Yosuwa 24:1-33

  • Yosuwa asubiramwo kahise k’Abisirayeli (1-13)

  • Yosuwa abaremesha gukorera Yehova (14-24)

    • «Nayo jewe n’urugo rwanje, tuzokorera Yehova» (15)

  • Yosuwa agirana isezerano n’Abisirayeli (25-28)

  • Yosuwa apfa agahambwa (29-31)

  • Amagufa ya Yozefu bayahamba i Shekemu (32)

  • Eleyazari apfa agahambwa (33)

24  Maze Yosuwa akoranya imiryango yose ya Isirayeli i Shekemu, atumako abashingantahe bo muri Isirayeli, abakuru, abacamanza n’abarongoye abandi+, bahagarara imbere y’Imana y’ukuri.  Yosuwa aca abwira abantu bose ati: «Ibi ni vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze: “Kera ba sokuruza banyu+ baba hakurya ya rwa ruzi runini* kandi basenga* izindi mana+. Umwe muri bo ni Tera se wa Aburahamu na Nahori.  Mu nyuma, narakuye sokuruza wanyu Aburahamu+ hakurya ya rwa ruzi runini*, ndamujana mu gihugu ca Kanani akinyuragiramwo cose, ngwiza n’uruvyaro* rwiwe+. Namuhaye Izahaki+,  Izahaki na we ndamuha Yakobo na Esawu+. Esawu nahavuye ndamuha umusozi Seyiri+, Yakobo n’uruvyaro rwiwe na bo bamanuka mu Misiri+.  Mu nyuma narungitse Musa na Aroni+ maze nteza ivyago Misiri+, mwebwe nca ndabakurayo.  Igihe nakura ba so na ba sogokuru banyu mu Misiri+ bagashika ku kiyaga, Abanyamisiri baciye baboma inyuma n’imikogote y’intambara n’abarwanira ku mafarasi gushika ku kiyaga Gitukura+.  Ba so na ba sogokuru banyu batangura kuntabaza jewe Yehova+. Naciye nshira umwiza hagati yanyu n’Abanyamisiri hanyuma ndabateranirizako ikiyaga kirabamira+. Amaso yanyu yariboneye ivyo nakoreye mu Misiri+. Mwaciye mumara imyaka* myinshi muba mu bugaragwa+.  Maze ndabazana mu gihugu c’Abamori baba hakurya ya Yorodani*, barabarwanya+. Mugabo narabafashije murabatsinda kugira ngo mwigarurire igihugu cabo, ndabazimanganya babava imbere+.  Maze Balaki mwene Zipori, umwami wa Mowabu, arahaguruka arwanya Abisirayeli. Atumako rero Balamu mwene Beyori kugira ngo abavume+. 10  Ariko naranse kwumviriza Balamu+. Nuko aguma abahezagira+, ntiyabagirira nabi+. 11  Hanyuma mujabuka Yorodani+, mushika i Yeriko+. Maze abatware* b’i Yeriko, Abamori, Abaperizi, Abanyakanani, Abaheti, Abagirugashi, Abahiwi n’Abayebusi barabarwanya. Mugabo narabafashije murabatsinda+. 12  Natumye bihebura* mutaranabashikira, barata barahunga+ nka kurya vyagenze kuri ba bami babiri b’Abamori. Inkota zanyu n’imiheto yanyu si vyo vyatumye mubatsinda+. 13  Naciye ndabaha igihugu mutaruhiye n’ibisagara mutubatse+, muraheza mubibamwo. Ubu muriko murya ivyo mu mirima y’imizabibu n’imirima y’imyelayo* mutateye+.” 14  Nimutinye rero Yehova mwongere mumukorere n’umutima ugororotse* kandi mudahemuka*+. Mukureho imana ba sokuruza banyu basenga hakurya ya rwa ruzi runini* no mu Misiri+, maze mukorere Yehova. 15  Mugabo nimba mutoshima gukorera Yehova, nimwihitiremwo uyu musi uwo muzokorera+, zaba ari imana ba sokuruza banyu basenga hakurya ya rwa ruzi runini*+ canke imana z’Abamori bene igihugu mubayemwo+. Nayo jewe n’urugo rwanje, tuzokorera Yehova.» 16  Abantu baca bishura bati: «Ntitwokwubahuka guheba Yehova ngo dusenge izindi mana. 17  Yehova Imana yacu ni we yadukuye mu gihugu ca Misiri twe na ba data+, aho twari abashumba*+. Ni we yakoze ibitangaro* bikomeye imbere yacu+, aguma aturinda aho twagiye turaca hose no mu mahanga yose twagiye turacamwo+. 18  Yehova yaromoye amahanga yose yari asanzwe aba mu gihugu, harimwo n’Abamori. Na twebwe rero tuzokorera Yehova kuko ari we Mana yacu.» 19  Yosuwa aca abwira abantu ati: «Ntimwoshobora gukorera Yehova, kuko ari Imana nyeranda+. Ni Imana isaba gusengwa* yonyene+. Ntizobaharira amakosa yanyu* n’ibicumuro vyanyu+. 20  Nimwaheba Yehova mugasenga* imana z’inyamahanga, na we azobahindukirira abatikize naho yari yarabakoreye ivyiza+ 21  Abantu na bo bishura Yosuwa bati: «Nta wundi tuzokorera atari Yehova+ 22  Yosuwa aca ababwira ati: «Ko ari mwebwe rero mwihitiyemwo gukorera Yehova+, mwebwe ubwanyu muri ivyabona bizobagiriza.» Na bo bishura bati: «Turi ivyabona.» 23  Yosuwa na we ati: «Nimukureho rero imana z’inyamahanga ziri muri mwebwe, maze mushire imitima yanyu kuri Yehova Imana ya Isirayeli.» 24  Abantu na bo bishura Yosuwa bati: «Tuzokorera Yehova Imana yacu kandi tumwumvire.» 25  Kuri uwo musi Yosuwa aca agirana isezerano n’abantu, abashingira ingingo ngenderwako n’ibwirizwa i Shekemu. 26  Maze Yosuwa yandika ayo majambo mu gitabu c’amategeko y’Imana+ hanyuma atora ikibuye kinini+ agishinga munsi y’uruti runini ruri iruhande y’aheranda ha Yehova. 27  Yosuwa aca abwira abantu bose ati: «Iri buye mubona ni ryo rizoba icabona co kutwagiriza+, kuko ryumvise ibintu vyose Yehova yatubwiye. Rizoba icabona kibibutsa ngo ntimwihakane Imana yanyu.» 28  Yosuwa aca arungika abantu, umwe wese aja aho yatoranye+. 29  Inyuma y’ivyo, Yosuwa mwene Nuni, umusavyi wa Yehova, arapfa afise imyaka 110+. 30  Bamuhamba mu gisagara yatoranye, ari co Timunati-Sera+ kiri mu karere k’imisozi ka Efurayimu, mu buraruko bw’umusozi Gashi. 31  Abisirayeli baguma bakorera Yehova mu gihe cose Yosuwa yamaze akiriho, no mu gihe c’abashingantahe babandanije kubaho amaze gupfa. Abo bashingantahe bari barabonye ibintu vyose Yehova yakoreye Abisirayeli+. 32  Amagufa ya Yozefu+ Abisirayeli bari barakuye mu Misiri, bayahamba i Shekemu mw’itongo Yakobo yari yaraguze na bene Hamori+, se wa Shekemu, ku mahera* 100+. Iryo tongo ryabaye intoranwa ya bene Yozefu+. 33  Eleyazari mwene Aroni na we nyene arapfa+. Nuko bamuhamba ku gasozi umuhungu wiwe Finehasi+ yari yarahawe mu karere k’imisozi ka Efurayimu.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «bakorera.»
Ni uruzi Efurate.
Ni uruzi Efurate.
Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
Mu giheburayo havuga ngo «imisi.»
Ni ukuvuga mu buseruko bwa Yorodani.
Hashobora kandi kuvugwa ngo «bene amatongo.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «bata umutwe» canke «baranduka umutima.»
Imyelayo bayita kandi olive.
Canke «mutagirako umugayo.»
Canke «mu kuri.»
Ni uruzi Efurate.
Ni uruzi Efurate.
Mu giheburayo havuga ngo «mu nzu y’ubushumba.»
Mu giheburayo havuga ngo «ibimenyetso.»
Canke «ubugarariji bwanyu.»
Canke «kwiheberwa.»
Canke «mugakorera.»
Mu giheburayo ni «kesita.» Ni amahera yakoreshwa kera, mugabo agaciro kayo ntikazwi.