Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 VYOBA VYARIYADUKIJE?

Uburembo bw’igitangurirwa co mu nzu

Uburembo bw’igitangurirwa co mu nzu

IGITANGURIRWA co mu nzu co muri Amerika (Parasteatoda tepidariorum) kirubaka inzu gikoresheje inyuzi zaco zifise uburembo zishobora gukomera ku buryo zifata ku ruhome canke zikoroha ku buryo iziba zifashe hasi zimaduka zigakora nk’umushibuka ucakira udukoko tuba turiko turagendera hasi. None ico gitangurirwa gihingura gute inyuzi z’inzu yaco zikomeye hamwe n’izoroshe gikoresheje ubwoko bumwe bw’uburembo?

Inyuzi zigize igikwa c’inzitane

Rimbura ibi: Ico gitangurirwa gishinga inzu yaco ku ruhome, ku gisenge c’inzu canke ahandi nk’aho. Kibigira mu kujisha inyuzi zaco zifata cane maze kigahingura ico abahinga bita igikwa c’inzitane kandi gikomeye ku buryo gihagarika agakoko kaba kariko karaguruka. Ariko abashakashatsi bo kuri kaminuza y’i Akron, muri Ohio, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, basanze inyuzi gifatisha hasi ziba zijishe mu buryo butandukanye cane n’ubwo. Kubera ko inyuzi cubakisha hasi ari nkeyi cane ugereranije n’izo cubakisha ku ruhome canke ku gisenge c’inzu, biroroha ko zimaduka iyo zicakiye agakoko kagendagendera hasi, zikagaterura kagasigara kenena.

Inyuzi gifatisha hasi

Dufatiye ku vyashikirijwe n’iyo kaminuza, abashakashatsi bubuye ico kintu gitangaje “baramaze gutangura kwiga uburyo bohingura uburembo barabiye kuri ubwo buhinga bw’igitangurirwa co mu nzu.” Abahinga bizera ko bazoshobora guhingura uburembo bwoshobora gukoreshwa ku bipfuka inguma, bakabukoresha no mu kwunga amagufa yavunitse.

None uvyibazako iki? Ubushobozi ico gitangurirwa gifise bwo guhingura inyuzi zikomeye hamwe n’izoroshe gikoresheje ubwoko bumwe bw’uburembo, coba ari ikintu ciyadukije? Canke hariho uwagishizeho?