Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Akarorero wokwigana—Wa Mushulamukazi

Akarorero wokwigana—Wa Mushulamukazi

Akarorero wokwigana—Wa Mushulamukazi

Wa mwigeme w’Umushulamukazi arazi ko adakwiye kureka ngo atwarwe n’inyiyumvo z’urukundo. Abwira bagenziwe ati: “Ndabarahije, . . . ntimugeze gukangura canke kuvyura urukundo muri jewe rutarabishaka.” Arazi ko umuntu ashobora kurengerwa n’inyiyumvo bitagoranye. Nk’akarorero, arazi ko abandi bashobora kumuremera ngo yemere gukundana n’umuhungu bataberanye. Mbere n’inyiyumvo ziwe bwite zoshobora gutuma atabona ibintu neza. Ku bw’ivyo, aguma ameze nk’“uruhome.”Indirimbo ya Salomo 8:4, 10.

Woba ubona ibijanye n’urukundo mu buryo buranga ubuhumure nk’uko kw’uwo Mushulamukazi? Woba ushobora gukoresha ubwenge ntutwarwe gusa n’inyiyumvo? (Imigani 2:10, 11) Vyoshobora gushika abandi bakagerageza kukuremera ngo ugiranire ubucuti n’umuntu kandi utaragera. Mbere na wewe ubwawe woshobora kwishirako uwo mukazo. Nk’akarorero, iyo ubonye umuhungu n’umukobwa bagenda bafatanye amaboko, woba uca wipfuza cane ico kintu? Woba wokwemera gukundana n’umuntu mudasangiye ukwizera? Wa mwigeme w’Umushulamukazi yari ahumuye mu bijanye n’urukundo. Na wewe wobishobora!