Ja ku birimwo

ICOFASHA UMURYANGO

Nokora iki igihe hari uwutoteza umwana wanje?

Nokora iki igihe hari uwutoteza umwana wanje?

 Wokora iki hamwe umwana wawe yokubwira ko hari uwumutoteza kw’ishure? Woba woca uja kw’ishure gusaba ko uwutoteza umwana wawe yohanwa? Woba woca wigisha umwana wawe ingene yokwirwanira? Imbere yo gufata ingingo y’ico wokora, nurimbure ibintu bimwebimwe vyerekeye gutotezwa.

 Ni ibiki nkwiye kumenya ku bijanye no gutotezwa?

 Gutotezwa ni iki? Ni ukuba umuntu ahahazwa ku mubiri canke ku mutima mu buryo bubandanya kandi bikagirwa n’impaka. Rero, iyo umuntu agututse canke akagukorera ikintu kibi ntivyama bisigura ko agutoteje.

 Igituma kumenya iyo nsobanuro bihambaye: Hari abakoresha imvugo “gutoteza” mu kwerekeza ku kintu kibabaje ico ari co cose umuntu yoba yabakoreye, naho coba ari gitoyi. Ariko rero iyo umuvyeyi agiye araburanira umwana wiwe igihe cose hari ico bamugize, naho kitoba ari ikintu gikomeye, biratuma umwana atamenya gutorera umuti amatati, kandi ubwo ari ubuhanga azokenera ubuzima bwiwe bwose.

 Ico Bibiliya ivuga: “Ntiwihute kubabara mu mutima wawe.”​—Umusiguzi 7:9..

 Iciyumviro nyamukuru: Naho hari ibintu bimwebimwe bisaba ko umuvyeyi ahaseruka, hari ibindi bintu biba bigatuma umwana aronka akaryo ko kwiga ingene yotsinda intambamyi n’ingene yotorera umuti ingorane.​—Abakolosayi 3:13.

 Ariko none, wokora iki hamwe umwana wawe yokubwira ko hari uwama ariko aramuhahaza kandi akabigira n’impaka?

 Nofasha gute umwana wanje igihe hari uwumutoteza?

  •   Numwumvirize witonze. Nugerageze kumenya (1) ibiriko birashikira umwana wawe (2) n’igituma ariko aratotezwa. Ntuce ugira ivyiyumviro ushitseko utararonka amakuru yose. Niwibaze uti: ‘Hoba hariho ayandi makuru ntazi?’ Kugira umenye amakuru yose, vyoshobora kuba ngombwa ko uvugana n’umwigisha canke abavyeyi b’uwo mwana atoteza umwana wawe.

     Ico Bibiliya ivuga: “Iyo umuntu yishuye ku kintu ataracumva, ivyo bimubera ubupfu n’agateterwe.”​—Imigani 18:13.

  •   Nimba umwana wawe ariko aratotezwa, numufashe kubona ko ukuntu avyifatamwo bishobora gutuma iyo ngorane ihera canke yunyuka. Nk’akarorero, Bibiliya ivuga iti: “Inyishu, iyo irimwo ubwitonzi, ikevya uburake, mugabo ijambo ritera umubabaro riduza ishavu.” (Imigani 15:1) Nkako, kwihora vyoshobora gutuma ibintu birushiriza kwunyuka, bigatuma barushiriza kumutoteza aho guhagarika.

     Ico Bibiliya ivuga: “[Ntimwishure] ikibi ku kindi canke igitutsi ku kindi.”​—1 Petero 3:9.

  •   Nusigurire umwana wawe ko igihe atihoye bidaca bituma aba ikibono nk’uko bamwe bavyiyumvira. Ahubwo vyerekana ko aciye ubwenge kubera yanse ko inyifato y’uwumutoteza imugirako akosho. Mu yandi majambo, aba anesheje uwumutoteza atarinze kumwihora.

     Birahambaye ko umwana wawe agumiza ico kintu ku muzirikanyi na canecane igihe atotezwa biciye kuri internet. Kuza arishura uwumutoteza biciye kuri internet nta kindi vyovamwo atari ukwongerereza umuriro, bigatuma uwumutoteza arushirizaho. Kandi vyotuma umwana wawe na we nyene acika uwutoteza abandi. Ku bw’ivyo, rimwe na rimwe inyishu nziza ni ukwinumira. Ivyo bizotuma uwumutoteza abihagarika maze umwana wawe aronke amahoro.

     Ico Bibiliya ivuga: “Ahatagira inkwi umuriro urazima.”​—Imigani 26:20.

  •   Mu bihe bimwebimwe, umwana wawe arashobora kwirinda kuja ahantu bamutoteza akirinda n’abantu bamutoteza. Nk’akarorero, nimba azi aho uwumutoteza canke abamutoteza boba bari, arashobora guca aca mu yindi nzira gutyo akaba yirinze gutotezwa.

     Ico Bibiliya ivuga: “Umunyabwenge ni uwubonye ivyago akihisha, mugabo abantu batazi utuntu n’utundi bararengana bakabwirizwa kwibonerako.”​—Imigani 22:3.

Vyoshobora kuba ngombwa ko uvugana n’umwigisha canke abavyeyi b’uwo mwana atoteza umwana wawe

 GERAGEZA IKI KINTU: Nufashe umwana wawe kuzirikana ku ngaruka nziza na mbi zova ku co yohitamwo gukora. Nk’akarorero:

  •  Vyogenda gute nka hamwe yokwirengagiza uwumutoteza?

  •  Vyogenda gute nka hamwe yogira umutima rugabo akabwira uwumutoteza guhagarika?

  •  Bite ho nka hamwe yorega kw’ishure uwumutoteza?

  •  Nka hamwe yoba umuntu atwenza canke agafata uwumutoteza nk’umugenzi, ntivyoba vyotuma areka kumutoteza?

 Umwana wawe yaba atotezwa amaso mu yandi canke biciye kuri internet, urakwiye kwibuka ko ata gutotezwa gusa n’ukundi. Rero nufashanye n’umwana wawe gutora umuti nyawo w’iyo ngorane. Numwereke ko uri kumwe na we mu kiringo cose ivyo bihe bitoroshe bizomara.

 Ico Bibiliya ivuga: “Umugenzi nyakuri akundana igihe cose, kandi ni uwo muvukana yavukiye kuhaseruka mu gihe c’amarushwa.”​—Imigani 17:17.