Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Akarorero wokwigana—Lidiya

Akarorero wokwigana—Lidiya

Akarorero wokwigana—Lidiya

Naho ata gihe kinini giheze Lidiya yizeye, aribwiriza kugaragariza ubwakiranyi Paulo na bagenziwe. (Ivyakozwe 16:14, 15) Ivyo bituma yironkera agateka ko gusangira ikiyago n’abo bigishwa. None Paulo na Silasi bavuye mw’ibohero, baca baja he? Emwe, batururira i muhira kwa Lidiya!—Ivyakozwe 16:40.

Woba ushobora kwigana Lidiya, ukibwiriza kurondera kumenyana n’abandi? None wobigenza gute? Nuhere ku bintu bisanzwe. Nutangure uyage n’umuntu umwumwe. Woshobora kwishingira ihangiro ryo gutanguza ikiyago n’umuntu umwe igihe cose witavye ikoraniro rya gikirisu. Numwenyure. Nimba utabona ico wovuga, numubaze utubazo canke umuyagire ikintu kikwerekeye. Nube umuntu azi gutega yompi. Bukebuke, uzokworoherwa no kuyaga umwanya wiyongereye. Akenshi, abantu barakira neza amajambo arangwa ubuntu n’umutima mwiza umuntu abayagiye ata buryarya. (Imigani 16:24) Kubera ko Lidiya yari umuntu ashikirana kandi w’umwakiranyi, yarironkeye abagenzi beza. Niwamwigana, na wewe uzobaronka!