Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nokwinezereza gute?

Nokwinezereza gute?

IKIGABANE CA 32

Nokwinezereza gute?

Shira akamenyetso ahabereye.

Twisunze Bibiliya . . .

Kugira siporo iyo ari yo yose ni bibi.

□ Ni vyo □ Si vyo

Amasenema yose n’ibiganiro vyose vyo kuri televiziyo ni bibi.

□ Ni vyo □ Si vyo

Intambo zose ni mbi.

□ Ni vyo □ Si vyo

UMAZE indwi yose ukora cane. Ivyigwa vyo muri iyo ndwi birarangiye. Wahejeje ibikorwa vy’i muhira. Ariko wumva ugifise udutege, ico kikaba ari kimwe mu bintu vyiza abakiri bato usanga bafise. (Imigani 20:29) Ubu rero wipfuza kwinezereza gatoyi.

Abagenzi bawe boshobora kuba babona ko Bibiliya ibuza kwinezereza, ko ikuzitira ngo ntiwiryohere. None ivyo vyoba ari vyo? Reka turimbure ivyiyumviro biri mu ntango y’iki kigabane maze turabe ico Bibiliya ivuga vy’ukuri ku bijanye no kwinezereza.

Kugira siporo iyo ari yo yose ni bibi.

Si vyo. Bibiliya ivuga ko “kumenyereza umubiri bigira akamaro.” (1 Timoteyo 4:8) Imvugo y’ikigiriki Paulo yakoresheje yahinduwe ngo “kumenyereza” isobanura ‘kwimenyereza nk’umukinyi w’agatebetebe’ kandi irimwo iciyumviro co kwinonora imitsi. Muri iki gihe hari amasiporo menshi ashobora gufasha umuntu kwinonora no kwinezereza, nko kugendera kw’ikinga, kwiruka, tenisi, umupira w’amaguru canke w’amaboko, n’ibindi.

None ivyo vyoba bisobanura ko umuntu adakwiye kwiyubara? Reka turabe uwo murongo wose ingene uvuga. Igihe intumwa Paulo yariko yandikira umusore Timoteyo, yavuze ati: “Kumenyereza umubiri bigira akamaro kuri bike; mugabo ukwihebera Imana kugira akamaro kuri vyinshi, kuko gutekeye umuhango w’ubuzima bw’ubu n’ubuzoza.” Amajambo ya Paulo aratwibutsa ko guhimbara Imana ari co kintu dukwiye kwama twitwararika imbere y’ibindi vyose. Urashobora kuraba neza ko ukwihebera Imana ari co kintu ushira imbere y’ibindi n’igihe uhitamwo uburyo bwo kwinonora imitsi, mu kwibaza ibibazo bitatu bikurikira:

1. Iyo siporo irimwo akaga kangana iki? Ntiwisunge gusa ivyo wumvise canke ibivugwa n’urundi rwaruka rukunda iyo siporo. Nurondere kumenya amakuru y’imvaho. Nk’akarorero, nugerageze kumenya ibi bintu: Abagira amasanganya muri iyo siporo bangana gute? Ni ibiki bagira kugira birinde amasanganya? Ni imyimenyerezo n’ibikoresho ibihe bikenewe kugira ngo umuntu ntagire isanganya? Naho ata siporo iburamwo amasanganya, iyo siporo yoba ari iyo gushira ubuzima mu kaga?

Ubuzima ni ingabirano y’Imana, kandi Itegeko Imana yari yarahaye Abisirayeli ryarategekanya ibihano bikomeye ku muntu yishe uwundi kw’isanganya. (Kuvayo 21:29; Guharūra 35:22-25) Ivyo vyararemesha abasavyi b’Imana kwama birinda impanuka. (Gusubira mu vyagezwe 22:8) N’abakirisu muri iki gihe bategerezwa kwubaha ubuzima.

2. Iyo siporo yoba izotuma nifatanya n’abagenzi beza? Nimba ufise ububangukirwe kanaka, abagenzi n’abigisha bawe boshobora kukuremera ngo uje mu mugwi w’ishure. Woshobora kwumva wovyemera. Umukirisu akiri muto yitwa Mark avuga ati: “Simbona igituma abavyeyi banje batandeka ngo nje mu mugwi w’ishure.” Aho kuryosharyosha abavyeyi bawe ngo bakwemerere, rimbura ibi bintu: Akenshi imyimenyerezo be n’inkino usanga bigirwa inyuma y’ivyigwa. Nimba ukina neza, bazokuremesha guhebera umwanya munini urwo rukino. Nimba udakina neza na ho, uzoca ushaka kumara umwanya munini wimenyereza. Vyongeye, abantu bakinana akenshi usanga bunga ubucuti bukomeye kubera ko basangira amahirwe n’amagorwa igihe batsinze canke batsinzwe.

Ubu na ho niwibaze uti: ‘Kumara umwanya mu rukino rushobora gutuma nunga ubugenzi bwa hafi n’abakiri bato tudasangiye ukwemera, ubwo nta ngaruka bizongirako?’ (1 Abakorinto 15:33) ‘Noba nokwemera kugira ivyo mpomvye kugira gusa nje mu mugwi kanaka?’

3. Iyo siporo izontwara umwanya n’amahera bingana gute? Bibiliya idusaba “[kwiyemeza] neza ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo.” (Abafilipi 1:10) Kugira ubone ingene wokurikiza iyo mpanuro, niwibaze uti: ‘Iyo siporo yoba izontwara umwanya nari nategekanirije ibikorwa vyo kw’ishure canke bijanye n’ugusenga? Izontwara amahera angana gute? Noba nzoyaronka?’ Kwishura ivyo bibazo bizogufasha kugumiza imbere ibibereye.

Amasenema yose n’ibiganiro vyose vyo kuri televiziyo ni bibi.

Si vyo. Bibiliya itegeka abakirisu ‘kugumya ivyiza’ no “[kwirinda] ubwoko bwose bw’ububisha.” (1 Abatesalonika 5:21, 22) Amasenema yose n’ibiganiro vyose vyo kuri televiziyo ntibiteye kubiri n’iyo ngingo ngenderwako. *

Nta gukeka ko kuja kurorera isenema ari uburyo bwiza bwo kwinezereza uri kumwe n’abagenzi. Umwigeme wo muri Afrika y’Epfo yitwa Leya avuga ati: “Iyo nshashaye kurorera isenema kanaka, nca nterefona umwe mu bagenzi banje, tugaca tubikwiragiza mu bandi bagenzi.” Akenshi uwo mugwi uca uja kurorera iyo senema igihe bayerekanye hakiri kare. Iheze, abavyeyi babo baca baza kubatora, bagaca baja gusangira akantu.

Amasenema na televiziyo ni ibintu bishasha, ariko ubiravye, ni uburyo bushasha bwo gukora ikintu cakorwa kuva kera, na co kikaba ari uguca imigani. Yezu yari umuhanga mu gukora ku mutima abantu akoresheje imigani. Nk’akarorero, wa mugani w’Umusamariya w’imbabazi uratuma umuntu agira ikigongwe kandi urimwo ivyigwa bigera kure vyerekeye iciza n’ikibi.​—Luka 10:29-37.

N’abahingura amasenema muri iki gihe barigisha ivyigwa bishobora guhindura ukuntu abantu babona iciza n’ikibi. Baragerageza gutuma abayarorera bipfuza kumera nk’abayakina, n’igihe mbere umukinyi nyamukuru yoba ari umuntu w’umwicanyi canke w’imburakigongwe ahahamira ubukuru. Utabaye maso, woshobora gusanga uriko urashigikira umwicanyi, ugatangura kubona ko ubuhumbu n’ubukazi vyiwe ata co bitwaye! None wokwirinda gute uwo mutego?

Igihe uhitamwo isenema canke ikiganiro co kuri televiziyo, niwibaze uti: ‘Vyoba bizondemesha kugira impuhwe?’ (Abanyefeso 4:32) ‘Canke bizotuma nezererwa icago c’uwundi?’ (Imigani 17:5) ‘Vyoba bizotuma “[kwanka] ikibi” bingora?’ (Zaburi 97:10) ‘Ubwo sinzoba ndiko ndashigikira “inkozi z’ikibi”?’​—Zaburi 26:4, 5.

Ukuntu isenema bayihaya canke ivyo abantu bashikiriza ku bijanye na yo birashobora kugufasha kumenya ibiri muri yo. Ariko ntupfe “[kw]izera ijambo ryose.” (Imigani 14:15) Uti kubera iki? Abo bantu baba bariko bashikiriza ukuntu ubwabo babona ibintu. Igihe bariko barahaya isenema na ho, boshobora guhisha n’ibigirankana ko harimwo amasanamu mabi. Umuyabaga yitwa Connie avuga ati: “Nasanze kumenya abakinyi nyamukuru akenshi bifasha kwiha ishusho y’ibiri mw’isenema.”

Abandi bakiri bato musangiye ukwemera boshobora kuba bazi ko isenema kanaka ibereye canke itabereye. Ariko uribuka ko abantu bakunze kuvuga ivyabashimishije mw’isenema kanaka. Ubona gute ubabajije ibibi vyayo na vyo? Nudomeko. Nk’akarorero, nubabaze ko hoba harimwo ivy’ubukazi, ubushegabo canke ubupfumu. Abavyeyi na bo nyene boshobora kuguha impanuro. Umwigeme yitwa Vanessa avuga ati: “Ndabaza abavyeyi banje. Bambwiye ko ata ngorane, nca ngenda nkayiraba.”

Ntufate minenegwe ivyo guhitamwo amasenema canke ibiganiro vyo kuri televiziyo. Uti kubera iki? Kubera ko uburyo bwo kwisamaza uhitamwo buhishura uko umutima wawe umeze, bukerekana ivyo uha agaciro ivyo ari vyo. (Luka 6:45) Amahitamwo ugira arerekana abagenzi ushima kwifatanya na bo, imvugo zikuryohera, be n’inyifato ubona ko ata co zitwaye mu bijanye n’ukwigenza runtu. Ntupfe ivyo uhisemwo rero!

Intambo zose ni mbi.

Si vyo. Igihe Abisirayeli bajabuka Ikiyaga Gitukura bakava mu vyara vy’ingabo za Misiri, Miriyamu yaragiye imbere abandi bagore mu gutamba bigina intsinzi. (Kuvayo 15:20) Vyongeye, muri wa mugani wa Yezu w’umwana w’icangazi, igihe uwo mwana yagaruka, abantu bararyohewe baragira “igiteramo c’umuziki n’intambo.”​—Luka 15:25.

No muri kino gihe ni ko bimeze. Mu mico kama myinshi, igihe imiryango n’abagenzi bateramanye, abato n’abakuze barakanyukura. Ariko rero, umuntu arakeneye kuba maso. Naho Bibiliya itabuza abantu gukoranira hamwe, iragabisha ku bijanye n’“ukwidagadura,” canke “kudandahirwa.” (Abagalatiya 5:19-21; BY) Umuhanuzi Yesaya yanditse ati: “Baragowe abavyuka kare mu gitondo bavyuwe no kurondera gusa inzoga iboreza, bakirizako gushika buhwibiriye ku buryo umuvinyu ubarurumbika! Kandi inanga n’igicurarangisho c’imirya, akagoma n’umwironge n’umuvinyu ntibihara mu nzimano zabo; mugabo igikorwa ca Yehova ntibaraba.”​—Yesaya 5:11, 12.

Ivyo biteramo vyaba birimwo “inzoga iboreza” n’imiziki y’urwamo rwinshi. Batangura mu mutwenzi bukarinda bwira. Urabona kandi ko abo bantu bigenza nk’aho Imana itabaho. Ntibitangaje rero kubona Imana yariyamirije ivyo biteramo.

Nimba bagutumiye mu rubanza rurimwo ivyo gutamba, niwibaze uti: ‘Ni bande tuzoba turi kumwe? Bazwi gute? Ni nde azoba abihagarikiye? Azobihagarikira gute? Abavyeyi banje boba banyemerera kurujamwo? Hazotambwa intambo zimeze gute?’ Intambo nyinshi usanga zigenewe gusa gukabura inambu y’umubiri. Kuzitamba canke kuzirorera vyoba bizogufasha ‘guhunga ubusambanyi’?—1 Abakorinto 6:18.

Bite ho hamwe bogutumira kuja gutamba muri bwa butambiro bw’ijoro? Raba ivyo umusore yitwa Dimitri yavuze, uwahora akunda kuja muri mwene ubwo butambiro imbere y’uko aba umukirisu. Yigana ati: “Umuziki waho akenshi uba ari mubi, intambo zaho akenshi ziba ari iz’ubushirasoni, kandi benshi mu bajayo baba bafise intumbero.” Avuga ko iyo ntumbero ari ukuvayo baronse umuntu baja gusambana. Dimitri amaze kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova yarahindutse. None ubu abivugako iki? Avuga ati: “Ubwo butambiro ntibubereye ku bakirisu.”

Kubera iki woguma uri maso?

Wibaza ko ari ryari canecane umusoda ashobora guterwa? Ni igihe ari ku rugamba canke igihe ariko ariruhukira ari kumwe na bagenziwe? Mu vy’ukuri, ni igihe aba ariko ariruhukira kuko ataba agavye. Muri ubwo buryo nyene, igihe uri kw’ishure canke ku kazi, uguma ugavye ku bintu vyogeramira ubucuti ufitaniye n’Imana. Igihe uriko uriruhura uri kumwe n’abagenzi bawe ni ho canecane ushobora guterwa n’ikintu cotuma udohoka ku ngingo wisunga zigenga inyifato runtu.

Bamwebamwe mu bagenzi bawe boshobora kugutyekeza kubera wumira ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya zigenga inyifato runtu mu bijanye no kwinezereza. Mbere n’abakiri bato barezwe n’abavyeyi bakirisu boshobora kugushirako umukazo. Ariko abakiri bato nk’abo, ijwi ryabo ryo mu mutima riba ryaratimvye. (1 Timoteyo 4:2) Boshobora kukwagiriza ngo urakavya canke ngo wibona ubugororotsi. Ariko rero, aho gutwarwa n’akosho k’urunganwe, nugume ufise “ijwi ryo mu mutima ryiza.”​—1 Petero 3:16.

Igihambaye si ukuntu abagenzi bawe bakubona, ahubwo ni ukuntu Yehova akubona! Bishitse na ho abagenzi bawe bakagutoteza ngo ni uko wisunga ijwi ryawe ryo mu mutima, hazoba hageze ko urondera abandi. (Imigani 13:20) Uribuka ko ari wewe ubwirizwa kwumira ku ngingo ngenderwako wisunga zigenga inyifato runtu, mbere n’igihe uba uriko urinezereza​.—Imigani 4:23.

RABA N’AYANDI MAKURU MU GITABU CA 1, IKIGABANE CA 37

MU KIGABANE GIKURIKIRA

Amashusho y’ubushegabo aruzuye kandi aroroshe gushikira kuruta uko vyari kera. Wokwirinda gute uwo mutego?

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 22 Ushaka ayandi makuru, raba Igitabu ca 1, ikigabane ca 36.

ICANDITSWE NYAMUKURU

“Nezerwa, musore, mu buto bwawe, . . . kandi ugendere mu nzira z’umutima wawe no mu vyo amaso yawe abona. Mugabo umenye ko kubera ivyo vyose Imana y’ukuri izogushira mu rubanza.”—Umusiguzi 11:9.

IMPANURO

Nubaze abavyeyi bawe nimba boshima gutegekanya umwanya buri kwezi mukaza murazimya televiziyo maze mukisamariza hamwe mu muryango.

WARI UBIZI . . . ?

Intambo n’umuziki vyari ibintu bihambaye mu gusenga kw’Abisirayeli. —Zaburi 150:4.

ICO NTEGEKANYA GUKORA!

Nibansaba kuja mu mugwi w’inkino w’ishure, nzovuga nti: ․․․․․

Ninabona ko isenema ndiko ndaraba ndi kumwe n’abagenzi itabereye, nzoca ․․․․․

Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri ivyo ni ․․․․․

UVYIBAZAKO IKI?

Kubera iki abakirisu bakwiye kwirinda inkino zishira ubuzima mu kaga?

Womenya gute ko isenema kanaka ibereye?

Wovuga ko intambo ibereye ari iyimeze gute?

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 269]

“Ndakunda gutamba, ariko narabonye ko bihambaye kwumvira impanuro abavyeyi bampa. Sindeka ngo gutamba kibe co kintu nyamukuru mu buzima bwanje.”​—Tina

[Ifoto ku rup. 268]

Umusoda arashobora guterwa bitagoranye igihe ataba agavye; na wewe urashobora guterwa n’ikintu cotuma udohoka ku ngingo wisunga zigenga inyifato runtu igihe uriko uriruhura