Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICOFASHA UMURYANGO | UMUBANO

Kutamera kumwe

Kutamera kumwe

INGORANE

Ukunda inkino, na we akunda gusoma. Ushaka ko utuntu twose tuba ku rutonde, we apfa aho ashize ibintu. Ukunda kuja kuramukanya, na we ashima kwigumira muhira.

Wibwira uti: “Ntiduhuza na gato! Kubera iki ntabibonye igihe twariko turareshanya?”

Ushobora kuba warabibonye ariko ukavyihanganira. Ivyo ni vyo ukwiye kugira ubu narirya mwubakanye. Iki kiganiro kiraza kubigufashamwo. Reka tubanze turabe ibintu bimwebimwe ukwiye kumenya ku bijanye n’ivyo abantu babona ko ari ukudahuza.

ICO UKWIYE KUMENYA

Hari igihe ukudahuza kuba gukomeye. Igihe co kureshanya ahanini abantu baba bashaka kuraba ko bazohuza. Ni yo mpamvu, igihe babonye ko hari ibintu bikomeye badahurizako, benshi baca bahagarika ubwo bucuti aho kwubakana mugabo bakazokwama muri zuguruzuguru. Ariko tuvuge iki ku bintu bidahambaye badahurizako usanga bishika mu mibano yose?

Nta bantu babiri bameze kumwe ijana kw’ijana. Ni co gituma ari ibisanzwe ko abubakanye bashobora kuba batandukanye muri iyi mice ikurikira:

Ivyo bakunda. Umugore yitwa Anna * avuga ati: “Umugabo wanje yakuriye ahantu bakunda kuduga imisozi iriko ibibarafu no kuja gutembera mu mashamba, ariko jewe ivyo sinigeze ndabikunda.”

Ivyo bamenyereye. Umugabo yitwa Brian avuga ati: “Umugore wanje arashobora guterama cane, mugabo isaha 11 zo mu gitondo akaba yavyutse. Ariko jewe, ntaryamye amasaha indwi canke umunani, nca nirirwa nabi.”

Uko bameze. Urashobora kuba uri umuntu ahoze, mugabo uwo mwubakanye akaba akunda kuvuga. Umugabo yitwa David avuga ati: “Kuva nkiri umwana sinakunda kuvuga ibijanye n’ingorane zanje, ariko umugore wanje yakuriye mu muryango bisanzura mu kuvuga.”

Kutamera kumwe birashobora kuba ngirakamaro. Umugore yitwa Helena avuga ati: “Ndashobora kuba mfise uburyo bwiza bwo gukora ikintu ariko ntibisobanura ko ari bwo buryo bwiza bwonyene buriho.”

ICO WOKORA

Numushigikire. Umugabo yitwa Adam avuga ati: “Umugore wanje Karen ntakunda na gato inkino. Ariko aramaze kumperekeza akatari gake kurorera inkino mbere akamfasha umunezero. Karen na we akunda kuja kuraba utugenegene akaba ari co gituma ndamuherekeza kandi tukamarayo umwanya wose yipfuza. Ndagerageza gukunda utugenegene kubera ko bihambaye kuri we.”Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: 1 Abakorinto 10:24.

Niwuguruke. Igihe uwo mwubakanye atabona ibintu nk’uko ubibona ntibisobanura ko aba abibona ukutariko. Ivyo umugabo yitwa Alex yaravyiboneye. Avuga ati: “Nahora mbona ko hari uburyo bumwe gusa bwo gukora ikintu neza. Ariko maze kwubaka urwanje naratahuye ko hari uburyo bwinshi bwo gukora ikintu neza, kandi bumwe bwose usanga bufise ivyiza bwisangije.”Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: 1 Petero 5:5.

Ntiwitege ibidashoboka. Guhuza ntibisobanura kumera kumwe. Ntuce ubona rero ko wahisemwo nabi kubera gusa ubonye hari ivyo mudahurizako n’uwo mwubakanye. Igitabu kimwe kivuga ivy’umubano kigira giti: “Abantu benshi bitwaza ngo ‘amaso akunda ntabona neza.’” Ariko gica kibandanya giti: “Umusi wose mumaranye munezerewe, vyerekana ko mushobora gukundana naho mutameze kumwe.” Rero, “[ni]mubandanye kwihanganirana . . . iyo hari uwufise ico yidogera uwundi.”Abakolosayi 3:13.

Gerageza iki kintu: Niwandike ivyo ushima ku wo mwubakanye be n’ivyo ubona ko muhurizako. Hama wandike ivyo ubona ko mudahurizako. Ushobora gusanga ivyo mudahurizako bidakomeye nk’uko wavyibaza. Ivyo kandi birashobora kukwereka aho ukeneye kurushiririza kumwihanganira canke kumushigikira. Umugabo yitwa Kenneth avuga ati: “Ndashima iyo umugore wanje agize ivyahevye kugira anyorohereze, eka kandi ndazi ko na we bimushimisha iyo ndabigize. Naho bitama vyoroshe, ndamubonye anezerewe nanje biranezera.”Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Abafilipi 4:5.

^ ing. 10 Muri iki kiganiro, bamwebamwe si ko basanzwe bitwa kubera bitashimwe ko bamenyekana.