Ja ku birimwo

Blue Planet Archive/Mark Conlin

VYOBA VYARIYADUKIJE?

Ubuhinga ifi yitwa grunion ikoresha mu guta amagi

Ubuhinga ifi yitwa grunion ikoresha mu guta amagi

 Agafi gatoyi kitwa grunion de Californie gata amagi ku nkengera y’ibahari Pasifike muri Californie muri Amerika, hamwe no muri Leta ya Basse-Californie muri Megizike.Izo fi zirazi umwanya n’umusi bibereye ziterako amagi kugira utwana twazo dushobore kubaho.

 Rimbura iki kintu: Izo fi zitwa grunion zita amagi mu kiringo c’amajoro atatu canke ane gusa inyuma y’igihe amazi yo mw’ibahari aba yaduze bitewe n’imboneko y’ukwezi canke igihe kuboneka kwose. Hamwe zota amagi amajoro y’imbere y’uko amazi yo mw’ibahari aduga, vyoca bituma ayo magi atwarwa mw’ibahari akajana n’umusenyi. Ariko kubera ko zita amagi inyuma y’ico kiringo aho amazi aba atanguye kugabanuka, maze imipfunda ikazana umusenyi, bituma ayo magi atakiyahungabanya kubera ko aca apfukwa n’umusenyi mwinshi.

Wally Skalij/Los Angeles Times via Getty Images

 Vyongeye, mu kiringo co guta amagi mu mpeshi no mu ci, amazi araduga cane mw’ijoro kurusha ku murango. Ivyo bituma ayo mafi ashobora kwoga agashika kure gatoyi y’inkengera gutyo agakingira amagi kugira ntatwarwe amazi asubiriye kuduga.

 Mu guta amagi, ayo mafi yitwa grunion ararindira umupfunda munini kugira ashobore kwoga gushika kure hashoboka y’inkengera ahari umusenyi. Amazi y’uwo mupfunda asubiye inyuma, ifi y’ingore ica yimba akanogo mu musenyi ukanye, ikamera nk’aho iriko irahamba umutumba wayo ihereye ku murizo. Ica ita amagi munsi y’umusenyi kuri santimetero ziri hagati ya zitanu n’umunani, hanyuma ifi imwe y’ingabo canke nyinshi zigaca ziyabangurira. Izo fi zica zisubira mu mazi zikikinga umupfunda ukurikira kugira uzishikane mw’ibahari.

 Ayo magi aguma mu musenyi utose ariko agakenera imipfunda kugira ngo bize vyorohe ko aberuka. Haciye indwi nka zibiri amazi asubiriye kuduga, ya magi aca aberuka. Ariko rero, ayo magi arashobora kuberuka haciye indwi zine amazi asubiriye kuduga.

 Uvyibaza ko iki: Ukuntu ifi yitwa grunion imenya igihe co guta amagi be n’ukuntu ibigenza, vyoba vyariyadukije canke hariho uwabishizeho?