Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nzokoresha gute ubuzima bwanje?

Nzokoresha gute ubuzima bwanje?

IKIGABANE CA 38

Nzokoresha gute ubuzima bwanje?

“Ubwa mbere, sinitaho ivya kazoza. Ariko igihe nari mu kurangiza amashure, naratahuye ko ngiye kwinjira koko mu buzima, nkabwirizwa gukora akazi no kwitunga.”​—Alex.

IYUMVIRE ko ugira ufate urugendo rwa kure. Nta gukeka ko wobanza kuraba kw’ikarata kugira umenye inzira nziza wojana. Ni ko bimeze no mu bijanye no gutegekanya kazoza kawe. Umusore yitwa Michael akorera ku biro vy’ishami bimwe vy’Ivyabona vya Yehova avuga ati: “Uba ufise ibintu vyinshi wohitamwo.” None womenya gute ico uhitamwo? Michael avuga ati: “Vyose bivana n’imigambi uba ufise.”

Umugambi wawe nuwubone nk’ahantu uriko uraja. Ntushobora kuwushikako mu kuyerera gusa ata ntumbero. Vyoba vyiza kuruta ufashe ikarata ukagenekereza inzira uza gucamwo. Aho uzoba ukurikije impanuro dusanga mu Migani 4:26, igira iti: “Sena inzira y’ikirenge cawe.” Bibiliya imwe (Contemporary English Version) ihindura ayo majambo ngo: “Numenye iyo uriko uraja.”

Mu myaka iri imbere, uzofata ingingo nyinshi zihambaye zijanye n’ugusenga, akazi, kwubaka urwawe, umuryango, n’ibindi bintu bihambaye cane. Bizokworohera guhitamwo neza niwabanza kumenya iyo uriko uraja. Igihe ufata ingingo y’ingene uzokoresha ubuzima bwawe, hariho ikintu kimwe udakwiye kwirengagiza.

‘Niwibuke Umuremyi wawe’

Kugira uhimbarwe vy’ukuri, utegerezwa gufata nkama amajambo wa Mwami w’inkerebutsi Salomo yavuze, ati: “Niwibuke . . . Umuremyi wawe Ahambaye mu misi y’ubusore bwawe.” (Umusiguzi 12:1) Mu yandi majambo, amahitamwo ugira mu buzima akwiye kuba ahuye n’icipfuzo ufise co guhimbara Imana.

Ni kubera iki ico kintu gihambaye? Mu Vyahishuwe 4:11, Bibiliya ivuga iti: “Urabereye, Yehova, egome wewe Mana yacu, kuronka ubuninahazwa n’iteka n’ububasha, kubera ko waremye vyose, kandi kubera ukugomba kwawe vyarabayeho, biraremwa.” Ibiremwa vyose mw’ijuru no kw’isi birakwiye gukengurukira Umuremyi. Woba umukengurukira kubona yaraguhaye “ubuzima n’impemu n’ibintu vyose”? (Ivyakozwe 17:25) None ntiwumva ugoberewe kugira ico wishuye Yehova Imana mu kumukengurukira ku vyiza vyose yaguhaye?

Kubera yuko abakiri bato benshi b’Ivyabona vya Yehova baguma bibuka Umuremyi wabo, barahisemwo gukora umurimo w’igihe cose. Raba uduteka tumwetumwe tw’umurimo duteye umunezero ushobora guterwa.

Ubutsimvyi. Abatsimvyi basanzwe baramara umwanya munini mu gikorwa co kwamamaza. Ukumenyerezwa baronka be n’utuntu n’utundi bagenda baramenya biratuma barushiriza kuba abahanga mu vyo kwigisha Bibiliya.

Gukorera ahakenewe cane abamamaji. Hari abimukira mu turere turimwo abamamaji b’Ubwami bake. Abandi na bo bariga urundi rurimi bagaca bifatanya n’ishengero ribanyi rikoresha urwo rurimi canke mbere bakimukira mu mahanga. *

Umurimo w’ubumisiyonari. Abatsimvyi bakwije ibisabwa kandi bafise inguvu n’amagara meza baramenyerezwa kugira baje gukorera mu mahanga. Abamisiyonari usanga bafise ubuzima buhimbaye kandi bumara akanyota.

Umurimo wo kuri Beteli. Abagize umuryango wa Beteli bakorera ku biro vy’amashami vy’Ivyabona vya Yehova. Mu bihugu bimwebimwe, mu vyo bakora haba harimwo uguhingura ibitabu bishingiye kuri Bibiliya no kubirungika.

Umurimo w’abubatsi mvamakungu. Abubatsi mvamakungu baraja mu bindi bihugu gufasha kwubaka Ingoro z’Ubwami, Ingoro z’amateraniro n’inyubakwa z’ibiro vy’amashami.

Ishure ry’ivya Bibiliya ry’abavukanyi batubatse. Abakurambere n’abakozi b’ishengero batubatse bakwije ibisabwa baramenyerezwa mu bijanye no gutunganya ibintu no gushikiriza insiguro. Bamwebamwe baca baja gukorera mu mahanga.

Nuce inzira

Gukora umurimo w’igihe cose ni umugambi uteye iteka, kandi bituma umuntu yironkera imihezagiro myinshi. Ariko rero, bisaba ko abizirikanako hakiri kare. Nk’akarorero, niwibaze uti: ‘Ni ubushobozi n’ubuhanga ubuhe mfise bwomfasha kwitunga?’

Uwitwa Kelly yari afise umugambi utomoye wo kuba umutsimvyi. Yaciye rero aca inzira mu guhitamwo neza akazi azokora. Avuga ati: “Nabwirizwa guhitamwo akazi komfashije kwironsa ivyo nkeneye mu busuku bwanje.”

Kelly yaciye yiyandikisha mw’ishure ry’imyuga. Ivyo vyaramufashije gushika ku mugambi wiwe. Avuga ati: “Nashaka gukora umurimo w’igihe cose. Ibisigaye vyose vyari ibisanzwe.” Kelly arahimbawe n’ihitamwo yagize. Avuga ati: “Mbona ko ingingo nafashe ari yo nziza kuruta izindi zose nari gufata.”

Nusabe ubuyobozi

Hamwe woba uri ku rugendo ahantu utamenyereye, vyoshobora gushika ugakenera kubaza inzira. Urashobora kubigenza gutyo igihe utegekanya kazoza kawe. Nusabe abandi baguterere ivyiyumviro. Mu Migani 20:18 havuga hati: “Biciye ku mpanuro, imigambi irashimangirwa.”

Abavyeyi bawe barashobora kugufasha cane muri ivyo. Ariko urashobora no gusaba impanuro abandi bakirisu bahumuye babayeho bisunga ubukerebutsi buva ku Mana. Uwitwa Roberto w’imyaka 27, akaba ari umwe mu bagize umuryango wa Beteli, ahanura ati: “Niwitegereze abantu bakuze batanga akarorero keza mw’ishengero urimwo canke mu mashengero mabanyi.”

Kuruta uwundi muntu uwo ari we wese, Yehova Imana aripfuza kugufasha kugira amahitamwo azotuma uronka agahimbare ntangere mu buzima. Numusabe rero agufashe ‘ubandanye gutahura ivyo agomba’ ku bijanye na kazoza kawe. (Abanyefeso 5:17) Mu mice yose y’ubuzima bwawe, nukurikize impanuro dusanga mu Migani 3:5, 6 igira iti: “Wizigire Yehova n’umutima wawe wose kandi ntiwishimikize ubwenge bwawe bwite. Mu nzira zawe zose umwibuke, na we azogorora iminyuro yawe.”

Ushaka kumenya n’ibindi, nurorere DVD “ Les jeunes s’interrogent . . . Que vais-je faire de ma vie ? ” Iraboneka mu ndimi zirenga 30

[Akajambo k’epfo]

ICANDITSWE NYAMUKURU

‘Nimungeze . . . ,’ ni ko Yehova nyen’ingabo avuze, ‘murabe ko ntazobagomororera ingomero z’amajuru, nkabacuncuburirako vy’ukuri umuhezagiro gushika aho hadasubira kubaho umukeno.’”​—Malaki 3:10.

IMPANURO

Nuganire n’abantu bamaze imyaka myinshi mu murimo w’igihe cose. Nubabaze igituma bahisemwo uwo murimo n’imihezagiro bironkeye.

WARI UBIZI . . . ?

Umuyagankuba urashobora gutuma icuma kanaka gikora. N’impwemu nyeranda irashobora gutuma urangura vyinshi mu murimo w’Imana.​—Ivyakozwe 1:8.

ICO NTEGEKANYA GUKORA!

Kugira ndushirize kuronka umunezero mu gikorwa co kwamamaza, nzoganira na ․․․․․

Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri ivyo ni ․․․․․

UVYIBAZAKO IKI?

Ni ububangukirwe ubuhe ufise?

Ubwo bubangukirwe wobukoresha gute mu gushemeza Yehova?

Mu mice y’umurimo w’igihe cose yavuzwe muri iki kigabane, ni uwuhe ugushimisha kuruta iyindi?

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 313]

“Ndashima cane abavyeyi banje. Umwete bafise mu busuku, ukuntu bihanganiye ingorane z’ubutunzi be n’ingene bandemesheje gukora umurimo w’igihe cose, vyose vyaramfashije cane.”​—Jarrod

[Uruzitiro ku rup. 314]

Ivyiyumviro wokwifashisha

Imigambi yanje

Shira akamenyetso ku migambi woshima kwishingira. Mu kibanza wahawe, niwandike ivyo utegekanya gukora canke iyindi migambi wokwishingira.

Ukwamamaza

□ Kwongereza umwanya mara ndiko ndamamaza gushika ku masaha ․․․․․ buri kwezi

□ Gutanga ibitabu ․․․․․ buri kwezi

□ Gukoresha Bibiliya igihe ndiko ndabwira abandi ivyo nemera

□ Kugira amasubirayo ․․․․․ buri kwezi

□ Gutanguza inyigisho ya Bibiliya

Iyindi migambi: ․․․․․

Ukwiyigisha

□ Gusoma impapuro ․․․․․ za Bibiliya buri musi

□ Gutegura amakoraniro y’ishengero ya buri ndwi

□ Kugira ubushakashatsi kuri ibi vyiyumviro vyo muri Bibiliya: ․․․․․

Mw’ishengero

□ Kwishura n’imiburiburi rimwe mw’ikoraniro rimwerimwe ryose

□ Gutanguza ikiyago n’umuntu akuze nipfuza kurushiriza kumenya

□ Kugendera uwo mw’ishengero ageze mu zabukuru canke afise amagara make

Iyindi migambi: ․․․․․

Itariki y’uno musi ․․․․․

Haciye amezi atandatu, niwihweze aho ugejeje imigambi wishingiye. Nugire ivyo uhinduye kuri yo canke uyongereze nimba bikenewe.

[Ifoto ku rup. 312]

Kwishingira imigambi bizotuma utaruhira ubusa