Ja ku birimwo

Noba nkwiye gusenga aberanda?

Noba nkwiye gusenga aberanda?

Inyishu Bibiliya itanga

 Oya. Bibiliya yerekana ko dukwiye gusenga Imana yonyene mw’izina rya Yezu. Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Nuko rero musenge mutya: Dawe wa twese uri mw’ijuru, izina ryawe niryezwe.” (Matayo 6:9) Ntiyigeze ategeka abigishwa biwe gusenga aberanda, abamarayika, canke uwundi uwo ari we wese kiretse gusa Imana.

 Yezu yabwiye kandi abayoboke biwe ati: “Ni jewe nzira n’ukuri n’ubuzima. Nta wuza kuri Data adaciye kuri jewe.” (Yohani 14:6) Yezu ni we wenyene Imana yahaye uburenganzira bwo kuduserukira.—Abaheburayo 7:25.

None nsenze Imana ngasenga n’aberanda hari ico?

 Muri ya Mabwirizwa Cumi, Imana yavuze iti: “Jewe Uhoraho Imana yawe [ndi] Imana ifuha.” (Kuvayo 20:5, Bibiliya Yera) Ni mu buhe buryo Imana “ifuha” ari kwo kugira ishari? Muri Bibiliya y’isi nshasha uwo mugongo ugira uti: “Ndi Imana isaba kwiheberwa yonyene gusa.” Imana isaba ko ari yo yonyene yiheberwa canke isengwa, ushizemwo n’ukuyitura amasengesho.—Yesaya 48:11.

 Hagize uwundi dusenga, naho boba aberanda canke abamarayika beranda, birayibabaza. Igihe intumwa Yohani yagira asenge umumarayika, uwo mumarayika yaciye amubuza, amubwira ati: “Ntugire ivyo! Nta kindi ndi atari umushumba mugenzawe n’uwa bene wanyu bafise igikorwa co gushingira intahe Yezu. Senga Imana.”—Ivyahishuwe 19:10.