Ja ku birimwo

ICOFASHA UMURYANGO | UMUBANO W’ABUBATSE

Ingene abubakanye bokwirinda kugiranira ishari

Ingene abubakanye bokwirinda kugiranira ishari

 Igihe abubakanye bikekana kandi ntibizerane, umubano wabo ntushobora kurama. None wokwirinda gute ishari bidakenewe?

Ibiri muri iki kiganiro:

 Ishari ni iki?

 Ijambo “ishari” rirakoreshwa mu buryo butandukanye. Muri iki kiganiro, ishari ryerekeza ku kuntu twiyumva iyo tubonye ko hari umuntu afitaniye ubugenzi budasanzwe n’uwo twubakanye canke igihe uwo twubakanye atanguye kwiyumvamwo cane uwundi muntu kuturuta. Ico gihe twoshobora kwiyumvira ko umubano wacu uri mu kaga. Igihe vyifashe ukwo, kugira ishari biba ari ibisanzwe kandi biba bibereye. Nakare, umubano w’abubatse ni co kintu gituma abubakanye bagiranira ubucuti somambike, kandi abubakanye bategerezwa gukora uko bashoboye kwose kugira ngo bawukingire.

 Ico Bibiliya ivuga: «[Nti]baba bakiri babiri, ahubwo baba ari umubiri umwe.  . . Ico Imana yaboheye ku ngǒgo imwe, umuntu ntakagitanye.»​—Matayo 19:6.

 «Igihe umubano wanyu ugeramiwe, ishari rirashobora kuba nk’imburi ikumenyesha ko hadutse umuriro maze bigatuma ugira ico ukoze.»​—Vyavuzwe na Benjamin.

 Ariko rero, ishari ritagira ishingiro riva ku mwikeko be n’ubwoba butagira ishingiro. Nimba ukunda cane uwo mwubakanye, uzokwirinda kumugirira ishari bidakenewe. (1 Abakorinto 13:4, 7) Umuhinga yitwa Robert Leahy avuga ati: «Igihe ufise [ishari ritagira ishingiro] birashobora gutuma ubucuti wari wipfuza gukingira buhungubana.» a

 Ishari ridafise ishingiro riterwa n’iki?

 Woshobora kugira ishari ritagira ishingiro bitewe n’uko wigeze guhemukirwa n’uwo mwahoze mwubakanye. Canke kumbure kubera ko umubano w’abavyeyi bawe utaramye bitewe n’uko hari uwahemukiye uwundi, uratinya ko nawe vyohava bigushikira mu mubano wanyu.

 «Kwizera abandi vyamye bingora, kubera ko nkiri muto dawe yahemukiye mawe. Namana inkovu mu mutima ku buryo bihora bingora kwizigira umugabo wanje.»​—Vyavuzwe na Melissa.

 Iyindi mvo: Igihe wumva ko udatekanye, woshobora kwihutira kubona ko abandi bariko barasambura umubano wanyu. Woshobora mbere no kwiyumvira ko uwo mwubakanye ashobora kuguheba akaja kwubakana n’uwundi muntu.

 «Igihe umugenzi w’umugabo wanje yagira ubugeni, yarasavye umugabo wanje ngo amubere uwumugendanira, ivyo bikaba vyasobanura ko vyari gushobora gushika agatambana n’uwundi mukobwa. Sinabishimye na gato. Naciye ndamusaba nshimitse kutavyemera.»​—Vyavuzwe na Naomi.

 Kubera ko ubugeni butunganywa mu buryo butandukanye bivanye n’imico kama, abakirisu barakwiye kwisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. None ico gihe ivyo Naomi yiyumvira vyoba vyari bifise ishingiro? Atereje amaso inyuma, ariyemerera ko ishari yari afise ritari rifise ishingiro. Avuga ati: «Ico gihe numva ntatekanye. Niyumvira ko umugabo wanje angereranya n’abandi bagore, ariko vyari ivyo niyumvira gusa.»

 Imvo yaba iyihe, ishari ritagira ishingiro rirashobora gutuma wikeka uwo mwubakanye mbere ukanamwagiriza ubuhemu ku mvo atari zo. Kutizerana birashobora kubangamira umubano wanyu, birashobora gutuma mbere ugira ingorane z’amagara.

 Ico Bibiliya ivuga: «Ishari ni ibungwe mu magufa.»​—Imigani 14:30, Bibiliya Nyeranda.

 Wocungera gute ishari?

 Niwihatire kwizigira uwo mwubakanye. Aho kurondera ibimenyetso vyerekana ko uwo mwubakanye ariko araguhemukira, nuzirikane ku bintu bitandukanye yakoze vyotuma umwizigira.

 «Ndazirikana kuri kamere nziza umugabo wanje afise. Nimba yitaho uwundi muntu, si uko aba abigiranye imvo mbi ahubwo ni uko yitwararikana abikuye ku mutima. Ndakwiye kumenya yuko nimba umubano w’abavyeyi banje utaroraniwe bidasobanura ko n’uwanje uzomera uko nyene.»​—Vyavuzwe na Melissa.

 Ico Bibiliya ivuga: «Urukundo . . . rwemera vyose.»​—1 Abakorinto 13:4, 7.

 Ntufate ko ivyo wikeka ari ukuri. Wa muhinga Leahy twamara kuvuga agira ati: «Akenshi turishiramwo ko ivyo twiyumvira ari ukuri. Tumaze kubona ko ikintu ari ukuri, duca twiyumvira ko ico ari icemeza ko ari ukuri. Ariko kwizigira ko ikintu ari ic’ukuri ntibiba bisobanura ko ari ukuri, kandi ivyo twiyumvira si icemeza ko turi mu kuri.» b

 «Igihe wiyumviriye ibintu maze ugaca wishiramwo ko ari ko biri, birashobora guteza ingorane zitari zisanzwe zihari mu mubano wanyu.»​—Vyavuzwe na Nadine.

 Ico Bibiliya ivuga: «Ukugira ibitegereka kwanyu kumenyekane ku bantu bose.»​—Abafilipi 4:5.

 Nimuyage ibibaraje ishinga. Icotuma ugira ishari caba ikihe, nukiyagire uwo mwubakanye maze mwumvikane ico mwempi mwokora kugira mwumve mutekanye.

 «Igihe muyaga, ntiwiyumvire ko uwo mwubakanye ashaka kukubabaza, ahubwo nubone ko ariko aragerageza kuvyifatamwo neza. Nubone ko ivyo uwo mwubakanye akora abitumwa n’imvo nziza. Birashoboka ko uri umuntu ababazwa n’akantu kose kandi ko witega ibirenze k’uwo mwubakanye. Canke na ho uwo mwubakanye akaba atazi ko atariko arakwitwararika nk’uko ushaka.»​—Vyavuzwe na Ciara.

 Ico Bibiliya ivuga: «Umuntu wese ntagume arondera akarusho kiwe bwite, ahubwo arondere ak’uwundi.»​—1 Abakorinto 10:24.

a b Vyakuwe mu gitabu The Jealousy Cure.