Yohani 17:1-26

  • Isengesho rya nyuma ari kumwe n’intumwa ziwe (1-26)

    • Kumenya Imana bisobanura ubuzima budahera (3)

    • Abakirisu si ab’isi (14-16)

    • «Ijambo ryawe ni ukuri» (17)

    • «Narabamenyesheje izina ryawe» (26)

17  Yezu ahejeje kuvuga ivyo bintu, aca arangamiza mw’ijuru maze avuga ati: «Da, isaha irageze. Ninahaza umwana wawe, kugira ngo umwana wawe na we akuninahaze+,  kuko wamuhaye ububasha ku bantu bose*+, kugira ahe ubuzima budahera+ abo wamuhaye bose+.  Kugira abantu baronke ubuzima budahera+, bategerezwa kukumenya neza*, wewe Imana yonyene y’ukuri+, n’uwo watumye Yezu Kristu+.  Narakuninahaje kw’isi+, kuko ndangije igikorwa wampaye+.  Ubu rero Dawe, nuninaharize iruhande yawe, uninaharishe bwa buninahazwa nari mfise nkiri kumwe nawe imbere y’uko isi ibaho+.  Narahishuriye* izina ryawe abantu wampaye ubakuye mw’isi+. Bari abawe hanyuma urabampa, kandi barubahirije* ijambo ryawe.  Ubu barazi ko ibintu vyose wampaye biva iwawe,  kuko nabahaye amajambo wampaye+, kandi barayemeye. Baramenye vy’ukuri ko naje ndaguserukira+, kandi baremeye ko wantumye+.  Ni bo nsabira. Sinsabira isi, ahubwo nsabira abo wampaye, kuko ari abawe. 10  Ivyo mfise vyose ni ivyawe kandi ivyo ufise ni ivyanje+. Vyongeye, naraninahajwe muri bo. 11  Sinkiri mw’isi, mugabo bo bari mw’isi+ kandi ngira nze iwawe. Dawe mweranda, nubarinde+ kubera izina ryawe wampaye, kugira babe umwe nk’uko natwe turi umwe*+. 12  Nkiri kumwe na bo, narabarinda+ kubera izina ryawe wampaye. Narabakingiye, kandi nta n’umwe yaranduwe+ kiretse wa mwana wo kurandurwa+, kugira icanditswe kiranguke+. 13  Ubu rero ngira nze iwawe, kandi ndiko mvugira ibi bintu mw’isi kugira ngo akanyamuneza kanje kuzure muri bo+. 14  Narabahaye ijambo ryawe, ariko isi yarabanse kuko atari ab’isi+, nk’uko nanje ntari uw’isi. 15  Singusaba ngo ubakure mw’isi, ahubwo ngusaba ngo ubarinde kubera wa mubisha+. 16  Si ab’isi+, nk’uko nanje ntari uw’isi+. 17  Nubeze* ukoresheje ukuri+. Ijambo ryawe ni ukuri+. 18  Narabatumye mw’isi, nk’uko nawe wantumye mw’isi+. 19  Ndiko ndiyeza kubera bo, kugira ngo na bo nyene bezwe biciye ku kuri. 20  Sinsabiye aba bonyene, nsabiye n’abazonyizera biciye kw’ijambo ryabo, 21  kugira bose babe umwe+, nk’uko wewe Dawe wunze ubumwe nanje, nanje nkunga ubumwe nawe+, no kugira bunge ubumwe natwe maze isi yizere ko wantumye. 22  Narabahaye ubuninahazwa wampaye, kugira babe umwe nk’uko natwe turi umwe+. 23  Jewe nunze ubumwe na bo, nawe ukunga ubumwe nanje, kugira na bo bunge ubumwe bimwe bishitse*, maze isi imenye ko wantumye be n’uko wabakunze nk’uko wankunze. 24  Da, nshaka ko abo wampaye bazoba bari kumwe nanje aho nzoba ndi+, kugira babone ubuninahazwa wampaye, kuko wankunze imbere y’ishingwa ry’isi+. 25  Dawe ugororotse, isi ntikuzi+ koko, mugabo jewe ndakuzi+ kandi aba baramenye ko ari wewe wantumye. 26  Narabamenyesheje izina ryawe kandi nzorimenyekanisha+, kugira urukundo wankunze rube muri bo, nanje nunge ubumwe na bo+

Utujambo tw'epfo

Canke «ku gifise umubiri cose.»
Canke «bategerezwa kwironsa ubumenyi bukwerekeye.» Irivuga ryo mu kigiriki ryerekeza ku gikorwa kibandanya.
Canke «naramenyesheje.»
Canke «baragamburutse.»
Canke «kugira bunge ubumwe nk’uko natwe twunze ubumwe.»
Canke «nubashire ku ruhande», «nubagire beranda.»
Canke «kugira bunge ubumwe butagira akanenge.»