Ja ku birimwo

Vyoba vyariyadukije?

Natural Systems

Ukuntu ibikoko bikora ibintu mu buryo bubereye ijisho: Vyoba vyariyadukije?

Turashobora kubona ukuntu ibikoko biri kw’isi bikora ibintu mu buryo bwiza kandi buri ku rutonde.

Ubuhinga bwa photosynthèse​—Vyoba vyariyadukije?

Ubuhinga bwa photosynthèse ni iki, kandi butumariye iki?

Ingene ibikoko bikoresha neza inguvu​—Vyoba vyariyadukije?

Ubushobozi ibikoko bifise bwo gukoresha neza inguvu, hoba hari ico bwerekana ku bijanye n’inkomoko y’ubuzima?

Umuco uhingurwa n’ibinyabuzima​—Vyoba vyariyadukije?

Ibinyabuzima bimwebimwe, uretse ko birekura umuco, biwuhingura mu buryo busaba inguvu nke kuruta amatara akorwa n’abantu. Bibigenza gute?

Umubiri w'umuntu

Ukuntu umwuka wa ogisijeni ukwiragira mu mubiri​—Vyoba vyariyadukije?

Numenye ukuntu umwuka wa ogisijeni ukwiragira mu mubiri mu buryo butangaje.

Ubushobozi umubiri ufise bwo gukira igihe ukomeretse

Abahinga bariko bigana gute ubwo bushobozi mu vyo bahingura?

Ibikoko vyo kw'isi

Ubwonko bw’agakoko kitwa écureuil arctique​— Vyoba vyariyadukije?

Raba ubuhinga budasanzwe gakoresha kugira gasubirane inyuma y’ikiringo kamara gasinziriye.

Ubwoya bw’igikoko citwa loutre de mer

Ibikoko bimwebimwe vyonsa vyo mu mazi usanga bifise ikinure kibifasha kuguma bisusurutse. Igikoko citwa loutre de mer coco gikoresha ubundi buhinga.

Ururimi rw’akayabu: Vyoba vyariyadukije?

Utuyabu tw’udutungano turashobora kumara ica kane c’umwanya tumara turi maso turiko turisukura. None dukoresha iki mu kwisukura?

Utwanwa tw’akayabu

Kubera iki abahinga bariko bariyumvira guhingura ibimashini vyitwa robo bifise utuntu dukora nk’utwanwa tw’akayabu?

Ukuguru kw’ifarasi

Ni kubera bitarakunda ko abahinga bigana ukuntu amaguru y’ifarasi akora?

Ibinyabuzima vyo mu mazi

Urukoba rw’ibimizi vyo mu bwoko bwa Requin​—Vyoba vyariyadukije?

Ni igiki gituma imikorobo idashobora kuguma ku rukoba rw’ibimizi vyo mu bwoko bwa Requin?

Urushato rwisukura rw’urufi bita baleine-pilote: Vyoba vyariyadukije?

Kubera iki amashirahamwe atwara ibintu mu mato yashimye ububasha budasanzwe bw’urwo rushato?

Ijwi ry’ibifi bita dauphins: Vyoba vyariyadukije?

Abashakashatsi bariko baragerageza kwigana ubushobozi budasanzwe ivyo bifi bifise bwo kumenya ibintu biri mu micungararo.

Ubuhinga ifi yitwa grunion ikoresha mu guta amagi​—bwoba bwariyadukije?

Nurabe ingene umwanya n’ukuntu ita amagi biyafasha kubandanya abaho.

Utugozi tw’agakoko kitwa moule marine

Udukoko twitwa moules marines turamata ahantu dukoresheje utuntu tumeze nk’utugozi. Gutahura ubwo buhinga vyofasha gutora uburyo bushasha kandi bwiza kuruta bwo kumadika ibintu ku mazu canke gufatanya imitsi n’amagufa.

Ukuntu ibiruka bimeze

Imero y’ibiruka (inzu z’ibifyera) n’ingene bikozwe birabifasha gukingira ibifyera.

Ifi ihindagura amabara

Abahinga bariko barigana ubwo buhinga mu kugerageza guhingura impuzu zihindura amabara mu kanya isase.

Umuco w’agakoko kitwa calmar ko muri Hawayi

Ako gakoko karihingurira umuco, mugabo ntikabigira kugira kabone canke kabonwe.

Amaboko atangaje y’agakoko bita pieuvre: Vyoba vyariyadukije?

Abahinga barahinguye ukuboko kw’ikirobo gukora ibintu bitangaje bafatiye ku maboko y’ako gakoko.

Agakoko gafise igikankara kibona

Niwirabire amakuru atangaje yerekeye ako gakoko ko mu bitandara vyo mu kiyaga.

Umurizo w’agakoko bita ifarasi yo mu mazi

Agakoko bita ifarasi yo mu mazi ni ubwoko bw’ifi ifise umurizo ukora mu buryo butangaje. Abahingura amarobo bariko bararondera kwisunga ubuhinga uwo murizo ukoresha.

Ukuntu ifi yitwa La raie manta iyungurura ivyo ifungura: Vyoba vyariyadukije?

Ni gute ifi yitwa La raie manta ishobora kuyungurura utunyabuzima twitwa plancton duto cane kuruta imyenge y’akayungiro kayo?

Inyoni

Amabara y’inyoni atigera aseruka

Kuba amubi y’inyoni atigera aseruka biriko bifasha gute abahinga kuryohora ukuntu bakora amarangi n’impuzu?

Ibaba ry’igihuna

Ukuntu ibaba ry’igihuna rikoze mu buryo butangaje vyoshobora gufasha abahinga gukora ivyuma bitanga umuyagankuba uva ku muyaga bivuza urwamo ruke.

Amasunwa y’amababa y’inyoni zigurukira hejuru cane

Kuba abahinga mu vy’indege bariganye ibaba ry’inyoni vyatumye indege ziziganya amalitiro imiliyoni 7.600 y’igitoro mu mwaka umwe gusa.

Amubi y’inyoni yo mu mazi yitwa manchot empereur

Ni ibiki abahinga b’ibinyabuzima vyo mu mazi bubuye ku bijanye n’amubi y’iyo nyoni?

Ingene inyoni yitwa albatros hurleur iguruka

Nurabe ingene iyo nyoni ibigenza kugira imare amasaha n’amasaha iguruka idakubise amababa na rimwe!

Icari c’inyoni yitwa leipoa ocellé​: Vyoba vyariyadukije?

Iyi nyoni yubaka icari cayo mu buryo butuma amagi aronka ubushuhe bubereye bwo kuyabundikira. None iyo nyoni ibigenza gute ngo mu cari cayo hagume ubwo bushuhe umwaka wose naho ibihe bigenda birahindagurika?

Ibikwega inda hasi n'ibiba kw'isi no mu mazi

Umuserebanyi ukwega amazi ukoresheje urusato

Uwo muserebanyi ubigenza gute mu gukwega amazi uyacishije mu maguru kugeza aho ashika mu kanwa?

Umubangabanga w’ingona

Umubangabanga wayo ukomeye incuro zitatu gusumba uw’intambwe canke uw’ingwe. Naho ari ukwo uramenya akantu kose kawukozeko gusumba udusunwa tw’intoke z’umuntu. Ivyo bishoboka bite?

Urushato rw’inzoka

Ni igiki gituma urushato rw’inzoka rukomera ku buryo yurira ibiti bifise ibishishwa bigumye canke igaca mu musenyi ugenda urayiharura?

Irondoka ry’igikere kibundikirira mu nda

Kubera iki umuhinga yemera ihindagurika yavuze ko ata woruha yiyumvira ko uburyo kirondoka bwoba bwavuye kw’ihindagurika ryagiye riraba buhorobuhoro intambwe ku yindi?

Ukuntu ibikere bihamagarana: Vyoba vyariyadukije?

Ni mu buryo ubuhe ibikere vy’ibigabo bisohora ijwi kugira bikwegere ibigore?

Udukoko tuguruka

Ubuhinga bwo kuguruka bw’uruyuki​—Vyoba vyariyadukije?

Bigenda gute ngo agakoko gatoyi nk’ako karushe kuguruka abapilote bakanongoreye?

Ingene uruyuki rugwa ahantu

Kubera iki ubuhinga inzuki zikoresha mu kugwa ahantu bworoshe cane gukoresha mu gutunganya ubuhinga bwo kuyobora imashini zitwa robo ziguruka?

Ikimamara

Ni igiki inzuki zizi ku bijanye no gukoresha neza ikibanza, kikaba ari ikintu abahinga bagiye gusigura neza mu 1999?

Ingene ibisurira vyirinda ambuteyaje

Ibisurira ntibigira ambuteyaje. None bibigenza gute?

Izosi ry’ikimonyo

Ako gakoko gashobora gute kwiremeka ikintu kiremereye cane kuruta umubiri waco?

Ingene ikimonyo gisukura uduhembe twaco

Aka gakoko gategerezwa kuguma gasukuye kugira kabeho. None kisukura gute?

Ikinyegeri kirinda ubushuhe

Ico kinyegeri kiri mu bikoko birinda ubushuhe kuruta ibindi. Ni ibiki bigifasha kurinda izuba rimena imbwa agahanga?

Ubuzima bw’iminzerere y’imbonekarimwe

Iyo minzerere ifise ubuzima budasanzwe. Iboneka rimwe gusa uko haciye imyaka 13 canke 17.

Ibitensi vy’umunzerere

Ivyo bitensi bituma ako gakoko gataruka buravyo kandi kakagwa neza.

Udutsi nsozabwenge tw’ijisho ry’inzige

Inzige zibigenza gute kugira ntizisekane igihe ziriko ziraguruka ari ikigwi?

Agahori kumva bimwe bidasanzwe

Amatwi y’ako gakoko akora mu buryo busa cane n’ukuntu amatwi y’umuntu akora. Ubushakashatsi bwagizwe kuri ubwo bushobozi budasanzwe bwo kwumva bushobora gute gufasha abanyasiyansi be n’abahingura ivyuma muri iki gihe?

Ibaba ry’ikinyugunyugu

Ibaba ry’ikinyugunyugu morpho bleu riboneka ko rinyerera mugabo ririko utuntu tubonwa hakoreshejwe gusa icuma rugagamisha. Utwo tuntu dufasha iki?

Ingene ibaba ry’ikinyugunyugu rikwega umuco

Ibara ryirabura ry’amababa y’ibinyugunyugu bimwebimwe, si ryo ryonyene rituma bikwega umuco.

Ikinyugunyugu cumva bimwe bidasanzwe

Naho ugutwi kwaco gusanzwe, kurumva gusumba ukw’ibindi bikoko vyose.

Ubuhinga bwo kumenya inzira bw’agakoko bita nyabumba

Agakoko nyabumba gakoresha ubuhinga ubuhe kugira kamenye inzira? Kandi ni ibiki abantu bashobora kukigirako?

Agatara k’uruzatsa rwitwa photuris

Ako gakoko kafashije gute abahinga kumenya ingene bokwongereza umuco wa twa dutara twitwa diodes électroluminescentes two mu vyuma vyinshi vya elegitoronike?

Ubushobozi insazi ifise bwo kugira agatebetebe

Insazi zirashobora kugira agatebetebe nka kurya kw’indege z’indwano, ariko zozo zikabigira mu kanya isase.

Ibitangurirwa

Uburembo bw’igitangurirwa co mu nzu

Igitanguriwa co mu nzu kirakomeza canke kikorosha inzu yaco bivanye n’ivyo kiba gikeneye. Raba igituma kigira gutyo n’ukuntu kibigenza.

Ibiterwa

Utwamwa tw’ubururu bukayangana cane

Utwo twamwa nta kintu kiri muri two gihingura iryo bara, ariko dufise ibara ry’ubururu rikayangana cane gusumba iry’ibindi bimera vyose. None iryo bara rikayangana ryatwo riva kuki?

Ibiterwa birakora igiharuro

Abahinga basanze igiterwa ca sinapi gifise ubushobozi butangaje.

Microscopic World

Ubushobozi bwo kubika amakuru bw’agahimba ADN

Agahimba ntekeramakuru ADN bakise “ubushinguro rusakumba bw’amakuru.” Raba icabitumye.

Utunyabuzima tuzimanganya ibitoro

Ni gute utwo tunyabuzima dusukura neza ahasesetse ibitoro utugereranije n’ubuhinga bukoreshwa muri iki gihe?