Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICOFASHA UMURYANGO | UMUBANO

Gusaba imbabazi

Gusaba imbabazi

INGORANE

Wewe n’uwo mwubakanye muhejeje gushwana. Wibwira uti: ‘Ntibikenewe ko ndamusaba imbabazi. Si je nabitanguye.’

Urihojeje ico kintu mugabo imitsi iguma iranze. Urumva ko wosaba imbabazi mugabo wumva utokwubahuka kuvuga ngo “mbabarira.”

IKIBITERA

Ubwibone. Umugabo yitwa Charles * ariyemerera ati: “Rimwe na rimwe birangora kuvuga ngo ‘mbabarira’ kubera mba nshaka kwihagararako.” Ubwibone burashobora gutuma bikugora kwemera ko wakoze ikosa.

Uko ubona ibintu. Ushobora kuba ubona ko wosaba imbabazi igihe gusa ari we wakweze ingorane. Umugore yitwa Jill avuga ati: “Iyo nzi neza ko ari jewe nakoze ikosa ntibingora kuvuga ngo ‘mbabarira.’ Mugabo iyo twese twabwiranye nabi bica bingora. Nca niyumvira nti kubera iki ari jewe nosaba imbabazi kandi twese twakoze amakosa?”

Mbere woshobora kwishigikira igihe ubona ko ivyabaye vyose vyakwezwe n’uwo mwubakanye. Umugabo yitwa Joseph avuga ati: “Igihe ubona neza ko ata kibi na kimwe wakoze uca ureka gusaba imbabazi kugira werekane ko ata co wiyagiriza.”

Uko wakuze. Kumbure mu muryango wakuriyemwo ntibakunda gusaba imbabazi. Niba ari ukwo, ushobora kuba utigeze wiga kwemanga ikosa. Kubera rero utavyize ukiri muto ntiwigeze umenyera gusaba imbabazi umaze gukura.

ICO WOKORA

Gusaba imbabazi ni nko gusukamwo mabisi mu ngorane

Niwitwararike uwo mwubakanye. Nugerageze kwibuka igihe umuntu yagusavye imbabazi n’ingene wumvise uryohewe. Ubona gute utumye uwo mwubakanye amererwa gutyo nyene? Naho woba ubona ko ata kosa wakoze, urashobora gusaba imbabazi kubera ubona yuko uwo mwubakanye ababaye canke kubera ivyo wakoze vyakweze ingaruka utari witeze. Ivyo vyoshobora gutuma uwo mwubakanye amererwa neza.—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Luka 6:31.

Niwitwararike umubano wanyu. Ntubone ko usavye imbabazi bokugaya ahubwo nubone ko ari ikintu gikomeye woba uterereye mu mubano wanyu. Nakare, mu Migani 18:19 havuga ko umuntu aguma ashavuye “bigora kumugarura kurusha kunesha igisagara gikomeye.” (Bibiliya Yera) Igihe ibintu vyifashe gutyo usanga bigoye cane canke mbere bidashoboka kugarukana amahoro. Ariko iyo usavye imbabazi bituma iryo kosa ritavamwo ingorane ikomeye. Mu bisanzwe uba ushize imbere ineza y’umubano wawe.—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Abafilipi 2:3.

Niwihutire gusaba imbabazi. Ego ni ko vyoshobora kukugora gusaba imbabazi igihe atari wewe wakoze ikosa. Ariko ntukwiye kwitwaza amakosa y’uwo mwubakanye ngo uce uvyifatamwo nabi. Ntureke rero gusaba imbabazi wiyumvira ko iyo ngorane izogenda irahera uko haca igihe. Usavye imbabazi woshobora gutuma n’uwo mwubakanye bimworohera kuzisaba. Kandi uko wimenyereza gusaba imbabazi ni ko bizokworohera kuzisaba.—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Matayo 5:25.

Nuzisabe ata buryarya. Kwisigura si ugusaba imbabazi. Kandi kuvugana agahemo ngo “urambabarira sinari nzi ko ivyo vyokubabaza” nta ho bihuriye no gusaba imbabazi! Niwemange ikosa kandi wemere ko uwo mwubakanye vyamushavuje naho woba ubona ko atari akwiye gushavura.

Niwemere uko ibintu biri. Niwemere wicishe bugufi ko bishika ugakora amakosa. Nakare, twese turayakora! Naho woba ubona ko ata co wiyagiriza niwemere ko ushobora kuba utazi neza ivyabaye. Bibiliya ivuga iti: “Uwa mbere mu kuvuga mu rubanza rwiwe aba umugororotsi; mugenziwe araza, akamuserangura koko.” (Imigani 18:17) Niwatahura yuko na wewe ukora amakosa bizokworohera gusaba imbabazi.

^ ing. 7 Muri iki kiganiro, bamwebamwe si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.