Yohani wa mbere 3:1-24

  • Turi abana b’Imana (1-3)

  • Igitandukanya abana b’Imana n’aba Shetani (4-12)

    • Yezu azosambura ibikorwa vya Shetani (8)

  • Nimukundane (13-18)

  • Imana iraruta imitima yacu (19-24)

3  Raba urukundo Data yadukunze uko rungana+, ku buryo twitwa abana b’Imana+! Kandi ico nyene ni co turi. Ni co gituma isi itatuzi+, kuko itamenye Imana+.  Bavukanyi nkunda, ubu turi abana b’Imana+, ariko ico tuzoba ntikirahishurwa+. Mugabo turazi ko niyamara guhishurwa tuzomera nka yo, kuko tuzoyibona nk’uko nyene iri.  Umuntu wese afise ico cizigiro gishingiye kuri yo*, arityorora+ nk’uko na yo ityoroye.  Umuntu wese aguma akora igicumuro aba ariko aragarariza amategeko, kandi igicumuro ni ubugarariji.  Murazi kandi ko Yezu yahishuwe kugira akureho ibicumuro vyacu+, kandi ntiyigeze acumura.  Umuntu wese aguma yunze ubumwe na we ntaguma acumura+. Umuntu wese aguma acumura ntiyamubonye canke ngo amumenye.  Bane banje, ntihagire uwubazimiza. Uwuguma akora ibigororotse aba ari umugororotsi nk’uko uyo na we ari umugororotsi.  Uwuguma acumura aba akomoka kuri Shetani*, kuko Shetani yamye acumura kuva mu ntango*+. Iki ni co catumye Umwana w’Imana aza*: ni ukugira asambure ibikorwa vya Shetani+.  Umuntu wese yavyawe n’Imana ntaguma acumura+, kuko urubuto* rw’Imana ruguma muri we. Ntaguma acumura, kuko yavyawe n’Imana+. 10  Ng’iki icerekana abana b’Imana n’abana ba Shetani*: uwutaguma akora ibigororotse ntakomoka ku Mana, eka mbere n’uwudakunda mwenewabo+. 11  Ng’ubu ubutumwa mwumvise kuva mu ntango: ni uko dutegerezwa gukundana+, 12  ntitumere nka Kayini yakomoka kuri wa mubisha akica mwenewabo+. None yamwiciye iki? Ni uko ibikorwa vyiwe vyari bibi+, ariko ivya mwenewabo bikaba vyari vyiza*+. 13  Bavukanyi, ntimutangazwe n’uko isi ibanka+. 14  Turazi ko twavuye mu rupfu tukaja mu buzima+, kuko dukunda abavukanyi bacu+. Uwudakundana aguma mu rupfu+. 15  Umuntu wese yanka mwenewabo ni umwicanyi+, kandi murazi ko ata mwicanyi azoronka ubuzima budahera+. 16  Ng’iki icatumenyesheje urukundo: ni uko Yezu Kristu yatwiguze+. Natwe rero dutegerezwa kwigura abavukanyi bacu+. 17  Ariko uwufise ibintu vyo muri iyi si hanyuma akabona mwenewabo ari mu bukene mugabo ntamwumvire impuhwe, yovuga gute ko akunda Imana+? 18  Bane banje, ntidukwiye gukundana mu majambo canke ku karimi+, ahubwo dukwiye gukundana mu bikorwa+ no mu kuri+. 19  Ivyo ni vyo bizotwereka ko turi mu kuri, kandi tuzohumuriza* imitima yacu imbere y’Imana 20  ku kintu cose imitima yacu yotwagiriza, kuko Imana iruta imitima yacu kandi ikaba izi ibintu vyose+. 21  Bavukanyi nkunda, nimba imitima yacu itatwagiriza, turavugana umwidegemvyo imbere y’Imana+, 22  kandi ico tuyisavye cose irakiduha+, kuko twubahiriza amabwirizwa yayo kandi tugakora ibiyihimbara. 23  Kanatsinda, iri ni ryo bwirizwa yaduhaye: ni uko twizera izina ry’Umwana wayo Yezu Kristu+ kandi tugakundana+, nk’uko yabidutegetse*. 24  Vyongeye, uwubahiriza amabwirizwa y’Imana aguma yunze ubumwe n’Imana, kandi Imana iguma yunze ubumwe na we+. Kandi turazi ko iguma yunze ubumwe natwe+ biciye ku mpwemu yaduhaye.

Utujambo tw'epfo

Canke «kuri we.» Ni ukuvuga Yezu.
Mu kigiriki havuga ngo «kuri wa Mubesheranyi.» Raba Insiguro y’amajambo (Mubesheranyi).
Canke «ahishurwa.»
Canke «kuva igihe yatangura.» Ni ukuvuga igihe yatangura kugarariza Imana.
Ni ukuvuga urubuto rushobora kuvyara canke kwama.
Mu kigiriki havuga ngo «ba wa Mubesheranyi.» Raba Insiguro y’amajambo (Mubesheranyi).
Canke «vyari bigororotse.»
Canke «tuzojijura», «tuzokura amazinda.»
Ashobora kuba ari Yezu Kristu.