Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

VYOBA VYARIYADUKIJE?

Izosi ry’ikimonyo

Izosi ry’ikimonyo

ABAHINGA mu vy’amamashini barumizwa n’ukuntu ikimonyo gisanzwe gishobora guterura ibintu biremereye cane kuruta umubiri waco. Kugira ngo abahinga bo kuri kaminuza y’i Ohio muri Amerika batahure ico kintu, barahinguye ibihimba bimwebimwe vy’ikimonyo bakoresheje orodinateri maze bariga ukuntu bimeze n’ingene bikora.

Igihimba gihambaye cane c’ikimonyo ni izosi ryaco, kuko ari ryo ryiremeka uburemere bwose bw’ibintu gifise mu kanwa. Udutsi tworoshe turi mw’izosi ry’ikimonyo turafatanya igikiriza caco kigumaraye (ari wo mutumba) n’umutwe waco, bikamera nka kurya kw’intoke zisobekeranye. Umwe muri abo bahinga avuga ati: “Ukwo kuntu ikintu kigumye gifatana n’ikintu coroshe bishobora kuba ari vyo bituma aho bihurira hanywana neza, akaba ari na vyo bituma iryo zosi rishobora guterura ibintu biremereye cane.” Abahinga bizigiye ko gutahura neza ingene izosi ry’ikimonyo rikora bizobafasha kuryohora ukuntu bahingura vya bimashini vyikoresha bita robo.

Uvyibazako iki? Ukwo kuntu izosi ry’ikimonyo rishobora kwiremeka ibintu bikirusha ibilo, vyoba vyariyadukije? Canke hariho uwabishizeho?