Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Udukuru tw’irya n’ino

Udukuru tw’irya n’ino

Muri Afrika yo munsi ya Sahara

Icegeranyo Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho abana (UNICEF) ryashikirije ku bijanye na Afrika yo munsi ya Sahara kivuga giti: “Mu bana bafise imyaka iri munsi ya 5, ibice 38 kw’ijana ni bo gusa bafise urupapuro rw’amavuka.” Vyongeye, Elke Wisch icegera c’umuyobozi w’iryo shirahamwe mu karere ka Afrika yo mu buseruko n’iyo mu bumanuko, avuga ko mu bice bimwebimwe vya Afrika yo munsi ya Sahara usanga “kwandikisha abana bisabwa kugira ngo bashobore kuvurwa no kuja kw’ishure, eka no kugira ngo abana b’impfuvyi bazoshobore gutorana.”

Mu Butaliyano

Itohoza rimwe ryavuze ko ikintu abana benshi b’imiyabaga bo mu Butaliyano batinya ari ugutotezwa biciye kuri Internet no ku bundi buhinga bwa none. Mu bafise imyaka iva kuri 12 gushika kuri 17, ibice 72 kw’ijana bavuga ko bibatera ubwoba. Ni benshi kuruta abatinya ibiyayuramutwe (ibice 55 kw’ijana), ugukorerwa amabi mu vy’igitsina n’umuntu akuze (ibice 44 kw’ijana), canke abatinya indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka (ibice 24 kw’ijana).

Mu Buyapani

Nk’uko ikinyamakuru kimwe co muri ico gihugu (The Japan Times) kibivuga, igitigiri c’Abayapani bageze mu bigero banka kuduzwa igiti ku kazi gitera ciyongera. Ibice 40 kw’ijana muri bo barababazwa n’inyifato mbi babona aho bakorera be n’ibintu vy’ububeshi be n’ubusuma biharangwa. Abakozi benshi birabagora gushikiriza ivyiyumviro vyabo ababatwara no kuganira na bo bisanzuye. Abo mu mayaruka y’imbere yabo wasanga barambira cane mu kazi. Ariko abakozi bakiri bato b’ubu, ibice 60 kw’ijana baguma mu kazi kubera gusa batararonka keza kuruta.

Muri Brezile

Kuva mu 1980 gushika mu 2010, muri Brezile hapfuye abantu hafi 800.000 hakoreshejwe ibirwanisho bicira umuriro. Abarenga 450.000 bari bafise imyaka iri hagati ya 15 na 29. Icigwa kimwe cagizwe ku bwicanyi buheruka kuba cerekanye ko ubwo bwicanyi kenshi buva ku mitongano yo mu ngo, amatati hagati y’ababanyi, ishari canke ugushwana kw’abashoferi.