BE MASO! No 3 2016 | Ikibazo c’indimi carakemutse!

Ivyabona vya Yehova barihanze igikorwa kitoroshe c’ubuhinduzi.

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Urugamba rwo kuva kera

Kubera iki Ivyabona vya Yehova bahindura ibitabu vyabo mu ndimi nyinshi ukuraho?

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Ikibazo c’indimi carakemutse! Ingene ubuhinduzi bugenda

Umuhinduzi arasigura ingene igikorwa akora gitunganije.

KAHISE KATWIGISHA IKI?

Ignaz Semmelweis

Umuryango wose uriho ubu urakwiye gushimira uwo muntu. Uti kubera iki?

ICOFASHA UMURYANGO

Ingene mwoganira akababakiye

Abagabo n’abagore ntibaganira kumwe. Kumenya iryo tandukaniro birashobora kubarinda gushuha imitwe.

TWISUNZE BIBILIYA

Ukwizera

Bibiliya ivuga ko ‘ata kwizera bidashoboka guhimbara Imana rwose.’ None ukwizera ni iki? Wokuronka gute?

VYOBA VYARIYADUKIJE?

Izosi ry’ikimonyo

Ako gakoko gashobora gute kwiremeka ikintu kiremereye cane kuruta umubiri waco?

Ibindi usanga kuri internet

‘Inkuru nziza kw’ihanga ryose n’umuryango wose n’ururimi rwose’

Guhindura mu zindi ndimi mu buryo butagira amahinyu ni ntahara kugira ukuri kwo muri Bibiliya gushikire abantu benshi bashoboka. None ico gikorwa kirangurwa gute? Kandi abagikora bahura n’ingorane izihe?