Ja ku birimwo

ICOFASHA UMURYANGO

Ingene wokwereka uwo mwubakanye ko umukunda

Ingene wokwereka uwo mwubakanye ko umukunda

 Uko imyaka irengana, urukundo abubakanye bamwebamwe bafitaniye rugenda ruragabanuka. Nimba ari ko vyifashe mu mubano wanyu, vyoba bikwiye kuguhagarika umutima?

 Ico ukwiye kumenya

 Urukundo ni ntahara kugira umubano ukomere. Nka kurya nyene umubiri ukeneye kwama uronka amazi n’ibifungurwa kugira ukomere, n’abubakanye barakeneye kwama bagaragarizanya urukundo kugira umubano wabo ukomere. Naho umugabo n’umugore boba bamaranye imyaka mirongo, umwe wese arakenera ko mugenziwe aguma amusubiriza umutima mu nda ko amukunda be n’uko amwitwararika.

 Urukundo nyakuri ntirwikwegerako. Rushira imbere ineza y’uwundi. Ku bw’ivyo, umugabo canke umugore yitaho uwo bubakanye ntamugaragariza urukundo igihe gusa bimujemwo. Ahubwo arabona ko uwo bubakanye akeneye ko amugaragariza urukundo maze akarumugaragariza.

 Muri rusangi, abagore barakenera kugaragarizwa urukundo kuruta abagabo. Umugabo arashobora kuba akunda cane umugore wiwe. Ariko nimba abimubwira mu gitondo no ku mugoroba gusa canke imbere y’uko barangura amabanga y’abubatse, umugore wiwe yoshobora gukekeranya ko amukunda vy’ukuri. Ni vyiza ko abimubwira kenshi ku musi.

 Ico wokora

 Numubwire ko umukunda. Utujambo dusanzwe nka “Ndagukunda” canke “Nta woza akuruta” turashobora gutuma uwo mwubakanye yumva ko akundwa.

 Ico Bibiliya ivuga: “Ibibogaboga mu mutima [ni] vyo akanwa kavuga.”​—Matayo 12:34.

 Icogufasha: Kiretse kumubwira ko umukunda, urashobora no kubimwandikira mu gakete canke muri mesaje.

 Nubimwereke mu bikorwa. Kumugumbira, kumusoma canke gufatana amaboko birashobora kumwereka ko utamukunda ku karimi gusa. Urashobora kandi kumwereka ko umukunda vy’ukuri mu kumukorako, mu kumuvunira akagohe canke mu kuza uracishamwo ukamugurira akantu. Urashobora no kumufasha udukorwa, nko kumutwaza ibintu, kumwugururira umuryango, kwoza amasahani, kumesura canke mbere no guteka. Abakenyezi benshi babona ko ivyo bintu ari ikimenyetso c’urukundo, ntibabona ko ari ukubafasha ibikorwa gusa.

 Ico Bibiliya ivuga: “Dukundane, atari mu majambo canke ku karimi [gusa], ahubwo mu bikorwa no mu kuri.”​—1 Yohani 3:18.

 Icogufasha: Nufatane ikibabarwe uwo mwubakanye nk’uko wabigira mukireshanya.

 Nimumarane akanya. Kumarana umwanya n’uwo mwubakanye muri babiri gusa birakomeza umubano wanyu kandi biramwereka yuko uhimbarwa no kuba muri kumwe. Ariko ntiwumve, hari aho bitoborohera kuronka uwo mwanya nimba mufise abana canke hakaba hari ibintu vyinshi mutegerezwa kuganira buri musi. Murashobora kurondera ikintu gisanzwe mwokorera hamwe, nko gutembera n’amaguru muri mwenyene.

 Ico Bibiliya ivuga: “Mwiyemeze neza ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo.”​—Abafilipi 1:10.

 Icogufasha: Abubakanye bamwebamwe bafise ibikorwa vyinshi usanga bakunda gutegekanya akanya ko gusohokana ku migoroba canke muri wikendi.

 Numenye uwo mwubakanye. Abantu baratandukanye mu kuntu bipfuza kugaragarizwa urukundo. Nimuganire ukuntu umwe wese yoshima kugaragarizwa urukundo, murabe ko ata ho mukeneye kuryohora. Nuce wihatira gushitsa ivyo uwo mwubakanye yipfuza. Uribuka ko urukundo ari ntahara kugira umubano ukomere.

 Ico Bibiliya ivuga: “Urukundo . . . ntirurondera inyungu zarwo bwite.”​—1 Abakorinto 13:4, 5.

 Icogufasha: Aho kwibutsa uwo mwubakanye ko ategerezwa kugukunda, niwibaze uti: “Nokora iki kugira uwo twubakanye arushirize kunkunda?”