Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 VYOBA VYARIYADUKIJE?

Udutsi nsozabwenge tw’ijisho ry’inzige

Udutsi nsozabwenge tw’ijisho ry’inzige

IGIHE inzige zimukiye ahandi, ziguruka ari ikigwi c’inzige nk’“imiliyoni 80 ku kilometero kwadarato.” Ariko ntizigera zisekana. None zibigenza gute?

Rimbura ibi: Mu gice c’inyuma c’amaso y’inzige agizwe n’utwiso twinshi, hari udutsi nsozabwenge tuzifasha kumenya ko hari ikintu kiriko kiraza kizigana. Igihe ico kintu cegereje cane, utwo dutsi duca tubimenyesha amababa n’amaguru. Inzige zica zigira ico zikoze buno nyene, mu mwanya ungana n’umwanya wo gukubita urugohe uwugabuyemwo gatanu.

Abahinga baratunganije ubuhinga bukoreshwa na orodinateri bwigana amaso y’inzige n’utwo dutsi nsozabwenge twazo. Ubwo buhinga butuma ikimashini bita robo gishobora kubona ibintu biriko biraza bikigana, kigaca gihesha. Ivyo kibigira hatiriwe harakoreshwa ivyuma bihanitse bifasha kubona ibiri kure. Mu ntumbero yo kugabanya amasanganya, abashakashatsi bariko bariga ingene bokoresha ubwo buhinga ku miduga kugira ngo umushoferi amenye ningoga kandi ata kwihenda yuko hari akaga. Shigang Yue, umwigisha kuri kaminuza y’i Lincoln mu Bwongereza, avuga ati: “Udukoko dusanzwe nk’inzige, turashobora kutwigisha vyinshi cane.”

None uvyibazako iki? Utwo dutsi nsozabwenge tw’ijisho ry’inzige twoba twariyadukije? Canke hariho uwadukoze?