Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

VYOBA VYARIYADUKIJE?

Ibiterwa birakora igiharuro

Ibiterwa birakora igiharuro

IBITERWA birakoresha ubuhinga buhanitse mu gukwega inguvu ziva ku muco w’izuba kugira ngo bihingure ibifungurwa vyikorako. Ubushakashatsi bwagizwe ku bwoko bumwebumwe bw’ibiterwa bwerekanye ko bigira ikindi kintu kidasanzwe. Birakora igiharuro bikabona urugero rw’ibifungurwa bikwiye gukoresha mw’ijoro rimwe.

Rimbura ibi: Ku murango, ibiterwa birakoresha wa mwuka mubi bita gaze karubonike mu guhingura ingaburo ntanganguvu. Mw’ijoro ubwoko bwinshi bw’ibiterwa buca bukoresha izo ngaburo zahinguwe ku murango kugira ngo ntivyicwe n’inzara kandi bibandanye gukura neza. N’ikindi kandi, ntibisesagura izo ngaburo canke ngo bikoreshe nkeyi cane. Hagera mu bucagucagu bimaze gukoresha ibice 95 kw’ijana vy’izo ngaburo, bigaca bitangura guhingura izindi.

Abahinga bashitse kuri ivyo bintu bafatiye ku giterwa co mu bwoko bwa sinapi citwa Arabidopsis thaliana. Basanze ico giterwa gikoresha neza ibifungurwa vyaco cisunze amasaha ijoro riza kumara, yaba ari 8, 12, canke 16. Biboneka ko ico giterwa giharura ingaburo gifise kigaca kiraba amasaha ijoro riza kumara kugira kimenye ingene kiza kuzikoresha.

None ibiterwa biziganya gute ibifungurwa vyavyo? Biharura gute umwanya? Vyongeye bikoresha ubuhinga ubuhe mu gukora ico giharuro? Kumbure ubundi bushakashatsi buzotanga inyishu z’ivyo bibazo.

Uvyiyumvirako iki? Ubwo buhinga ibiterwa bifise bwo gukora igiharuro bwoba bwariyadukije? Canke hariho uwabushizeho?