Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Mbega ibifi!

Mbega ibifi!

Buri mwaka, guhera muri Mukakaro hari ubwoko bw’ibifi bininibinini cane bita baleine franche (Eubalaena australis) bihora biza ku nkengera y’ibahari mu bumanuko bwa Santa Catarina muri Brezile. Haza ibifi vy’ibigore, bikaba biza bivuye kure mu gice c’epfo c’umubumbe w’isi, kugira ngo birondokere aho hantu hatari amazi menshi vyongere vyitwararike ivyana vyavyo. Abantu baba aho hantu be n’ingenzi baramara amezi atari make bahimbarwa no kuraba ivyo bifi bari ku nkengera canke ku bitandara. Barihweza ivyo bifi be n’ivyana vyavyo vyiruhukiye canke biriko birikina amatavu mu mazi. *

Ni ibifi amahero ariko biranonotse

Ico gifi c’ikigore kirashobora kugira uburebure bw’imetero 16, ni ukuvuga nk’uburebure bwa vya biduga bikwegana, kigapima itoni 80! Ivyo bifi birirabura, ariko bimwebimwe usanga bifise amabara yera ku nda. Bifise umutwe munini cane, ukaba ugize ica kane c’umubiri wavyo. Umunwa wavyo ni muremure kandi urihese. Nta baba ryo ku mugongo bifise nk’ubundi bwoko bumwebumwe bw’ibifi bininibinini. Kugira amafi asanzwe yoge aja imbere, aza arakubita umurizo ku mpande. Ariko ivyo bifi vyovyo biza biraduza vyongera bimanura umurizo wavyo wagutse. Mu gukata bikoresha amababa yo ku ruhande. Bigenda nka kurya kw’indege.

Igitangaje, naho ivyo bifi ari binini cane, biranonotse ku buryo bigira udutebetebe dutangaje mu mazi. Birashobora kumara umwanya muremure vyacuritse umutwe mu mazi umurizo uri hejuru. Birashobora kandi kuduza uwo murizo bikawukubita ku mazi n’inguvu canke bigasimba bigaca vyitabira ku mazi ku buryo aduga cane umuntu ari kure akayabona.

Ibitandukanya ivyo bifi

Ku mutwe no hafi yawo, ivyo bifi birafise ibidunduri vyera canke bisa n’umuhondo vyuzuyeko inkara ntonto. Karina Groch, umukuru w’ishirahamwe ryo muri Brezile ryiyemeje gukingira ivyo bifi, asigura ati: “Igifi cose gifise ikidunduri kimeze ukwaco, nka kurya nyene umuntu wese usanga yisangije igikumu, ivyo bikaba bituma dushobora gutandukanya ivyo bifi. Igihe ivyo bifi bije ku nkengera, turafotora ibidunduri vyavyo tugaca tubika ayo mafoto.”

Abahinga bavuga ko bigora kumenya imyaka ivyo bifi vyari bifise igihe bipfuye, kuko bitagira amenyo. Bagereranya ko bishobora kumara nk’imyaka 65. *

Ingene bifungura

Ivyo bifi bifungura inkara ntonto. Mu kanwa kavyo birafise ubwoya bwinshi burebure ku mpande zompi z’umunwa wo haruguru. Biriko biroga, birasama bigaca bitamira udukoko dutoduto bifungura. Bikoresheje ururimi bica bisunika amazi ari mu kanwa, nya dukoko tugaca dutangirwa na bwa bwoya bwo mu kanwa. Muri ubwo buryo, ku musi igifi kimwe kirashobora gufungura inkara zipima nk’amatoni abiri.

Hagati ya Nzero na Ruhuhuma, ivyo bifi bikunze kuba biri ahantu bironka imfungurwa nyinshi kugira ngo bigwize ibinure. Ivyo binure biratuma ivyo bifi bisusuruka igihe biri mu mazi akanye, kandi birazigama ivyo bifi igihe biriko bigira ingendo ndende vyimuka.

Kubera iki babiroba cane?

Kuva mu kinjana ca 18, abantu barahize cane ivyo bifi mu gice c’epfo c’umubumbe w’isi. Babona ko vyoroshe gufata. Uti kubera iki? Kubera ko vyoga vyikwega, n’abarovyi bafise ibikoresho bibayabaye barashobora kubifata bitagoranye. Ikindi na co, ivyo bifi biratandukanye n’ibindi bifi bininibinini, kuko vyovyo bica bireremba iyo bipfuye kubera ko bifise ibinure vyinshi. Ivyo vyatuma abarovyi babikwega bitabagoye gushika ku nkengera.

Vyongeye, ico gihe abantu barakoresha cane ivyo binure na bwa bwoya bw’ivyo bifi. Ivyo binure vyarakoreshwa mu guhingura amavuta bakoresha mu gucana amatara yo kw’ibarabara n’ayo bashira mu mashini. Bwa bwoya na bwo, barabukoresha mu guhingura imigozi yo kuyobora amafarasi no mu gukora imitaka. Umurovyi afashe igifi kimwe, agurishije gusa ubwoya bwaco yararonka amahera yose yaba yakoresheje mu kuja kuroba!

Mu ntango z’ikinjana ca 20, igitigiri c’ivyo bifi caragabanutse kuko abantu babiroba cane. Ivyo vyatumye uburovyi bwavyo bucumbagira. Muri Brezile, ikibanza ca nyuma babibagiramwo cugawe mu 1973. Naho ubwoko bumwebumwe bw’ivyo bifi bwagiye burongerekana bukebuke, ubundi buracageramiwe cane.

Ivyo bifi birerekana neza ko kw’isi hari ibiremwa bitangaje kandi vy’ubwoko bwinshi. Birashira ahabona ubwenge bwinshi n’ububasha butangaje bw’Umuremyi ahambaye, ari we Yehova Imana.Zaburi 148:7.

^ ing. 2 Ahandi hantu hari amazi birondokeramwo, ni ku nkengera y’ibahari muri Arjantine, muri Ostraliya, muri Afrika y’Epfo, muri Uruguay no mu Mazinga ya Auckland.

^ ing. 8 Abahinga bavuga ko ivyo bifi biri ubwoko butatu. Uretse ivyo bita Eubalaena australis biboneka mu gice c’epfo c’umubumbe w’isi, hariho n’ivyo bita Eubalaena glacialis na Eubalaena japonica biboneka mu gice ca ruguru c’umubumbe w’isi.