbuga hwaniro, bahitamwo kubuza abana babo kuzikoresha. Ariko hamwe woreka umwana wawe w’umuyabaga agakoresha imbuga hwaniro, womufasha gute kwirinda akaga ko kuzikoresha no gukoresha neza internet?

Ng’ibi ivyo tuza kubona muri iki kiganiro:

 Ivyo umwana wawe w’umuyabaga ashira imbere

 Ico ukwiye kumenya: Kubera ko imbuga hwaniro zishobora kwizizira umuntu, umwana wawe w’umuyabaga yoshobora gukenera ko umufasha gucungera umwanya amara ariko arazikoresha.

 Ico Bibiliya ivuga: “Mwiyemeze neza ibihambaye kuruta.”​—Abafilipi 1:10.

 Zirikana kuri iki kintu: Umwana wawe w’umuyabaga yoba akoresha imbuga hwaniro mu mwanya yabwirizwa kuba aryamye, ariko akora udukorwa two kw’ishure canke umwanya mwari kumarana mu muryango? Abashakashatsi bavuga ko abana b’imiyabaga bakwiye kumara n’imiburiburi amasaha icenda baryamye mw’ijoro. Ariko rero abamara amasaha menshi ku musi bakoresha imbuga hwaniro, usanga baryama amasaha adashika indwi.

 Ico wokora: Nuganire n’umwana wawe w’umuyabaga ivyo yoshira imbere n’igituma bihambaye ko acungera umwanya amara ari ku mbuga hwaniro. Nushireho amategeko yumvikana, nk’akarorero kutamwemerera gukoresha telefone mw’ijoro ari mu cumba. Intumbero yawe ni ugufasha umwana wawe gutsimbataza ukwigumya. Iyo kamere izomufasha n’igihe azoba amaze gukura.​—1 Abakorinto 9:25.

 Uko umwana wawe w’umuyabaga yiyumva

 Ico ukwiye kumenya: Igihe uwukiri muto aravye amafoto y’abagenzi bariko bariryohera arashobora kwumva irungu, akagira amaganya be n’intuntu.

 Ico Bibiliya ivuga: “Mwiyambure . . . inzigo.”​—1 Petero 2:1.

 Zirikana kuri iki kintu: Imbuga hwaniro zoba zituma umwana wawe w’umuyabaga yigereranya n’abandi, bigatuma yikengera ku bijanye n’ukuntu aboneka? Umwana wawe w’umuyabaga yoba yibaza ko ubuzima bw’abandi buryoshe ariko ubwiwe bukaba bumurambira?

 Ico wokora: Nuganire n’umwana wawe akaga kari mu kwigereranya n’abandi. Niwibuke ko abakobwa ari bo bakarirwa kurusha abahungu, kubera ko abakobwa ari bo bitwararika cane ibijanye n’ubugenzi be n’ingene baboneka. Urashobora kandi kugira inama umwana wawe w’umuyabaga ko yoza aramara igihe adakoresha imbuga hwaniro. Umuhungu umwe yitwa Jacob avuga ati: “Naramaze igihe ntakoresha imbuga hwaniro. Ivyo vyaramfashije kuryohora ivyo nshira imbere nongera ndahindura uko nibona be n’uko mbona abandi.”

 Ivyo umwana wawe w’umuyabaga akora kuri internet

 Ico ukwiye kumenya: Gukoresha imbuga hwaniro bigereranywa no kuba mw’isinzi ry’abantu. Ukutumvikana n’ingorane ntibibura.

 Ico Bibiliya ivuga: “Umururazi ubabaza wose, n’ishavu, n’uburake, n’ugukankama, n’ugutukana, bikurwe muri mwebwe . . . Mube abanyabuntu kuri bagenzi banyu.”​—Abanyefeso 4:31, 32.

 Zirikana kuri iki kintu: Imbuga hwaniro zoba zaratumye umwana wawe w’umuyabaga atangura kuvuga urusaku, kugiranira ingorane n’abandi canke kuvuga amajambo ababaza?

 Ico wokora: Nufashe umwana wawe w’umuyabaga gutahura ivyo yokora kugira akoreshe neza internet. Igitabu citwa Digital Kids kivuga giti: “Twebwe abavyeyi dufise ibanga ryo gusigurira abana bacu ko haba kuri internet canke turi kumwe n’abandi, ata na hamwe ububisha bwemewe.”

 Nimwibuke ko atari ngombwa ngo umuntu akoreshe imbuga hwaniro kandi ko atari abavyeyi bose bemerera abana babo kuzikoresha. Nimba wemereye umwana wawe w’umuyabaga gukoresha imbuga hwaniro, urakwiye kwiyemeza ko akuze bihagije ku buryo yishingira umwanya ntarengwa wo kuzikoresha, agumana abagenzi beza kandi akirinda ibintu bitabereye bashirako.