Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Kuki nshaka ko vyose biba ibitunganye?

Kuki nshaka ko vyose biba ibitunganye?

IKIGABANE CA 27

Kuki nshaka ko vyose biba ibitunganye?

Woba ubabara iyo utaronse yose kuri yose mu kibazo?

□ Ego

□ Oya

Woba uca ubona ko ata co umaze igihe cose bagukosoye?

□ Ego

□ Oya

Vyoba bikugora kuronka abagenzi canke kubagumana kubera ubitegako ivyo badashoboye?

Ego

□ Oya

NIMBA wishuye ego kuri kimwe muri ivyo bibazo canke ibirenga, woshobora kuba ufise ingorane yo gushaka ko ibintu vyose biba ibitunganye. Woshobora guca uvuga uti: ‘None ingorane iri hehe umuntu ashatse gukora ibintu neza cane?’ Oya, ntayo. Bibiliya irashimagiza “umuntu w’umuhanga mu gikorwa ciwe.” (Imigani 22:29) Ariko rero, umuntu ashaka ko ibintu vyose biba ibitunganye usanga arenza urugero.

Nk’akarorero, uwitwa Jason w’imyaka 19 yiyemerera ati: “Mu mwaka wanje wa nyuma w’amashure, nabona ko ntoba ndi umunyeshure mwiza ntaronse yose kuri yose mu bibazo. Naravuza n’ipiyano, kandi nabona ko ntegerezwa kuyivuza nk’umuhinga karuhariwe.”

Agatima ko gushaka yuko vyose biba ibitunganye karashobora kubera umuntu intambamyi mu bijanye n’ugusenga. Rimbura ibishobora gushikira uwukiri muto abandi baguma bahayagiza ko ari akarorero. Kubera yuko bama bamushira imbere, yoshobora kwumva ko bose ari we bahanze amaso, bitegereza akantu kose akora. Ego ni ko, abakirisu bose, abato n’abakuze, barungukira ku bantu b’intangakarorero mw’ishengero. Yamara rero, igihe uwukiri muto arondeye kwama atanga akarorero katagira agahaze vyoshobora gutuma atakaza umunezero afise mu murimo w’Imana. Ivyo bishitse, aba akeneye imfashanyo. Ariko yoshobora kutayisaba, atinya ko yohava avuna umutima abari bamwizigiye. Yoshobora mbere kwumva yotana n’akabando, akibwira ati: ‘Ko ntashoboye gutanga akarorero katagira agahaze, nirirwa ndigorera iki?’

Ingene worwanya ako gatima

Abafise ako gatima bumira ku ciyumviro c’uko ngo umuntu adakwiye kwigera akora amakosa. Ariko rero, ico ciyumviro si co na gato. Bibiliya ivuga itomora iti: “Bose ba[ra]cumuye bakaba badashikira ubuninahazwa bw’Imana.” (Abaroma 3:23) Nta n’umwe rero muri twebwe ashobora kuba uwutunganye ijana kw’ijana. Nkako, kwiyumvira ko ushobora gukora ibintu vyose mu buryo butunganye ni nko kwiyumvira ko ushobora kuguruka nk’inyoni. Naho wovyitsimbatazamwo gute, ntibizokwigera bishoboka!

None wokwirinda gute ko ako gatima kakwigarurira? Gerageza ibi:

Subira usuzume ico wita ukuroranirwa. Woba uca ku biti no ku mabuye kugira ube agaheta mu bandi bose? Bibiliya ivuga yuko kugira ivyo ari cokimwe n’“ukwiyahagura ukurikira umuyaga.” (Umusiguzi 4:4) Ico womenya coco, si benshi bashika ku rugero rwo kwitwa agaheta. N’igihe umuntu ashitse kuri urwo rugero, usanga bimara igihe kanaka hagaca haboneka uwundi amurusha. Ukuroranirwa rero bisobanura gukora ivyo wewe ushoboye vyose, si ukurondera kurusha abandi.​Abagalatiya 6:4.

Ntiwitege ibidashoboka. Ukwiye kwibuka ko hari ivyo ushoboye be n’ivyo udashoboye. Kwitega ivyo udashoboye birashobora kwerekana ko utifata ruto, canke mbere ko wiyemera. Intumwa Paulo aratanga impanuro nziza, ati: “Mbwira umuntu wese hiyo muri mwebwe kutiyumvira ko ahambaye kuruta uko abwirizwa kwiyumvira.” (Abaroma 12:3) Ntiwitege ibidashoboka rero. Subira usuzume ivyo witeze, ugerageze gukora ivyo ushoboye vyose ariko nturondere kubikora mu buryo butagira agahaze.

Niworoshe ibintu! Nugerageze gukora ibintu utamenyereye, nko kuvuza igicurarangisho kanaka. Emwe, ntuzobura gukora amakosa atari make. Ariko rero, uragerageza kuyabona mu bundi buryo. Bibiliya ivuga ko hariho “igihe co gutwenga.” (Umusiguzi 3:4) Ubona gute none uciye uza uritwengera? Ivyo bizogufasha kubona ko kwiga vyama bijana no gukora amakosa. Mu vy’ukuri, ntibizokworohera kwemera ko ukora amakosa. Ariko niwihate wikuremwo ivyiyumviro bibi bica intege.

Urama wibuka ko Yehova atiteze ko tuba abatagira akanenge, ahubwo ashaka gusa ko tuba abizigirwa. (1 Abakorinto 4:2) Niwihatira kuba umwizigirwa, uzohimbarwa vy’ukuri n’ico uri, naho uri umuntu adatunganye.

MU KIGABANE GIKURIKIRA

Ukuryamana kw’abasangiye igitsina bisigaye ari ibintu bisanzwe. None wovyirinda gute? Wokora iki nimba ugomwa abo musangiye igitsina?

ICANDITSWE NYAMUKURU

“[N]ta muntu w’umugororotsi ariho mw’isi aguma akora ivyiza ntacumure.”—Umusiguzi 7:20.

IMPANURO

Iyumvire igikorwa wabaye urabangira kubera gusa utinya ko wohava utagikora neza cane. Nuce ushinga itariki wipfuza kuzokirangirizako.

WARI UBIZI . . . ?

Yehova aratunganye, mugabo mu vyo asaba abantu badatunganye, ntiyitega ko bakora ibintu mu buryo butunganye. Ntatwitegako ivyo tudashoboye.

ICO NTEGEKANYA GUKORA!

Ninatangura kwinegura birenze, nzoca nkora ibi: ․․․․․

Ninatangura kunegura abandi birenze, nzoca nkora ibi: ․․․․․

Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri ivyo ni ․․․․․

UVYIBAZAKO IKI?

Ni imice iyihe y’ubuzima ukunze kwishingiramwo imigambi udashoboye gushikako?

Ni ivyanditswe ibihe vyo muri Bibiliya bikwereka ko Yehova Imana atiteze ko abasavyi biwe baba abatunganye?

Kubera iki abandi boshobora kuguhunga nimba ubitegako ibirenze?

Ugiye kuza uravyifatamwo gute igihe ukoze amakosa?

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 226]

“Gukora ivyo ushoboye vyose no gushaka gukora vyose mu buryo butunganye ni ibintu bibiri bidasa: kimwe kirumvikana, ikindi na co kirimwo ukurenza urugero.”​—Megan

[Uruzitiro ku rup. 228]

Kwitega ibirenze bironona ubugenzi

Woba ukumira abantu kubera gusa batameze nk’uko ugomba? Canke hoba hari abantu bameze neza baguca kure kubera yuko witega ibintu bihanitse ku bagenzi bawe? Bibiliya iduhanura iti: “Ntube umugororotsi birenze urugero, eka ntiwiyerekane ko uri inkerebutsi bikabije. Kubera iki wokwikwegera ubugesera?” (Umusiguzi 7:​16) Uburyo bumwe umuntu ashaka ko vyose biba ibitunganye yikwegera ubugesera, ni mu kwigizayo abantu bari gushobora kumubera abagenzi. Umwigeme yitwa Ambre avuga ati: “Nta n’umwe ashima kugumana n’umuntu aguma amushira hasi. Ndazi abantu batakaje abagenzi beza kubera utuntu ata co tuvuze, bitumwe n’uko babitegako ibirenze.”

[Ifoto ku rup. 229]

Gushaka gukora vyose mu buryo butunganye ni nko kugerageza kuguruka nk’inyoni