Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

VYOBA VYARIYADUKIJE?

Utwamwa tw’ubururu bukayangana cane

Utwamwa tw’ubururu bukayangana cane

MURI Afrika, hari ikimera (Pollia condensata) cama utwamwa dufise ibara ry’ubururu rikayangana cane gusumba iry’ibindi bimera vyose. Ariko rero, nta kintu kiri muri utwo twamwa gihingura iryo bara. None iryo bara rikayangana ryatwo riva kuki?

Rimbura iki kintu: Urushato rw’utwo twamwa rugizwe n’utunyuzinyuzi dutoyi cane dutondetse nk’imyampi y’ikibiriti. Imirongo y’utwo tunyuzinyuzi iragerekeranye kandi igenda isumbasumbana nka kurya kw’ingazi z’igorofa. Utwo tunyuzinyuzi ubwatwo ntidufise ibara ry’ubururu. Iryo bara riva ku kuntu tugerekeranye. Rero ukuntu ibigize utwo twamwa bipanze ni kwo gutuma tugira iryo bara ry’ubururu rikayangana cane kandi riza rirahindagurika, si ikintu kiri muri two. Twinshi muri utwo twamwa dusa n’ubururu. Mugabo bivanye n’aho uhagaze, uturavye ubona hari udufise ibara ry’urwatsi rutoto, irya roze canke iry’umuhondo kubera ko ya mirongo y’utunyuzinyuzi itanganya intimbatimba. Vyongeye, wihweje neza ayo mabara yatwo usanga adakeye neza kandi atazize ku rugero rungana, ukabona umenga arimwo igipfungu.

Kubera ko utwo twamwa tutarinda gukenera ikintu gihingura iryo bara, tuguma dusa ukwo nyene n’iyo tuba twakorokeye hasi. Mbere n’utwo haheze imyaka irenga ijana bashe turacakayangana nk’utukiva ku giti. Naho turimwo imbuto gusa ntitugire umusoso, abashakashatsi bavuga ko inyoni ziri mu micungararo yatwo ziduhurumbira.

Abahinga biyumvira yuko ibara ry’utwo twamwa ryobafasha kumenya ingene bohingura ibintu vyinshi, nk’amarangi adacuya n’impapuro zidashobora kwiganwa.

Uvyibazako iki? Ibara ry’ubururu rikayangana ry’utwo twamwa coba ari ikintu ciyadukije? Canke hari uwagikoze?