Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 TWISUNZE BIBILIYA

Isengesho

Isengesho

Imana yoba yumva amasengesho tuyitura?

“Wewe wumva amasengesho, emwe, abantu b’ubwoko bwose bazoza kuri wewe.”Zaburi 65:2.

ABANTU BABIVUGAKO IKI?

Abantu benshi babona umengo Imana ntiyumva amasengesho bayitura. Canecane igihe bariko bashikirwa n’ingorane, boshobora kwibaza nimba Imana yumva amasengesho yabo.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Bibiliya ivuga iti: “Amaso ya Yehova [Imana] ari ku bagororotsi, n’amatwi yiwe akaba ku gutakamba kwabo; mugabo amaso ya Yehova arwanya abakora ibintu bibi.” (1 Petero 3:12) Biratomoye yuko Imana yumva amasengesho. Ariko rero, yumviriza canecane abakurikiza amategeko yayo. Hari n’ikindi canditswe cerekana ko Imana yiteguriye kwumva amasengesho yacu. Kigira giti: “Uku ni kwo guhera amazinda dufise kuri yo: ni uko ico dusaba cose twisunze ukugomba kwayo, itwumva.” (1 Yohani 5:14) Abasenga Imana bivuye ku mutima barakeneye rero kumenya ivyotuma amasengesho yabo ahuza n’ivyo Imana igomba.

 Twosenga gute?

“Igihe usenga, ntusubiremwo vya bindi nyene kenshikenshi.”Matayo 6:7.

ABANTU BABIVUGAKO IKI?

Abantu bo mu madini atandukanye, nk’abitwa ababuda, abagatolika, abahindu n’abisilamu, bigishijwe gukoresha ishapule mu gusenga no mu guharura incuro basenga.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Amasengesho akwiye kuva ku mutima, kandi ntabe arimwo uburyarya. Ntidukwiye kuyafata ku mutwe ngo tuze turayasubiramwo tutiyumviriye. Bibiliya itubwira iti: “Igihe usenga, ntusubiremwo vya bindi nyene kenshikenshi nk’uko abanyamahanga bagira, kuko biyumvira yuko bazokwumvirwa kubera bakoresheje amajambo menshi. Nuko ntimumere nka bo, kuko Imana So izi ivyo mukenera n’imbere y’uko mubiyisaba.”Matayo 6:7, 8.

KUBERA IKI WOVYITAHO?

Igihe umuntu asenga mu buryo Imana idashima, yoshobora gusanga ariko arata umwanya canke ariko arayibabaza. Bibiliya itubwira yuko abantu badashaka gukora ivyo Imana igomba, amasengesho yabo ari “ikintu giteye ishishi.”Imigani 28:9.

Twosenga nde?

“Nimurondere Yehova [Imana] umwanya agishobora kuboneka. Nimumuhamagare umwanya akiri hafi.”Yesaya 55:6.

ABANTU BABIVUGAKO IKI?

Abantu bamwebamwe usanga basenga Mariya canke abandi, nk’abamarayika canke abitwa aberanda. Muri abo beranda twovuga nk’Umweranda Antoni w’i Padu yitwa ko aha abantu “ivyo bakeneye mu vy’Imana no mu vy’umubiri,” n’Umweranda Yuda Tadeyo abantu bitura iyo bihebuye. Abantu benshi barasenga mwene abo beranda be n’abamarayika, bizigiye ko babasabira ku Mana.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Abasenga mu kuri bakwiye gusenga “Dawe wa twese [ari] mw’ijuru.” (Matayo 6:9) Bibiliya ituremesha iti: “Ntimwiganyire ku kintu na kimwe, ahubwo muri vyose, mu gusenga no mu gutakamba hariko n’ugukenguruka, ivyo musaba bimenyeshwe Imana.”Abafilipi 4:6.